ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 22
  • Ubwami bw’Imana ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bw’Imana ni iki?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Vuba isi igiye kuba Iparadizo!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ubwami bw’Imana
    Be maso!—2013
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 22
Yezu Kristu ni umwami w’Ubwami bw’Imana

Ubwami bw’Imana ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho koko yashizweho na Yehova Imana. Muri Bibiliya, “ubwami bw’Imana” bwitwa kandi “ubwami bwo mw’ijuru,” kubera ko butegeka buri mw’ijuru. (Mariko 1:14, 15; Matayo 4:17) Naho bufise ibintu vyinshi buhuriyeko n’intwaro z’abantu, buraziruta muri vyose.

  • Abategetsi. Imana yagenye Yezu Kristu ngo abe Umwami w’ubwo Bwami kandi yamuhaye ububasha ata wundi mutegetsi w’umuntu n’umwe azokwigera aronka. (Matayo 28:18) Ubwo bubasha Yezu abukoresha ivyiza gusa. Na kare yaramaze kwerekana ko ari Umutegetsi wo kwizigirwa kandi w’umunyempuhwe. (Matayo 4:23; Mariko 1:40, 41; 6:31-34; Luka 7:11-17) Yezu ayobowe n’Imana, yararobanuye abantu mu mahanga yose “bazoganza isi” bafadikanije na we mw’ijuru.—Ivyahishuwe 5:9, 10.

  • Ikiringo. Mu buryo butandukanye n’intwaro z’abantu, iziguma zikurakuranwa, Ubwami bw’Imana “[ntibu]zokwigera busenyurwa.”—Daniyeli 2:44.

  • Abatwarwa. Umuntu wese akora ivyo Imana isaba arashobora kuba umutwarwa w’Ubwami bw’Imana, yaba akomoka he canke yavukiye he.—Ivyakozwe 10:34, 35.

  • Amategeko. Amategeko (canke amabwirizwa) y’Ubwami bw’Imana ntabuza gusa abantu gukora nabi. Aratuma abatwarwa babwo barushiriza kwigenza runtu. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.’ Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere. Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’” (Matayo 22:37-39) Gukunda Imana na mugenzi wabo biratuma abatwarwa b’Ubwami bakora ku neza y’abandi.

  • Inyigisho. Naho Ubwami bw’Imana bushingira abo butwara ingingo ngenderwako ziri hejuru, burigisha kandi abantu ukuntu bozishira mu ngiro.—Yesaya 48:17, 18.

  • Ico bwashinzwe. Abategetsi b’Ubwami bw’Imana ntibarondera kuba abatunzi mu kurya imitsi abo batwara. Ahubwo, ubwo Bwami buzoshitsa ivyo Imana igomba, harimwo n’umuhango w’uko abayikunda bazobaho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo.—Yesaya 35:1, 5, 6; Matayo 6:10; Ivyahishuwe 21:1-4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika