ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g21 no. 2 rup. 7-9
  • Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku bana bawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku bana bawe?
  • Be maso!—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO UKWIYE KUMENYA
  • ICO WOKORA
  • Abana be na telefone: Igice ca 1: Umwana wanje yoba akwiye gutunga telefone?
    Icofasha umuryango
  • Nukingire abana bawe amashusho y’ibiterasoni
    Icofasha umuryango
  • Abana be na telefone: Igice ca 2: Kwigisha abana ingene bokoresha neza telefone
    Icofasha umuryango
  • Woba ukoresha neza ubuhinga bwa none?
    Be maso!—2015
Ibindi
Be maso!—2021
g21 no. 2 rup. 7-9

Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku bana bawe?

Abakuze vyoshobora kubagora gukoresha utwuma two mu buhinga bwa none canke amaprograma yatwo. Ariko abana bobo biraborohera cane kuko baba bakuze babibona.

Yamara hari abavuze ko abana bamara umwanya ku twuma two mu buhinga bwa none bashobora kugira ingorane zikurikira:

  • Kwizizirwa n’utwuma twabo.

  • Gutoteza abandi canke gutotezwa biciye kuri internet.

  • Kuraba amasanamu y’ibiterasoni, babishaka canke batabishaka.

ICO UKWIYE KUMENYA

KWIZIZIRWA NA TWO

Ibintu bimwebimwe bikorerwa kuri internet,  nk’akarorero udukino, usanga vyoroshe ko vyizizira abantu. Ni co biba vyarakorewe. Igitabu kimwe (Reclaiming Conversation) kivuga giti: “Amaprograma ari mu matelefone yacu yateguwe ku buryo atuma tuguma kuri telefone.” Uko rero tumara umwanya turaba ibihayanishwa kuri izo programa, ni ko ababihayanisha bironkera amahera.

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Abana bawe boba basa n’abatwawe n’utwuma two mu buhinga bwa none? Wobafasha gute gukoresha neza umwanya wabo?​—ABANYEFESO 5:15, 16.

GUTOTEZWA

Hari abantu igihe bariko bakoresha internet baca barushiriza kuba inkazi, kutisonera no kutitwararika ukuntu abandi biyumva, bigaca bituma babatoteza.

Abantu benshi baratakaza urupfasoni igihe bakoresha internet kubera bipfuza kumenyekana canke kwemerwa n’abandi. Canke na ho igihe umuntu abonye ko abandi bagize urubanza ntibamutumire, vyoshobora kumubabaza akiyumvira ko bamukumiriye.

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Abana bawe boba bagumana urupfasoni igihe bakoresha internet? (Abanyefeso 4:31) Bavyifatamwo gute iyo bishitse abandi ntibabatumire?

IBITERASONI

Internet yaratumye umuntu ashobora gushikira ibiterasoni bitamugoye. Abavyeyi bakwiye kumenya ko naho programa zizibira ibiterasoni zifasha, atari izo kwizigira ijana kw’ijana.

Amategeko arashobora guhana uwurungika canke uwakira ibiterasoni akoresheje telefone. Rimwe na rimwe bivanye n’amategeko y’ahantu canke imyaka y’ababigizemwo uruhara, abakora ivyo bintu barashobora kwagirwa n’icaha co kwonona abana biciye ku masanamu y’ibiterasoni.

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Wofasha gute abana bawe kwirinda umutego wo kuraba canke kurungika amafoto y’ibiterasoni kuri internet?​—ABANYEFESO 5:3, 4.

ICO WOKORA

NUMENYEREZE ABANA BAWE

Naho abana usanga biborohera cane gukoresha utwuma two mu buhinga bwa none, barakeneye kuyoborwa. Igitabu kimwe (Indistractable) kivuga ko guha umwana telefone canke akandi kuma kandi ataramenya ingene yogakoresha mu buryo bubereye, “ata ho bitaniye no kumureka ngo asimbire mu mazi kandi atazi kwoga.”

ICO BIBILIYA IVUGA: “Rera umwana wisunze inzira imubereye; mbere n’igihe azosaza ntazokevya ngo ayivemwo.”​—IMIGANI 22:6.

Raba ivyiyumviro woshima gushira mu ngiro canke wandike ibindi ubona bibereye.

  • Kuyaga n’umwana wanje inyifato yogira igihe akoresha internet

  • Kumufasha kutababara abandi batamutumiye

  • Gukora ibishoboka vyose ngo ibiterasoni ntivyinjire mw’itelefone yiwe

  • Kuza ndasuzuma telefone y’umwana wanje

  • Gushinga umwanya atorenza ayikoresha buri musi

  • Kwirinda ko utwuma two mu buhinga bwa none turara mu cumba c’umwana wanje

  • Gutegeka ko ata wokoresha telefone mu mwanya wo gufungura

IVYO ABAVYEYI BOGANIRAKO

  • Twoba duha umwana akuma ko mu buhinga bwa none ngo abe arakinisha?

  • Umwana wacu yoba akeneye telefone ikoresha internet? Nimba ayikeneye, ni kubera iki?

  • Twoba dufise amahera yo kugurira umwana telefone ikoresha internet?

  • Umwana wacu yoba amaze kwerekana ko ashoboye kwicungera?

  • Umwana wacu yoba yemanga ivyo akora?

  • Ni amategeko ayahe dukwiye kumushingira?

  • Twofasha gute umwana wacu kugira uburimbane ku mwanya amara kuri telefone no mu bindi bikorwa?

    ICO BIBILIYA IVUGA: “Abantu bahumuye . . . ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.”​—ABAHEBURAYO 5:14.

“Kubera iki abana bawe bashaka telefone? Bakoresha gute rwawe? Baja ku mbuga izihe? Bakina udukino bwoko ki? Bamara umwanya ungana iki bayikoresha? Nusuzume aho umwana wawe ageza mu gutahura no mu kwicungera imbere yo kumuha telefone.”​—LAURETA N’UMUGABO WIWE DAVID

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika