ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 Mariko 1:1-16:20
  • Mariko

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mariko
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
Mariko

Nk’uko vyanditswe na Mariko

1 Intango y’inkuru nziza yerekeye Yezu Kristu: 2 Nk’uko vyanditswe muri Yesaya umuhanuzi ngo: “(Ehe ntumye intumwa yanje imbere yawe, ari yo izotegura inzira yawe+); 3 umve! hari umuntu ariko arasemerera mu gahinga, ati: ‘Nimutegure inzira ya Yehova, mugorore amayira yiwe+,’” 4 Yohani umubatizi yaraserutse mu gahinga yamamaza ibatisimu y’ukwigaya ku bwo kubabarirwa ibicumuro+. 5 Nuko akarere kose k’i Yudaya hamwe n’ababa i Yeruzalemu bose baza kuri we, babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bakatura ibicumuro vyabo icese+. 6 Yohani rero yambara ubwoya bw’ingamiya, agakenyeza umukanda w’urushato mu mafyinga+, kandi yarya inzige+ n’ubuki bwo mw’ishamba+. 7 Yamamaza avuga ati: “Inyuma yanje hariko haraza umuntu akomeye kundusha; ntibimbereye kwunama ngo mpfundurure imigozi y’inkweto* ziwe+. 8 Jewe nababatirishije amazi, mugabo we azobabatirisha impwemu nyeranda+.”

9 Muri iyo misi, Yezu aza avuye i Nazareti h’i Galilaya, abatizwa na Yohani muri Yorodani+. 10 Buno nyene aduze avuye mu mazi abona ijuru ryuguruka, n’impwemu imanuka kuri we imeze nk’inuma+; 11 maze ijwi riva mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje, umukundwa; naragushimye+.”

12 Buno nyene impwemu imugobera kuja mu gahinga+. 13 Nuko aguma mu gahinga imisi mirongo ine+, ageragezwa na Shetani+, kandi yari kumwe n’ibikoko, mugabo abamarayika bariko baramukorera+.

14 Yohani amaze gufatwa, Yezu aja i Galilaya+, yamamaza inkuru nziza y’Imana+, 15 avuga ati: “Igihe cashinzwe carangutse+, kandi ubwami bw’Imana buregereje. Nimwigaye+, kandi mwizere inkuru nziza.”

16 Ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga ca Galilaya, abona Simoni+ be na Andereya mwene wabo na Simoni bariko baterera insenga zabo mu kiyaga, kuko bari abarovyi+. 17 Nuko Yezu ababwira ati: “Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu+.” 18 Baca baheba insenga zabo, baramukurikira+. 19 Yigiye imbere gatoya, abona Yakobo mwene Zebedayo na Yohani mwene wabo, mu gihe nyene bari mu bwato bariko basana insenga zabo+; 20 bidatevye arabahamagara. Na bo basiga se Zebedayo mu bwato ari kumwe n’abacangero, baramukurikira. 21 Hanyuma baja i Kaperinawumu+.

Hakigera kw’isabato, yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. 22 Abantu bajorezwa n’uburyo yigisha+, kuko yabigisha nk’uwufise ububasha, atari nka ba banditsi+. 23 Vyongeye, muri uwo mwanya nyene mw’isinagogi hari umuntu yiziziwe n’impwemu ihumanye, arasemerera+, 24 ati: “Duhuriye ku ki nawe, ga Yezu Umunyanazareti+? Uje kuduhonya? Ndazi+ neza uwo uri we, uri wa Mweranda+ w’Imana+.” 25 Mugabo Yezu arayikankamira, ati: “Cereza, kandi muvemwo+!” 26 Nya mpwemu ihumanye imaze kumuhotagura no kwanaga n’ijwi ryayo ryose, iramuvamwo+. 27 Emwe, abantu bose barajongoroka, kugeza aho batangura kubazanya hagati yabo, bati: “Ibi ni ibiki ga yemwe? Ni inyigisho nshasha! Mbere n’impwemu zihumanye arazitegekana ububasha zikamugamburukira+.” 28 Nuko inkuru yiwe ikwiragira buno nyene mu mihingo yose, mu ntara yose hirya no hino i Galilaya+.

29 Buno nyene barasohoka mw’isinagogi baja mu nzu kwa Simoni+ na Andereya bari kumwe na Yakobo be na Yohani. 30 Kandi inabukwe wa Simoni+ yari aryamye arwaye inyonko+, baca bamubwira ivy’uwo mugore. 31 Nuko aja aho ari, aramuhagurutsa amufashe ukuboko; ya nyonko na yo ica iramuvako+, atangura kubakorera+.

32 Bumaze kugoroba, izuba rimaze kurenga, abantu batangura kumuzanira abarwaye bose+ n’abiziziwe n’amadayimoni*+; 33 maze igisagara cose gikoranira neza na neza imbere y’umuryango. 34 Nuko akiza abantu benshi bari barwaye indwara zitari zimwe+, arirukana n’amadayimoni menshi, mugabo ntiyayareka ngo avuge, kuko ano yari amuzi ko ari Kristu+.

35 Mu gatondo ka kare, hakiri mu kajoro, aravyuka aja hanze, hanyuma aja mu gahinga+, maze ari ng’aho atangura gusenga+. 36 Ariko Simoni n’abari kumwe na we baramuhiga hasi hejuru, 37 baramutora, bamubwira bati: “Bose bariko barakurondera.” 38 Mugabo ababwira ati: “Tugende ahandi, mu tugari two mu micungararo, kugira ngo na ho nyene namamazeyo+, kuko ico ari co canzanye+.” 39 Kandi yaragiye, aramamaza mu masinagogi yabo i Galilaya hose yongera yirukana amadayimoni+.

40 Haza kandi umunyamibembe kuri we, aramwinginga yahevye arapfukama, avuga ati: “Ubishatse gusa, urashobora kumpumanura+.” 41 Bimutera ikigongwe+, aramvura ukuboko amukorako, amubwira ati: “Ndabishaka. Humanuka+.” 42 Buno nyene ya mibembe ica iramuvako, arahumanuka+. 43 Vyongeye, aramwihanikiriza, aca aramurungika, 44 amubwira ati: “Urabe ntihagire umuntu n’umwe ugira ico ubwiye, mugabo genda wiyereke umuherezi+ maze ku bw’uguhumanurwa kwawe ushikane ibintu Musa yategetse+, kugira bibabere intahe+.” 45 Mugabo nya muntu amaze kugenda atangura kubitangaza cane no gukwiragiza hose iyo nkuru, ku buryo Yezu atari agishoboye kwinjira mu gisagara ku mugaragaro, mugabo aguma hanze mu gahinga. Yamara abantu baguma baza kuri we bavuye mu mihingo yose+.

2 Ariko haciye imisi mikeyi yongera kwinjira i Kaperinawumu, maze bivugwa ko Yezu ari iwabo+. 2 Nuko abantu benshi bakoranira ng’aho, kugeza n’aho ata kibanza gisigara, habe no hambavu y’umuryango, hanyuma atangura kubabwira ijambo ry’Imana+. 3 Buno abantu baza bamuzaniye ikimuga kireruwe na bane+. 4 Mugabo kubera batashoboye kugishikana aho Yezu ari kubera isinzi, bakurako ibisakazo hejuru y’aho yari ari, hanyuma bamaze kuhatobora, bururutsa inderuzo nya kimuga cari kiryamyeko+. 5 Maze Yezu abonye ukwizera+ kwabo, abwira ico kimuga ati: “Kibondo, ibicumuro vyawe birababariwe+.” 6 Kandi hari bamwe mu banditsi bari bicaye ng’aho, biyumvira mu mitima yabo+ bati: 7 “Kubera iki uyu mugabo avuga gutyo? Ararogose. Ni nde ashoboye kubabarira ibicumuro atari umwe, ari we Mana+?” 8 Mugabo Yezu atahura buno nyene mu muzirikanyi wiwe yuko bariko biyumvira gutyo muri bo, ababwira ati: “Kubera iki muriko mwiyumvira ivyo bintu mu mitima yanyu+? 9 Icoroshe ni ikihe? Ni ukubwira ico kimuga ngo: ‘Ibicumuro vyawe birababariwe,’ canke kuvuga ngo: ‘Haguruka utore inderuzo yawe utambuke+’? 10 Mugabo kugira mumenye yuko Umwana w’umuntu+ afise ububasha bwo kubabarira ibicumuro kw’isi+,”... abwira nya kimuga ati: 11 “Ndabikubwiye: Haguruka, tora inderuzo yawe witahire+.” 12 Aca arahaguruka, buno nyene atora inderuzo yiwe, asohoka bose bamubona+, bose bagwa mu gahundwe, baninahaza Imana, bavuga bati: “Ntitwari bwigere tubona ikintu nk’ico+.”

13 Yongera gusohoka aja iruhande y’ikiyaga; isinzi ryose riguma riza kuri we, na we atangura kubigisha. 14 Mugabo ariko ararengana, abona Lewi+ mwene Alufayo yicaye ku biro vy’ikori, amubwira ati: “Nkurikira.” Na we arahaguruka aramukurikira+. 15 Mu nyuma, Yezu yari ku meza mu nzu y’uwo, kandi abatozakori+ n’abacumuzi benshi bari bicaranye na we be n’abigishwa biwe, kuko bari bahari ari benshi hanyuma batangura kumukurikira+. 16 Mugabo abanditsi b’Abafarizayo* babonye ko ariko asangira n’abacumuzi be n’abatozakori, batangura kubwira abigishwa biwe bati: “Mbega arasangira n’abatozakori be n’abacumuzi+?” 17 Yezu ngo avyumve, ababwira ati: “Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera. Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi+.”

18 Ico gihe abigishwa ba Yohani n’Abafarizayo barisonzesha. Nuko baraza, bamubwira bati: “Ni kubera iki abigishwa ba Yohani n’abigishwa b’Abafarizayo bisonzesha, mugabo abigishwa bawe ntibisonzeshe+?” 19 Yezu na we ababwira ati: “None igihe umukwe akiri kumwe n’abagenzi biwe, boshobora kwisonzesha+? Umwanya bakiri kumwe n’umukwe ntibashobora kwisonzesha+. 20 Mugabo hazoza imisi aho umukwe azokurwa muri bo; bazoheza rero bisonzeshe kuri uwo musi+. 21 Nta wushonera ikiremo c’impuzu nshasha* ku mpuzu yo hejuru ishaje; abigize, inkomezi zaco zose zirakwega nya mpuzu yo hejuru, igishasha kigakwega igishaje, ugutabuka kugaca kwunyuka+. 22 Vyongeye, nta muntu ashira umuvinyu mushasha mu mikuza y’inshato ishaje; abigize, nya muvinyu uraturitsa ya mikuza y’inshato, umuvinyu n’imikuza bigahomba vyose+. Mugabo umuvinyu mushasha bawushira mu mikuza y’inshato mishasha+.”

23 Ikindi gihe yariko aca mu mirima y’ingano kw’isabato, abigishwa biwe batangura kugenda bamyoza+ uduhundo tw’intete+. 24 Nuko Abafarizayo bamubwira bati: “Ehe raba! Ni kubera iki bariko bakora ibitemewe gukorwa kw’isabato+?” 25 Na we ababwira ati: “Mbega none ntimurigera musoma ico Dawidi+ yakoze igihe yabura ibifungurwa agasonza, we hamwe n’abantu bari kumwe na we+? 26 Ingene yinjiye mu nzu y’Imana, muri ya nkuru ya Abiyatari+ umukuru w’abaherezi, akarya imikate ishirwa imbere y’Imana*+, kikaba ari ikintu ata n’umwe yemerewe+ kurya kiretse abaherezi, hanyuma agahako n’abantu bari kumwe na we+?” 27 Abandanya rero kubabwira ati: “Isabato yabayeho ku bw’umuntu+, si umuntu yabayeho ku bw’isabato+; 28 ku bw’ivyo rero Umwana w’umuntu ni Umukama mbere w’isabato+.”

3 Yongera kwinjira mw’isinagogi, hakaba hari umugabo w’ukuboko kwumye+. 2 Bari bamureretse bitonze rero ngo barabe ko akiza nya mugabo kw’isabato, kugira ngo bamwagirize+. 3 Abwira nya mugabo yanyunyutse ukuboko ati: “Haguruka uze hagati.” 4 Hanyuma ababwira ati: “Vyoba vyemewe kw’isabato gukora igikorwa ciza canke gukora igikorwa kibi, gukiza umuntu canke kumwica+?” Mugabo baguma bacereje. 5 Amaze kweraguza abaraba ashavuye, atuntujwe cane n’ugukomantara kw’imitima yabo+, abwira nya mugabo ati: “Ramvura ukuboko kwawe.” Na we arakuramvura, ukuboko kwiwe guca kurakira+. 6 Abafarizayo baca barasohoka, buno nyene batangura kumugira inama bari kumwe n’abanywanyi b’umugambwe wa Herodi+ kugira bamwice+.

7 Mugabo Yezu hamwe n’abigishwa biwe bavayo baja ku kiyaga; abantu indiri n’indiri bavuye i Galilaya n’i Yudaya baramukurikira+. 8 Mbere n’abantu indiri n’indiri bavuye i Yeruzalemu no muri Idumeya no hakurya ya Yorodani be no mu micungararo ya Tiro+ na Sidoni, bumvise ibintu vyose ariko arakora, baza kuri we. 9 Abwira abigishwa biwe kwamana akato gatoya yikorako, kugira ngo isinzi ntirimugunde. 10 Kuko yakijije benshi, bigatuma abari barwaye indwara zibabaza cane bose bamurundanako kugira bamukoreko+. 11 Mbere n’impwemu zihumanye+, igihe cose zaba zimubonye, zarakubita inkoro hasi imbere yiwe zigasemerera ziti: “Uri Umwana w’Imana+.” 12 Mugabo kenshi yarazihanikiriza ngo ntizimumenyekanishe+.

13 Buno aduga umusozi hanyuma ahamagara abo ashaka+, na bo baja aho ari+. 14 Nuko ashinga umugwi wa cumi na babiri, ari na bo kandi yise “intumwa,” kugira bagumane na we no kugira abatume kwamamaza+ 15 no kugira ngo bagire ububasha bwo kwirukana amadayimoni+.

16 Nya mugwi yashinze wa cumi na babiri rero wari ugizwe na Simoni, ari we kandi yataziriye Petero+, 17 na Yakobo mwene Zebedayo na Yohani mwene wabo na Yakobo+ (abo ni bo kandi yataziriye Bowanerige, bikaba bisobanura ngo: Abana b’Umuturagaro), 18 na Andereya na Filipo na Barutelemi na Matayo na Toma na Yakobo mwene Alufayo na Tadeyo na Simoni Umunyakanani 19 na Yuda Isikariyoti, ari we yahavuye amugura+.

Hanyuma yinjira mu nzu. 20 Isinzi ryongera gukorana, ku buryo badashobora no gufungura+. 21 Mugabo incuti+ ziwe zivyumvise, zirasohoka zija kumufata, kuko zariko zivuga ngo: “Yasaze+.” 22 Vyongeye, abanditsi bari bamanutse bavuye i Yeruzalemu bariko bavuga bati: “Arimwo Beyezebuli, kandi yirukana amadayimoni biciye ku mutware w’amadayimoni+.” 23 Nuko, amaze kubahamagara ngo baze kuri we, atangura kubabwirira mu bigereranyo* ati: “Shetani ashobora gute kwirukana Shetani? 24 Nakare, nimba ubwami bwiciyemwo ibice bukirwanya, ubwo bwami ntibushobora kurama+; 25 kandi nimba inzu yiciyemwo ibice ikirwanya, iyo nzu ntizoshobora kurama+. 26 Vyongeye, nimba Shetani ahagurutse ngo yirwanye akicamwo ibice, ntashobora kurama, ahubwo ivyiwe biraheze+. 27 Nkako, nta muntu yinjiye mu nzu y’umuntu w’inguvu ashobora gusahura+ ibintu atunze, atabanje kumuboha, akabona rero gusahura inzu yiwe+. 28 Ni ukuri, ndababwiye yuko abana b’abantu bazobabarirwa ibintu vyose, naho boba bakora ibicumuro bimeze gute, bakarogota ibirogotano bimeze gute+. 29 Ariko uwo wese arogota ku mpwemu nyeranda ntazokwigera ababarirwa, ahubwo yagirwa n’igicumuro kidahera+.” 30 Ivyo yabivuze kubera ko bariko bavuga ngo: “Arimwo impwemu ihumanye+.”

31 Buno nyina na bene wabo+ baraza, hanyuma bahagaze hanze, bamutumako+. 32 Ico gihe isinzi ryari rigandagaje rimukikije, baraheza bamubwira bati: “Ehe nyoko wawe na bene wanyu aho hanze barakurondera+.” 33 Mugabo abishura ati: “Mbega mawe na bene wacu ni bande+?” 34 Yeraguza hirya no hino mu bari bicaye bamukikije, avuga ati: “Ng’aba mawe na bene wacu+! 35 Uwo wese akora ukugomba kw’Imana, ni we mwene wacu na mushikanje na mawe+.”

4 Hanyuma atangura kwongera kwigishiriza iruhande y’ikiyaga+. Buno isinzi rinini cane rikoranira iruhande yiwe, bituma yurira mu bwato yigira hirya, yicara ku kiyaga, mugabo isinzi ryose ryari iruhande y’ikiyaga ku nkengera+. 2 Nuko atangura kubigisha ibintu vyinshi mu bigereranyo+ no kubabwira mu nyigisho yiwe+ ati: 3 “Umvirize. Ehe umubivyi yarasohotse kubiba+. 4 Hanyuma ariko arabiba, imbuto zimwe zigwa iruhande y’inzira, inyoni ziraza zirazirya+. 5 Izindi na zo zigwa ahantu h’urubuyebuye, aho vyumvikana ko zitaronse ivu ryinshi, zica ziramera buno nyene kuko zitaronse ivu rishika kure+. 6 Mugabo izuba rirashe, zirababuka, maze kubera ukutagira imizi zica ziruma+. 7 Izindi na zo zigwa mu mahwa, hanyuma nya mahwa araduga, arazinyoha, maze ntizama na gato+. 8 Mugabo izindi zaguye mw’ivu ryiza+ hanyuma zirakura, ziragwira, zitangura kwama, zama incuro mirongo itatu, mirongo itandatu, n’ijana+.” 9 Nuko yongerako iri jambo ati: “Uwuri n’amatwi yo kwumviriza niyumvirize+.”

10 Buno igihe yari wenyene, abamukikije hamwe na bamwe cumi na babiri batangura kumubaza ibibazo ku vyerekeye nya bigereranyo+. 11 Na we ababwira ati: “Mwebwe mwarahawe kumenya ibanga ryeranda+ ry’ubwami bw’Imana, mugabo ku bo hanze ibintu vyose biza mu bigereranyo+, 12 kugira ngo naho baraba, barabe yamara ntibabone, kandi naho bumva, bumve yamara ntibategere insobanuro, canke ngo bigere bahindukira ngo bababarirwe+.” 13 Ababwira kandi ati: “Ko mutamenye ico kigereranyo, none muzotegera gute ibindi bigereranyo vyose?

14 “Umubivyi abiba ijambo+. 15 Ng’aba rero zimwe zagwa iruhande y’inzira aho ijambo ribibwe: bakimara kuryumva Shetani araza+ agatwara nya jambo ryabibwe muri bo+. 16 Muri ubwo buryo nyene, ng’aba izabibwe ahantu h’urubuyebuye: bakimara kwumva iryo jambo, bararyemera n’akanyamuneza+. 17 Yamara nta muzi bagira muri bo, ahubwo bamara igihe gito; maze amakuba canke uruhamo bigize ngo biravyuka kubera iryo jambo, baca batsitara+. 18 Hari n’izindi zabibwe mu mahwa; abo ni abumvise iryo jambo+, 19 mugabo amaganya+ y’ivy’iki gihe* be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi+ be n’ukwipfuza+ ibindi bintu, bikabinjiramwo hanyuma bikanyoha iryo jambo, maze rigacika ikirumbirane+. 20 Ubwa nyuma, izabibwe mw’ivu ryiza ni abumviriza iryo jambo bakaryakira neza hanyuma bakama incuro mirongo itatu, mirongo itandatu, n’ijana+.”

21 Abandanya kubabwira ati: “Mbega itara rizanwa ngo rishirwe munsi y’igisimbo co gupimisha canke munsi y’igitanda? None ntirizanwa ngo rishirwe ku gitereko caryo+? 22 Kuko ata kintu na kimwe canyegejwe atari ukugira ngo gishirwe ku mugaragaro; nta kintu na kimwe cahishijwe bimwe vyitondewe atari ukugira ngo kije ahabona+. 23 Uwo wese ari n’amatwi yo kwumviriza, niyumvirize+.”

24 Yongera kubabwira ati: “Mwitwararike ivyo muriko murumva+. Ingero mugeresha, ni yo namwe bazobagererako+, egome, muzokwongerwa n’ibindi+. 25 Kuko uwufise azokwongerwa; mugabo uwudafise, n’ico afise azocakwa+.”

26 Nuko abandanya kuvuga ati: “Ni co gituma ubwami bw’Imana bumeze nk’igihe umuntu amija imbuto kw’ivu+, 27 hanyuma agasinzira mw’ijoro, ku murango akavyuka, za mbuto na zo zikamera hanyuma zigakura, mu buryo atazi+. 28 Buhorobuhoro ivu ubwaryo rirateba rikama: ubwa mbere hamera icatsi, hanyuma kikayangika, amaherezo ihundo rikazana intete zikuze. 29 Mugabo iyo vyeze, aratuma agakero agasarura, kuko iyimbura rigeze.”

30 Abandanya kuvuga ati: “Ubwami bw’Imana tubusanishe n’iki, canke tubugereranye n’iki+? 31 Busa n’agatete ka sinapi, akabibwe mw’ivu ari ko kabuto kanzwinya kuruta imbuto zose ziri kw’isi+— 32 mugabo kamaze kubibwa, karakura kakaruta ibindi biterwa vy’imboga vyose hanyuma kakazana amashami manini+, ku buryo inyoni zo mu kirere+ zishobora kwibera mu gitutu cako+.”

33 Akoresheje ibigereranyo vyinshi+ mwene ivyo rero yarababwira ijambo ry’Imana, nk’uko bari bashoboye kwumviriza. 34 Nkako, nta co yababwira adakoresheje ikigereranyo, mugabo mu mwiherero abigishwa biwe yarabasigurira ibintu vyose+.

35 Hanyuma kuri uwo musi, bumaze kugoroba, ababwira ati: “Tujabuke tuje ku yindi nkengera+.” 36 Nuko bamaze kurungika rya sinzi, bamutwara mu bwato, nk’uko yari, kandi hari n’ubundi bwato bwari kumwe na we+. 37 Buno haduka ikirura c’umuyaga gikaze, imipfunda na yo iguma yisuka mu bwato, ku buryo ubwato buhakwa kwuzura amazi+. 38 Mugabo we yari yibereye mw’itenzi* aryamye ku musego. Nuko baramukangura, bamubwira bati: “Mwigisha, nta co bikubwiye kuba tugira duhone+?” 39 Aca aravyuka akankamira nya muyaga, abwira ikiyaga ati: “Hora! Tekereza+!” Nya muyaga uca uraturura, haratekana cane+. 40 Araheza ababwira ati: “Kubera iki muri n’umutima uhuha? Mbega nta kwizera na gukeya muragira?” 41 Mugabo bagira ubwoba budasanzwe, babwirana bati: “None uyo ni nde, ko mbere n’umuyaga n’ikiyaga bimugamburukira+?”

5 Nuko, bashika ku yindi nkengera y’ikiyaga, mu gihugu c’Abageraseni+. 2 Buno nyene avuye mu bwato, umugabo yiziziwe n’impwemu ihumanye aza kumusanganira avuye hagati mu mva+. 3 Yaba muri izo mva; kandi gushika ico gihe nta muntu n’umwe yashobora kumuboha ngo amudade, n’iyo hobaye hakoreshejwe umunyororo, 4 kuko kenshi yaboheshwa iminyororo ku maguru no ku maboko, mugabo iyo ku maboko akavutagura, iyo ku maguru na yo akagira ubunywenywe koko; kandi nta n’umwe yari afise inguvu zo kumukonya. 5 Kandi ijoro n’umurango yaguma asemerera mu mva no mu misozi yongera yikebaguza amabuye. 6 Mugabo akubise ijisho Yezu akiri nka hariya, arirukanga, yikubita imbere yiwe, 7 hanyuma amaze gusemerera n’ijwi rirenga+, avuga ati: “Mpuriye ku ki nawe ga Yezu, Mwana wa ya Mana Musumbavyose+? Ndakurahije+ Imana ntumbabaze+.” 8 Kuko yari yayibariye ati: “Va muri uwo muntu, wa mpwemu ihumanye we+.” 9 Mugabo amubaza ati: “Witwa nde?” Na we amubwira ati: “Nitwa Legiyoni*+, kubera ko turi benshi+.” 10 Aramwinginga kenshi ngo ntiyirukane izo mpwemu muri ico gihugu+.

11 Buno hari ubusho bunini bw’ingurube+ zariko zirarisha ku musozi+. 12 Nuko nya mpwemu ziramwinginga ziti: “Turungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo.” 13 Na we arazemerera. Za mpwemu zihumanye zica zirasohoka zinjira muri nya ngurube; nya busho na bwo buca bushunguruka imanga, bwitera mu kiyaga, zikaba zashika nk’ibihumbi bibiri, zija zirasoma nturi mu kiyaga, imwimwe+. 14 Mugabo abungere bazo barahunga, bigana iyo nkuru mu gisagara no mu gihugu hagati; hanyuma abantu baza kuraba ivyabaye ivyo ari vyo+. 15 Nuko baza kuri Yezu, babona wa mugabo yari yiziziwe n’amadayimoni yicaye, yambaye, aroranye mu muzirikanyi, umwe yari yahoze yiziziwe na ya legiyoni; baca batekerwa n’ubwoba. 16 Abari babibonye na bo babiganira ingene ivy’uwo mugabo yari yiziziwe n’amadayimoni vyagenze be n’ivya za ngurube. 17 Baca batangura kumwinginga ngo ave mu ntara zabo+.

18 Igihe ariko yurira ubwato, wa mugabo yari yahoze yiziziwe n’amadayimoni atangura kumwinginga ngo agumane na we+. 19 Ariko ntiyamukundira, mugabo amubwira ati: “Ja iwanyu ku ncuti zawe+, ubabwire ibintu vyose Yehova+ agukoreye be n’ingene yakugiriye imbabazi+.” 20 Nuko aragenda, atangura gutangaza i Dekapoli+ ibintu vyose Yezu yamukoreye, abantu bose baratangara+.

21 Yezu amaze kwongera kujabuka mu bwato akagaruka ku yindi nkengera, isinzi rinini rikoranira kuri we; na we yari iruhande y’ikiyaga+. 22 Buno umwe mu bakuru bahagarikiye isinagogi, akaba yitwa Yayiro, araza, hanyuma amukubise ijisho, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe+ 23 aramwinginga kenshi, ati: “Umukobwa wanje agira acikane. Ndakwinginze uze umurambikeko ibiganza+ kugira ngo akire, abeho+.” 24 Aca ajana na we. Isinzi rinini na ryo riramukurikira, rimubanda+.

25 Kandi hari umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri ava amaraso+, 26 akaba yari yararuhijwe cane n’abaganga benshi+, yarakoresheje n’utwiwe twose ntihagira ico bimumarira, ahubwo riho bikarushiriza kwunyuka. 27 Aho yumviye ivyerekeye Yezu, azanana inyuma mw’isinzi hanyuma akora+ ku mpuzu yiwe yo hejuru; 28 kuko yaguma avuga ati: “Ninakora gusa ku mpuzu ziwe zo hejuru ndakira+.” 29 Buno nyene isôko ry’amaraso ryiwe rica rirakama, aca yumva mu mubiri wiwe yuko akize ya ndwara isesereza+.

30 Vyongeye, buno nyene Yezu yumva muri we yuko hari ububasha+ bumuvuyemwo, hanyuma arahindukira muri rya sinzi, avuga ati: “Ni nde akoze ku mpuzu zanje zo hejuru+?” 31 Abigishwa biwe na bo bamubwira bati: “Wewe ubone isinzi ririko rirakubanda+, hanyuma uvuge ngo: ‘Ni nde ankozeko?’” 32 Ariko yariko yeraguza ngo arabe nya mugore yari abigize. 33 Mugabo nya mugore, n’ubwoba n’akantu kandi ajugumira, kubera yari azi ivyari vyamushikiye, araza yikubita hasi imbere yiwe, amubwira ukuri kwose+. 34 Na we amubwira ati: “Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Genda amahoro+, ukire indwara yawe isesereza+.”

35 Akiriko aravuga, haza abantu bavuye i muhira kwa wa mukuru ahagarikiye isinagogi, bavuga bati: “Umukobwa wawe yapfuye! Uracagorera iki umwigisha+?” 36 Mugabo Yezu ibiriko biravugwa bimugwa mu gutwi, abwira nya mukuru ahagarikiye isinagogi ati: “Ntutinye, izere gusa+.” 37 Ntiyareka ngo hagire n’umwe amukurikira kiretse Petero na Yakobo na Yohani mwene wabo na Yakobo+.

38 Nuko baza ku nzu ya nya mukuru ahagarikiye isinagogi, ahasanga uruyogoyogo n’abarira bongera batura amaborogo menshi, 39 hanyuma amaze kwinjira, ababwira ati: “Urwo ruyogoyogo n’ayo marira ni ivy’iki? Uwo mwana ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye+.” 40 Baca batangura gutwenga bamushinyagurira. Mugabo, amaze kubasohora hanze bose, ahitana se na nyina b’uwo mwana n’abari kumwe na we, yinjira aho nya mwana yari+. 41 Hanyuma afata ukuboko kwa nya mwana, amubwira ati: “Talita kumi,” bikaba bisobanura ngo: “Mwigeme, ndabikubwiye: Haguruka+!” 42 Buno nyene nya mwigeme arahaguruka hanyuma atangura kugendagenda, akaba yari afise imyaka cumi n’ibiri. Baca bagwa mu gahundwe bikugura cane+. 43 Mugabo abategeka incuro n’izindi kutagira n’umwe babibwira+, yongera avuga ko bamuha utwo arya.

6 Hanyuma avayo, aza mu karere k’iwabo, n’abigishwa biwe baramukurikira+. 2 Hageze kw’isabato, atangura kwigisha mw’isinagogi; maze benshi mu bariko baramwumviriza barajorerwa, bavuga bati: “Mbega uyu muntu yakuye hehe ibi bintu+? Kandi kubera iki yoba yahawe ubwo bukerebutsi, n’ibikorwa vy’ububasha mwene ivyo bigakorwa biciye ku maboko yiwe? 3 Uyu si wa mubaji+, umuhungu wa Mariya+ akaba na mwene wabo na Yakobo+ na Yozefu na Yuda na Simoni+? Bashikiwe na bo ntibari ng’aha kumwe natwe?” Nuko batangura gutsitara kubera we+. 4 Mugabo Yezu abandanya kubabwira ati: “Umuhanuzi ntabura guterwa iteka kiretse mu karere k’iwabo+ no mu ncuti ziwe no mu nzu iwabo+.” 5 Ni co gituma ata gikorwa c’ububasha yakoreyeyo kiretse kurambika ibiganza ku barwaye bakeyi akabakiza. 6 Emwe, yaratangajwe n’ukutizera kwabo. Nuko agendagenda azunguruka mu bigwati, yigisha+.

7 Buno ahamagaza bamwe cumi na babiri, atanguza ivyo kubatuma babiribabiri+, kandi abaha ububasha ku mpwemu zihumanye+. 8 Abategeka kandi kutagira ikintu na kimwe bitwaza ku bw’urugendo kiretse inkoni yonyene, ntibitwaze umukate, umupfuko w’ibifungurwa+, canke amahera* mu masaho yabo yo ku mikanda+, 9 mugabo abategeka kwambara inkweto*, no kutambara impuzu zibiri zo munsi+. 10 Ababwira kandi ati: “Aho hose mwinjiye mu nzu+, muhagume kugeza musohotse mukahava+. 11 Kandi ahantu hose batazobakira canke ngo babumvirize, muhavuye muze mukunkumure ivu riri munsi y’ibirenge vyanyu kugira bibere intahe abo bantu+.” 12 Nuko baragenda, baramamaza ngo abantu bigaye+; 13 kandi bǎrirukana amadayimoni menshi+ bakongera bagasiga amavuta+ abantu benshi barwaye, bakanabakiza+.

14 Maze bishika mu gutwi kw’Umwami Herodi, kuko izina rya Yezu ryari ryamenyekanye cane, abantu bakaba bariko bavuga bati: “Yohani umubatizi yazuwe mu bapfuye, ari co gituma akora ibikorwa vy’ububasha+.” 15 Mugabo abandi bariko bavuga bati: “Ni Eliya+.” Abandi na bo bati: “Ni umuhanuzi nk’abandi bahanuzi+.” 16 Mugabo Herodi avyumvise atangura kuvuga ati: “Umwe Yohani naca umutwe, ni we w’uyo yazuwe+.” 17 Kuko Herodi ubwiwe yari yatumye ngo bafate Yohani hanyuma amubohera mw’ibohero kubera Herodiya muka Filipo mwene wabo, kuko Herodi yari yamwabiriye+. 18 Kuko Yohani yari yagumye abwira Herodi ati: “Ntivyemewe ko utwara umugore wa mwene wanyu+.” 19 Mugabo Herodiya yamwamanira inzika+, agashaka kumwica, mugabo ntabishobore+. 20 Kuko Herodi yatinya+ Yohani, kubera yari azi ko ari umugabo w’umugororotsi kandi w’umweranda+; mbere yaramukingira. Kandi amaze kumwumviriza+ yarazazanirwa rwose, yamara akabandanya kumwumviriza ahimbawe.

21 Mugabo akaryo+ karabonetse igihe Herodi yatereka imfungurwa zo ku mugoroba ku musi w’ivuka ryiwe+, aziteretse abo ku rwego rwo hejuru biwe n’abakomanda ba gisirikare hamwe n’abantu bakurubakuru b’i Galilaya. 22 Maze umukobwa w’uwo Herodiya nyene arinjira, aratamba, ashimisha Herodi hamwe n’abari bicaranye+ na we. Umwami abwira nya mwigeme ati: “Nsaba ico ushaka cose, ndakiguha.” 23 Egome, aramurahira ati: “Ico unsaba cose, ndakiguha+, gushika no ku gice c’ubwami bwanje+.” 24 Hanyuma arasohoka abwira nyina ati: “Nsabe iki?” Na we ati: “Umutwe wa Yohani wa mubatizi+.” 25 Buno nyene arinjira anyaragasa, aja ku mwami, amusaba ati: “Nshaka ko umpa ubu nyene kw’isiniya umutwe wa Yohani Umubatizi.” 26 Naho umwami yagize intuntu nyinshi cane, yaranse kumwirengagiza, kubera za ndahiro be n’abari ku meza+. 27 Umwami buno nyene aca arungika uwo mu bacungera ubuzima, amutegeka kuzana umutwe wa Yohani. Na we aca aragenda amucira umutwe mw’ibohero+, 28 hanyuma azana umutwe wiwe kw’isiniya, awuha nya mwigeme, nya mwigeme na we awuha nyina+. 29 Aho abigishwa biwe bavyumviye baraza batora ikiziga ciwe, bagishira mu mva+.

30 Hanyuma intumwa zikoranira imbere ya Yezu zimwiganira ibintu vyose zari zakoze n’ivyo zari zigishije+. 31 Na we ababwira ati: “Nimuze, mwebwe mwenyene, ahiherereye mu gahinga+ muruhuke gatoya+.” Kuko abaza n’abagenda bari benshi, ku buryo batari bafise n’akanya ko gufungura+. 32 Nuko bafata ubwato baja mu gahinga ari bonyene+. 33 Mugabo abantu barababona bagenda kandi benshi barabimenya, baca birukirayo icarimwe n’amaguru bavuye mu bisagara vyose, babatangayo+. 34 Nuko yururutse, abona isinzi rinini, mugabo bamutera ikigongwe+, kuko bari bameze nk’intama zitagira umwungere+. Aca atangura kubigisha ibintu vyinshi+.

35 Ico gihe amasaha yari ageze kure, hanyuma abigishwa biwe baza kuri we, bavuga bati: “Aha hantu ni mu gahinga ka nyaganande, kandi amasaha amaze kugera kure+. 36 Barungike, bagende mu gihugu hagati no mu bigwati vyo mu micungararo bigurire ico barya+.” 37 Abishura ati: “Be ari mwebwe mubaha ico barya.” Baca bamubwira bati: “Tugende tugure imikate iciye idenariyo* amajana abiri tuyihe abantu barye+?” 38 Ababwira ati: “Mufise imikate ingahe? Gende murabe!” Bamaze kubimenya, bavuga bati: “Itanu, hamwe n’ifi zibiri+.” 39 Nuko abwira abantu bose kugandagaza mu migwimigwi+ ku vyatsi bitoto+. 40 Hanyuma bagandagaza mu migwi y’ijanijana n’iya mirongo itanitanu+. 41 Araheza atora ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru arabihezagira+, hanyuma amanyagura+ ya mikate atangura kuyiha abigishwa, kugira ngo bano bayishire imbere y’abantu; hanyuma agabura za fi zibiri ku bwa bose. 42 Nuko bose bararya barahaga+; 43 hanyuma begeranya utumanyu, haboneka ibisimbo cumi na bibiri vyuzuye, ifi zitarimwo. 44 Ikigeretseko, abariye kuri nya mikate bari abagabo ibihumbi bitanu+.

45 Hanyuma, bidatevye, agobera abigishwa biwe kwurira ubwato ngo babe baragenda ku yindi nkengera amagana i Betsayida, mu gihe na we ubwiwe arungika rya sinzi+. 46 Mugabo amaze kubasezera, aja ku musozi gusenga+. 47 Bumaze kugoroba, ubwato bwari hagati mu kiyaga, mugabo we yari wenyene i musozi+. 48 Hanyuma aho aboneye bariko baracumukura+ mu gusoza, kuko umuyaga waza ubaturutse imbere, nko mw’iterama rya kane* ry’ijoro araza abagana, agendagenda ku kiyaga; mugabo yagomba kubarengana. 49 Bamubonye agendera ku kiyaga biyumvira bati: “Ni igihume!”, baca bayiha umunwa+. 50 Kuko bose bamubonye bagahagarika umutima. Mugabo buno nyene avugana na bo, maze ababwira ati: “Nimureme, ni jewe; ntimutinye+.” 51 Hanyuma yurira mu bwato hamwe na bo, wa muyaga uca uraturura. Nuko barumirwa cane mu mitima yabo+, 52 kuko batari barategereye insobanuro ya ya mikate, yamara imitima yabo bikaguma biyigora gutegera+.

53 Hanyuma bajabutse bakaja i musozi, binjira i Genesareti baraheza bakorora inanga bazirika imeri hafi yaho+. 54 Mugabo bakiva mu bwato, abantu baramumenya, 55 baca birukanga irya n’ino muri ako karere hanyuma batangura guterura abarwaye ku nderuzo babazana aho bumvise ari. 56 Kandi aho hose yaba yinjiye mu bigwati canke mu bisagara canke mu gihugu hagati+, barashira abarwaye mu tuguriro hanyuma bakamutakambira ngo bapfe gusa gukora+ ku buyonga+ bw’impuzu yiwe yo hejuru. Kandi ababukorako bose barakira+.

7 Buno Abafarizayo na bamwe mu banditsi bari baje bava i Yeruzalemu bakoranira iruhande yiwe+. 2 Hanyuma babonye bamwe mu bigishwa biwe bafungura n’iminwe ihumanye, ni ukuvuga iminwe idakaravye+— 3 kuko Abafarizayo n’Abayuda bose batarya batabanje gukaraba iminwe kugeza mu nkokora, bakagumya umugenzo w’aba kera, 4 kandi iyo bavuye mu kaguriro, ntibarya batihumanuye mu kwimijagira amazi; hari n’iyindi migenzo+ myinshi bahawe ngo bayigumye, nko kwinika mu mazi ibikombe n’amakarabo n’inkono z’umuringa+,— 5 abo Bafarizayo n’abanditsi baca bamubaza bati: “Kubera iki abigishwa bawe batigenza nk’uko umugenzo w’aba kera uri, mugabo bagafungura n’iminwe ihumanye+?” 6 Ababwira ati: “Yesaya ntiyihenze igihe yavuga mu buhanuzi ibiberekeye, mwa biyorobetsi, nk’uko vyanditswe ngo+: ‘Aba bantu bantera iteka n’iminwa yabo, mugabo imitima yabo yigijwe kure yanje cane+. 7 Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari amabwirizwa y’abantu+.’ 8 Mureka ibwirizwa ry’Imana, mukagumya umugenzo w’abantu+.”

9 Hanyuma ababwira ati: “Mubigiranye ubuhanga, murigiza ku ruhande ibwirizwa+ ry’Imana kugira ngo mugumye umugenzo wanyu. 10 Nk’akarorero, Musa yavuze ati: ‘Tera iteka so na nyoko+,’ yongera ati: ‘Uwututse se canke nyina ntaze abure gupfa+.’ 11 Mugabo mwebwe muvuga ngo: ‘Iyo umuntu abwiye se canke nyina ati: “Ico nari mfise cose nogufashisha ni korubani+ (ni ukuvuga ingabirano yeguriwe+ Imana),”’— 12 ntimuba mukimuretse ngo agire ikintu na kimwe akorera se canke nyina+, 13 gutyo rero mugatituza ijambo ry’Imana+ imigenzo yanyu mwagiye murahererekana. Kandi murakora n’ibindi vyinshi+ mwene ivyo.” 14 Nuko yongera guhamagara isinzi ngo rize kuri we, ababwira ati: “Nimunyumvirize, mwebwe mwese, kandi mutegere insobanuro+. 15 Nta kintu na kimwe kiva hanze y’umuntu cinjira muri we gishobora kumuhumanya; mugabo ibisohoka bivuye mu muntu ni vyo bihumanya umuntu+.” 16* ——

17 Amaze kwinjira mu nzu kure ya rya sinzi, abigishwa biwe batangura kumubaza ibijanye n’ico kigereranyo+. 18 Nuko ababwira ati: “Mbega namwe cokimwe na bo ntimutegera+? Ntimuzi yuko ata kintu na kimwe kiva hanze kikinjira mu muntu gishobora kumuhumanya, 19 kuko kitinjira mu mutima wiwe, mugabo cinjira mu mara yiwe, hanyuma kigasohoka kikaja mu musarani+?” Gutyo yari yerekanye ko ibifungurwa vyose bihumanuye+. 20 Bitayeko, avuga ati: “Ibisohoka bivuye mu muntu ni vyo bihumanya umuntu+; 21 kuko imbere mu mutima w’abantu+ ari ho ivyiyumviro bibi bisohoka biva: ubusambanyi+, ukwiba, ubwicanyi+, 22 ukurenga ibigo, ukugira umwina+, ibikorwa vy’ububisha, ubuhendanyi, ubushirasoni*+, ijisho ry’inzigo, ukurogota, ubwibone, ubusazi. 23 Ivyo bintu bibi vyose bisohoka biva imbere kandi birahumanya umuntu+.”

24 Arahaguruka ava ng’aho aja mu turere twa Tiro na Sidoni+. Hanyuma yinjira mu nzu, akaba atashaka ko hagira umuntu n’umwe abimenya. Yamara ntivyashobotse ko batamubona+; 25 mugabo buno nyene umugore yari afise agakobwa karimwo impwemu ihumanye yumva ivyiwe, hanyuma araza akubita inkoro hasi ku birenge vyiwe+. 26 Nya mugore yari Umugirikikazi, yamuka i Sirofenisiya; kandi yaguma amusaba kwirukana iyo dayimoni mu mukobwa wiwe+. 27 Mugabo amubwira ati: “Banza ureke abana bahage, kuko atari vyiza gufata umukate w’abana+ ukawuterera utubwa+.” 28 Ariko abishura ati: “Egome mutungwa, yamara nya tubwa aho twibereye munsi y’imeza, turya ku tuvunguka+ tw’abana+.” 29 Aca amubwira ati: “Ko uvuze ivyo, genda; ya dayimoni yavuye mu mukobwa wawe+.” 30 Nuko aragenda i muhira, asanga+ wa mwana mutoyi aryamye ku gitanda, ya dayimoni na yo yamuvuyemwo.

31 Yongera kugaruka ava mu turere tw’i Tiro aciye i Sidoni, aja ku kiyaga c’i Galilaya aciye hagati mu turere tw’i Dekapoli+. 32 Hano bamuzanira umugabo w’igipfamatwi kandi atavuga ngo atobore, hanyuma baramwinginga ngo amurambikeko ikiganza+. 33 Nuko amujana hirya ya rya sinzi ahiherereye hanyuma ashira intoke ziwe mu matwi ya nya mugabo, buno amaze gucira amate, amukora ku rurimi+. 34 Hanyuma arangamiza mw’ijuru+ ariruhutsa+ cane, amubwira ati: “Efata,” ni ukuvuga ngo: “Zibuka.” 35 Ubushobozi bwiwe bwo kwumva buca buragaruka+, icamugoba ururimi kirahava, aca atangura kuvuga nk’uko bisanzwe. 36 Nuko arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babibwira+; mugabo uko yarushiriza kubihanikiriza, ni ko barushiriza kubitangaza+. 37 Emwe, barajorerwa+ bimwe vy’akataraboneka, bavuga bati: “Akoze ibintu vyose neza. Aratuma n’ibipfamatwi vyumva n’ibiragi bikavuga+.”

8 Muri iyo misi, igihe hongera kuba hari isinzi rinini, kandi akaba ata co bari bafise barya, ahamagaza abigishwa ababwira+ ati: 2 “Iri sinzi rinteye ikigongwe+, kuko imaze kuba imisi itatu riri iruhande yanje bakaba batagira ico barya; 3 kandi nkabarungika iwabo bashonje, baragwa mu nzira. Nkako, bamwe muri bo bava kure.” 4 Mugabo abigishwa biwe bamwishura bati: “Aha muri aka gahinga ka nyaganande umuntu yohaza aba bantu imikate akuye hehe+?” 5 Ariko ababaza ati: “Mufise imikate ingahe?” Na bo bati: “Indwi+.” 6 Nuko abwira nya sinzi ngo rigandagaze hasi, maze afata ya mikate indwi, arakenguruka+, arayimanyagura, atangura kuyiha abigishwa biwe ngo bayibagaburire, na bo bayigaburira rya sinzi+. 7 Bari bafise n’udufi dukeyi; hanyuma amaze kuduhezagira, ababwira kutugabura na two nyene+. 8 Nuko bararya barahaga, begeranya utumanyu twasagutse, haboneka ibisimbo vy’ibifungurwa indwi vyuzuye+. 9 Yamara hari abagabo nk’ibihumbi bine. Araheza arabarungika+.

10 Hanyuma buno nyene yurira ubwato ari kumwe n’abigishwa biwe, aja mu mihingo y’i Dalumanuta+. 11 Hano Abafarizayo baraza, batangura kumuhaririza, bamuronderako ikimenyetso kiva mw’ijuru, kugira bamugeze+. 12 Nuko araniha cane+ mu mutima, avuga ati: “Kubera iki iri yaruka rirondera ikimenyetso? Ni ukuri ndabivuze: Nta kimenyetso iri yaruka rizohabwa+.” 13 Aca abasiga aho, yongera kwurira ubwato, aja ku yindi nkengera.

14 Ico gihe bari bibagiye kwitwaza imikate, kandi nta kindi bari bafise mu bwato atari umukate umwe+. 15 Nuko atangura kubategeka adakikiriza, ati: “Mugume murikanuye, mwiyubare umwambiro w’Abafarizayo n’umwambiro wa Herodi+.” 16 Nuko batangura guharira hagati yabo ku vy’uko ata mikate bafise+. 17 Arabimenya, ababwira ati: “Kubera iki muharira ku vy’uko ata mikate mufise+? Mbega n’ubu ntimutahura ngo mutegere insobanuro? Mbega imitima yanyu birayigora gutegera+? 18 ‘Naho muri n’amaso, mbega ntimubona? Kandi naho muri n’amatwi, mbega ntimwumva+?’ Vyongeye, mbega ntimwibuka, 19 ca gihe namanyagura ya mikate itanu+ ku bwa ba bantu ibihumbi bitanu, uko ibisimbo vyuzuye utumanyu mwegeranije vyangana?” Bamubwira bati: “Cumi na bibiri+.” 20 “Ca gihe namanyagura imwe indwi ku bwa ba bantu ibihumbi bine, ni ibisimbo vy’ibifungurwa bingahe mwegeranije vyuzuye utumanyu?” Na bo bamubwira bati: “Indwi+.” 21 Aca ababwira ati: “None n’ubu ntimutegera insobanuro+?”

22 Buno bashika i Betsayida. Hano abantu bamuzanira impumyi, baramwinginga ngo ayikoreko+. 23 Nuko afata nya mpumyi ukuboko, ayijana inyuma y’ikigwati, hanyuma amaze gucira amate+ ku maso yayo, ayirambikako ibiganza, ayibaza ati: “Hari ico ubona?” 24 Nya muntu araramura amaso, hanyuma atangura kuvuga ati: “Ndabona abantu kubera ko mbona ibintu womenga ni ibiti, mugabo biriko biragendagenda.” 25 Maze yongera gushira ibiganza ku maso ya nya muntu, nya muntu aca arabona neza, arakira, asigara abona ibintu vyose ata kuvyitiranya. 26 Nuko amurungika i muhira, avuga ati: “Mugabo ntiwinjire mu kigwati+.”

27 Yezu n’abigishwa biwe baraheza bava ng’aho baja mu bigwati vy’i Sezariya ya Filipo, hanyuma mu nzira atangura kubaza abigishwa biwe, ati: “Abantu bavuga ko ndi nde+?” 28 Bamubwira bati: “Bamwe ngo uri Yohani Umubatizi+, abandi ngo uri Eliya+, abandi na bo ngo uri Umwe mu bahanuzi+.” 29 Aca ababaza ati: “Mweho none muvuga ko ndi nde?” Petero amwishura ati: “Uri Kristu+.” 30 Nuko arabihanikiriza ngo ntihagire n’umwe babwira ivyiwe+. 31 Vyongeye, atangura kubigisha yuko Umwana w’umuntu ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi no kwiyamirizwa n’abagabo b’inararibonye n’abakuru b’abaherezi be n’abanditsi hanyuma akicwa+, maze akazuka haciye imisi itatu+. 32 Emwe, ivyo yabivuga atarya umunwa. Mugabo Petero aramwikebukanya, atangura kumuhambarira+. 33 Arahindukira, araba abigishwa biwe hanyuma ahambarira Petero, ati: “Herera inyuma yanje, Shetani, kuko utiyumvira ivyiyumviro vy’Imana, ariko wiyumvira ivy’abantu+.”

34 Buno ahamagara isinzi ngo rize kuri we hamwe n’abigishwa biwe, ababwira ati: “Nimba umuntu ashaka kunkurikira, niyiyanke atore igiti co kubabarizwako ciwe hanyuma agume ankurikira+. 35 Kuko uwushaka gukiza ubuzima bwiwe azobubura; mugabo uwuheba ubuzima bwiwe kubera jewe no kubera inkuru nziza azobukiza+. 36 Mu vy’ukuri, umuntu vyomumarira iki kwunguka isi yose agaheba ubuzima bwiwe+? 37 Mu vy’ukuri, umuntu yotanga iki ngo arokore ubuzima bwiwe+? 38 Kuko uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje muri iri yaruka ry’irisambanyi kandi ry’iricumuzi, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni+ na we niyashika mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika beranda+.”

9 Ikigeretseko, abandanya kubabwira ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Hariho bamwe mu bahagaze ng’aha batazohonja urupfu na gato batabanje kubona ubwami bw’Imana bumaze kuza mu bubasha+.” 2 Nuko haciye imisi itandatu, Yezu ahitana Petero na Yakobo na Yohani, abadugana ku musozi muremure ari bonyene gusa. Maze ahinduka ukundi imbere yabo+, 3 impuzu ziwe zo hejuru na zo zicika izakaka, zirererana cane ku buryo ata mumesuzi n’umwe kw’isi yoshoboye kuzeza gutyo+. 4 Vyongeye, Eliya hamwe na Musa barababonekera, bariko barayaga na Yezu+. 5 Nuko Petero aca abwira Yezu ati: “Rabi, ni vyiza kuba turi ng’aha; reka rero dushinge amahema atatu, rimwe ryawe, irindi rya Musa, irindi rya Eliya+.” 6 Nkako, ntiyari azi ico ari buvuge, kuko bari batekewe n’ubwoba. 7 Nuko hirema igicu, kibatwikiriza igitutu caco, maze ijwi+ riva muri nya gicu, riti: “Uyu ni Umwana wanje+, umukundwa; nimumwumvirize+.” 8 Ariko buno nyene bareraguza, ntihagira uwundi bongera kubona ari kumwe na bo, atari Yezu wenyene+.

9 Bariko baramanuka bava kuri nya musozi, abategeka adakikiriza kutagira n’umwe biganira+ ivyo babonye, kugeza Umwana w’umuntu amaze kuzuka mu bapfuye+. 10 Na bo iryo jambo barishira ku mutima, mugabo baguma babazanya ico ukwo kuzuka mu bapfuye gusobanura. 11 Batangura kumubaza bati: “Ni kubera iki abanditsi bavuga yuko Eliya+ ategerezwa kubanza kuza+?” 12 Ababwira ati: “Eliya abanza kuza koko agasubiza ibintu vyose mu buryo+; mugabo none bishoboka bite ngo habe handitswe ku Mwana w’umuntu yuko ategerezwa gushikirwa n’imibabaro myinshi+ akongera agafatwa nk’uwutagira ico amaze+? 13 Mugabo ndabibabwiye: Eliya+ mu vy’ukuri yaraje, bamugirira ivyo bashaka vyose, nk’uko vyanditswe kuri we+.”

