ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g18 no. 2 rup. 12
  • 9 Akaranga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 9 Akaranga
  • Be maso!—2018
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO BISOBANURA
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • ICO WOKORA
  • Ndi nde?
    Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Tuzigame akaranga kacu k’ubukirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Jewe ndi nde?
    Be maso!—2011
  • Yemwe bakirisu: nimwishimire abo muri!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Be maso!—2018
g18 no. 2 rup. 12
Umusore ahagaze agororotse iruhande y’igiti kiriko gihungabanywa n’umuyaga

Kumenya neza ico uri birashobora gutuma unanira ibihuhusi bikomeye

URWARUKA

9 Akaranga

ICO BISOBANURA

Izina ryawe be n’ukuntu usa si vyo gusa bikuranga. Mu bikuranga harimwo n’inyifato yawe, ivyiyumviro vyawe be n’ukuntu umeze. Mu yindi mvugo, akaranga kawe ni ivyo bintu vyose bidondora uko umeze.

IGITUMA BIHAMBAYE

Igihe uzi neza akaranga kawe, urumira ku vyiyumviro vyawe aho kugendera ku vyiyumviro vy’urunganwe rwawe.

“Abantu benshi bameze nka vya bishusho dusanga mu mamangazini y’impuzu. Si vyo vyihitiramwo impuzu vyambara, ahubwo abandi ni bo babihitiramwo.”​—Adrian.

“Narize gukora ibigororotse no mu bihe bitoroshe. Ubu abagenzi nyakuri ndabamenyera ku kuntu bifata no ku kuntu nifata turi kumwe.”​—Courtney.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe, ahubwo muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha.”​—Abaroma 12:2.

ICO WOKORA

Niwiyumvire ukuntu umeze ubu n’ukuntu wipfuza kumera kugira ngo usuzume aho ukomeye, aho ufise intege nke be n’ivyo wemera. Kugira wisuzume neza, hera ku kwishura ibibazo bikurikira:

Aho ukomeye: Ni ibiki nshoboye? Ni ibiki nkora neza? (Nk’akarorero: Noba nubahiriza umwanya? Noba nigumya? Noba ndi umunyabikorwa? Noba ndi umuntu atanga?) Ivyiza nkora ni ibihe?

IVYOGUFASHA: Vyoba bitakworohera kubona ivyiza ukora? Baza umuvyeyi wawe canke umugenzi wizigiye akubwire ivyiza akubonako be n’ingene uhora ubigaragaza.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya n’uwundi.”​—Abagalatiya 6:4.

Aho ufise intege nke: Ni ibiki nkeneye gukosora? Ni ryari canecane vyoroshe ko ngwa mu nyosha mbi? Norushiriza kugaragaza ukwigumya mu mice iyihe?

ICO BIBILIYA IVUGA: “Iyo tuvuze ngo: ‘Nta gicumuro dufise,’ tuba turiko turizimiza.”​—1 Yohani 1:8.

Ivyo wemera: Ni ingingo izihe nisunga mu buzima, kandi kubera iki? Noba nemera Imana? Nemezwa n’iki ko ibaho? Ni ibiki mbona ko bitabereye, kandi kubera iki? Ni ibiki nemera ko bizoba muri kazoza?

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ubushobozi bwo kwiyumvira buzoguma bugucungereye, ugutahura kuzokuzigama.”​—Imigani 2:11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika