KAHISE KATWIGISHA IKI? | ICETE C’IBISABWA
Ubutumwa bw’iterabwoba bwatanzwe mw’izina ry’Imana
“Nimutabikora, . . . nzobashwaramwo ndabifashijwemwo n’Imana, ndabarwanye uko nshoboye kwose mu mpande zose, ntume muyobokera kandi mugamburukira Ekleziya be n’umwami; abagore banyu n’abana banyu nzobatwara ndabagire abaja, . . . ndabatware n’amatongo yanyu, namwe ndabakorere ikibi kibishe. . . . Abazohasiga ubuzima be n’ibizohononekarira bizoja ku gatwe kanyu, si ku gatwe k’umwami canke ku gatwe kacu.”
AYO majambo ashobora kuba ari amwe mu majambo atangaje cane mu majambo yose yigeze gushikirizwa n’abategetsi. Tuyasanga mu Cegeranyo c’ibisabwa (el Requerimiento mu kinyespanye) abakoroni baturuka muri Espanye bategerezwa gusoma n’ijwi ryumvikana mu kinjana ca 16, igihe baba bashitse muri Amerika bagiye kwigarurira uturere.
Ni ibiki none abo bakoroni babwira abantu bo muri utwo turere, kandi kubera iki?
Bahatwa kwinjira mw’idini rya Gatolika
Haciye igihe gito Christophe Colomb ageze muri Amerika mu 1492, igihugu ca Espanye n’ica Portigale vyaciye bitanguranwa kwiyitirira utwo turere dushasha. Kubera ko ivyo bihugu vyompi vyabona yuko pāpa aserukira Kristu kw’isi, vyaciye bimwitura kugira ngo abitature. Hisunzwe ubuyobozi bwa pāpa, Ekleziya yaciye igaburira Espanye na Portigale utwo turere dushasha, mugabo ivyo bihugu bikabanza kwemera kurungikayo abamisiyonari kugira ngo binjize imvukira zaho mw’idini rya Gatolika.
Uko nya bakoroni babandanya bigarurira uturere, umwami wa Espanye yararondeye kwerekana ko amabi yakorwa n’abo bakoroni yari afise ishingiro. Abanyespanye bavuze ko kubona pāpa bwa muserukizi w’Imana yarabahaye utwo turere, vyatuma abo bakoroni bagira uburenganzira bwo gufata uko bishakiye abantu b’imvukira zaho no kubanyaga amatungo yabo be no kubacinyiza.
Espanye yaciye yandika urwandiko rwo kumenyesha izo mvukira ingingo yari yashinzwe na pāpa. Izo mvukira zasabwa kwemera ubukirisu no kuyobokera umwami wa Espanye. Baramutse bavyanse, Abanyespanye babona ko bari bafise uburenganzira bwo guca batera intambara bavuga ko igororotse, bakarwanya izo mvukira mw’izina ry’Imana.
“Gukorera abandi amabi vyabonwa yuko ari ikintu cumvikana mu gihe haba hari imvo zumvikana zo kubikora. Ni co gituma vyabaye ngombwa ko Abanyespanye bafondafonda imvo zitwa ko zumvikana zo gukora ayo mabi.”—Francis Sullivan, umwigisha wa tewolojiya w’Umujezwite.
Icete ‘carangwa n’akarenganyo, ukutubaha Imana, kigatera n’isoni’
Umwami wa Espanye yasaba ko ico Cete gisomwa kugira ngo ijwi ryiwe ryo mu mutima rireke kumwagiriza no kugira ngo yerekane ko abakoroni bari bafise imvo zumvikana zo kwigarurira utwo turere. Ahanini abo bakoroni basoma ico cete bari mu bwato imbere y’uko bagaba ibitero, canke bakagisoma bamaze kugera i musozi, bakaba bagisomera abanyagihugu baho mu ndimi z’i Buraya kandi batazumva. Hari n’igihe ico cete bagisomera utururi tugaragara tw’abanyagihugu baba bomotse kubera ubwoba.
Ukwo kugerageza kwinjiza abantu mw’idini ku nguvu, vyatumye haseseka amaraso menshi. Nk’akarorero, intambara yabaye muri Shili mu 1550 yahitanye abantu nka 2.000 bo mu bwoko bw’aba Araucans. Ku bijanye n’abacitse kw’icumu, umukoroni yitwa Pedro de Valdivia yabwiye umwami ati: “Abantu amajana abiri narabaciye amaboko n’amazuru kubera bagararije, kuko nari nabatumyeko intumwa incuro nyinshi nkongera nkabaha amategeko [ni ukuvuga ca Cete c’ibisabwa] nk’uko wari wabishinze Mwami.”a
Ego ni ko gusoma ico Cete bishobora kuba vyaratuma abo bakoroni batiyagiriza mu mutima. Ariko rero, ntivyatumye abantu bahurumbira idini ry’Abanyespanye. Umumisiyonari umwe w’umufurera wo mu kinjana ca 16, ari we Bartolomé de las Casas, uwiboneye amabi yakwezwe n’ico Cete c’ibisabwa, yanditse ati: “Ese ukuntu ico Cete carangwa n’akarenganyo, n’ukutubaha Imana! Cari giteye isoni, kandi nticumvikana na gato! Aho siniriwe ndavuga ukuntu cateje urubwa ubukirisu.” Umwanditsi w’inkuru za kahise yitwa Gonzalo Fernández de Oviedo yidoze avuga yuko amabi imvukira zo muri Amerika zakorewe yatumye zica zibona nabi ubukirisu.
None Imana yoba ari yo yobazwa amabi abakuru b’intwaro be n’abakuru b’amadini bakoze bishimikije izina ryayo? Bibiliya ivuga iti: “Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya!”—Yobu 34:10.
a Twisunze ibivugwa n’ibitabu bimwebimwe, ico Cete cakuweho mu 1573.