ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g18 no. 2 rup. 14
  • 11 Umwete

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 11 Umwete
  • Be maso!—2018
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO BISOBANURA
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • ICO WOKORA
  • Ivyogufasha gukunda ibikorwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Akazi
    Be maso!—2015
  • Nubone ivyiza biva mu gikorwa cawe
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Nukunde ibikorwa
    Nugume mu rukundo rw’Imana
Ibindi
Be maso!—2018
g18 no. 2 rup. 14
Umwigeme ariko ariruka

Kwimenyereza gukunda ibikorwa ni nko kwinonora imitsi, kuko bikuzanira akarusho ubu no muri kazoza

URWARUKA

11 Umwete

ICO BISOBANURA

Umuntu w’umunyamwete ntahunga ibikorwa. Ahubwo arakora cane kugira yironse ivyo akeneye yongere afashe abandi, naho vyosaba ko akora akazi gakengeretse.

IGITUMA BIHAMBAYE

Wavyemera wareka, nta wurya akatamugoye. Muri iyi si aho abantu benshi badakunda ibikorwa biruhisha, kuba umunyamwete birimwo akarusho.​—Umusiguzi 3:13.

“Kutarera amaboko nasanze bituma uryoherwa kandi ukumva ko uri n’ico umaze. Kwiyumvamwo ko hari ico maze vyatumye niga gukunda akazi. Kuba umunyabikorwa bituma kandi uvugwa neza.”​—Reyon.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mu gikorwa cose harimwo inyungu.”​—Imigani 14:23, Bibiliya Nyeranda.

ICO WOKORA

Ibi bintu bikurikira birashobora kugufasha kubona neza ibikorwa:

Niwitwararike gukora ibintu neza. Waba ukora udukorwa two muhira, utwo kw’ishure canke akazi gasanzwe, nubikore ubishizeko umutima. Umaze kumenyera igikorwa kanaka, nurondere kugikora neza kuruta canke kugikora unyarutsa. Uko urushiriza gukora igikorwa kinoboye, ni ko urushiriza kugikunda.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mbega uramaze kwitegereza umuntu w’umuhanga mu gikorwa ciwe? Imbere y’abami ni ho azohagarara; ntazohagarara imbere y’abantu nciyaho.”​—Imigani 22:29.

Niwiyumvire abandi. Akenshi iyo witwararitse neza ibikorwa ujejwe, abandi barahungukira. Nk’akarorero, igihe ukorana umwete udukorwa two muhira uba uremuruye abandi.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ivyakozwe 20:35.

Nukore ibirenze ivyo usabwa. Aho gukora gusa ivyo wasabwe, nugerageze gukora n’ibirenze. Muri ubwo buryo uba werekanye ko uri umuntu yibwiriza, ni ukuvuga umuntu akora vyinshi batarinze kumuhata, ahubwo abikora abikuye ku mutima.​—Matayo 5:41.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Igikorwa cawe ciza ntikibe igikozwe ku gahato, ahubwo kibe ikivuye ku gushaka kwawe.”​—Filemoni 14.

Nturenze urugero. Umunyamwete ntarera amaboko kandi si umuntu yatwawe n’akazi. Ni umuntu atarenza urugero, akunda ibikorwa mugabo kandi akaruhuka.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.”​—Umusiguzi 4:6.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika