20 Ibintu nyamukuru vyabaye mu buzima bwa Yezu bwo kw’isi
Ivyo mu Njili zine bishikirizwa uko vyagiye birakurikirana. Akamenyetso nk. gasigura “nko”
Gushika ku busuku bwa Yezu
Igihe |
Ikibanza |
Icabaye |
Icanditswe |
|---|---|---|---|
3 B.G.C. |
Yeruzalemu, urusengero |
Ivy’ivuka rya Yohani Umubatizi bimenyeshwa Zekariya imbere y’igihe |
|
nk. 2 B.G.C. |
Nazareti; Yudaya |
Ivy’ivuka rya Yezu bimenyeshwa Mariya imbere y’igihe, aja kuramutsa Elizabeti |
|
2 B.G.C. |
Imitumba y’i Yudaya |
Ivuka rya Yohani Umubatizi; ubuzima yagize mu nyuma mu bugaragwa |
|
2 B.G.C., nk. 1 Git. |
Betelehemu |
Ivuka rya Yezu (Jambo, uwo ibintu vyose vyaciyeko mu kuremwa) akomoka kuri Aburahamu na Dawidi |
|
Hafi y’i Betelehemu |
Umumarayika amenyesha inkuru nziza;abungere baja kuraba urwo ruyoya |
||
Betelehemu; Yeruzalemu |
Yezu agenyerwa (ku musi ugira umunani), azanwa mu rusengero (umusi ugira 40) |
||
1 B.G.C. canke 1 G.C. |
Yeruzalemu; Betelehemu; Nazareti |
Abaragurira ku nyenyeri; uguhungira mu Misiri; inzoya zicwa; Yezu ahunguka |
|
12 G.C. |
Yeruzalemu |
Yezu afise imyaka 12 ari kuri Pasika; ataha i muhira |
|
Mu mpeshi yo mu 29 |
Mu gahinga, Yorodani |
Ubusuku bwa Yohani Umubatizi |
Intango y’ubusuku bwa Yezu
Igihe |
Ikibanza |
Icabaye |
Icanditswe |
|---|---|---|---|
Mu gatasi ko mu 29 |
Uruzi Yorodani |
Ibatisimu ya Yezu n’irobanurwa ryiwe, uwavutse ari umuntu wo mu muryango wa Dawidi, mugabo yiswe Umwana w’Imana |
|
Agahinga k’i Yudaya |
Ukwisonzesha kwa Yezu n’ukugeragezwa kwiwe |
||
Betaniya yo hakurya ya Yorodani |
Yohani Umubatizi ashingira intahe Yezu |
||
Umwonga wa Yorodani yo haruguru |
Abigishwa ba mbere ba Yezu |
||
Kana h’i Galilaya; Kaperinawumu |
Igitangaro ca mbere ca Yezu; agendera Kaperinawumu |
||
Pasika yo mu 30 |
Yeruzalemu |
Ihimbazwa rya Pasika; yirukana abadandaza mu rusengero |
|
Yeruzalemu |
Ikiyago Yezu yagiranye na Nikodemu |
||
Yudaya; Ayinoni |
Abigishwa ba Yezu babatiza; Yohani ategerezwa kugabanuka |
||
Tiberiya |
Yohani atabwa mw’ibohero; Yezu avayo akaja i Galilaya |
||
Sikara, muri Samariya |
Yezu ariko aja i Galilaya, yigisha Abasamariya |
Ubusuku buhambaye bwa Yezu i Galilaya
Igihe |
Ikibanza |
Icabaye |
Icanditswe |
|---|---|---|---|
Pasika yo mu 30 |
Galilaya |
Amenyesha ari bwo bwa mbere ati: ‘Ubwami bwo mw’ijuru buregereje’ |
|
Nazareti; Kana; Kaperinawumu |
Akiza umuhungu; asoma ivy’ibanga yajejwe; yiyamirizwa; aja i Kaperinawumu |
||
Ikiyaga ca Galilaya, hafi y’i Kaperinawumu |
Ihamagarwa rya Simoni na Andereya, Yakobo na Yohani |
||
Kaperinawumu |
Akiza uwiziziwe n’amadayimoni, inabukwe wa Petero n’abandi benshi |
||
Galilaya |
Ahetura Galilaya ubwa mbere ari kumwe na ba bandi bane bamaze guhamagarwa |
||
Galilaya |
Umunyamibembe akizwa; amasinzi aza kuri Yezu |
||
Kaperinawumu |
Akiza ikimuga |
||
Kaperinawumu |
Ihamagarwa rya Matayo; Yezu asangira n’abatozakori |
||
Yudaya |
Yigisha mu masinagogi y’i Yudaya |
||
Pasika yo mu 31 |
Yeruzalemu |
Yitaba uwo musi mukuru; akiza umugabo; ahambarira Abafarizayo |
|
Bavuye i Yeruzalemu (?) |
Abigishwa bamyoza uduhundo tw’intete kw’Isabato |
||
Galilaya; Ikiyaga ca Galilaya |
Akiza ukuboko kw’Isabato; yigira ukwa wenyene ku nkengera y’ikiyaga; akiza |
||
Umusozi uri hafi ya Kaperinawumu |
Bamwe 12 batorwa ngo babe intumwa |
||
Hafi ya Kaperinawumu |
Ya Nsiguro yo ku Musozi |
||
Kaperinawumu |
Akiza umusuku akorera umugabisha w’ingabo |
||
Nayini |
Azura umuhungu w’umupfakazi |
||
Galilaya |
Yohani ari mw’ibohero atuma abigishwa kuri Yezu |
||
Galilaya |
Ibisagara bitukagurwa; ivyahishuriwe inzoya; ingǒgo irahwahutse |
||
Galilaya |
Ibirenge bisukwako amavuta n’umugore w’umucumuzi; ikigereranyo c’abafise umwenda |
||
Galilaya |
Ahetura Galilaya ubwa kabiri mu kwamamaza, ari kumwe na bamwe 12 |
||
Galilaya |
Uwiziziwe n’amadayimoni akizwa; yagirizwa ko akorana na Beyezebuli |
||
Galilaya |
Abanditsi n’Abafarizayo barondera ikimenyetso |
||
Galilaya |
Abigishwa ba Kristu ni bo ncuti ziwe zishika |
||
Ikiyaga ca Galilaya |
Ikigereranyo c’umubivyi, ic’icatsi kibi, n’ibindi; insobanuro zavyo |
||
Ikiyaga ca Galilaya |
Igihuhusi caduka mu gihe bariko bajabuka ico kiyaga |
||
Gadara, MAN-SER bw’Ikiyaga ca Galilaya |
Abantu babiri biziziwe n’amadayimoni bakizwa; ingurube zinjirwamwo n’amadayimoni |
||
Kumbure i Kaperinawumu |
Umukobwa wa Yayiro azurwa; umugore akizwa |
||
Kaperinawumu (?) |
Akiza abagabo babiri b’impumyi n’ikiragi ciziziwe n’amadayimoni |
||
Nazareti |
Asubira kugendera igisagara yarerewemwo, yongera kwiyamirizwa |
||
Galilaya |
Ahetura Galilaya ubwa gatatu, yagura ubusuku kubera ko abigishwa bari batumwe |
||
Tiberiya |
Yohani Umubatizi acibwa umutwe; Herodi agira ubwoba bw’ukwiyagiriza |
||
Pasika yo mu 32 yimirije (Yoh 6:4) |
Kaperinawumu (?); RAR-SER bw’ikiyaga ca Galilaya |
Intumwa zigaruka zivuye mu rugendo rwo kwamamaza; abantu 5.000 bagaburirwa |
|
RAR-SER bw’Ikiyaga ca Galilaya; Genesareti |
Barondera kwimika Yezu; agendagenda ku kiyaga; akiza |
||
Kaperinawumu |
Asigura “umukate w’ubuzima” ico ari co; abigishwa benshi bamuta |
||
Inyuma ya pasika yo mu 32 |
Kumbure i Kaperinawumu |
Imigenzo ititura Ijambo ry’Imana |
|
Fenisiya; Dekapoli |
Hafi ya Tiro, Sidoni; hanyuma Dekapoli; abantu 4.000 bagaburirwa |
||
Magadani |
Abasadukayo n’Abafarizayo bongera kurondera ikimenyetso |
||
RAR-SER bw’Ikiyaga ca Galilaya; Betsayida |
Aburira abigishwa ngo birinde umwambiro w’Abafarizayo; akiza impumyi |
||
Sezariya h’i Filipi |
Yezu ni we Mesiya; avuga ivy’urupfu rwiwe n’izuka ryiwe |
||
Kumbure ku Msz. Herumoni |
Ahinduka ukundi imbere ya Petero, Yakobo na Yohani |
||
Sezariya h’i Filipi |
Akiza uwiziziwe n’amadayimoni abigishwa batashoboye gukiza |
||
Galilaya |
Asubira kuvuga ivy’urupfu rwiwe n’izuka ryiwe |
||
Kaperinawumu |
Amahera y’ikori aboneka ku gitangaro |
||
Kaperinawumu |
Umukuru mu Bwami; gutorera umuti amatati; imbabazi |
||
Galilaya; Samariya |
Ava i Galilaya akaja ku Musi mukuru w’Insago; guheba vyose ku bw’igikorwa c’ubusuku |
Ubusuku Yezu yaranguye mu nyuma ari i Yudaya
Igihe |
Ikibanza |
Icabaye |
Icanditswe |
|---|---|---|---|
Mu 32, ku Musi mukuru w’Insago |
Yeruzalemu |
Yezu yigisha ku mugaragaro ku Musi mukuru w’Insago |
|
Yeruzalemu |
Yigisha inyuma y’Umusi mukuru; akiza impumyi |
||
Kumbure i Yudaya |
Bamwe 70 barungikwa kwamamaza; bagaruka, batanga raporo |
||
Yudaya; Betaniya |
Avuga ivy’Umusamariya w’ikigongwe; i muhira kwa Marita, Mariya |
||
Kumbure i Yudaya |
Asubira kwigisha isengesho ry’akarorero; gushishikara gusaba |
||
Kumbure i Yudaya |
Abeshuza ibirego vy’ikinyoma; yerekana ko iyaruka rikwiye gutsindishwa |
||
Kumbure i Yudaya |
Ku mazimano y’Umufarizayo, Yezu ashira ku kabarore abiyorobetsi |
||
Kumbure i Yudaya |
Insiguro ku bwitwararitsi bw’Imana; umubwiriza w’umwizigirwa |
||
Kumbure i Yudaya |
Akiza umugore amugaye kw’Isabato; ibigereranyo bitatu |
||
Mu 32 ku Musi mukuru w’Iyegura |
Yeruzalemu |
Yezu ku Musi mukuru w’Iyegura; Umwungere Mwiza |
Ubusuku Yezu yaranguye mu nyuma ari mu Buseruko bwa Yorodani
Igihe |
Ikibanza |
Icabaye |
Icanditswe |
|---|---|---|---|
Mu 32 ku Musi mukuru w’Iyegura |
Hakurya ya Yorodani |
Benshi bizera Yezu |
|
Pereya (hakurya ya Yorodani) |
Yigisha mu bisagara, mu bigwati, agenda yerekeye i Yeruzalemu |
||
Pereya |
Kwinjira mu Bwami; iterabwoba rya Herodi; inzu isigwa ari umusaka |
||
Kumbure i Pereya |
Ukwicisha bugufi; ikigereranyo c’imfungurwa zihambaye zo ku mugoroba |
||
Kumbure i Pereya |
Guharura ico kuba umwigishwa bisaba |
||
Kumbure i Pereya |
Ibigereranyo: intama yazimiye, ihera ryatakaye, umwana w’icangazi |
||
Kumbure i Pereya |
Ibigereranyo: umubwiriza atagororotse, umutunzi na Lazaro |
||
Kumbure i Pereya |
Ukubabarira be n’ukwizera; abashumba b’imburakimazi |
||
Betaniya |
Lazaro azurwa na Yezu mu bapfuye |
||
Yeruzalemu; Efurayimu |
Inama ya Kayafa yo kugirira nabi Yezu; Yezu akinjura |
||
Samariya; Galilaya |
Akiza yongera yigisha ari ku rugendo ruca i Samariya n’i Galilaya |
||
Samariya canke i Galilaya |
Ibigereranyo: umupfakazi w’inshirwarimenetse, Umufarizayo be n’umutozakori |
||
Pereya |
Akevya agaca i Pereya; yigisha ku vyerekeye ukwahukana |
||
Pereya |
Yakira abana akabahezagira |
||
Pereya |
Umugabo akiri muto w’umutunzi; ikigereranyo c’abakozi bo mu murima w’imizabibu |
||
Kumbure i Pereya |
Yezu avuga ubugira gatatu ivy’urupfu rwiwe n’izuka ryiwe |
||
Kumbure i Pereya |
Yakobo na Yohani basabirwa ivyicaro mu Bwami |
||
Yeriko |
Aciye i Yeriko, akiza abagabo babiri b’impumyi; agendera Zakayo; ikigereranyo ca za mina cumi |
Ubusuku bwa Yezu bwa nyuma i Yeruzalemu
Igihe |
Ikibanza |
Icabaye |
Icanditswe |
|---|---|---|---|
