Ikigabane ca 29
Baririmba ururirimbo rushasha rw’intsinzi
Iyerekwa rya 9—Ivyahishuwe 14:1-20
Ibivugwamwo: Bamwe 144.000 bari kumwe na wa Mwagazi w’intama ku Musozi Siyoni; ubutumwa butangazwa n’abamarayika burasamirana kw’isi yose; ivyimburwa biregeranywa
Igihe birangukirako: Kuva mu 1914 gushika kuri ya makuba akomeye
1. Ni amakuru ayahe tumaze kumenya ku bijanye n’Ivyahishuwe ikigabane ca 7, ica 12 n’ica 13, kandi ubu tugira turabe iki?
ESE ukuntu turuhurirwa no kuraba ivyo Yohani aca yerekwa! Aho kubona amashirahamwe ashisha ya ca gisato ameze nk’igikoko, ubu duca tubona abasavyi ba Yehova b’intahemuka n’ibikorwa barangura mu gihe c’umusi w’Umukama. (Ivyahishuwe 1:10) Twamaze kubona mu Vyahishuwe 7:1, 3 ko ya miyaga ine y’agatikizo irindirijwe gushika ba bashumba 144.000 barobanuwe bamaze gushirwako ikidodo bose. Mu Vyahishuwe 12:17 hatweretse ko abo “basigaye b’uruvyaro” rwa wa mugore ari bo canecane Shetani ca gisato arondera muri iki gihe. Mu Vyahishuwe ikigabane ca 13 na ho hadondoye neza amashirahamwe y’ivya politike Shetani yashinze kw’isi kugira ashire umukazo ukomeye ku basavyi ba Yehova b’abizigirwa yongere abahame bimwe bikaze. Ariko uwo mwansi mukuru ntashobora guhagarika umugambi w’Imana! Ubu rero tugira turabe ingene bamwe 144.000 batororokanywa bose naho Shetani aguma arondera kubagirira nabi.
2. Ni insozero ihimbaye iyihe Yohani atwiganira mu Vyahishuwe 14:1, kandi uwo Mwagazi w’intama ni nde?
2 Yohani, cokimwe n’abagize umugwi wiwe muri iki gihe, arerekwa imbere y’igihe ibijanye n’iyo nsozero ihimbaye. Yohani yigana ati: “Maze ngize ntya, mbona Umwagazi w’intama ahagaze ku Musozi Siyoni, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bafise izina ryiwe n’izina rya Se wiwe yanditswe ku ruhanga rwabo.” (Ivyahishuwe 14:1) Nk’uko twabibonye, uwo Mwagazi w’intama ni na we Mikaheli, umwe yatyorora amajuru mu kwirukana Shetani n’amadayimoni yiwe. Uwo Mikaheli ni we Daniyeli avuga ko “ahagaze arwanira abana b’igisata” c’Imana ariko yitegurira ‘guhaguruka’ kugira ashitse imanza zigororotse za Yehova. (Daniyeli 12:1; Ivyahishuwe 12:7, 9) Kuva mu 1914, uwo Mwagazi w’intama w’Imana yitanzeko inkuka arahagaze ku Musozi Siyoni ari Umwami Mesiya.
3. “Umusozi Siyoni” wa Mwagazi w’intama na bamwe 144.000 ‘bahagazeko’ ni iki?
3 Ni na ko Yehova yari yarabivuze ati: “Jewe, jewe nyene, nimitse umwami wanje kuri Siyoni, umusozi wanje mweranda.” (Zaburi 2:6; 110:2) Uwo si wa Musozi Siyoni wo kw’isi, hamwe igisagara ca Yeruzalemu cari giherereye, aho abami bakomoka kuri Dawidi bahoze baganza. (1 Ngoma 11:4-7; 2 Ngoma 5:2) Si ho namba kubera ko aho Yezu amariye gupfa hanyuma akazuka mu 33 G.C., yaciye aba ibuye ry’umushinge ry’Umusozi Siyoni wo mw’ijuru, aho Yehova yashimye gushira “igisagara c’Imana nzima, Yeruzalemu yo mw’ijuru.” Ku bw’ivyo, “Umusozi Siyoni” ng’aha ugereranya ikibanza kininahaye ca Yezu hamwe n’abo bazofadikanya kuganza, ari na bo bagize Yeruzalemu yo mw’ijuru, ni ukuvuga Ubwami. (Abaheburayo 12:22, 28; Abanyefeso 3:6) Ni ikibanza kininahaye c’ubwami Yehova abashiramwo mu gihe c’umusi w’Umukama. Bwa “mabuye mazima,” abakirisu barobanuwe baramaze ibijana n’ibindi barindiranye igishika guhagarara kuri uwo Musozi Siyoni wo mw’ijuru, bari kumwe n’Umukama Yezu Kristu yaninahajwe mu Bwami bwiwe butangaje.—1 Petero 2:4-6; Luka 22:28-30; Yohani 14:2, 3.
4. Ni mu buryo ki bamwe 144.000 bose bahagaze ku Musozi Siyoni?
4 Yohani ntabona Yezu gusa, abona n’umugwi wose wa bamwe 144.000 bafadikanya na Yezu kuganza mu Bwami bwo mw’ijuru bahagaze ku Musozi Siyoni. Igihe ibiri muri iryo yerekwa biranguka, benshi muri bamwe 144.000 ariko atari bose, baba bamaze gushika mw’ijuru. Mu nyuma muri iryo yerekwa nyene, Yohani aramenya ko bamwe muri abo beranda bategerezwa kubandanya bihangana gushika bapfuye ari abizigirwa. (Ivyahishuwe 14:12, 13) Biboneka rero ko bamwebamwe muri abo 144.000 bakiri kw’isi. None bishoboka bite ngo Yohani ababone bose bahagararanye na Yezu ku Musozi Siyoni?a Kubera yuko bagize ishengero ry’abakirisu barobanuwe, ubu baramaze “[kwegera] Umusozi Siyoni n’igisagara c’Imana nzima, Yeruzalemu yo mw’ijuru.” (Abaheburayo 12:22) Nka kumwe kwa Paulo igihe yari akiri kw’isi, baramaze kuzurwa mu buryo bw’impwemu kugira bifatanye na Kristu Yezu mu bibanza vyo mw’ijuru. (Abanyefeso 2:5, 6) Vyongeye, mu 1919 baritavye akamo kavuga ngo “Nimuduge hano,” maze mu buryo bw’ikigereranyo baca “baraduga mw’ijuru mu gicu.” (Ivyahishuwe 11:12) Dufatiye kuri ivyo vyanditswe, turashobora kuvuga ko bamwe 144.000 bose bari kumwe na Yezu Kristu ku Musozi Siyoni mu buryo bw’impwemu.
5. Ni amazina ya bande yanditse mu ruhanga rwa bamwe 144.000, kandi rimwe ryose risobanura iki?
5 Abo 144.000 nta ho bahuriye na bamwe basenga ca gikoko bafise ikidodo c’igitigiri 666 c’ikigereranyo. (Ivyahishuwe 13:15-18) Abo bakirisu b’intahemuka bobo bafise izina ry’Imana n’irya wa Mwagazi w’intama yanditse mu ruhanga rwabo. Narirya Yohani yari Umuyuda, nta gukeka ko yabonye izina ry’Imana ryanditse mu ndome z’igiheburayo יהוה.b Kubera yuko abo badomweko ikidodo bafise izina rya Se wa Yezu ryanditse mu buryo bw’ikigereranyo mu ruhanga rwabo, baramenyesha abantu bose ko ari ivyabona vya Yehova, ko ari abashumba biwe. (Ivyahishuwe 3:12) Kuba bafise n’izina rya Yezu mu ruhanga rwabo vyerekana ko bemera yuko bamwegukira. Azobabera “umugabo,” na bo bamubere “umugeni,” bakaba ari “ikiremwa gishasha” gikorera Imana citeze kuronka ubuzima bwo mw’ijuru. (Abanyefeso 5:22-24; Ivyahishuwe 21:2, 9; 2 Abakorinto 5:17) Ubucuti somambike bafitaniye na Yehova na Yezu Kristu buragira ico bukoze ku vyiyumviro vyabo vyose no ku vyo bakora vyose.
Baririmba nk’aho baririmba ururirimbo rushasha
6. Ni ururirimbo nyabaki Yohani yumva, kandi arudondora gute?
6 Ku bijanye n’ivyo, Yohani yigana ati: “Maze numva ijwi riva mw’ijuru, nk’ijwi ry’amazi menshi, kandi nk’ijwi ry’umuturagaro ukomeye; kandi ijwi numvise ryari nk’iry’abaririmvyi bajanisha amajwi yabo n’inanga, bavuza inanga zabo. Kandi bariko baririmba nk’aho baririmba ururirimbo rushasha imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya vya binyabuzima bine na ba bakurambere; kandi nta n’umwe yashoboye kwiga urwo ruririmbo ngo arumenye neza atari vya bihumbi ijana na mirongo ine na bine, baguzwe bakuwe mw’isi.” (Ivyahishuwe 14:2, 3) Ntibitangaje kubona Yohani aca yibuka ijwi ry’amasumo y’amazi n’iry’imituragaro igihe yumvise abo 144.000 bahurije amajwi hamwe mu ruririmbo ruryoheye ugutwi. Ese ukuntu ayo majwi ajanishijwe n’inanga ahimbaye! (Zaburi 81:2) Ng’aha kw’isi, ni umugwi w’abaririmvyi uwuhe ga yemwe woshobora kwigana ururirimbo ruhimbaye nk’urwo?
7. (a) Ururirimbo rushasha ruvugwa mu Vyahishuwe 14:3 ni iki? (b) Ni mu buryo ki ururirimbo rwo muri Zaburi 149:1 ari rushasha muri iki gihe?
7 None urwo “ruririmbo rushasha” ni iki? Nk’uko twabibonye igihe twihweza Ivyahishuwe 5:9, 10, urwo ruririmbo rwerekeye imigambi Yehova azorangura biciye ku Bwami bwiwe hamwe n’intunganyo nziza cane yagize yo gutuma Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu iba “ubwami n’abaherezi ku Mana yacu” biciye kuri Yezu Kristu. Ni ururirimbo rwo gushemeza Yehova rutangaza ibintu bishasha ariko ararangura biciye kuri Isirayeli y’Imana kandi ku neza yayo. (Abagalatiya 6:16) Abagize iyo Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu baritabira ubutumire bw’umwanditsi w’amazaburi bugira buti: “Shemeze Ya! Ririmbire Yehova ururirimbo rushasha, ririmbe ishemezo ryiwe mw’ishengero ry’intahemuka. Isirayeli ninezererwe Umuhinguzi wayo Ahambaye, abana ba Siyoni, emwe, nibahimbarirwe Umwami wabo.” (Zaburi 149:1, 2) Ego ni ko haraheze ibinjana n’ibindi ayo majambo yanditswe, ariko mu bihe vya none, yararirimbanywe ugutahura gushasha. Mu 1914, Ubwami burongowe na Mesiya bwaravutse. (Ivyahishuwe 12:10) Mu 1919 abasavyi ba Yehova bo kw’isi baratanguye gutangaza “ijambo ry’ubwami” n’umwete mwinshi. (Matayo 13:19) Kubera bari baremeshejwe n’icanditswe c’umwaka wa 1919 (Yesaya 54:17) kandi bakaba bari basubijwe umutamana bakibera mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, muri uwo mwaka baciye batangura ‘kuririmbira Yehova bajanisha n’umuziki mu mitima yabo.’—Abanyefeso 5:19.
8. Kubera iki bamwe 144.000 ari bo bonyene bashoboye kwiga rwa ruririmbo rushasha ruvugwa mu Vyahishuwe 14:3?
8 Ariko none, ni kubera iki abo 144.000 ari bo bonyene bashoboye kwiga ururirimbo ruvugwa mu Vyahishuwe 14:3? Ni kubera ko rwerekeye ivyo bacamwo mu buzima kuko ari abatowe ngo bazoragwe Ubwami bw’Imana. Ni bo bonyene bagirwa abana b’Imana bakongera bakarobanuzwa impwemu nyeranda. Ni bo bonyene bagurwa bakuwe mw’isi ngo babe mu bagize Ubwami bwo mw’ijuru, kandi ni bo bonyene “bazoba abaherezi . . . kandi bazoganzanya” na Yezu Kristu imyaka igihumbi kugira bashikane abantu ku kuba abatagira akanenge. Ni bo bonyene baboneka bariko “baririmba nk’aho baririmba ururirimbo rushasha” bari imbere ya Yehova ubwiwe.c Ivyo bintu bisangije bacamwo hamwe n’ivyo bintu biteze bituma batahura Ubwami mu buryo budasanzwe kandi bagashobora kuririmba ivyabwo kuruta umuntu uwo ari we wese.—Ivyahishuwe 20:6; Abakolosayi 1:13; 1 Abatesalonika 2:11, 12.
9. Abagize rya sinzi rinini bitabiriye gute rwa ruririmbo rw’abarobanuwe, kandi ni akamo akahe bitavye?
9 Ariko rero, hariho abandi bumviriza ukuntu baririmba bagaca bitabira. Kuva mu 1935, isinzi riguma ryiyongera ry’abagize izindi ntama ryarumvise ururirimbo rwabo rw’intsinzi maze ririfatanya na bo mu gutangaza Ubwami bw’Imana. (Yohani 10:16; Ivyahishuwe 7:9) Ego ni ko, abo bantu bashasha ntibashobora kwiga kuririmba urwo ruririmbo neza na neza nk’uko abazotegeka mu Bwami bw’Imana baruririmba. Mugabo na bo nyene bararirimbira Yehova indirimbo yo kumuhayagiza kubera ibintu bishasha ariko ararangura. Gutyo baritaba akamo umwanditsi w’amazaburi adutera ati: “Ririmbire Yehova ururirimbo rushasha. Ririmbire Yehova, yemwe abo kw’isi mwese! Ririmbire Yehova, muhezagire izina ryiwe. Umusi ku wundi mutangaze inkuru nziza y’ubukiriro atanga. Menyeshe mu mahanga ubuninahazwa bwiwe, menyeshe mu bisata vy’abantu vyose ibikorwa vyiwe vy’agatangaza. Herereze kuri Yehova, yemwe miryango y’ibisata vy’abantu, herereze kuri Yehova ubuninahazwa n’inkomezi. Nimuvuge mu mahanga muti: ‘Yehova ubwiwe acitse umwami.’”—Zaburi 96:1-3, 7, 10; 98:1-9.
10. Bishoboka gute ngo bamwe 144.000 baririmbire “imbere” ya ba bakurambere 24 b’ikigereranyo?
10 Bishoboka gute ngo bamwe 144.000 baririmbire “imbere” ya ba bakurambere kandi abo bakurambere 24 ari abo 144.000 nyene bari mu buninahazwa bwabo mw’ijuru? Mu ntango y’umusi w’Umukama, “abapfiriye muri Kristu” barazuwe baba ibiremwa vy’impwemu. Ku bw’ivyo, abakirisu barobanuwe b’abizigirwa batahukanye intsinzi ubu bari mw’ijuru, akaba ari nk’aho bariko bararangura ibikorwa bigereranywa n’ivyo iyo migwi 24 y’abakurambere b’abaherezi izorangura. Baraboneka mu mayerekwa ajanye n’ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru. (1 Abatesalonika 4:15, 16; 1 Ngoma 24:1-18; Ivyahishuwe 4:4; 6:11) Amasigarira y’abo 144.000 akiri kw’isi rero aririmbira urwo ruririmbo rushasha imbere ya bene wabo bazutse bari mw’ijuru.
11. Kubera iki abarobanuwe batahukana intsinzi bagereranywa n’abakurambere 24, ahandi na ho bakagereranywa na bamwe 144.000?
11 Gushika aha, twoshobora kandi kwibaza duti: Kubera iki abo barobanuwe batahukana intsinzi bagereranywa n’abakurambere 24, ahandi na ho bakagereranywa na bamwe 144.000? Ni kubera ko mu Vyahishuwe uwo mugwi umwe ufatwa mu buryo bubiri butandukanye. Abo bakurambere 24 bama baboneka bari mu kibanza cabo kininahaye bakikuje intebe y’ubwami ya Yehova, ari abami n’abaherezi mw’ijuru. Bagereranya umugwi wose wa bamwe 144.000 bamaze gushika mu kibanza cabo mw’ijuru, naho muri kino gihe umugwi mutoyi w’amasigarira yabo ukiri kw’isi. (Ivyahishuwe 4:4, 10; 5:5-14; 7:11-13; 11:16-18) Ariko rero, mu Vyahishuwe ikigabane ca 7 hashimika ku vy’uko abo 144.000 baguzwe bakuwe mu bantu, hakanashimika ku mugambi uhambaye Yehova afise wo kudoma ikidodo kuri umwumwe wese mu bagize Isirayeli yo mu buryo w’impwemu no kuronsa ubukiriro isinzi rinini ritazwi igitigiri. Mu Vyahishuwe ikigabane ca 14 haremeza ko umugwi wose w’abo ba samuragwa b’Ubwami batahukana intsinzi uko ari 144.000 bazokoranira hamwe na wa Mwagazi w’intama ku Musozi Siyoni. Ibisabwa kugira umuntu aje muri ico gitigiri ca 144.000 na vyo nyene biravugwa, nk’uko tugiye kubibona.d
Barakurikira wa Mwagazi w’intama
12. (a) Ni mu buhe buryo Yohani abandanya kudondora bamwe 144.000? (b) Ni mu buryo ki abo 144.000 ari amasugi?
12 Yohani arabandanya adondora bamwe 144.000 “baguzwe bakuwe mw’isi,” ati: “Abo ni bo batihumanishije abagore; nkako, ni amasugi. Abo ni bo baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose. Abo baguzwe bakuwe mu bantu ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi w’intama, kandi nta kinyoma cabonetse mu minwa yabo; ntibagirako ikirabagu.” (Ivyahishuwe 14:4,5) Kuba abo 144.000 ari “amasugi” ntibisobanura ko abagize uwo mugwi bategerezwa kuba batubatse. Intumwa Paulo yandikiye abakirisu bari bafise icizigiro co kuba mw’ijuru ko rimwe na rimwe ari vyiza kwubaka naho umukirisu atubatse aba afise akarusho. (1 Abakorinto 7:1, 2, 36, 37) Abagize uwo mugwi barangwa n’ubusugi bwo mu buryo bw’impwemu. Baririnda gusambana mu buryo bw’impwemu n’intwaro zo mw’isi hamwe n’idini ry’ikinyoma. (Yakobo 4:4; Ivyahishuwe 17:5) Kubera ko bazoba umugeni wa Kristu, baririnda bakaguma batyoroye, “batagirako ikirabagu mw’iyaruka rihetaraye kandi rigoramanze.”—Abafilipi 2:15.
13. Kubera iki bamwe 144.000 babereye kuba umugeni wa Yezu Kristu, kandi ni mu buryo ki “baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose”?
13 Vyongeye, “nta kinyoma cabonetse mu minwa yabo.” Muri ivyo, bameze nk’Umwami wabo Yezu Kristu. Igihe yari umuntu atagira agasembwa, “nta gicumuro yakoze, eka kandi nta buhendanyi bwabonetse mu kanwa kiwe.” (1 Petero 2:21, 22) Kubera ko abo 144.000 batagirako ikirabagu kandi bakaba batavuga ikinyoma, bariteguriye kuba umugeni atanduye w’Umuherezi Mukuru yagenywe na Yehova. Igihe Yezu yari kw’isi, yaratumiye abantu b’umutima ugororotse ngo bamukurikire. (Mariko 8:34; 10:21; Yohani 1:43) Abitavye ubwo butumire baciye babaho nk’uko na we yabaho kandi bagakurikiza inyigisho ziwe. Ku bw’ivyo, mu buzima bwabo bwo ng’aha kw’isi, “baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose” uko abayobora muri ino si ya Shetani.
14. (a) Ni mu buryo ki abo 144.000 ari “umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi w’intama”? (b) Ni gute twovuga ko abagize isinzi rinini na bo nyene ari umushuzo?
14 Abo 144.000 “baguzwe bakuwe mw’isi” kandi “baguzwe bakuwe mu bantu.” Baragirwa abana b’Imana, kandi bamaze kuzuka ntibaba bakiri abantu b’inyama n’amaraso. Nk’uko bivugwa ku murongo wa 4, baca baba “umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi w’intama.” Ni ivy’ukuri ko mu kinjana ca mbere Yezu yabaye “umushuzo w’abasinziriye mu rupfu.” (1 Abakorinto 15:20, 23) Mugabo abo 144.000 ni “umushuzo kanaka” w’abantu b’abanyagasembwa, baguzwe biciye ku kimazi ca Yezu. (Yakobo 1:18) Yamara rero, igikorwa co kwimbura abantu ntikigarukira gusa kuri bo. Igitabu c’Ivyahishuwe kiramaze kuvuga ibijanye n’ukwimbura isinzi rinini ridaharurika risemerera n’ijwi rirenga riti: “Ubukiriro tubukesha Imana yacu yicaye kuri irya ntebe y’ubwami, be n’urya Mwagazi w’intama.” Iryo sinzi rinini rizorokoka ya makuba akomeye, kandi uko bazobandanya kunywa ku “masôko y’amazi y’ubuzima,” bazogirwa abatagira akanenge ng’aha kw’isi. Inyuma gatoyi y’ayo makuba akomeye, ukuzimu kuzosigara kugaragara. Abandi bantu amamiliyoni adaharurwa bazozurwa maze baronke akaryo ko kunywa kuri ayo mazi nyene y’ubuzima. Dufise ivyo mu muzirikanyi, ntitwoba twihenze tuvuze ko abagize isinzi rinini ari umushuzo w’izindi ntama. Ni bo ba mbere ‘bamesura amakanzu yabo bakayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama,’ bakaba bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera.—Ivyahishuwe 7:9, 10, 14, 17; 20:12, 13.
15. Iyo mishuzo itatu ihuriye ku ki na ya misi mikuru yahimbazwa mu gihe c’Itegeko rya Musa?
15 Iyo mishuzo itatu (Yezu Kristu, bamwe 144.000, na rya sinzi rinini) irafise ibintu bihambaye ihuriyeko na ya misi mikuru yahimbazwa hisunzwe rya Tegeko rya Musa. Ku wa 16 Nisani, mu kiringo c’Umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro, Yehova yarashikanirwa umukama w’umushuzo w’ivyimburwa vya sayiri. (Abalewi 23:6-14) Ku wa 16 Nisani ni wo musi Yezu yazurwa mu bapfuye. Ku musi ugira 50 uhereye ku wa 16 Nisani, mu kwezi kwa gatatu, Abisirayeli barahimbaza umusi mukuru wo kwimbura ingano za mbere zeze. (Kuvayo 23:16; Abalewi 23:15, 16) Uwo musi mukuru wahavuye witwa Pentekoti (rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki risobanura ngo “kigira mirongo itanu”), kandi kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. ni ho aba mbere muri bamwe 144.000 barobanuzwa impwemu nyeranda. Ubwa nyuma, mu kwezi kugira indwi, umwimbu wose umaze kwegeranywa, Abisirayeli baca bahimbaza Umusi mukuru w’insago, kikaba cari ikiringo gihimbaye co gukenguruka. Baramara indwi yose baba mu nsago zikozwe mu bintu bimwebimwe nk’amashami y’ibigazi. (Abalewi 23:33-43) Muri ubwo buryo nyene, abo muri rya sinzi rinini ari na bo bagize igice kinini c’iryo yimbura, barashimira Imana imbere y’intebe y’ubwami, “mu minwe yabo hari amashami y’ibigazi.”—Ivyahishuwe 7:9.
Gutangaza inkuru nziza y’ibihe bidahera
16, 17. (a) Yohani abona umumarayika aguruka aca he, kandi ni ubutumwa ubuhe uwo mumarayika atangaza? (b) Ni bande bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami, kandi ivyo vyerekanwa n’iki?
16 Yohani aca yandika ati: “Maze mbona uwundi mumarayika aguruka hagati mu kirere, kandi yari afise inkuru nziza y’ibihe bidahera yo gutangaza nk’amakuru y’akamwemwe ku baba kw’isi, no kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose, avuga n’ijwi rirenga ati: ‘Nimutinye Imana kandi muyihe ubuninahazwa, kuko isaha y’urubanza rwayo ishitse; ku bw’ico rero nimusenge Uwaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasôko y’amazi.’” (Ivyahishuwe 14:6, 7) Uwo mumarayika aguruka aca “hagati mu kirere,” aho inyoni zigendera. (Gereranya n’Ivyahishuwe 19:17.) Ijwi ryiwe rero rirashobora kwumvikana kw’isi yose. Mbega ukuntu inkuru uwo mumarayika atangaza ikwira kw’isi yose kurusha amakuru atangazwa n’imboneshakure iyo ari yo yose!
17 Aho gutinya ca gikoko n’ishusho yaco, umuntu wese ahimirizwa gutinya Yehova, akaba afise ububasha burengeye kure n’iyo ubw’igikoko cose c’ikigereranyo gitegekwa na Shetani. Nakare Yehova ni we yaremye ijuru n’isi, kandi igihe cageze c’uko acira urubanza isi! (Gereranya n’Itanguriro 1:1; Ivyahishuwe 11:18.) Igihe Yezu yari kw’isi, yaravuze ivy’iki gihe turimwo ati: “Kandi iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 24:14) Ishengero ry’abakirisu barobanuwe ririko rirarangura ico gikorwa. (1 Abakorinto 9:16; Abanyefeso 6:15) Igitabu c’Ivyahishuwe kiratwereka ko abamarayika na bonye bagira uruhara muri ico gikorwa co kwamamaza naho tutababona. Akenshi abamarayika barayoboye Icabona ca Yehova ku muhana kanaka, akahasanga umuntu atuntuye anyotewe gufashwa mu vy’impwemu, mbere ariko arasenga asaba Imana ngo imufashe!
18. Nk’uko wa mumarayika aguruka hagati mu kirere abivuga, ni isaha y’iki igeze, kandi ni bande bagiye gutangaza ubutumwa bukurikira?
18 Nk’uko wa mumarayika aguruka hagati mu kirere yabitangaje, isaha y’urubanza irageze. None ni urubanza nyabaki Imana igiye guca? Uraza guhungura amatwi niwumva ubutumwa butangazwa n’umumarayika wa kabiri, uwa gatatu, uwa kane n’uwa gatanu.—Yeremiya 19:3.
[Utujambo tw’epfo]
a Nk’uko mu 1 Abakorinto 4:8 havyerekana, abakirisu barobanuwe ntibaganza nk’abami mu gihe bakiri hano kw’isi. Yamara rero, dufatiye ku bivugwa mu Vyahishuwe 14:3, 6, 12, 13, baragira uruhara mu kuririmba ya ndirimbo nshasha ijanye no kwamamaza inkuru nziza, bakaguma bihanganye gushika barangije ubuzima bwabo bwo kw’isi.
b Ivyo birashigikirwa n’ukuntu amazina y’igiheburayo akoreshwa mu yandi mayerekwa. Yezu ahabwa izina “Abadoni” ry’igiheburayo (risobanura ngo “Agatikizo”) kandi arashitsa urubanza ahantu “hitwa Haru–Magedoni mu giheburayo.”—Ivyahishuwe 9:11; 16:16.
c Ivyanditswe bivuga ko ari “nk’aho baririmba ururirimbo rushasha” kubera ko urwo ruririmbo rwari rwaranditswe kera mu majambo y’ubuhanuzi. Ariko nta muntu yari ashoboye kururirimba. Aho Ubwami bumariye gushingwa, aberanda na bo bagatangura kuzurwa, ubwo buhanuzi bwari bwarangutse neza ku buryo hari hageze ko urwo ruririmbo ruririmbwa bimwe vyuzuye.
d Ivyabo vyoshobora kugereranywa n’ivya wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge aha ibifungurwa abakozi bo mu nzu igihe kigeze. (Matayo 24:45) Uwo mushumba uko agize umugwi ajejwe ibanga ryo gutanga ibifungurwa, mugabo abakozi bo mu nzu, ni ukuvuga umwumwe wese mu bawugize, barihereza ivyo bifungurwa vy’impwemu. Ni umugwi umwe mugabo udondorwa mu buryo butandukanye, ni ukuvuga ufatiwe hamwe canke ufashe umwumwe mu bawugize.
[Amafoto ku rup. 202, 203]
144.000
Abakurambere 24
Abazofadikanya kuganza na wa Mwagazi w’intama ari we Kristu Yezu, bafashwe mu buryo bubiri butandukanye