Ikigabane ca 27
Ubwami bw’Imana buravutse!
Iyerekwa rya 7—Ivyahishuwe 12:1-17
Ibivugwamwo: Wa mugore wo mw’ijuru aribaruka, Mikaheli ararwana na Shetani akamuraririza kw’isi
Igihe birangukirako: Kuva Kristu Yezu yimitswe mu 1914 gushika kuri ya makuba akomeye
1. Gutahura ibimenyetso bidondorwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 12 gushika ku ca 14 biza kudufasha gute?
RYA banga ryeranda ry’Imana ryahishuwe. (Ivyahishuwe 10:7) Ubwami bwa Yehova burongowe na Mesiya ubu buriko burakora biboneka. Emwe, buraganza! Ukuhaba kwabwo gusobanura ukurandurwa kwa Shetani n’uruvyaro rwiwe, kugasobanura intsinzi ikomeye kuri rwa Ruvyaro rw’ishirahamwe ry’Imana ryo mw’ijuru. Ariko rero, wa mumarayika w’indwi ntaraheza kuvuza urumbete rwiwe kuko agifise ibindi vyinshi aduhishurira ku bijanye n’amagorwa agira gatatu. (Ivyahishuwe 11:14) Ibimenyetso bidondorwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 12 gushika ku ca 14 biraza kudufasha kurushiriza gutahura ibintu vyose bijanye n’ayo magorwa hamwe n’ingene ibanga ryeranda ry’Imana rirangizwa.
2. (a) Ni ikimenyetso gikomeye ikihe Yohani abona? (b) Insobanuro y’ico kimenyetso yahishuwe ryari?
2 Yohani ubu abona ikimenyetso gikomeye, gifise insobanuro ihambaye ku basavyi b’Imana. Ico kimenyetso gicira inzira iyerekwa menyeshakazoza ryeza umutima, insobanuro yaryo ikaba yabanje gusohorwa mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo muri Ruheshi 1925 mu kiganiro cavuga ngo “Ivuka ry’ihanga,” mu nyuma isohorwa mu 1926 mu gitabu Délivrance. Uwo muco ukayangana mu bijanye n’ugutahura Bibiliya wabaye ikintu c’intibagirwa mw’iterambere ry’igikorwa ca Yehova. Reka rero Yohani atwiganire ivyo abona bitanguye kuba. Agira ati: “Maze haboneka ikimenyetso gikomeye mw’ijuru: umugore yambaye izuba, kandi ukwezi kwari munsi y’ibirenge vyiwe, ku mutwe wiwe na ho hari urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri, kandi yari yibungenze. Araboroga cane ari mu mibabaro no mu buribwe bwo kwibaruka.”—Ivyahishuwe 12:1, 2.
3. Umugore Yohani abona mw’ijuru ni iki?
3 Ni bwo bwa mbere Yohani abonye umugore mw’ijuru. Ariko ntiwumve, si umugore nya mugore. Ni ikimenyetso canke ikigereranyo. (Ivyahishuwe 1:1) None agereranya iki? Mu buhanuzi bwahumetswe, rimwe na rimwe abagore usanga bagereranya amashirahamwe vyovugwa ko yubakanye n’abantu bakomakomeye. Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, Isirayeli ivugwa ko yari umugore wa Yehova Imana. (Yeremiya 3:14) Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ishengero ry’abakirisu barobanuwe ryitwa umugeni wa Kristu. (Ivyahishuwe 21:9-14) Umugore Yohani abona na we nyene arubatse, kandi agira yibaruke. None umugabo wiwe ni nde? Mu nyuma, umwana wiwe aca “ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo.” (Ivyahishuwe 12:5) Yehova rero avuga ko uwo mwana ari rwiwe. Ku bw’ivyo, uwo mugore Yohani abona ategerezwa kuba ari umugore w’ikigereranyo wa Yehova.
4. Abana b’umugore w’Imana w’ikigereranyo ni bande, kandi intumwa Paulo yita gute uwo mugore Yohani yabonye?
4 Nk’ibinjana umunani imbere y’aho, Yehova yari yabwiye uwo mugore w’ikigereranyo ati: “Abana bawe bose bazoba abigishijwe na Yehova.” (Yesaya 54:5, 13) Yezu yarasubiyemwo ubwo buhanuzi maze yerekana ko abo bana bari abayoboke biwe b’intahemuka, ari na bo bahavuye bagira ishengero ry’abakirisu barobanuwe. (Yohani 6:44, 45) Kubera ko abagize iryo shengero bitwa abana b’Imana, baca rero baba n’abana b’umugore w’Imana w’ikigereranyo. (Abaroma 8:14) Intumwa Paulo aratomora neza ayo makuru igihe avuga ati: “Yeruzalemu yo hejuru iridegemvya, kandi ni yo mama.” (Abagalatiya 4:26) Uwo “mugore” Yohani yabonye rero ni “Yeruzalemu yo hejuru.”
5. Ko umugore wa Yehova w’ikigereranyo yambaye urugori rw’inyenyeri 12, none Yeruzalemu yo hejuru vy’ukuri ni iki?
5 Ariko none, Yeruzalemu yo hejuru neza na neza ni iki? Kubera ko Paulo avuga ko iyo Yeruzalemu ari “iyo hejuru,” Yohani na we akaba ayibona mw’ijuru, birumvikana ko atari igisagara co kw’isi; eka kandi si cokimwe na “Yeruzalemu Nshasha,” kuko iryo shirahamwe ari umugeni wa Kristu, atari umugore wa Yehova. (Ivyahishuwe 21:2) Urabona ko yambaye urugori rw’inyenyeri 12. Igitigiri 12 cerekeza ku kintu gitunganijwe neza.a Izo nyenyeri 12 rero bisa n’uko zerekana ko uwo mugore ari ishirahamwe ryo mw’ijuru, nk’uko na Yeruzalemu ya kera ryari ishirahamwe ryo kw’isi. Yeruzalemu yo hejuru ni ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru rigizwe n’ibiremwa vy’impwemu rimeze nk’umugore wiwe, kuko rimukorera rikongera rikamuvyarira abana.
6. (a) Vyerekana iki kuba uwo mugore Yohani abona yambaye izuba, munsi y’ibirenge vyiwe hakaba hari ukwezi, kandi akaba afise urugori rw’inyenyeri? (b) Ububabare bw’ibise uwo mugore yibungenze agira bugereranya iki?
6 Yohani abona uwo mugore ari nk’aho yambaye izuba, ukwezi na kwo kuri munsi y’ibirenge vyiwe. Uciye wongerako urugori rwiwe rw’inyenyeri, uca ubona ko yisakaye hose imico yo mw’ijuru. Ubutoni bw’Imana bumukayanganirako ijoro n’umurango. Ese ukuntu ico ari ikimenyetso kibereye c’ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru ryakaka! Vyongeye, aribungenze kandi ari mu bubabare bw’ibise vy’ukwibaruka. Kuba atakambira Imana ngo imufashe vyerekana ko hageze ko yibaruka. Muri Bibiliya, ububabare bw’ibise akenshi bugereranya igikorwa gikomeye gitegerezwa kurangurwa kugira umuntu ashike ku kintu gihambaye. (Gereranya na Zaburi 90:2; Imigani 25:23; Yesaya 66:7, 8.) Nta gukeka ko ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru ryagize ububabare nk’ubwo igihe ryariko riritegurira iryo vuka ry’intibagirwa.
Igisato kinini c’ibara ry’umuriro
7. Ni ikindi kimenyetso ikihe Yohani abona mw’ijuru?
7 None ubu na ho Yohani abona iki? Yigana ati: “Haboneka ikindi kimenyetso mw’ijuru, nza mbona igisato kinini c’ibara ry’umuriro, c’imitwe indwi n’amahembe cumi, kuri nya mitwe yaco hakaba imigāra indwi; kandi umurizo waco uburuta ica gatatu c’inyenyeri zo mw’ijuru, kiziraririza kw’isi. Kandi nya gisato caguma gihagaze imbere ya nya mugore yagira yibaruke, kugira ngo yibarutse gice kirotsa umwana wiwe.”—Ivyahishuwe 12:3, 4.
8. (a) Ca gisato kinini c’ibara ry’umuriro ni iki? (b) Bisobanura iki kuba ico gisato gifise imitwe indwi, amahembe cumi n’umugara ku mutwe umwumwe wose?
8 Ico gisato ni Shetani, “ya nzoka yo mu ntango.” (Ivyahishuwe 12:9; Itanguriro 3:15) Ni umwicanyi ruburakigongwe, igisato c’imitwe indwi, ikiryanyi gishobora kurokereza icarimwe ikintu gifashe. Mbega ukuntu gisa! Iyo mitwe indwi n’amahembe cumi vyerekana ko ari we ashiraho ca gikoko kigereranya intwaro za politike gica kidondorwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 13. Ico gikoko na co nyene gifise imitwe indwi n’amahembe cumi. Kubera yuko Shetani afise umugāra ku mutwe umwumwe wose, yose hamwe ikaba ari indwi, turashobora kwemera tudakeka ko ari we aganza intwaro zikomakomeye zo kw’isi zigereranywa n’ico gikoko. (Yohani 16:11) Ayo mahembe cumi ni ikigereranyo kibereye c’ububasha bwuzuye afise muri ino si.
9. Bisobanura iki kuba umurizo w’ico gisato “uburuta ica gatatu c’inyenyeri zo mw’ijuru” ukaziraririza kw’isi?
9 Ico gisato kirafise kandi ububasha mw’ijuru. Gikoresheje umurizo waco, “[kira]buruta ica gatatu c’inyenyeri zo mw’ijuru.” Inyenyeri zirashobora kugereranya abamarayika. (Yobu 38:7) Imvugo ngo “ica gatatu” yoshobora kwerekana ko abamarayika batari bake bazimijwe na Shetani. Bamaze gukorokera mu vyara vyiwe, ntivyabaye bigishoboka ko bavayo. Ntivyari gushoboka ko basubira mw’ishirahamwe ryeranda ry’Imana. Bacitse amadayimoni, bamera nk’ababuruswe na Shetani we mwami wabo canke umutware wabo. (Matayo 12:24) Shetani kandi yabatereye kw’isi. Nta gukeka ko ivyo vyerekeza ku gihe ca Nowa imbere ya rya Segenya, igihe Shetani yosha abana b’Imana b’ibigaba ngo baze kw’isi kubana n’abakobwa b’abantu. Mu guhana abo ‘bamarayika bacumuye,’ Imana yaciye ibata muri Tarutaro, ni ukuvuga ahantu hameze nko mw’ibohero.—Itanguriro 6:4; 2 Petero 2:4; Yuda 6.
10. Ni amashirahamwe ayahe adacana uwaka yibonekeza neza, kandi ni kubera iki ca gisato kigomba guca kirotsa uwo mwama nya mugore akimwibaruka?
10 Amashirahamwe abiri adacana uwaka rero aramaze kwibonekeza neza: ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru rigereranywa na wa mugore hamwe n’ishirahamwe rya Shetani rigizwe n’amadayimoni rirwanya ubusegaba bw’Imana. Ca kibazo gihambaye c’uwukwiye kuba Segaba gitegerezwa gutorerwa umuti. None gitorerwa umuti mu buryo ubuhe? Shetani, uwukiburuta amadayimoni bari kumwe, ameze nk’igikoko c’amarara kiguma ceraguza kirondera uwo kirotsa. Arindiriye ko wa mugore yibaruka. Ashaka guca arotsa uwo mwana agira avuke kuko azi yuko ivuka ryiwe rimugeramiye cane rikageramira n’iyi si atwara.—Yohani 14:30.
Umwana w’umuhungu, w’igitsina-gabo
11. Yohani adondora gute ivuka ry’umwana wa wa mugore, kandi ni kubera iki uwo mwana yitwa “umwana w’umuhungu, uw’igitsina-gabo”?
11 Igihe cashinzwe c’uko Imana ireka amahanga akaganza itayaciramwo carangiye mu 1914. (Luka 21:24) Igihe kigeze rero, uwo mugore aca yibaruka umwana wiwe. Dusoma duti: “Maze yibaruka umwana w’umuhungu, uw’igitsina-gabo, uwuzoragiza amahanga yose inkoni y’icuma. Nya mwana wiwe aca ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo. Nya mugore na we ahungira mu gahinga, aho afise ikibanza categuwe n’Imana, kugira ngo bahamugaburirire imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu.” (Ivyahishuwe 12:5, 6) Uwuvutse ni “umwana w’umuhungu, uw’igitsinagabo.” Kubera iki Yohani akoresha izo mvugo zibiri? Ni ukugira ngo yerekane ko uwo mwana abereye, ko ashoboye kuganza amahanga akoresheje ububasha bubereye. Birashimika kandi ku kuntu iryo vuka ari ikintu c’intibagirwa kandi gihimbaye rwose! Riragira uruhara nyamukuru mu gutuma rya banga ryeranda ry’Imana rirangizwa. Emwe, uwo mwana w’umuhungu mbere “[a]zoragiza amahanga yose inkoni y’icuma”!
12. (a) Ni ibiki Yehova yari yarasezeranye mu mazaburi ku vyerekeye Yezu? (b) Kuba wa mugore avyara umuhungu “[a]zoragiza amahanga yose inkoni y’icuma” bigereranya iki?
12 None iyo mvugo yoba imenyerewe? Iramenyerewe kuko Yehova yasezeranye mu buhanuzi bujanye na Yezu, ati: “Uzobamenaguza agakoni k’ubutware k’icuma; nka kurya kw’icombo c’umubumvyi, uzobasavya.” (Zaburi 2:9) Ubuhanuzi kandi bwari bwaravuze ku bimwerekeye buti: “Inkoni y’inkomezi zawe Yehova azoyirungika ari i Siyoni, ati: ‘Genda uganze hagati y’abansi bawe.’” (Zaburi 110:2) Iryo vuka rero Yohani abona rirafitaniye isano cane na Yezu Kristu. Ntiryerekeza ku gihe Yezu yavyarwa n’inkumi imbere y’ikinjana ca mbere mu gihe cacu; eka kandi ntiryerekeza kuri ca gihe Yezu yazurwa agasubira kuba ikiremwa c’impwemu mu 33 G.C. Vyongeye, si Yezu asubiye kuvukira mu kindi kiremwa. Ahubwo nyabuna, ni ivuka ry’Ubwami bw’Imana ryabaye mu 1914, Yezu uwari amaze hafi ibinjana 20 asubiye mw’ijuru akaba ari we yimitswe ngo abe Umwami wabwo.—Ivyahishuwe 12:10.
13. Kuba wa mwana w’igitsina-gabo “aca ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo” bisobanura iki?
13 Yehova ntiyorota areka ngo Shetani arotse umugore wiwe canke umwana wiwe akivuka! Uwo mwana w’igitsina-gabo akimara kuvuka “aca ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo.” Yehova rero aca amukingira bimwe vyuzuye, akaba ari na we azokwitwararika bimwe bishitse ubwo Bwami buhejeje kuvuka, ubwo azokoresha mu kweza izina ryiwe ryeranda. Ico gihe nyene, wa mugore aca ahungira mu kibanza Imana yamuteguriye mu gahinga. Ivyo turabigarukako ido n’ido mu nyuma! Nayo Shetani, ubu agira ashikirwe n’ikintu c’intibagirwa kizotuma adapfa asubiye kubangamira ubwo Bwami mw’ijuru. None ico kintu ni igiki?
Intambara mw’ijuru!
14. (a) Nk’uko Yohani abivuga, ni igiki kiba kigatuma Shetani adapfa asubiye kubangamira Ubwami? (b) Ni hehe Shetani n’amadayimoni yiwe babwirizwa kutarenga?
14 Yohani atubwira ati: “Haca haduka intambara mw’ijuru: Mikaheli n’abamarayika biwe barwana na ca gisato, ca gisato na co kirwanana n’abamarayika baco mugabo nticanesha, eka mbere ntihongera kuboneka ikibanza cabo mw’ijuru. Nuko ca gisato kinini kiraririzwa hasi, ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose; araririzwa kw’isi, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we.” (Ivyahishuwe 12:7-9) Shetani arakororwa akirukanwa mw’ijuru, amadayimoni yiwe na yo nyene agakororanwa na we, iyo ikaba ari intambwe ikomeye ituma rya banga ryeranda ry’Imana rirangizwa. Umwe yazimije isi yose gushika aho acika imana yayo yaza yashika aho abwirizwa kudacaruka ngo arenge uwu mubumbe, ari na ho ubugarariji bwiwe bwatanguriye.—2 Abakorinto 4:3, 4.
15, 16. (a) Mikaheli ni nde, kandi tubimenyeshwa n’iki? (b) Kubera iki bibereye ko Mikaheli ari we yirukana Shetani mw’ijuru?
15 Ni nde atahukana iyo ntsinzi ikomeye mw’izina rya Yehova? Bibiliya ivuga ko ari Mikaheli n’abamarayika biwe. None uwo Mikaheli ni nde? Izina “Mikaheli” risobanura ngo “Ni nde ameze nk’Imana?” Mikaheli rero ategerezwa kuba ashashaye kwemeza ubusegaba bwa Yehova mu kwerekana ko ata n’umwe yogereranywa na Yehova. Muri Yuda umurongo wa 9, yitwa “Mikaheli wa mumarayika mukuru.” Igishimishije, ahandi Bibiliya ikoresha imvugo ngo “umumarayika mukuru,” usanga yerekeza ku muntu umwe gusa, ni ukuvuga Yezu Kristu.b Ku bimwerekeye, Paulo avuga ati: “Umukama ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru be n’urumbete rw’Imana.” (1 Abatesalonika 4:16) Imvugo “umumarayika mukuru” isobanura ngo “kizigenza w’abamarayika.” Ntibitangaje rero kubona mu Vyahishuwe hakoresha imvugo ngo “Mikaheli n’abamarayika biwe.” Mu yindi mirongo aho Bibiliya ivuga ko abamarayika bayobokera umusavyi w’Imana agororotse, usanga yerekeza kuri Yezu. Ni co gituma Paulo avuga ko “Umukama Yezu [azohishurwa] avuye mw’ijuru ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha.”—2 Abatesalonika 1:7; raba kandi Matayo 24:30, 31; 25:31.
16 Iyo mirongo hamwe n’iyindi ituma dushika kuri iki ciyumviro ntakekeranywa: Mikaheli si uwundi atari Umukama Yezu Kristu mu kibanza ciwe co mw’ijuru. Ubu ko turi mu kiringo c’umusi w’Umukama, ntabwira Shetani gusa ngo “Yehova aguhambarire.” Kubera yuko iki ari igihe co guca imanza, Yezu ari we Mikaheli, arirukana mw’ijuru uwo mubisha Shetani n’amadayimoni yiwe. (Yuda 9; Ivyahishuwe 1:10) Birabereye rwose ko ari we akora ico gikorwa, kuko ari Umwami ahejeje kwimikwa. Yezu kandi ni we rwa Ruvyaro rwasezeranwa muri Edeni, ari na rwo uburuhiro rwofyonyoye umutwe wa ya Nzoka, gutyo ikavaho rimwe rizima. (Itanguriro 3:15) Mu kumwirukana mw’ijuru, Yezu arateye intambwe ikomeye izomushikana ku gufyonyora Shetani ubutagisubira kubaho.
“Muhimbarwe, mwa majuru”
17, 18. (a) Yohani avuga ko mw’ijuru bavyakira gute Shetani akorowe? (b) Bishoboka ko ijwi rirenga Yohani yumva ari irya bande?
17 Yohani aratubwira umunezero uca uba mw’ijuru kubera Shetani akorowe muri ubwo buryo butangaje, ati: “Maze numva ijwi rirenga mw’ijuru, rivuga riti: ‘Ubu rero harashitse ubukiriro n’ubushobozi n’ubwami bw’Imana yacu n’ububasha bwa Kristu wayo, kuko umwagiriji wa bene wacu araririjwe hasi, umwe abagiriza ku murango no mw’ijoro imbere y’Imana yacu! Kandi baramutsinze kubera amaraso ya wa Mwagazi w’intama no kubera ijambo ry’ugushinga intahe kwabo, kandi ntibakunze ubuzima bwabo n’igihe baba bahanganye n’urupfu. Ku bw’ivyo muhimbarwe, mwa majuru namwe abayabamwo!’”—Ivyahishuwe 12:10-12a.
18 None ayo majwi arenga Yohani yumva ni aya bande? Bibiliya ntitubwira abo ari bo. Ariko rero, mu Vyahishuwe 11:17 havuga ko ba bakurambere 24 bamaze kuzuka biha akamo nk’ako nyene bari mu bibanza vyabo vyo mw’ijuru, ng’aho bakaba bashobora guserukira ba beranda 144.000. (Ivyahishuwe 11:18) Vyongeye, kubera ko abasavyi b’Imana barobanuwe bakiri kw’isi bariko barahamwa biswe ng’aha ngo “bene wacu,” birashoboka ko ayo majambo avugwa n’abo bakurambere nyene. Nta gukeka ko abo bizigirwa bashobora guhuriza hamwe amajwi yabo, kuko izuka ryabo ryociye rikurikira haheze igihe gitoyi Shetani n’amadayimoni yiwe birukanywe mw’ijuru.
19. (a) Rya banga ryeranda ry’Imana rirangijwe, Yezu aca aronka akaryo ko gukora iki? (b) Kuba Shetani yitwa “umwagiriji wa bene wacu” vyerekana iki?
19 Kugira ngo rya banga ryeranda ry’Imana rirangizwe bisaba ko Yezu afata ubutegetsi mu Bwami bwa Yehova. Gutyo, inzira y’uko Imana irangura umugambi wayo uhambaye wo kurokora abantu b’abizigirwa izoba yuguruye. Yezu ntarokora gusa abigishwa biwe batinya Imana bari kw’isi muri iki gihe, ariko kandi ararokora n’abantu amamiliyoni adaharurwa bapfuye Imana yibuka. (Luka 21:27, 28) Kuba Shetani yitwa “umwagiriji wa bene wacu” vyerekana ko yabandanije kuvyura ibihari ku bijanye n’ugutungana kw’abasavyi b’Imana bo kw’isi, naho ivyo yagirije Yobu vyagaragaye ko ari ibinyoma. Biboneka ko yasubiyemwo kenshi bimwe yavuga ngo umuntu yokwemera gutanga ivyo afise vyose kugira arokore ubuzima. Mbega ukuntu ibinyoma vyiwe vyamutekurukanye!—Yobu 1:9-11; 2:4, 5.
20. Ni mu buryo ki abakirisu b’abizigirwa batsinze Shetani?
20 Abakirisu barobanuwe, ababonwa ko ari abagororotsi “kubera amaraso ya wa Mwagazi w’intama,” barabandanya gushingira intahe Imana na Yezu Kristu naho bahamwa. Haraciye imyaka irenga 120 abagize uwo mugwi wa Yohani bamenyesha ibintu bihambaye vyobaye Ibihe vy’abanyamahanga birangiye mu 1914. (Luka 21:24, BY) Vyongeye, muri iki gihe abagize isinzi rinini barasukura badahemuka bifatanije na bo. Nta n’umwe muri bo “[atinya] abica umubiri mugabo badashobora guhonya ubuzima,” nk’uko ivyagiye birashikira Ivyabona vya Yehova muri iki gihe cacu bivyerekana. Biciye ku vyo bavuga no ku nyifato ya gikirisu, baratsinze Shetani, barerekana neza ko ari umubeshi. (Matayo 10:28; Imigani 27:11; Ivyahishuwe 7:9) Igihe abakirisu barobanuwe bazuwe bakaja mw’ijuru, ese ukuntu bategerezwa kuba banezerwa n’uko Shetani atakiriyo ngo yagirize bene wabo! Ego cane, ni igihe c’uko ingabo zose z’abamarayika zitabirana umunezero akamo kagira gati: “Muhimbarwe, mwa majuru namwe abayabamwo!”
Amagorwa atewe n’ishari!
21. Ni gute Shetani yateje amagorwa isi n’ikiyaga?
21 Shetani ishavu riraniga kubera amagorwa agira gatatu. Ubu rero na we ashaka guteza abantu amagorwa yiwe. Bibiliya ivuga iti: “Haragowe isi n’ikiyaga, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.” (Ivyahishuwe 12:12b) Emwe, kuba Shetani yirukanywe mw’ijuru bituma isi ibona amagorwa, ino ikaba iriko irononwa n’abantu buzuye ubwikunzi batwarwa na we. (Gusubira mu vyagezwe 32:5) N’ikindi kandi, icivugo ca Shetani co ‘gutegeka vyanse agasambura’ kirateza amagorwa isi y’ikigereranyo, ari co kibano c’abantu, kikayateza n’ikiyaga c’ikigereranyo, ari co bantu badurumbanye ubwabo. Muri za ntambara zibiri z’isi yose, uburake bwa Shetani bwaragaragariye mu burake bw’amahanga aganzwa na we, kandi n’ubu mwene ubwo bushangashirwe bw’amadayimoni burabandanya kwigaragaza, naho ata gihe kinini busigaje! (Mariko 13:7, 8) Ariko naho amayeri ya Shetani yoba akomeye gute, ingaruka zayo ntizizokwigera zegereza ingaruka amagorwa ya gatatu azogira kw’ishirahamwe rya Shetani riboneka, na yo akaba atezwa n’Ubwami bw’Imana!