Ku wa 8 Nisani 33 |
Betaniya |
Ashika i Betaniya imisi itandatu imbere ya Pasika |
|
Ku wa 9 Nisani |
Betaniya |
Amazimano mu rugo kwa Simoni umunyamibembe; Mariya asuka amavuta kuri Yezu; Abayuda bazakuraba Yezu na Lazaro |
|
Betaniya-Yeruzalemu |
Kristu yinjirana intsinzi i Yeruzalemu |
||
Ku wa 10 Nisani |
Betaniya-Yeruzalemu |
Umusukoni utama uvumwa; urusengero ruhumanurwa ubugira kabiri |
|
Yeruzalemu |
Abaherezi bakuru n’abanditsi baja inama yo kwica Yezu |
||
Yeruzalemu |
Aganira n’Abagiriki; ukutizera kw’Abayuda |
||
Ku wa 11 Nisani |
Betaniya-Yeruzalemu |
Basanga wa musukoni utama wakabiranye |
|
Yeruzalemu, urusengero |
Ubukuru bwa Yezu buharirizwa; ikigereranyo c’abahungu babiri |
||
Yeruzalemu, urusengero |
Ibigereranyo vy’abarimyi babi, ubukwe |
||
Yeruzalemu, urusengero |
Ibibazo birimwo umutego vyerekeye ikori, izuka, ibwirizwa |
||
Yeruzalemu, urusengero |
Ikibazo ca Yezu cerekeye uwo Mesiya akomokako kinumya abamurwanya |
||
Yeruzalemu, urusengero |
Abanditsi n’Abafarizayo bashirwa ku kabarore bimwe bibi |
||
Yeruzalemu, urusengero |
Uduceri twa wa mupfakazi |
||
Umusozi w’Imyelayo |
Habūrwa ko Yeruzalemu izotemba; ukuhaba kwa Yezu; umuhero w’ivy’isi |
||
Umusozi w’Imyelayo |
Ibigereranyo: inkumi cumi, italanto, intama n’impene |
||
Ku wa 12 Nisani |
Yeruzalemu |
Indongozi z’idini zija inama yo kwica Yezu |
|
Yeruzalemu |
Yuda yumvikana n’abaherezi ikiguzi ca Yezu |
||
Ku wa 13 Nisani (ku wa kane ku muhingamo) |
Yeruzalemu no hafi yaho |
Imyiteguro ya Pasika |
|
Ku wa 14 Nisani |
Yeruzalemu |
Asangira Pasika na bamwe 12 |
|
Yeruzalemu |
Yezu yoza ibirenge vy’intumwa ziwe |
||
Yeruzalemu |
Yuda amenyekana ko ari umuguranyi maze agataramurwa |
||
Yeruzalemu |
Atanguza imfungurwa zo ku mugoroba z’Icibutso ari kumwe na bamwe 11 |
||
Yeruzalemu |
Avuga ko Petero azomwihakana be n’uko intumwa zizosabagira |
||
Yeruzalemu |
Umufasha; gukundana; amakuba; isengesho rya Yezu |
||
Getsemane |
Agira agahinda kenshi mw’itongo; igurwa n’ifatwa rya Yezu |
||
Yeruzalemu |
Asambishwa na Anasi, Kayafa, Inama Nkuru; Petero amwihakana |
||
Yeruzalemu |
Yuda wa muguranyi yimanika |
||
Yeruzalemu |
Imbere ya Pilato, hanyuma imbere ya Herodi amaherezo akagaruka kwa Pilato |
||
Yeruzalemu |
Atangwa ngo yicwe, inyuma y’aho Pilato arondereye kumurekura |
||
(Ku wa gatanu nk’isaha 9 zo ku muhingamo) |
Gologota, Yeruzalemu |
Urupfu rwa Yezu ku giti co kubabarizwako be n’ivyabaye bijanye na rwo |
|
Yeruzalemu |
Ikiziga ca Yezu gikurwa ku giti co kubabarizwako kigafubwa |
||
Ku wa 15 Nisani |
Yeruzalemu |
Abaherezi n’Abafarizayo bacungisha imva |
|
Ku wa 16 Nisani |
Yeruzalemu no mu micungararo |
Izuka rya Yezu n’ivyabaye kuri uwo musi |
|
Yeruzalemu; Galilaya |
Yezu Kristu abonekera abantumu nyuma |
||
Ku wa 25 Iyari |
Umusozi w’Imyelayo, hafi ya Betaniya |
Yezu aduga mw’ijuru, ku musi ugira 40 kuva azutse |