ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g17 no. 2 rup. 7
  • Ingene uruyuki rugwa ahantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene uruyuki rugwa ahantu
  • Be maso!—2017
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2017
  • Umuco uhingurwa n’ibinyabuzima
    Vyoba vyariyadukije?
  • Umurizo w’ikiburuburu
    Be maso!—2013
Be maso!—2017
g17 no. 2 rup. 7
Uruyuki ruguye kw’ishurwe

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ingene uruyuki rugwa ahantu

INZUKI zirashobora kugwa neza ahantu aho ari ho hose haba harambitse, hashinze canke hameze ukundi. Uti zibigenza gute?

Rimbura iki kintu: Kugira ngo uruyuki rugwe neza ahantu, bisaba ko rugabanya ubunyarutsi gushika hafi ku busa, imbere y’uko utuguru twarwo dukora hasi. Mu bisanzwe, rwokeneye gusa gupima ubunyarutsi bwarwo n’ahantu rusigaje ngo rugwe, rugaca rero rugenda ruragabanya ubunyarutsi. Ariko rero ntirwobishobora kubera ko amaso y’udukoko twinshi tuguruka aba yegeranye cane ku buryo tutabona neza ishusho y’ikintu. Ivyo bica bituma tudashoka dupima neza aho dusigaje uko hangana.

Amaso y’abantu arashobora gupima ikirere kiri hagati y’aho bahagaze n’aho ikintu kanaka kiri. Ariko ay’inzuki yoyo si ukwo. Bisa n’uko inzuki zifatira ku kuntu ikintu womengo gitera kiba kinini cane uko zirushiriza kucegera. Uko zicegera ni ko zibona umengo ubunini bwaco buguma bwongerekana ningoga. Ubushakashatsi bwagizwe kuri kaminuza ya Leta yo muri Ostraliya bwerekanye y’uko uruyuki ruca rugabanya ubunyarutsi gushika rubonye ko ubunini bw’ico kintu bwongerekana ku rugero rudahindagurika. Nya ruyuki ruja gushika aho rugomba kugwa bwa bunyarutsi bugeze hafi ku busa, rugaca rero rugwa ata nkomanzi.

Ikinyamakuru kimwe kivuga giti: “Turavye ingene ubwo buhinga bwo kugwa budahanitse kandi butagoye kwigana . . . biroroshe cane ko tubukoresha mu gutunganya ingene tuyobora imashini zitwa robo ziguruka.”

Uvyibazako iki? Ubuhinga uruyuki rukoresha mu kugwa ahantu, bwoba bwariyadukije? Canke hoba hari uwabutunganije?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika