ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g17 no. 2 rup. 12-13
  • Tuje muri Espanye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Espanye
  • Be maso!—2017
Be maso!—2017
g17 no. 2 rup. 12-13
Toledo ni igisagara co muri Espanye gihurumbirwa n’ingenzi

I Tolède ni ho herekana neza kahise ka Espanye n’imico kama yaho. Mu 1986 harashizwe ku rutonde rw’ibibanza ndangakaranga bikwiye kuzigamwa, kandi ingenzi zirahahurumbira

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Espanye

Ikarata y’igihugu ca Espanye

IGIHUGU ca Espanye kibamwo abantu b’ubwoko butandukanye, kikagira n’intara zifise ubwiza butandukanye. Ahantu henshi usanga hari imirima y’ingano, y’imizabibu n’iy’imyelayo. Mu bumanuko hari akarere k’ibilometero nka 14 gusa kagizwe n’amazi gatandukanya Espanye n’umugabane wa Afrika.

Hari abantu benshi bagiye barimukira muri ico gihugu co mu bumanuko bushira uburengero bw’Uburaya: Uri Abanyafenisiya, Abagiriki, abantu bo mu gisagara co mu buraruko bwa Afrika citwa Carthage n’abandi. Igihe Abaroma bahashika bakahigarurira mu kinjana ca gatatu imbere ya Kristu, baciye bahita Hispania. Mu nyuma, ico gihugu carigaruriwe n’aba Wisigoths hamwe n’aba Maures kandi carasigaranye imico kama yabo.

Mu mwaka umwe wa vuba, abantu barenga imiliyoni 68 baragendeye Espanye. Benshi bajayo kwota akazuba kaho, gusama akayaga ku nkengera z’ikiyaga ziteye igomwe no kuratira ijisho ibintu ndangakaranga vyaho. Imfungurwa zaho na zo nyene zirakwega ingenzi nyinshi. Zimwe mu mfungurwa zaho zikundwa cane ni udukoko two mu mazi, akanyama k’ingurube, amasupu avanze n’ibintu vyinshi, amasalade be n’imbogaboga batekana amavuta y’imyelayo (olive) canke izo bayasukako. Aho rero ntituvuze umureti waho, umuceri waho bita paella n’utuntu two guhenda umunwa bita tapas bikundwa kw’isi yose.

Mariscada ni indya zigizwe n’udukoko two mu mazi zikundwa cane

Mariscada ni indya zigizwe n’udukoko two mu mazi zikundwa cane

Abantu babiri bo muri Espanye bariko baratamba intambo yitwa flamenco

Intambo yitwa flamenco

Abanyagihugu bo muri Espanye ni abantu b’umutima mwiza kandi bakunda kuyaga. Benshi bavuga ko ari abagatolika mugabo ni bake baja mu misa. Mu myaka ya vuba, abantu bavuye muri Afrika, Aziya no muri Amerika y’Epfo barimukiye muri Espanye. Benshi muri bo barakunda kuyaga ku migenzo n’inyigisho vyo mu madini yabo. Ivyabona vya Yehova barayaga neza na bo bakabafasha kumenya ico Bibiliya ivuga ku bibazo vyinshi.

Mu 2015, Ivyabona barenga 10.500 baritanze barubaka canke barasanura inyubakwa 70 basengeramwo zitwa Ingoro z’Ubwami. Ibisagara bimwebimwe vyarabahaye ku buntu ibibanza bubakamwo. Kugira bafashe abimukira, Ivyabona vya Yehova bagira amakoraniro yabo mu gisupanyoli no mu zindi ndimi zirenga 30. Mu 2016, abantu barenga 186.000 baritavye ikoraniro ridasanzwe Ivyabona bagira ryo kwibuka urupfu rwa Yezu Kristu.

WARI UBIZI?

Espanye ni co gihugu ca mbere kw’isi yose gihingura amavuta y’imyelayo (olive).

Umusozi Teide wo mu mazinga ya Canaries, ni wo musozi muremure cane muri Espanye, ukaba ureha n’imetero 3.718. Upimye uburebure bwawo uhereye ku ntango yawo iri mu nda y’ibahari, ni wo musozi w’ibirunga ugira gatatu mu burebure kw’isi yose.

  • INDIMI NYAMUKURU: IGISUPANYOLI, N’INDIMI ZITWA BASQUE, CATALAN, GALICIEN NA VALENCIEN

  • ABANYAGIHUGU: 46.439.000

  • UMURWA MUKURU: MADRID

  • IKIRERE: MU CI HARASHUHA, MU RUSHANA NA HO HAGAKANYA RWOSE

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika