10 Imvugo “Isezerano rya kera” n’“Isezerano risha”
Muri iki gihe harakunda gukoreshwa imvugo “Isezerano rya kera” bashaka kuvuga “Ivyanditswe vyo mu giheburayo no mu giharameya. Ivyo babigira bishimikije igisomwa co mu 2Kr 3:14, ahavuga hati: “Ariko ububasha bwabo bwo kwiyumvira bwarapfushe. Kuko gushika uyu musi nya citwikiro nyene kigumaho igihe hasomwa isezerano rya kera, kubera ko gikurwaho biciye kuri Kristu.”
Ariko rero, ng’aha intumwa Paulo ntariko avuga Ivyanditswe vy’igiheburayo n’ivy’igiharameya vyose bifatiwe hamwe. Eka mbere ntashaka kuvuga ko Ivyanditswe vya gikirisu vyahumetswe bigize “isezerano risha.” Iyo ntumwa iriko ivuga isezerano ry’Itegeko rya kera, iryanditswe na Musa muri vya bitabu bitanu vya mbere (ivyitwa Pantateki), rikaba kandi rigize igice gusa c’Ivyanditswe vy’imbere y’ubukirisu. Ni co gituma mu murongo ukurikira avuga ngo “igihe cose ivyanditswe na Musa bisomwe.”
Rero, nta mvo n’imwe ifashe iriho yotuma Ivyanditswe vy’igiheburayo n’ivy’igiharameya vyitwa “Isezerano rya kera,” Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu na vyo ngo vyitwe “Isezerano risha.” Yezu Kristu ubwiwe, icegeranyo c’ivyanditswe vyeranda yacise “Ivyanditswe.” (Mt 21:42; Mr 14:49; Yoh 5:39) Intumwa Paulo yavyise “Ivyanditswe vyeranda,” avyita kandi “Ivyanditswe.” (Rm 1:2; 15:4; 2Tm 3:15) Hariho rero impamvu zifashe zituma dukoresha imvugo zibereye kuruta, ari zo “Ivyanditswe vy’igiheburayo” n’“Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu.”