9 “Ubusambanyi”—Ubwoko bwose bw’uguhuza ibitsina kutemewe n’amategeko
Mt 5:32—Mu kigiriki ni πορνεία (por·neiʹa); Mu kilatini ni for·ni·caʹti·o
Ijambo ry’ikigiriki por·neiʹa rifise insobanuro yagutse. Igitabu kimwe kivuga ko risobanura “ubumaraya, ubwandure, ubusambanyi, vy’ubwoko bwose bw’uguhuza ibitsina kutemewe n’amategeko.”—Bauer, rup. 693, munsi y’ijambo por·neiʹa.
Ku bijanye n’amajambo ya Yezu ari muri Mt 5:32 na Mat 19:9, ya nyizamvugo y’Isezerano risha (Theological Dictionary of the New Testament, vol. 6, rup. 592) ivuga ko ijambo “πορνεία [por·neiʹa] ryerekeza ku guhuza ibitsina n’uwundi muntu uretse uwo mwubakanye.” Ivyanditswe rero birakoresha ijambo por·neiʹa ku bijanye n’abantu bubatse. Iyo nyizamvugo nyene ku rup. 594, ku bijanye na Ef 5:3, 5, ivuga ko Paulo “atahura yuko atari bose bafise ingabirano y’ukwigumya, 1 K. 1Kr 7:7. Kugira ngo umuntu [atubatse] atagira [ukwigumya] yirinde ubusambanyi, akwiye gukurikira inzira yashinzwe n’Imana yo kwubaka mu buryo bwemewe n’amategeko, 1 K. 1Kr 7:2.” Ku bw’ivyo, Ivyanditswe birakoresha ijambo por·neiʹa no ku bantu batubatse baja mu vy’uguhuza ibitsina kutemewe n’amategeko no mu ngeso zijanye n’uguhuza ibitsina zitemewe n’amategeko.—Raba 1Kr 6:9.
Uwitwa B. F. Westcott, uwagize uruhara mw’itegurwa ry’igisomwa c’ikigiriki ca Westcott na Hort, mu gitabu ciwe (Saint Paul’s Epistle to the Ephesians, Londres, 1906, rup. 76), mu vyo yanditse ku bijanye na Ef 5:3, aravuga insobanuro zitandukanye z’ijambo por·neiʹa mu Vyanditswe. Agira ati: “Iyo ni imvugo yo muri rusangi ikoreshwa ku guhuza ibitsina kwose kutemewe n’amategeko: (I) ukurenga ibigo: Hos. ii. 2, 4 (Septante); Mat. umur. 32; xix. 9; (2) umubano utemewe n’amategeko: I Kor. 1Kr 5:1 umur. 1; (3) ubusambanyi: insobanuro isanzwe, nko ng’aha [Ef 5:3].” Imvugo ngo “insobanuro isanzwe” biboneka ko yerekeza ku nsobanuro yo mu gihe ca none, itagutse, insobanuro yerekeza gusa ku bantu batubakanye.
Uretse iyo nsobanuro nyamukuru y’iryo jambo, ahantu hamwehamwe mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu ijambo por·neiʹa usanga rifise insobanuro y’ikigereranyo. Ku bijanye n’iyo nsobanuro, igitabu kimwe (ZorellGr, inkingi ya 1106, munsi y’ijambo por·neiʹa) kivuga giti: ni “uguheba ukwizera nyakuri, kwaba ukuguheba buhere canke ku rugero kanaka, uguta ya Mana imwe y’ukuri Yahve ugakurikira imana z’inyamahanga [4Bm 2Bm 9:22; Yr 3:2, 9; Hs 6:10 n’ibindi; kuko ubumwe bwari hagati y’Imana n’igisata cayo bwafatwa nk’umubano w’ababiranye wo mu buryo bw’impwemu]: Ivy 14:8; 17:2, 4; 18:3; 19:2.” (Utuzitizo nyemfuruka be n’amajambo ashimitsweko vyagizwe n’uwo mwanditsi; 4Bm mu mpinduro Septante hahuye na 2Bm mu gisomwa c’Abamasoreti.)
Mu gisomwa c’ikigiriki, ijambo por·neiʹa riboneka incuro 25 ahakurikira: Mt 5:32; 15:19; 19:9; Mr 7:21; Yoh 8:41; Ivk 15:20, 29; 21:25; 1Kr 5:1, 1; 6:13, 18; 7:2; 2Kr 12:21; Gl 5:19; Ef 5:3; Kl 3:5; 1Ts 4:3; Ivy 2:21; 9:21; 14:8; 17:2, 4; 18:3; 19:2.
Irivuga bifitaniye isano ari ryo por·neuʹo, iryahinduwe muri Bibiliya y’isi nshasha ngo “kuza urakora ubusambanyi” canke “gukora ubusambanyi,” riboneka incuro 8 ahakurikira: 1Kr 6:18; 10:8, 8; Ivy 2:14, 20; 17:2; 18:3, 9.
Irivuga bifitaniye isano ari ryo ek·por·neuʹo, iryahinduwe muri Bibiliya y’isi nshasha ngo “gukora ubusambanyi ukimonogoza,” riboneka incuro imwe, muri Yuda 7.
Izina bifitaniye isano ari ryo porʹne, iryahinduwe muri Bibiliya y’isi nshasha ngo “umumaraya,” riboneka incuro 12 ahakurikira: Mt 21:31, 32; Lk 15:30; 1Kr 6:15, 16; Heb 11:31; Yak 2:25; Ivy 17:1, 5, 15, 16; 19:2.
Izina bifitaniye isano ari ryo porʹnos, iryahinduwe muri Bibiliya y’isi nshasha ngo “umusambanyi,” riboneka incuro 10 ahakurikira: 1Kr 5:9, 10, 11; 6:9; Ef 5:5; 1Tm 1:10; Heb 12:16; 13:4; Ivy 21:8; 22:15. Inyizamvugo imwe (A Greek-English Lexicon, ya H. Liddell na R. Scott, 1968, rup. 1450) ivuga yuko iryo jambo risobanura “umuhungu yimarirwako inambu n’umugabo, umugabo agira ubuhumbu bw’agahomerabunwa, umusambanyi, uwusenga ibigirwamana.”