22, 23. (a) Yohani avuga ko haca haba iki ca gisato kimaze kuraririzwa kw’isi? (b) Ca gisato gihama gute “wa mugore yibaruka umwana w’umuhungu”?
22 Kuva Shetani yirukanywe bimwe vy’akamaramaza, bene wabo na Kristu bakiri kw’isi barihuriye n’uburake bwiwe. Yohani avuga ati: “Ca gisato ngo kibone kiraririjwe kw’isi, gica gihama wa mugore yibaruka umwana w’umuhungu. Mugabo amababa abiri ya ya nkona nini ahabwa uwo mugore, kugira ngo aguruke aje mu gahinga mu kibanza ciwe; aho ni ho agaburirirwa igihe n’ibihe n’igice c’igihe, kure ya ya nzoka.”—Ivyahishuwe 12:13, 14.
23 Ng’aha iryo yerekwa rigarutse ku ciyumviro twabonye mu murongo wa 6, uwutubwira ko uwo mwana amaze kuvuka, uwo mugore aca ahungira mu gahinga, kure y’ico gisato. Twokwibaza ingene ico gisato gihama uwo mugore kandi ari mw’ijuru, na co cakororewe kw’isi. Niwibuke ko uwo mugore afise abana aha kw’isi, ni ukuvuga uruvyaro rwiwe. Mu nyuma muri iryo yerekwa, tubwirwa ko Shetani aserura uburake afitiye uwo mugore mu guhama uruvyaro rwiwe. (Ivyahishuwe 12:17) Ibishikira uruvyaro rw’uwo mu ngore ng’aha kw’isi vyoshobora kuvugwa ko bishikira uwo mugore ubwiwe. (Gereranya na Matayo 25:40.) Abantu baguma biyongera bifatanya n’urwo ruvyaro ng’aha kw’isi na bo nyene boshikiwe n’urwo ruhamo.
Ihanga rishasha
24. Ni ibiki vyashikiye Abatohoji ba Bibiliya bisa n’ivyashikiye Abisirayeli igihe barokorwa mu Misiri?
24 Mu Ntambara ya mbere y’isi yose, bene wabo na Yezu babandanije badahemuka igikorwa cabo co gushinga intahe uko bishoboka kwose. Ivyo babikora mu ruhamo rukomeye batezwa na Shetani be n’abakozi biwe b’ababisha. Mu nyuma, igikorwa co gushinga intahe Abatohoji ba Bibiliya barangura ku mugaragaro carabaye nk’igihagaze. (Ivyahishuwe 11:7-10) Ivyo vyabaye igihe bashikirwa n’ibintu bisa n’ivyashikiye Abisirayeli mu Misiri kuko na bo nyene bihanganye naho bahahazwa cane. Yehova yaciye abatwara ningoga nk’aho yoba abatwaye ku mababa y’inkona, abajana ahantu hatagira inkomanzi mu bugaragwa bwa Sinayi. (Kuvayo 19:1-4) Muri ubwo buryo nyene, inyuma y’uruhamo rukaze rwo mu 1918-1919, Yehova yararokoye ivyabona vyiwe baserukira uwo mugore wiwe, abashira mu mimerere yo mu vy’impwemu ituma batagira inkomanzi nk’uko Abisirayeli bari bamerewe mu bugaragwa. Iyo yari inyishu y’amasengesho yabo.—Gereranya na Zaburi 55:6-9.
25. (a) Ni igiki Yehova yatanguje mu 1919, nk’uko nyene yari yatanguje ihanga ry’Abisirayeli mu gahinga? (b) Ni bande bagize iryo hanga, kandi bashizwe mu kibanza ikihe?
25 Mu gahinga, Yehova yaratanguje ihanga ry’Abisirayeli, arabaronsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu no mu vy’umubiri. Muri ubwo buryo nyene, kuva mu 1919, Yehova yaratanguje uruvyaro rwa wa mugore ruba ihanga ryo mu vy’impwemu. Ivyo ntidukwiye kuvyitiranya n’Ubwami burongowe na Mesiya bwatanguye gutegeka mw’ijuru kuva mu 1914. Ahubwo iryo hanga rishasha rigizwe n’amasigarira y’ivyabona barobanuwe bari kw’isi, bashizwe mu kibanza kininahaye co mu buryo bw’impwemu mu 1919. Kubera ko ico gihe bariko baronswa “ingero yabo y’ibifungurwa ku gihe kibereye,” barakomejwe ku bw’igikorwa cari kibarindiriye.—Luka 12:42; Yesaya 66:8.
26. (a) Ikiringo kivugwa mu Vyahishuwe 12:6, 14 kingana gute? (b) Ca kiringo c’ibihe bitatu n’igice cari gifise intumbero iyihe, catanguye ryari, kandi carangiye ryari?
26 None ako gahengwe k’uruvyaro rwa wa mugore w’Imana kamaze igihe kingana iki? Mu Vyahishuwe 12:6 havuga ko ari imisi 1.260. Mu Vyahishuwe 12:14 havuga ko ico kiringo ari igihe, ibihe, n’igice c’igihe; ni ukuvuga ibihe bitatu n’igice. Izo mvugo zompi zingana n’imyaka itatu n’igice, mu gice ca ruguru c’umubumbe w’isi ikaba yatanguye mu mpeshi yo mu 1919 irangira mu gatasi ko mu 1922. Ku bagize umugwi wa Yohani bari basubijwe umutamana, ico cari ikiringo co kugarura agatege no kwongera kwitunganya.
27. (a) Twisunze ivyo Yohani avuga, ca gisato caciye gikora iki inyuma ya 1922? (b) Shetani yashaka iki mu kugomorera ku Vyabona uruhamo rumeze nk’isegenya?
27 Ca gisato nticaciye gita hasi! Bibiliya ivuga iti: “Ya nzoka ica iruka inyuma ya wa mugore amazi ameze nk’uruzi ruvuye mu kanwa kayo, kugira ngo atwarwe na nya ruzi.” (Ivyahishuwe 12:15) None iyo mvugo ngo “amazi ameze nk’uruzi” isobanura iki? Umwami Dawidi wa kera yavuze ko ababisha bamurwanya ari “amasegenya akukumura y’abantu b’imburakimazi.” (Zaburi 18:4, 5, 16, 17) Ayo mazi Shetani aca aruka na yo nyene ni uruhamo ruvuye ku “bantu b’imburakimazi.” Inyuma ya 1922 Shetani yaragomoreye ku Vyabona uruhamo rumeze nk’isegenya. (Matayo 24:9-13) Aho harimwo ugukubagurwa ku mubiri, ‘ugutegura ivyago hakoreshejwe ingingo zishinzwe,’ ugupfungwa, mbere no kwicwa biciye ku kumanikwa, kuraswa canke gucibwa amazosi. (Zaburi 94:20) Kubera ko Shetani yari yacishijwe bugufi akankirwa no gushikira wa mugore w’Imana wo mw’ijuru, yaciye agaba igitero n’ishavu n’akantu ku masigarira y’uruvyaro rwiwe akiri kw’isi kugira abahonye, haba mu kubica canke mu gutuma badashimwa n’Imana kubera batakaje ugutungana kwabo. Mugabo vyagaragaye ko bafise umwiyemezo nk’umwe wa Yobu, uwavuze ati: “Gushika ncikanye, sinzokwiyambura ugutungana kwanje!”—Yobu 27:5.
28. Rwa ruhamo rumeze nk’isegenya rwahumaganye gute mu Ntambara ya kabiri y’isi yose?
28 Urwo ruhamo rukaze rumeze nk’isegenya rwahumaganye mu Ntambara ya kabiri y’isi yose. I Buraya, Ivyabona bashika 12.000 barapfungiwe mu makambi y’itunatuniro no mu mabohero y’Abanazi, abashika 2.000 muri bo barapfa. Mu gihe c’intwaro zatwaza igikenye mu Butaliyano, mu Buyapani, muri Koreya no muri Tayiwani, Ivyabona b’abizigirwa barahaboneye amakuba nk’ayo. Mbere no mu bihugu vyitwa ngo biri muri demokarasi, Ivyabona baratewe n’imigwi y’abagatolika. Barabasiga ikaburimbo bakabashirako n’amubi, bagaca babomora mu gisagara. Amakoraniro ya gikirisu yarahungabanywa, abana b’Ivyabona na bo bakirukanwa mu mashure.
29. (a) Yohani yerekana gute ko ugutabarwa kwaje mu buryo butari bwitezwe? (b) Ni mu buryo ki “isi itabara wa mugore”? (c) Ca gisato cabandanije gukora iki?
29 Ugutabarwa kwaje mu buryo butari bwitezwe. Dusoma duti: “Mugabo isi itabara wa mugore, yasamika akanwa kayo imira rwa ruzi ca gisato caruka ruvuye mu kanwa kaco. Maze ca gisato kigirira uburake uwo mugore, gica kigenda kurwana n’abasigaye b’uruvyaro rwiwe bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu.” (Ivyahishuwe 12:16, 17) “Isi,” ni ukuvuga inzego zo mw’isi ya Shetani nyene, zaciye zitangura kumira “rwa ruzi.” Mu myaka ya 1940, Ivyabona baratsinze imanza zitari nke muri Sentare Ntahinyuzwa ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika no mu bindi bihugu bimwebimwe, bituma baronka umwidegemvyo wo gusenga. Amaherezo, vya bihugu vyari vyunze urunani vyaramize intwaro z’Abanazi n’Abafashisiti zatwaza igikenye, bituma Ivyabona bari baracumukujwe na zo biruhutsa. Uruhamo ntirwaciye ruhagarara, kuko uburake bwa ca gisato bwabandanije gushika n’ubu, kandi kirabandanya kurwanya “abafise igikorwa co gushingira intahe Yezu.” Mu bihugu vyinshi, Ivyabona b’intahemuka barapfungwa, kandi haracariho abicwa kubera banse kudohoka. Ariko mu bihugu bimwebimwe muri ivyo, birashika abategetsi bagatezura, bigatuma Ivyabona baronka umwidegemvyo wiyongereye.c Mu gushitsa ubwo buhanuzi rero, isi irabandanya kumira ayo mazi agereranya uruhamo.
30. (a) Isi yatanze agahengwe gahagije kugira hakorwe iki? (b) Ukudahemuka kw’abasavyi b’Imana kuvamwo iki?
30 Muri ubwo buryo, isi yaratanze agahengwe gahagije ku buryo igikorwa c’Imana gikwiragira mu bihugu birenga 235, bigatuma haboneka abamamaji b’inkuru nziza b’intahemuka barenga imiliyoni indwi. Bifadikanije n’amasigarira y’uruvyaro rwa wa mugore, isinzi ry’abantu bo mu bihugu bitandukanye bakira inkuru nziza bariko barubahiriza amabwirizwa y’Imana ajanye no kwitandukanya n’isi, kugira inyifato ityoroye no gukunda bene wabo, kandi bariko barashingira intahe Ubwami bwa Mesiya. Ukudahemuka kwabo kuratanga inyishu kuri vya birego vya Shetani, kikaba ari ikimenyetso c’uko Shetani n’isi yiwe bigira birandurwe.—Imigani 27:11.
[Utujambo tw’epfo]
a Gereranya na ya miryango 12 ya Isirayeli, za ntumwa 12, ya miryango 12 ya Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, ya marembo 12, ba bamarayika 12 na ya mabuye 12 agize umushinge wa Yeruzalemu Nshasha.—Ivyahishuwe 21:12-14.
b Ariko rero urabona ko mu Vyahishuwe 12:9 havuga ibijanye na ‘ca gisato kinini n’abamarayika baco.’ Shetani rero ntiyigira imana gusa, ariko kandi agerageza no kwigira umumarayika mukuru naho Bibiliya itigera imuha ico kibanza.
c Sentare nkuru zo mu bihugu bitari bike zarafashe ingingo ziha agahengwe Ivyabona vya Yehova. Zimwezimwe muri izo ngingo zirerekanwa mu ruzitiro ruri ku rupapuro rwa 92.
[Uruzitiro ku rup. 185]
‘Isi yasamika akanwa kayo’
Mu bihugu vyinshi, Shetani yaratumye abakirisu barobanuwe hamwe na bagenzi babo bashikirwa n’uruhamo rumeze nk’isegenya. Ariko rero akenshi, ibintu vyagiye biraba mw’isi ya Shetani ubwayo vyatumye iryo segenya rimirwa.
Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, isegenya ry’ibitero vy’utugwi tw’abantu hamwe n’ugupfungwa ryaramizwe n’ingingo zishigikira Ivyabona Sentare Ntahinyuzwa yafashe mu myaka ya 1940.
Mu 1945, uruhamo rukaze mu bihugu vyaganzwa n’Ubudagi hamwe n’Ubuyapani rwarahagaze igihe vya bihugu vyari bigize urunani vyatahukana intsinzi mu Ntambara ya kabiri y’isi yose.
Igihe igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cabuzwa muri République dominicaine, barapfunzwe, barakubitwa ibimoko n’ibirindi vy’inkoho. Mu 1960, ugucanamwo kwabaye hagati y’umutegetsi yatwaza igikenye yitwa Rafael Trujillo na Ekleziya Gatolika kwatumye igikorwa c’Ivyabona vya Yehova gisubira kwemerwa n’amategeko.
Muri Nijeriya, ivyo kurasa Ivyabona, kubaturira, kubafata ku nguvu, kubasinzikariza ubuzima no kubica mu gihe c’intambara y’abanyagihugu vyarahagaze mu 1970 igihe ingabo za leta zigarurira intara yagomba kwiyonkora, ari na yo yakorerwamwo ayo mabi.
Muri Espanye, amazu y’Ivyabona yarinjirwamwo ku nguvu, bagacibwa amande abandi bagapfungwa bagirizwa ngo babwira abandi ivyerekeye Imana bakagira n’amakoraniro ya gikirisu. Urwo ruhamo rwahavuye ruhagarara mu 1970, igihe leta yahindura ukuntu yafata amadini atari Gatolika, bigatuma Ivyabona vya Yehova bemerwa n’amategeko.
Muri Porotigali, imihana amajana y’Ivyabona yarasatswe ata ruhusha. Barakubaguwe, baratabwa mu mabohero, Bibiliya zabo na zo zirafatwa. Iryo terabwoba ‘ryamizwe’ mu 1974 igihe igisirikare cagumuka kigahindura ubutegetsi, hagaca hatorwa itegeko riha abantu uburenganzira bwo gukoranira hamwe.
Muri Arjantine, mu gihe c’intwaro ya gisirikare, abana b’Ivyabona vya Yehova barirukanywe kw’ishure, Ivyabona bo hirya no hino mu gihugu na bo barafatwa bahorwa kwamamaza inkuru nziza. Urwo ruhamo rwahavuye ruhagarara mu 1984 igihe intwaro yari ku butegetsi yemera Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova imbere y’amategeko.
[Igicapo ku rup. 183]
(Ushaka igosomwa cose, raba ico gitabu)
1914 Ivuka ry’Ubwami
1919 Ivuka ry’ihanga rishasha
1919-1922 Ikiringo co kugarura agatege
1922- Uruhamo rumeze nk’isegenya
[Amafoto ku rup. 182]
Haragowe isi