14 Buno baje bagana abandi bigishwa, babona isinzi rinini ribakikije, n’abanditsi bariko baharira na bo+. 15 Mugabo nya sinzi ryose ngo rimukubite ijisho rirajumararirwa, hanyuma ryirukanga iyo ari, ritangura kumuramutsa. 16 Na we ababaza ati: “Muriko muharira iki na bo?” 17 Umwe muri iryo sinzi amwishura ati: “Mwigisha, nakuzaniye umwana wanje kubera ko arimwo impwemu y’ikiragi+; 18 kandi aho imufatiye hose iramukubita hasi, akabimba ifuro, akazyegenya amenyo, hanyuma akaregera. None nabwiye abigishwa bawe ngo bayirukane, mugabo ntibabishoboye+.” 19 Aca ababwira ati: “Ewe wa yaruka ritagira ukwizera+, nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Munzanire+.” 20 Baramumuzanira. Mugabo ya mpwemu imubonye ica irahotagura nya mwana, hanyuma amaze kugwa hasi aguma akumbagara, abimba ifuro+. 21 Abaza se wa nya mwana ati: “Ivyo bimaze igihe kingana iki bimushikira?” Na we ati: “Kuva mu bwana; 22 kandi incuro n’izindi iramuta mu muriro no mu mazi irondera kumwica+. Mugabo nimba ushobora kugira ico ukoze, tugirire ikigongwe udufashe.” 23 Yezu amubwira ati: “Ugize ngo: ‘Nimba ushobora’! Erega vyose birashoboka ku wizeye+.” 24 Buno nyene se wa nya mwana arasemerera ati: “Ndizeye! Mfasha aho mbuze ukwizera+!”

25 Maze Yezu abonye yuko isinzi ririko rishwabaduka riza kuri bo, akankamira+ nya mpwemu ihumanye, mu kuyibwira ati: “Wa mpwemu y’ikiragi kandi y’igipfamatwi we, ndabigutegetse, muvemwo kandi ntugasubire kumwinjiramwo.” 26 Hanyuma imaze gusemerera no kwihotagura kenshi irasohoka+; aca acika nk’uwapfuye, ku buryo abenshi muri bo bavuga bati: “Yapfuye!” 27 Mugabo Yezu amufata ukuboko aramuhagurutsa, na we arahaguruka+. 28 Amaze kwinjira mu nzu abigishwa biwe batangura kumubaza biherereye bati: “Ni kubera iki twebwe tutashoboye kuyirukana+?” 29 Na we ababwira ati: “Burya bwoko nta kindi gishobora kubusohora atari isengesho+.”

30 Bava ng’aho baragenda, baca i Galilaya, mugabo ntiyashaka ko hagira n’umwe abimenya. 31 Kuko yariko yigisha abigishwa biwe ababwira ati: “Umwana w’umuntu abwirizwa gutangwa mu maboko y’abantu, kandi bazomwica+, mugabo naho azoba yishwe, azozuka inyuma y’imisi itatu+.” 32 Ariko ntibategera iryo jambo, kandi baratinya kumubaza ibibazo+.

33 Hanyuma baza i Kaperinawumu. Ari mu nzu, ababaza ati: “Mwariko muharira ku biki mu nzira+?” 34 Baguma bacereje, kuko mu nzira bari bahaririye hagati yabo ku wuruta abandi uwo ari we+. 35 Araheza aricara, ahamagara bamwe cumi na babiri, ababwira ati: “Nimba umuntu ashaka kuba uw’imbere, ategerezwa kuba uw’inyuma ya bose n’umusuku wa bose+.” 36 Maze afata umwana mutoyi, amuhagarika hagati yabo, amukikiza amaboko, araheza ababwira+ ati: 37 “Uwo wese yakiriye umwe mu bana batoyi mwene aba mw’izina ryanje, aba anyakiriye; kandi uwo wese anyakiriye, ntaba yakiriye jewe gusa, mugabo aba yakiriye n’uwantumye+.”

38 Yohani amubwira ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yariko yirukana amadayimoni akoresheje izina ryawe, natwe tugerageza kumubuza+, kubera atariko ajana natwe+.” 39 Mugabo Yezu avuga ati: “Ntimugerageze kumubuza, kuko ata n’umwe azokora igikorwa c’ububasha mw’izina ryanje ngo ace ashobora kuntuka ningoga+; 40 kuko uwutaturwanya adushigikiye+. 41 Kuko uwo wese abaha igikombe+ c’amazi yo kunywa kubera ko muri aba Kristu+, ni ukuri ndabibabwiye, ntazogenda abuze impembo yiwe. 42 Mugabo uwo wese atsitaza umwe muri aba batoyi bemera, yopfuma ashirwa mw’izosi urusyo nka rumwe ruzungurutswa n’indogobwa, agatererwa vy’ukuri mu kiyaga+.

43 “Kandi ikiganza cawe kiramutse kigutsitaje, gice; wopfuma winjira mu buzima ucitse igihimba c’umubiri hako ujana ibiganza bibiri muri Gehena*, mu muriro udashobora kuzima+. 44* —— 45 Kandi nimba ikirenge cawe kigutsitaza, gice; wopfuma winjira mu buzima ucumbagira+, hako utererwa muri Gehena ufise ibirenge bibiri+. 46* —— 47 Kandi nimba ijisho ryawe rigutsitaza, rite kure+; wopfuma winjira mu bwami bw’Imana ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehena ufise amaso abiri+, 48 aho urunyo rwavyo rudapfa n’umuriro ntuzime+.

49 “Kuko umuntu wese ategerezwa kurungwa umunyu+ w’umuriro. 50 Umunyu ni mwiza; mugabo umunyu uramutse utakaje ubukomezi bwawo, muzowurunga iki+? Mugire umunyu+ muri mwebwe kandi mugumane amahoro+ hagati yanyu.”

10 Arahaguruka ava ng’aho, aza ku mipaka ya Yudaya no hakurya ya Yorodani, buno amasinzi yongera gukoranira kuri we, hanyuma nk’uko yari amenyereye kubigenza, yongera kubigisha+. 2 Abafarizayo baregera, hanyuma kugira bamugeze, batangura kumubaza nimba vyemewe ko umugabo yirukana umugore+. 3 Abishura ati: “Musa yabategetse iki?” 4 Bavuga bati: “Musa yarekuye ko umuntu yandika icete co gusezerera umugore agaheza akamwirukana+.” 5 Mugabo Yezu ababwira ati: “Yabandikiye iryo bwirizwa kubera ugukomantara kw’imitima yanyu+. 6 Ariko kuva mu ntango y’irema, ‘Yabagize umugabo n’umugore+. 7 Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina, 8 kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+’; ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe. 9 Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo* imwe umuntu ntakagitanye+.” 10 Bongeye kuba bari mu nzu+, abigishwa batangura kumubaza ibibazo kuri ico kintu. 11 Na we ababwira ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ ku vyerekeye nya mugore, 12 kandi umugore ataye umugabo wiwe, aramutse arongowe n’uwundi, aba arenze ibigo+.”

13 Buno abantu batangura kumuzanira abana batoyi ngo abakoreko; mugabo abigishwa barabakankamira+. 14 Yezu abibonye biramushavuza, ababwira ati: “Nimureke abana batoyi baze kuri jewe; ntimugerageze kubabuza, kuko ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+. 15 Ni ukuri ndabibabwiye: Uwo wese atakira ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+.” 16 Araheza afata nya bana mu maboko yiwe atangura kubahezagira, abarambitseko ibiganza+.

17 Hanyuma igihe yariko arasohoka ngo afate inzira, umuntu umwe aza arirukanga akubita ibipfukamiro imbere yiwe, amubaza ati: “Mwigisha mwiza, ni igiki ntegerezwa gukora ngo nze ntorane ubuzima budahera+?” 18 Yezu amubwira ati: “Unyitira iki mwiza+? Nta n’umwe ari mwiza, atari umwe, na we ni Imana+. 19 Urazi amabwirizwa: ‘Ntiwice+, Nturenge ibigo+, Ntiwibe+, Ntushinge intahe y’ikinyoma+, Ntugunge+, Tera iteka so na nyoko+.’” 20 Nya muntu amubwira ati: “Mwigisha, ivyo vyose narabigumije kuva mu buto bwanje.” 21 Yezu aramwitegereza yumva aramukunze, aca amubwira ati: “Ubuze ikintu kimwe: Genda, ugurishe ivyo ufise vyose, uhe aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru, maze uze unkurikire+.” 22 Mugabo arijirwa yumvise iryo jambo, aca agenda intuntu ari yose, kuko yari atunze ibintu vyinshi+.

23 Yezu amaze kweraguza, abwira abigishwa biwe ati: “Ese ukuntu kizoba ikigoye ku bari n’amahera+ kwinjira mu bwami bw’Imana+!” 24 Mugabo abigishwa batangazwa cane+ n’amajambo yiwe. Nuko Yezu aca ababwira kandi ati: “Bibondo, ese ukuntu ari ikigoye kwinjira mu bwami bw’Imana! 25 Biroroshe ku ngamiya guca mu zuru ry’urushinge kuruta kwinjira mu bwami bw’Imana ku mutunzi+.” 26 Noneho barushiriza kujorerwa, bamubwira bati: “None koko ni nde ashobora gukizwa+?” 27 Yezu abaraba mu maso, avuga ati: “Ku bantu ntibishoboka, mugabo ku Mana si ukwo, kuko vyose bishoboka ku Mana+.” 28 Petero atangura kumubwira ati: “Ehe twebwe twarasize vyose turagukurikira+.” 29 Yezu avuga ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Nta n’umwe yasize inzu canke bene wabo canke bashikiwe canke nyina canke se canke abana canke amatongo ku bwanje no ku bw’inkuru nziza+ 30 atazoronka incuro ijana+ ubu muri iki kiringo, amazu na bene wabo na bashikiwe na ba nyina n’abana n’amatongo, hariko n’uruhamo+, mu gihe* kizoza na ho ubuzima budahera. 31 Ariko benshi ba mbere bazoba aba nyuma, aba nyuma na bo babe aba mbere+.”

32 Bari mu nzira baduga i Yeruzalemu, Yezu akaba yariko agendera imbere yabo, barumirwa; mugabo abariko barakurikira batangura gutinya. Yongera kwikebukanya bamwe cumi na babiri, atangura kubabwira ibi bintu vyabwirizwa kumushikira+, ati: 33 “Raba tuduze i Yeruzalemu, kandi Umwana w’umuntu azogaburwa mu maboko y’abakuru b’abaherezi n’abanditsi, kandi bazomucira urwo gupfa, bamugabure mu maboko y’abanyamahanga+, 34 bamushinyagurize, bamucireko, bamushishagure hanyuma bamwice, mugabo haciye imisi itatu azozuka+.”

35 Nuko Yakobo na Yohani, ba bahungu babiri ba Zebedayo+, baramwegera bamubwira bati: “Mwigisha, dushaka ko utugirira ico tugusaba cose+.” 36 Ababwira ati: “Mushaka ko ndabagirira iki?” 37 Bamubwira bati: “Duhe kuzokwicara, umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe, mu buninahazwa bwawe+.” 38 Mugabo Yezu ababwira ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega murashobora kunywa igikombe ndiko ndanywa, canke kubatizwa ibatisimu ndiko ndabatizwa+?” 39 Bamubwira bati: “Turabishobora.” Yezu aca ababwira ati: “Igikombe ndiko ndanywa muzokinywa, n’ibatisimu ndiko ndabatizwa muzoyibatizwa+. 40 Ariko ukwo kwicara iburyo bwanje canke ibubamfu bwanje si ivyanje ngo ndabitange+, ahubwo ni ivy’ababiteguriwe.”

41 Nuko, aho bamwe cumi bandi bavyumviye, batangura gushavurira Yakobo na Yohani+. 42 Mugabo Yezu amaze kubahamagara ngo baze kuri we, ababwira ati: “Murazi yuko ababoneka ko baganza amahanga bayakandamiza, be n’uko abakomakomeye bayo bayereka ko bayafiseko ububasha+. 43 Ukwo si ko bimeze muri mwebwe; mugabo uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu+, 44 kandi uwo wese ashaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wa bose+. 45 Kuko mbere n’Umwana w’umuntu yaje, atari kugira akorerwe+, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu*+ ya benshi+.”

46 Hanyuma baza i Yeriko. Mugabo igihe we n’abigishwa biwe be n’isinzi ritari rito bariko barava i Yeriko, Barutimayo (mwene Timayo), umusezi w’impumyi, yari yicaye iruhande y’inzira+. 47 Aho yumviye ko ari Yezu Umunyanazareti, atangura gusemerera avuga ati: “Yezu Mwana wa Dawidi+, ngirira imbabazi+!” 48 Benshi baca batangura kumubwira bamukarira ngo acereze; mugabo aguma arushiriza gusemerera ati: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi+!” 49 Nuko Yezu arahagarara, avuga ati: “Nimumuhamagare.” Na bo bahamagara nya mpumyi, bayibwira bati: “Nureme, uhaguruke, araguhamagaye+.” 50 Ita impuzu yayo yo hejuru, irabaduka, ija kwa Yezu. 51 Yezu amwishura ati: “Ushaka ndakugirire iki+?” Nya mpumyi imubwira iti: “Rabuni*, nimpumuke+.” 52 Yezu na we amubwira ati: “Genda, ukwizera kwawe kuragukijije+.” Buno nyene arahumuka+, aca atangura kumukurikira mu nzira+.

11 Igihe bariko begereza i Yeruzalemu, i Betifage n’i Betaniya+ ku musozi w’Imyelayo, arungika babiri mu bigishwa biwe+, 2 ababwira ati: “Nimugende muri kiriya kigwati mubona, hanyuma mukicinjiramwo murahasanga umwana w’indogobwa uziritse, ata muntu n’umwe aricarako; muwuziture, muwuzane+. 3 Kandi nihagira uwubabwira ati: ‘Kubera iki mugira ivyo?’, muvuge muti: ‘Umukama arawukeneye, kandi aca awugarukana ng’aha+.’” 4 Nuko baragenda basanga wa mwana w’indogobwa uziritse imbere y’umuryango, hanze ku kabarabara, baraheza barawuzitura+. 5 Mugabo bamwe mu bari bahagaze ng’aho, batangura kubabwira bati: “Ni ibiki ko muzitura uwo mwana w’indogobwa+?” 6 Bababwira nk’uko Yezu yari yavuze; baca barabareka baragenda+.

7 Nuko bazanira Yezu nya mwana w’indogobwa+, hanyuma bashira impuzu zabo zo hejuru kuri wo, na we awicarako+. 8 Vyongeye, benshi basasa mu nzira impuzu zabo zo hejuru+, mugabo abandi baca amashami+ mu matongo+. 9 Kandi abagendera imbere n’abakurikira baguma basemerera bati: “Kiza, turatakamvye+! Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova+! 10 Burahezagiwe ubwami bwa data Dawidi+ buriko buraza! Kiza, turatakamvye, wewe uri iyo hejuru mu majuru!” 11 Nuko yinjira i Yeruzalemu, mu rusengero; hanyuma areraguza araba ibintu vyose, maze kubera ko amasaha yari amaze kugera kure, arasohoka aja i Betaniya ari kumwe na bamwe cumi na babiri+.

12 Bukeye, igihe bari bamaze kuva i Betaniya, arasonza+. 13 Ari nka hariya, abona igiti c’umusukoni cari gifise amababi, araheza aja kuraba ko kumbure yogisangako ikintu. Mugabo agishikiriye, ntiyagira ico ahasanga atari amababi, kuko kitari ikiringo c’insukoni+. 14 Aca rero akibwira ati: “Ntihabe hakigira uwongera kurya insukoni zo kuri wewe, ibihe vyose+.” Abigishwa biwe na bo bariko barumviriza.

15 Hanyuma baza i Yeruzalemu. Hano yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abari mu vyo kugurishiriza no kugurira mu rusengero, yongera ahenagura imeza z’abakaba amahera be n’intebe z’abariko bagurisha inuma+; 16 kandi ntiyareka ngo hagire n’umwe aca mu rusengero atwaye igikoresho co mu nzu, 17 mugabo akaguma yigisha avuga ati: “Ntivyanditswe none ngo: ‘Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo+ ku mahanga yose+’? Mugabo mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi+.” 18 Maze abakuru b’abaherezi n’abanditsi baravyumva, baca batangura kurondera ingene bomwica+; kuko bamutinya kubera ko isinzi ryose ryaguma rijorezwa n’inyigisho yiwe+.

19 Kandi iyo buhwibiriye, barasohoka bakava mu gisagara. 20 Mugabo igihe bariko bararengana mu gatondo ka kare, babona ca giti c’umusukoni camaze kwuma guhera mu mizi+. 21 Nuko Petero aravyibuka, amubwira ati: “Rabi, raba! Ca giti c’umusukoni wavuma cumye+.” 22 Yezu abishura ati: “Mwizere Imana. 23 Ni ukuri, ndababwiye yuko uwo wese azobwira uyu musozi ati: ‘Shinguka utererwe mu kiyaga,’ kandi akaba adakekeranya mu mutima wiwe, mugabo akizera yuko ivyo avuze biba, bizomugendera kuno+. 24 Ni co gituma ndababwiye nti: Ibintu vyose musaba mu gusenga, mwizere ko ari nk’aho mumaze kubihabwa, kandi muzobironka+. 25 Kandi igihe muhagaze musenga, mubabarire+ umuntu wese ikintu cose mupfa na we; kugira ngo So ari mw’ijuru na we abababarire amakosa yanyu+.” 26* ——

27 Bongera kuza i Yeruzalemu. Igihe yariko aragendagenda mu rusengero, abakuru b’abaherezi n’abanditsi be n’abagabo b’inararibonye baza kuri we+, 28 batangura kumubwira bati: “Ni ububasha ki butuma ukora ivyo bintu? canke ni nde yaguhaye ubwo bubasha bwo kubikora+?” 29 Yezu ababwira ati: “Ndababaza ikibazo kimwe. Munyishure, nanje ndaheza ndababwire ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+. 30 Ibatisimu+ ya Yohani yava mw’ijuru canke ku bantu? Nimunyishure+.” 31 Nuko batangura kwiyumvira hagati yabo bati: “Nitwavuga ngo ‘Mw’ijuru,’ aca avuga ati: ‘Kubera iki none mutamwemeye+?’ 32 Mugabo none, duhirahire tuvuge ngo ‘Ku bantu’?”... Batinya isinzi, kuko abo bose bemera yuko Yohani yari umuhanuzi vy’ukuri+. 33 Nuko bishura Yezu bati: “Nta vyo tuzi.” Yezu na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+.”

12 Vyongeye, atangura kubabwirira mu bigereranyo ati: “Umuntu umwe yateye umurima w’imizabibu+, awukikuza uruzitiro, hanyuma yimba ikinogo c’uruganiro rw’umuvinyu, yubaka n’umunara+, hanyuma awukotesha ku barimyi+, araheza afata urugendo aja mu mahanga+. 2 Igihe kigeze, atuma umushumba kuri nya barimyi, ngo bamuhe ku vyamwa vya nya murima w’imizabibu+. 3 Mugabo baramufata, baramuhuragura hanyuma bamurungika imbokoboko+. 4 Yongera atuma uwundi mushumba kuri bo; uwo na we baramukubita ku mutwe bongera baramutetereza+. 5 Hanyuma atuma uwundi, uwo na we barica; n’abandi benshi, bamwe muri bo barabahuragura, abandi na bo barabica. 6 Yari afise wundi umwe, umwana w’umukundwa+. Amurungika kuri bo ari we wa nyuma, avuga ati: ‘Bazokwubaha umwana wanje+.’ 7 Mugabo abo barimyi bavugana hagati yabo bati: ‘Uyu ni we samuragwa+. Ingo tumwice, maze intoranwa izoca iba rwacu+.’ 8 Nuko baramufata baramwica+, bamuterera inyuma ya wa murima w’imizabibu+. 9 None nyen’umurima azokora iki? Azoza yice ba barimyi, nya murima+ na wo awuhe abandi+. 10 Mbega ntimwigeze musoma iki canditswe ngo: ‘Ibuye+ abubatsi bataye, iryo ni ryo ribaye ibuye nyamukuru rigumya imfuruka+. 11 Ivyo vyavuye kuri Yehova, kandi ni agatangaza mu maso yacu+’?”

12 Baca batangura kurondera ingene bomufata, mugabo batinya isinzi, kuko bamenye yuko atanze ico kigereranyo ari bo yiyumvira. Nuko baramureka baragenda+.

13 Ubukurikira batuma kuri we bamwe mu Bafarizayo no mu banywanyi b’umugambwe wa Herodi+, ngo bamufatire mu majambo avuga+. 14 Bano bashitse, bamubwira bati: “Mwigisha, turazi ko uri imvugakuri be n’uko ata n’umwe agukanga, kuko utaraba uko abantu baboneka inyuma, mugabo ko wigisha inzira y’Imana uhuje n’ukuri+: Vyoba vyemewe kuriha Sezari ikori ry’umutwe canke ntivyemewe? 15 Turihe, canke ntiturihe+?” Amenya ubwiyorobetsi bwabo, ababwira ati: “Kubera iki mungeza? Nzanira idenariyo ndayirabe+.” 16 Bazana imwe. Na we ababwira ati: “Iyi shusho n’ibi vyandiko ni ivya nde?” Bamubwira bati: “Ni ivya Sezari+.” 17 Yezu aca ababwira ati: “Nimwishure Sezari ivya Sezari+, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana+.” Baramutangarira+.

18 Maze Abasadukayo* baza kuri we, bamwe bavuga ko ata zuka ririho, bamubaza iki kibazo+ bati: 19 “Mwigisha, Musa yatwandikiye yuko mwene wabo n’umuntu niyapfa agasiga umugore ariko ntasige umwana, ko mwene wabo+ akwiye kwabira nya mugore, agahagurukiriza uruvyaro mwene wabo kuri nya mugore+. 20 Hari abavukana indwi; uwa mbere yabira umugore, ariko nya mugabo apfa ata ruvyaro asize+. 21 Uwa kabiri aramucura, mugabo apfa adasize uruvyaro; n’uwugira gatatu bigenda gutyo nyene. 22 Abo indwi rero nta ruvyaro basize. Hanyuma ya bose nya mugore na we arapfa+. 23 Mw’izuka, azoba umugore wa nde muri abo? Kuko abo uko ari indwi baramwabiriye+.” 24 Yezu ababwira ati: “None si co gituma mwahuvye, kuba mutazi Ivyanditswe canke ububasha bw’Imana+? 25 Kuko igihe bazuka mu bapfuye, abagabo ntibarongora canke abagore ngo bashingirwe, mugabo baba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru+. 26 Nayo ku vyerekeye abapfuye, yuko bazurwa, ntimwasomye mu gitabu ca Musa, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, ingene Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+’? 27 Ni Imana, atari iy’abapfuye, ahubwo y’abazima. Mwarahuvye cane+.”

28 Maze umwe mu banditsi yari yaje akabumva baharira, amenya yuko abishuye neza, amubaza ati: “Ibwirizwa rya mbere muri yose ni irihe+?” 29 Yezu yishura ati: “Irya mbere ni iri: ‘Umve, ewe Isirayeli, Yehova Imana yacu ni Yehova umwe+, 30 kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose+.’ 31 Irigira kabiri ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.’ Nta rindi bwirizwa ririho riruta ayo.” 32 Nya mwanditsi amubwira ati: “Mwigisha, uvuze neza mu buryo buhuye n’ukuri, ‘Ni Umwe, kandi nta wundi ariho atari We+’; 33 kandi ico c’uko umuntu amukunda n’umutima wiwe wose n’ubwenge bwiwe bwose n’inkomezi ziwe zose be n’ukwo gukunda mugenziwe nk’uko yikunda, biri n’agaciro rwose kuruta amashikanwa yose aturiwe uko yakabaye be n’ibimazi vyose+.” 34 Yezu amenya ko yishuranye ubwenge, amubwira ati: “Nturi kure y’ubwami bw’Imana.” Mugabo ntihagira n’umwe yongera kwubahuka kumubaza ikibazo+.

35 Ariko kuri ivyo, Yezu atangura kuvuga ariko yigisha mu rusengero, ati: “Bishoboka bite ngo abanditsi bavuge yuko Kristu ari mwene Dawidi+? 36 Biciye ku mpwemu nyeranda+, Dawidi ubwiwe yavuze ati: ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje gushika nshize abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe+.”’ 37 Dawidi ubwiwe amwita ‘Umukama,’ mugabo none bishoboka bite ngo abe umwana wiwe+?”

Kandi nya sinzi rinini ryariko riramwumviriza riryohewe+. 38 Mu nyigisho yiwe abandanya kuvuga ati: “Mwiyubare abanditsi+ bashaka kugendagenda bari mu makanzu, bagashaka n’indamutso mu tuguriro 39 n’ivyicaro vy’imbere mu masinagogi, n’ibibanza biboneka kuruta ibindi ku mfungurwa zo ku migoroba+. 40 Ni bo barotsa inzu+ z’abapfakazi, hanyuma bagatura amasengesho maremare bwa citwazo; abo bazocirwa urubanza ruremereye kuruta+.”

41 Hanyuma yicara aho abona udusandugu two mw’ishikaniro+, atangura kwihweza ingene nya sinzi ritiburira amahera muri nya dusandugu; kandi abatunzi benshi bariko batererayo ibiceri vyinshi+. 42 Buno haza umupfakazi w’umworo atiburirayo uduceri tubiri dufise agaciro gatoyi cane+. 43 Nuko ahamagara abigishwa biwe, ababwira ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko uyu mupfakazi w’umworo yatiburiyeyo vyinshi gusumvya abo bose bariko batiburira amahera mu dusandugu two mw’ishikaniro+; 44 kuko bose batiburiyeyo ibivuye ku musesekara wabo, mugabo we, ku bukene bwiwe, yatiburiyeyo ivyo yari afise vyose, ivyari bimubeshejeho vyose+.”

13 Igihe yariko arasohoka ava mu rusengero, umwe mu bigishwa biwe amubwira ati: “Mwigisha, raba aya mabuye ingene ameze n’izi nyubakwa ingene zimeze+!” 2 Ariko Yezu amubwira ati: “Urabona izo nyubakwa zihambaye+? Nta buye rizogenda risigaye aha rigeretse ku rindi+ ridasenyuriwe hasi+.”

3 Yicaye ku Musozi w’Imyelayo aho abona urusengero, Petero+ na Yakobo na Yohani na Andereya batangura kumubaza mu mwiherero bati+: 4 “Tubwire: Ivyo bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso igihe ivyo bintu vyose bizoba bigira bishike ku nsozero+?” 5 Yezu rero atangura kubabwira ati: “Mwiyubare ntihagire uwubazimiza+. 6 Benshi bazoza mw’izina ryanje, bavuga ngo: ‘Ndi we,’ kandi bazozimiza benshi+. 7 Vyongeye, nimwumva intambara n’amakuru y’intambara, ntimuze mutekerwe n’ubwoba; ivyo bitegerezwa kuba, mugabo iherezo ntirizoba riragera+.

8 “Kuko ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami+; hazoba vya nyamugigima+, biva hamwe bija ahandi; hazoba amapfa+. Ivyo bizoba ari intango y’ububabare nk’ubw’ibise+.

9 “Nayo mwebwe, mwiyubare; bazobashengeza mu masentare+, kandi muzokubitirwa mu masinagogi+ mwongere muhagarikwe imbere ya ba buramatari n’abami babampora, kugira bibe intahe kuri bo+. 10 Vyongeye, mu mahanga yose inkuru nziza+ itegerezwa kubanza kwamamazwa+. 11 Mugabo igihe bazoba babashoreye ngo babashengeze, ntimuze mwiganyire imbere y’igihe ku vyo muzovuga+; mugabo ico muzohabwa cose muri iyo saha, kizobe ari co muvuga, kuko atazoba ari mwebwe muvuga, mugabo azoba ari impwemu nyeranda+. 12 Ikigeretseko, umuntu azotanga mwene wabo ngo yicwe, na se azotanga umwana+, n’abana bazokurira hasi abavyeyi, babicishe+; 13 kandi muzokwankwa n’abantu bose babahora izina ryanje+. Mugabo uwihanganye gushika kw’iherezo+ ni we azokizwa+.

14 “Ariko nimwabona ca kintu gisesemye+ giteza ubugesera+ gihagaze aho kitari gikwiye guhagarara (umusomyi nakoreshe ugutahura+), abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi+. 15 Uwuzoba ari hejuru ku nzu ntaze amanuke, canke ngo yinjire kugira ico atoye mu nzu yiwe+; 16 kandi uwuzoba ari mw’itongo ntaze agaruke ku bintu vyasigaye inyuma ngo atore impuzu yiwe yo hejuru+. 17 Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi+! 18 Mugume musenga ngo ntibizobe mu rushana+; 19 kuko iyo misi izoba ari iy’amakuba+ atigeze abaho kuva mu ntango y’ibiremwa Imana yaremye gushika ico gihe, kandi atazokwongera kubaho+. 20 Nkako, iyo Yehova+ atagerura iyo misi, nta gifise umubiri cokize. Mugabo ku bw’abatowe+ yatoye+, yarageruye iyo misi+.

21 “Maze kandi nihagira uwubabwira ati: ‘Ehe Kristu ari ng’aha,’ ‘Ehe ari hariya+,’ ntimuze muvyemere+. 22 Kuko ba Kristu b’ikinyoma n’abahanuzi b’ikinyoma bazohaguruka+, kandi bazokora ibimenyetso n’ibitangaza+ kugira ngo, nivyashoboka, bahuvye n’abatowe+. 23 Mwebwe rero, mube maso+; ndababwiye vyose imbere y’igihe+.

24 “Mugabo muri iyo misi, inyuma y’ayo makuba, izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzotanga umuco wakwo, 25 n’inyenyeri zizotibagurika ziva kw’ijuru, kandi ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa+. 26 Maze bazobona Umwana w’umuntu+ aza mu bicu ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi+. 27 Maze azotuma abamarayika, akoranirize hamwe abatowe biwe+ bo muri ya miyaga ine, kuva ku mpera y’isi gushika ku mpera y’ijuru+.

28 “Nimufatire rero ku giti c’umusukoni, muhigire iki kigereranyo: Iyo ishami rikiri rito ryaco rikimara gutoha, rikazana amababi, muca mumenya ko ici* riri hafi+. 29 Na mwebwe nyene, mukabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye ko ari hafi, ku miryango+. 30 Ni ukuri, ndababwiye yuko iri yaruka ritazogenda rivuyeho ivyo vyose bitabaye+. 31 Ijuru+ n’isi bizovaho, mugabo amajambo yanje+ ntazovaho+.

32 “Nayo ivy’uwo musi canke isaha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika mw’ijuru canke Umwana, atari Data+. 33 Mugume mureretse, mugume murikanuye+, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera+. 34 Bimeze nk’umuntu afashe urugendo aja mu mahanga+ agasiga inzu yiwe, agaha ububasha abashumba biwe, umwe wese akamuha igikorwa ciwe, hanyuma agategeka umurinzi w’umuryango kuguma ari maso. 35 Nuko rero mugume muri maso+, kuko mutazi igihe nyen’urugo azozirako, namba azoza buhwibiriye canke mu gicugu canke mu nkoko canke mu gatondo ka kare+; 36 kugira ngo niyashika giturumbuka, ntasange musinziriye+. 37 Mugabo ico ndababwiye, ndakibwiye bose: Mugume muri maso+.”

14 Hagisigaye imisi ibiri+ ngo habe pasika*+ be n’umusi mukuru+ w’imikate itarimwo umwambiro, abakuru b’abaherezi n’abanditsi bariko bararondera ingene bomufata ku rwenge bakamwica+; 2 kuko baguma bavuga bati: “Ntibibe ku musi mukuru; kumbure abantu bohava batera intureka+.”

3 Igihe yari i Betaniya mu nzu ya Simoni umunyamibembe+, ari ku meza, haza umugore afise ikebano ryo mu tubuyenge twa alabasitironi* ririmwo amavuta amota neza, ikaba yari narada nyayo, azimvye cane. Amena nya kebano atangura kuyamusuka ku mutwe+. 4 Bamwe baca batangura guserura agashavu hagati yabo bati: “Ni kuki habaye iryo sesagurwa ry’amavuta amota neza+? 5 Kuko ayo mavuta yari gushobora kugurishwa idenariyo zirenga amajana atatu zigahabwa aboro!” Baramushavurira cane+. 6 Mugabo Yezu avuga ati: “Mureke. Mumugorera iki? Ankoreye igikorwa ciza+. 7 Kuko aboro+ mubamana, kandi igihe cose mubishakiye murashobora kwama mubagirira neza, mugabo jewe ntimuzonyamana+. 8 Yakoze ivyo ashoboye; atanguye imbere y’igihe gushira amavuta amota neza ku mubiri wanje ku bw’amaziko+. 9 Ni ukuri ndabibabwiye: Ahantu hose inkuru nziza izokwamamazwa mw’isi yose+, ivyo uyu mugore yakoze na vyo nyene bizovugwa bibe icibutso ciwe+.”

10 Hanyuma Yuda Isikariyoti, umwe muri bamwe cumi na babiri, agenda ku bakuru b’abaherezi kugira amugabure kuri bo+. 11 Bavyumvise, baranezerwa, baca basezerana kumuha amafeza+. Nuko atangura kurondera akaryo keza ko kumugabura+.

12 Ku musi wa mbere w’imikate itarimwo umwambiro+, igihe bari basanzwe babaga imbagwa ya pasika, abigishwa biwe+ bamubwira bati: “Ni hehe ushaka ko tuja kugutegurira ngo urye pasika+?” 13 Aca atuma babiri mu bigishwa biwe ababwira ati: “Gende mu gisagara, murahwana n’umuntu yikoreye ikarabo ry’amazi+. Mumukurikire, 14 aho yinjira mubwire nyen’urugo muti: ‘Umwigisha avuze ati: “Icumba c’abashitsi canje kiri hehe, aho ndi burire pasika+ ndi kumwe n’abigishwa banje+?”’ 15 Na we araheza abereke icumba cagutse co hejuru, kirimwo ivya nkenerwa, giteguwe; aho habe ari ho mudutegurira+.” 16 Nya bigishwa baragenda, binjira mu gisagara maze babisanga nk’uko yababwiye; baraheza bategura pasika+.

17 Bumaze kugoroba azanana na bamwe cumi na babiri+. 18 Hanyuma bari ku meza bariko bararya, Yezu avuga ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Umwe muri mwebwe, uwuriko asangira+ nanje, arangura+.” 19 Batangura kugira intuntu no kumubwira umwumwe bati: “Ni jewe+?” 20 Ababwira ati: “Ni umwe muri aba cumi na babiri ariko akoreza hamwe nanje ukuboko mw’ibakure rusangi+. 21 Ego ni ko, Umwana w’umuntu agira agende nk’uko vyanditswe ku bimwerekeye, mugabo aragowe uwo muntu bicako ngo Umwana w’umuntu agurwe! Vyorushirije kubera vyiza uwo muntu iyo ataba yaravutse+.”

22 Bakibandanya gufungura, atora umukate, arawuhezagira, arawumanyura, arawubaha, avuga ati: “Nimwakire, iki gisobanura umubiri wanje+.” 23 Hanyuma atora igikombe, arakenguruka maze arakibaha, bose bakinywako+. 24 Nuko ababwira ati: “Iki gisobanura ‘amaraso+ yanje y’isezerano+’ agiye guseswa+ ku bwa benshi+. 25 Ni ukuri ndabibabwiye: Sinzogenda nsubiye kunywa ku kinyobwa c’umuzabibu gushika kuri wa musi aho nzokinywa ari gishasha mu bwami bw’Imana+.” 26 Mu kurangiza, bahejeje kuririmba amashemezo+, barasohoka baja ku musozi w’Imyelayo+.

27 Hanyuma Yezu ababwira ati: “Mwese muraza gutsitara, kuko vyanditswe ngo: ‘Nzokubita umwungere+, intama zisabagire+.’ 28 Mugabo ninamara kuzurwa, nzobitangira imbere kuja i Galilaya+.” 29 Ariko Petero amubwira ati: “Niyo abandi bose botsitara, jeho sinzotsitara+.” 30 Yezu aca amubwira ati: “Ni ukuri ndabikubwiye: Wewe uno musi, emwe, muri iri joro, imbere y’uko isake ibika kabiri, wewe nyene uza kunyihakana gatatu+.” 31 Mugabo atangura kuvuga ashimitse cane ati: “Niyo noba ntegerezwa gupfana nawe, sinzogenda ndakwihakanye.” N’abandi bose batangura kuvuga kuno nyene+.

32 Nuko baza ahantu hitwa Getsemani, hanyuma abwira abigishwa biwe ati: “Icare ng’aha umwanya ndiko ndasenga+.” 33 Nuko ahitana Petero na Yakobo na Yohani+, atangura kujumararirwa no guhagarika umutima bimwe bikomeye+. 34 Araheza ababwira ati: “Umutima wanje uri n’intuntu nyinshi cane+, imwe yo kunyica. Sigare ng’aha kandi mugume muri maso+.” 35 Yigiye imbere gatoyi, agwa hasi hanyuma atangura gusenga asaba yuko, iyaba vyashoboka, iyo saha yomurengana+. 36 Abandanya kuvuga ati: “Abba, Data+, vyose birashoboka kuri wewe; igizayo iki gikombe kimveko. Yamara ntibibe ivyo jewe nshaka, ahubwo bibe ivyo wewe ushaka+.” 37 Hanyuma araza asanga barasinziriye, ni kwo kubwira Petero ati: “Simoni, urasinziriye? Nta nguvu wagize zo kuguma uri maso n’isaha n’imwe+? 38 Gume muri maso kandi musenga+, kugira ntimuje mu kigeragezo. Nkako umutima urashashaye, mugabo umubiri ni goyigoyi+.” 39 Yongera kugenda, arasenga, avuga rya jambo nyene+. 40 Yongera kuza asanga barasinziriye, kuko amaso yabo yari aremerewe, ntibamenya rero ico bari bumwishure+. 41 Yongera kuza ubugira gatatu, ababwira ati: “Mbega mu gihe nk’iki muriko murisinzirira mwongera mwiruhukira! Biramaze! Isaha irashitse+! Ehe Umwana w’umuntu agabuwe mu maboko y’abacumuzi+. 42 Haguruke, tugende+. Ehe nyene kungura aregereje+.”

43 Buno nyene akiriko aravuga, Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, arashika azananye n’isinzi ryitwaje inkota n’amahiri, rivuye ku bakuru b’abaherezi n’abanditsi n’abagabo b’inararibonye+. 44 Nyene kumugura na we yari yabahaye ikimenyetso bumvikanyeko, ati: “Uwo nja gusoma, azoba ari we; muce mumufata, mumutware mumucunze+.” 45 Maze araza amutumbereye, aramwegera, avuga ati: “Rabi!”, aca aramusoma+ n’ikibabarwe cinshi. 46 Nuko bamushorerako amaboko baramufata+. 47 Ariko umuntu umwe mu bari bahagaze ng’aho asokora inkota yiwe, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amukurako ugutwi+. 48 Mugabo Yezu aca ababwira ati: “Mbega mwaje kumfata mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi+? 49 Imisi yose nari kumwe namwe mu rusengero nigisha+, yamara ntimwamfashe. Mugabo rero, ni kugira ngo Ivyanditswe+ biranguke+.”

50 Bose baca baramuta+, barahunga+. 51 Mugabo umusore umwe yambaye impuzu y’ilino yoroshe imwe gusa ku mubiri* aramukurikira agendera hafi; bagerageza kumufata+, 52 mugabo ata nya mpuzu yiwe y’ilino, ahunga ari gusa.

53 Buno batwara Yezu ku muherezi mukuru, hanyuma abakuru bose b’abaherezi be n’abagabo b’inararibonye n’abanditsi barakorana+. 54 Mugabo Petero amukurikira+ agendera kure, gushika mu rugo rw’umuherezi mukuru; yicarana n’abasuku bo mu rugo ariko yota agacanwa kabengagira. 55 Muri uwo mwanya abakuru b’abaherezi n’Inama Nkuru* yose bariko bararondera ico Yezu yokwagirizwa kugira bamwice+, mugabo ntibaronka na kimwe+. 56 Nkako benshi bariko bashinga intahe y’ikinyoma bamubeshera+, mugabo ivyagirizo vyabo ntibihure+. 57 Vyongeye, bamwe baza barahaguruka bashinga intahe y’ikinyoma bamubeshera, bati: 58 “Twaramwumvise avuga ngo: ‘Nzosenyura uru rusengero rwakozwe n’amaboko hanyuma mu misi itatu nubake urundi rudakozwe n’amaboko+.’” 59 Mugabo no kuri ivyo, ivyagirizo vyabo ntivyahura.

60 Amaherezo umuherezi mukuru arahaguruka hagati yabo abaza Yezu ati: “Nta co wishura? Ivyo aba bariko bakwagiriza ni ibiki+?” 61 Mugabo aguma acereje, ntihagira ikintu na kimwe yishura+. Umuherezi mukuru yongera kumubaza, ati: “Wewe uri Kristu Umwana wa wa Muhezagirwa+?” 62 Maze Yezu avuga ati: “Ndi we; kandi muzobona Umwana w’umuntu+ yicaye iburyo+ bw’ububasha azanana n’ibicu vyo kw’ijuru+.” 63 Umuherezi mukuru aca atantamura impuzu ziwe z’imbere+, avuga ati: “Turacakenerera iki ibindi vyabona+? 64 Murumvise ingene arogose+. Mubibona gute?” Bose bamucira urw’uko akwiriye gupfa. 65 Bamwe batangura kumucirako+ no kumupfuka mu maso hose no kumukubita ingumu no kumubwira ngo: “Pfindura!” Abasuku ba sentare na bo bamwakiriza amakofe, baca baramujana+.

66 Igihe Petero yari hepfo mu rugo, umwe mu basukukazi b’umuherezi mukuru araza+, 67 hanyuma abonye Petero ariko arota, amuraba mu maso amuhanga, avuga ati: “Na wewe wari kumwe na wa Munyanazareti, uwo Yezu+.” 68 Mugabo arabihakana, ati: “Eka sindamuzi mbere sintegera n’ivyo uriko uravuga,” aca arasohoka aja ku kazu k’ishikiro+. 69 Ng’aho wa musukukazi amubonye, yongera gutangura kubwira abari bahagaze aho ati: “Uyu ni uwo muri bo+.” 70 Yongera kubihakana. Hanyuma rindi rimwe haciye akanya gatoyi, abahagaze ng’aho batangura kubwira Petero bati: “Ni ivy’ukuri uri uwo muri bo, kuko kanatsinda, uri Umunyagalilaya+.” 71 Mugabo atangura kurahira yisiba+ ati: “Uwo muntu muvuga sindamuzi+.” 72 Buno nyene isake irabika ubugira kabiri+; Petero aca yibuka ijambo Yezu yari yamubwiye ati: “Imbere y’uko isake ibika kabiri, uza kunyihakana gatatu+.” Biramwankira, araturikisha ararira+.

15 Hanyuma buno nyene mu mutwenzi abakuru b’abaherezi hamwe n’abagabo b’inararibonye n’abanditsi, eka Inama Nkuru yose, bagira inama+, baraheza baboha Yezu hanyuma baramujana bamuhereza Pilato+. 2 Nuko Pilato amubaza iki kibazo ati: “Wewe uri umwami+ w’Abayuda?” Amwishura ati: “Wewe ubwawe urabivuze+.” 3 Mugabo abakuru b’abaherezi batangura kumwagiriza ibintu vyinshi+. 4 Pilato yongera kumubaza ati: “Nta co wishura+? Raba ibirego bariko barakurega ingene bingana+.” 5 Mugabo Yezu ntihagira ikindi yishura, ku buryo Pilato bimutangaza+.

6 Kandi igihe cose habaye umusi mukuru yahora abarekurira imbohe imwe basavye+. 7 Ico gihe hari uwitwa Baraba yari mu mvuto ari kumwe n’abagumutsi, mu bugumutsi bwabo bakaba bari bakoze ubwicanyi+. 8 Nuko isinzi riraza ritangura gusaba rifatiye ku co yahora abakorera. 9 Pilato arabishura, ati: “Mushaka ndabarekurire umwami w’Abayuda+?” 10 Kuko yari azi ko agashari+ ari ko kari katumye abakuru b’abaherezi bamutanga+. 11 Mugabo abakuru b’abaherezi bagumura iryo sinzi ngo ahubwo rimusabe arirekurire Baraba+. 12 Pilato yongera kubishura ati: “None umwe mwita umwami+ w’Abayuda we ndamugire nte+?” 13 Bongera gusemerera bati: “Mumanike+!” 14 Mugabo Pilato abandanya kubabwira ati: “Mbega yemwe, none ikibi yakoze ni igiki?” Na ho nyene barushiriza gusemerera bati: “Mumanike+!” 15 Pilato, kugira ngo ashirire iryo sinzi aho rishaka+, abarekurira Baraba, hanyuma amaze gukubitisha Yezu, aramutanga ngo amanikwe+.

16 Buno abasoda bamutwara mu rugo, ari ho ku kirimba ca buramatari; hanyuma bakoranya umugwi wose w’abasirikare+, 17 baraheza bamwambika icambarwa gisa n’umuyugubwe bongera bajisha urugori rw’amahwa barumushirako+. 18 Batangura kuza baramuramutsa bati: “Ndabugize+, Mwami w’Abayuda!” 19 Vyongeye, baza baramuhondesha irenga mu mutwe bongera bamucirako, bakaza baramwunamira bapfukamye+. 20 Amaherezo, bamaze kumushinyaguriza, bamukura ca cambarwa gisa n’umuyugubwe, bamushirako impuzu ziwe zo hejuru. Baraheza baramusohokana bamutwara kumumanika+. 21 Vyongeye, bategeka uwuhita, akaba yari umuntu yitwa Simoni w’i Sireni yari aje ava mu gihugu hagati, se wa Alegizandere na Rufo, ngo yikorere igiti co kubabarizwako ciwe+.

22 Nuko bamuzana ahantu hitwa Gologota, bikaba bisobanura ngo: Ahantu h’Agahanga+. 23 Hano bagerageza kumuha umuvinyu uvanze n’ikiyayuramutwe citwa imira*+, mugabo ntiyawunywa+. 24 Hanyuma baramumanika, baraheza bagabura impuzu ziwe zo hejuru+ mu kuzipfindirako ubupfindo kugira bamenye ico umuntu wese atwara+. 25 Kw’isaha igira gatatu+, baramumanika. 26 Ivyandiko vy’ikirego+ aregwa vyandikwa hejuru yiwe ngo: “Umwami w’Abayuda+.” 27 Vyongeye, bamanika abambuzi babiri hamwe na we, umwe iburyo bwiwe, uwundi ibubamfu bwiwe+. 28* —— 29 Kandi abahaca baza baramutuka+, bazunza umutwe bongera bavuga ngo: “Ee! Wewe ugira ngo wosenyura urusengero ukarwubaka mu misi itatu+, 30 niwikize mu kumanuka ukava ku giti co kubabarizwako+.” 31 N’abakuru b’abaherezi hamwe n’abanditsi baramushinyaguriza nk’ukwo nyene, bavuga ngo: “Abandi yarabakijije; we ntashobora kwikiza+! 32 Kristu Umwami wa Isirayeli namanuke ubu ave kuri ico giti co kubabarizwako, tubibone duheze twemere+.” Eka n’abari bamanikanywe na we bariko baramutuka+.

33 Hageze kw’isaha igira gatandatu, umwiza utwikira igihugu cose gushika kw’isaha y’icenda+. 34 Hanyuma kw’isaha y’icenda, Yezu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eli, Eli, lama sabakitani?”, bikaba bisobanura ngo: “Mana yanje, Mana yanje, kubera iki umpevye+?” 35 Bamwe mu bari bahagaze iruhande na bo ngo bavyumve, batangura kuvuga bati: “Ehe ariko arahamagara Eliya+.” 36 Mugabo umuntu umwe arirukanga, ajobeka ikinyuko mu muvinyu ukarishe, agishira kw’irenga, maze aramuha ngo anywe+, avuga ati: “Mureke! Reka turabe ko Eliya aza kumumanura+.” 37 Mugabo Yezu araboroga n’ijwi rirenga, aca aracikana+. 38 Maze irido+ ry’aheranda ritantamukamwo kubiri, kuva hejuru gushika hasi+. 39 Buno intwazangabo yari ihagaze ng’aho imuraba, ibonye acikanye atyo, ivuga iti: “Ni ivy’ukuri, uyu muntu yari Umwana w’Imana+.”

40 Hari kandi abagore bariko babirabira nka hariya+, muri bo hakaba harimwo Mariya Magadalena hamwe na Mariya nyina wa Yakobo Umutoyi akaba na nyina wa Yoze, be na Salome+, 41 bahora bamuherekeza+ kandi bakamukorera udukorwa igihe yari i Galilaya, be n’abandi bagore benshi bari bazananye na we i Yeruzalemu+.

42 Kubera ko bwari bumaze kugoroba, hakaba kandi hari ku Mwiteguro, ni ukuvuga ku musi bwaca ari isabato, 43 haza Yozefu w’i Arimateya, umuntu w’umwubahwa wo mu Nama Nkuru, na we nyene akaba yari arindiriye ubwami bw’Imana+. Ararinduka aja kwa Pilato asaba ikiziga+ ca Yezu. 44 Mugabo Pilato atangazwa n’ingene yoba yari yamaze gupfa, ni kwo guhamagaza ya ntwazangabo, ayibaza nimba yari yamaze gupfa. 45 Amaze kubibaririkiza kuri nya ntwazangabo, aha Yozefu nya kiziga+. 46 Na we aca agura impuzu y’ilino nziza, aramumanura, amuzingira muri nya mpuzu hanyuma amushira+ mu mva+ yari yimbwe mu gitandara; araheza atembagariza ibuye ku muryango w’iyo mva+. 47 Mugabo Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yoze baguma baraba aho yari yaryamitswe+.

16 Isabato+ imaze kurengana, Mariya Magadalena+ na Mariya nyina wa Yakobo, na Salome, bagura ibimota kugira ngo baze, bamusige+. 2 Hanyuma kare cane ku musi wa mbere+ w’iyinga baza ku mva, izuba rimaze guseruka+. 3 Kandi bariko barabwirana bati: “Ni nde aza kudutembagariza rya buye ngo rive ku muryango w’imva?” 4 Mugabo bararamuye amaso, babona rya buye ryatembagajwe, naho ryari rinini cane+. 5 Binjiye muri ya mva, babona umusore yicaye ku ruhande rw’iburyo yambaye ikanzu yera, barajumararirwa+. 6 Ababwira ati: “Ntaco mujumararirwa. Muriko murondera Yezu Umunyanazareti, umwe yamanikwa+. Yazuwe+, nta wuri ng’aha. Raba aho bari bamushize+! 7 Mugabo nimugende, mubwire abigishwa biwe na Petero muti: ‘Arabitangira imbere kuja i Galilaya+; ni ho muzomubonera, nk’uko yabibabwiye+.’” 8 Basohotse baca barahunga bava kuri ya mva, kuko bari bishwe n’uguhinda agashitsi, umutima ukaba wari wabavuyemwo. Kandi nta we babwiye ikintu na kimwe, kuko bari bagize ubwoba+.

INSOZERO NGUFI

Ivyandiko vy’iminwe bimwebimwe be n’impinduro zimwezimwe vyo mu nyuma birimwo insozero ngufi inyuma ya Mariko 16:8, ari yo y’iyi:

Mugabo ibintu vyose vyari vyarategetswe bavyiganira muri make abari bakikuje Petero. Bitayeko, inyuma y’ivyo Yezu ubwiwe abicishije kuri bo, arungika kuva mu buseruko gushika mu burengero, itangazwa ryeranda kandi ritabora ry’ubukiriro bw’ibihe bidahera.

INSOZERO NDENDE

Ivyandiko vy’iminwe bimwebimwe vya kera (Codex Alexandrinus, Codex Ephraemi, Codex Bezae) be n’impinduro zimwezimwe za kera (Latin Vulgate, Curetonian Syriac, Syriac Peshitta) vyongerako insozero ndende ikurikira, mugabo itaboneka muri Codex Sinaiticus, Codex Vaticanus, Sinaitic Syriac codex no muri Armenian Version:

9 Amaze kuzuka kare ku musi ugira gatatu w’iyinga abanza kubonekera Mariya Magadalena, uwo yari yarirukanyemwo amadayimoni indwi. 10 Uwo mugore aragenda, avyiganira abahoranye na Yezu, kuko bari bagandaye bongera barira. 11 Mugabo bo, aho bumviye ko yari yabaye muzima be n’uko yari yabonywe n’uwo mugore, ntibavyemera. 12 Vyongeye, inyuma y’ivyo abonekera babiri muri bo ameze ukundi bari ku nzira, bariko baja mu gihugu hagati; 13 nuko baragaruka bavyiganira abandi. N’ivyo abo bavuze ntibavyemera. 14 Mugabo mu nyuma abonekera bamwe cumi n’umwe ubwabo igihe bari ku meza, aranebagura ukutizera kwabo n’ugukomantara kw’imitima yabo, kuko batemeye ivyavuzwe n’abari bamubonye yazuwe mu bapfuye. 15 Araheza ababwira ati: “Nimugende mw’isi yose mwamamaze inkuru nziza ku vyaremwe vyose. 16 Uwemera kandi akabatizwa azokizwa, mugabo uwutemera azotsindwa n’urubanza. 17 Ikigeretseko, ng’ibi ibimenyetso bizoherekeza abemera: Bakoresheje izina ryanje bazokwirukana amadayimoni, bazovuga mu ndimi, 18 kandi bazotoza inzoka iminwe yabo, kandi banyoye ikintu ico ari co cose cica nta co kizogenda kibagize. Bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire.”

19 Nuko rero, Umukama Yezu ahejeje kuvugana na bo, aduganwa mw’ijuru hanyuma yicara iburyo bw’Imana. 20 Na bo baragenda, bamamaza hose, kandi Umukama yakorana na bo akongera agashigikira ubutumwa biciye ku bimenyetso bibuherekeza.

Canke, “amasandali.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Ni ukuvuga, “impuzu itaritunatuna.”

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “imigani.”

Raba Inyongera ya 21.

Itenzi ni igice c’inyuma c’ubwato.

“Legiyoni” wari wo mugwi nyamukuru w’inteko mu gisoda ca kera c’Abaroma. Ng’aha iryo jambo ryerekana igitigiri kinini.

Ijambo ku rindi ni “amahera y’umuringa.”

Canke, “amasandali.”

Raba Inyongera ya 21.

Twisunze uko ikiringo c’ijoro cagaburwa mu Bagiriki no mu Baroma, iterama rya kane ryatangura nk’isaha icenda z’ijoro gushika izuba riserutse.

Uyu murongo uraboneka mu mpinduro zimwezimwe za Bibiliya, mugabo ntuboneka mu vyandiko vy’iminwe bikurubikuru vy’ikigiriki vya kera binyuranye.

Raba Inyongera ya 21.

Ikibanza caturirirwamwo umwavu inyuma ya Yeruzalemu.

Raba Mr 7:16, akajambo k’epfo.

Raba Mr 7:16, akajambo k’epfo.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Yoh 20:16.

Raba Mr 7:16, akajambo k’epfo.

Raba Inyongera ya 21.

Muri Palestina, ici ni co gihe ibiterwa bitotahara.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Canke, “ku mubiri wiwe wari gusa.”

Raba Inyongera ya 21.

Raba Inyongera ya 21.

Raba Mr 7:16, akajambo k’epfo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika