ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 30 rup. 205-215
  • “Babiloni Akomeye yatemvye!”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Babiloni Akomeye yatemvye!”
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Itemba rimaramaje rya Babiloni
  • Ingano n’icatsi kibi
  • Ukwihangana kw’aberanda
  • Ivyimburwa vy’isi
  • Kuganisha ibirenge umuzabibu w’isi
  • Ca gisagara gikomeye gitikizwa
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Umubabaro n’umunezero bitewe n’ikurwaho rya Babiloni
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • ‘Igihe c’urubanza’ cashitse
    Mwame Mugavye!
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 30 rup. 205-215

Ikigabane ca 30

“Babiloni Akomeye yatemvye!”

1. Umumarayika wa kabiri atangaza iki, kandi Babiloni Akomeye ni iki?

IGIHE c’urubanza rw’Imana kirashitse! Umve rero ubutumwa Imana ishikiriza. Yohani yigana ati: “Maze uwundi, umumarayika wa kabiri, arakurikira, avuga ati: ‘Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye, umwe yatuma amahanga yose anywa ku muvinyu w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe!’” (Ivyahishuwe 14:8) Ni ryo rya mbere igitabu c’Ivyahishuwe gishimika kuri Babiloni Akomeye, ariko si ryo nyuma. Mu nyuma, ikigabane ca 17 kimudondora ko ari umumaraya ruhebwa. None uwo Babiloni Akomeye ni nde? Nk’uko tuza kubibona, ni inganji ikwiye kw’isi yose ifitaniye isano n’idini, ikaba ari ikintu c’urwigano Shetani akoresha mu kurwanya uruvyaro rwa wa mugore w’Imana. (Ivyahishuwe 12:17) Babiloni Akomeye ni inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Ihurikiyemwo amadini yose agendera ku nyigisho n’imigenzo bikomoka i Babiloni ha kera akongera akagaragaza agatima kaho.

2. (a) Vyagenze gute ngo idini ry’i Babiloni rikwiragire mu mihingo yose y’isi? (b) Igice nyamukuru ca Babiloni Akomeye ni ikihe, kandi cacitse ishirahamwe rikomeye ryari?

2 I Babiloni ni ho Yehova yayoberanirije indimi z’abariko barondera kwubaka wa Munara w’i Babeli, ubu hakaba haciye imyaka irenga 4.000. Imigwi y’izo ndimi zitandukanye yaciye isabagira hirya no hino kw’isi, igenda ijanye inyigisho z’ubuhuni n’imigenzo amadini menshi agenderako muri iki gihe. (Itanguriro 11:1-9) Babiloni Akomeye ni umuce w’ivy’idini mu bigize ishirahamwe rya Shetani. (Gereranya na Yohani 8:43-47.) Igice cayo nyamukuru muri iki gihe ni amadini y’abiyita abakirisu yataye umurongo. Iryo shirahamwe rikomeye ata co ryibanga ryavutse mu kinjana ca kane inyuma ya Kristu, inyigisho n’imigenzo yaryo ahanini bikaba bishingiye kw’idini ry’i Babiloni, aho gushingira kuri Bibiliya.—2 Abatesalonika 2:3-12.

3. Ni kubera iki bishobora kuvugwa ko Babiloni Akomeye yatemvye?

3 Woshobora kwibaza uti: ‘Ko none idini rigifise akosho kanini mw’isi, ni kubera iki umumarayika atangaza yuko Babiloni Akomeye yatemvye?’ None ni ibiki vyabaye inyuma ya 539 B.G.C. igihe Babiloni ya kera yatemba? Abisirayeli baciye barekurwa ngo basubire mu gihugu cabo c’amavukiro kugira basubizeho ugusenga kw’ukuri! Kuba rero Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu yarasubiye gusagamba mu vy’impwemu mu 1919, ivyo bikaba vyarabandanije gushika n’uno musi, ni ikimenyamenya c’uko Babiloni Akomeye yatemvye muri uwo mwaka. Nta bubasha igifise bwo kuburabuza abasavyi b’Imana. Vyongeye, hagati muri yo haradutse ingorane zikomeye. Kuva mu 1919, uburyarya, ubuhemu n’ubuhumbu bwayo bwarashizwe ku kabarore. Mu bihugu vyinshi vy’i Buraya, abantu bake cane ni bo basigaye baja mu nsengero. Kubera yuko abantu bose bakunda Ijambo ry’Imana ry’ukuri bakuye amaboko kuri Babiloni Akomeye, ni nk’aho arindiriye kudenduka kuko Yehova agira amushitseko urubanza rwiwe rugororotse.

Itemba rimaramaje rya Babiloni

4-6. Ni gute ‘Babiloni Akomeye yatumye amahanga yose anywa ku muvinyu w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe’?

4 Reka twihweze amakuru y’ido n’ido ajanye n’itemba rimaramaje rya Babiloni Akomeye. Umumarayika atubwira ko ‘Babiloni Akomeye yatumye amahanga yose anywa ku muvinyu w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe.’ Ivyo none bisobanura iki? Iyo mvugo irakoreshwa mu bijanye n’intsinzi. Nk’akarorero, Yehova yabwiye Yeremiya ati: “Tora iki gikombe c’umuvinyu w’ubushangashirwe mu kuboko kwanje, maze ukinyweshe amahanga yose ngutumyeko. Bazonywa koko maze bazungazunge, bamere nk’abasazi kubera inkota ngira ndabarungikemwo.” (Yeremiya 25:15, 16) Mu kinjana ca gatandatu n’ic’indwi B.G.C., Yehova yarakoresheje Babiloni ya kera kugira anyweshe amahanga menshi igikombe c’amakuba c’ikigereranyo, ushizemwo n’Ubuyuda bwari bwabaye ubuhuni, ku buryo n’abasavyi biwe batwawe mu bunyagano. Babiloni na yo nyene yahavuye itemba kubera ko umwami waho yishize hejuru mu kurwanya Yehova “Umukama w’amajuru.”—Daniyeli 5:23.

5 Babiloni Akomeye na yo nyene yaratahukanye intsinzi, ariko nyinshi muri zo yazironse ku ruyeri. “[Yaratumye] amahanga yose anywa” biciye ku mayeri y’ubumaraya, arasambana na yo mu buryo bw’impwemu. Yaratumye indongozi za politike zigirana na yo amasezerano n’ubucuti. Biciye ku ruhendo rwo mu vy’idini, yarakandamije abantu mu vya politike, mu vy’ubudandaji no mu vy’ubutunzi. Yarateje uruhamo n’intambara bishingiye ku madini hamwe n’intambara zihuza ibihugu, kubera gusa imvo z’ivya politike n’urudandaza. Vyongeye, yarahezagiye izo ntambara mu kuvuga ko zihuye n’ukugomba kw’Imana.

6 Birazwi hose ko amadini yagize uruhara mu ntambara no muri politike mu kinjana ca 20, nk’akarorero abashinto mu Buyapani, abahindu mu Buhindi, ababuda muri Vietnam, abiyita abakirisu muri Irlande ya Ruguru no muri Amerika y’Epfo be n’ahandi. Aho ntitwiriwe turavuga ingene abamenyeshamana b’abasirikare bahimirije imisore kwicana ku mpande zose muri za ntambara zibiri z’isi yose. Akarorero kazwi cane k’ubusambanyi bwa Babiloni Akomeye ni uruhara yagize mu ntambara y’abanyagihugu yabaye muri Espanye mu 1936-1939 aho n’imiburiburi abantu 600.000 bishwe. Ayo maraso yasheshwe n’abari bashigikiye indongozi za Gatolika be n’ibihugu vyarya kamwe na zo, kubera amatunga n’ivyubahiro vya Ekleziya vyari bigeramiwe na Leta ya Espanye.

7. Ni nde canecane Babiloni Akomeye yagavyeko ibitero, kandi ni amayeri ayahe yakoresheje?

7 Kubera ko Babiloni Akomeye ari umuce wo mu vy’idini w’uruvyaro rwa Shetani, yamye canecane agaba ibitero ku “mugore” wa Yehova ari we “Yeruzalemu yo hejuru.” Mu kinjana ca mbere vyaragaragaye neza ko ishengero ry’abakirisu barobanuwe ari ryo ruvyaro rwa wa mugore. (Itanguriro 3:15; Abagalatiya 3:29; 4:26) Babiloni Akomeye yaritaye ku rutare kugira yigarurire iryo shengero rityoroye mu kuriryosharyosha ngo risambane mu buryo bw’impwemu. Intumwa Paulo na Petero baragabishije ko benshi bohenzwe bigatuma haduka ubuhuni bukomeye. (Ivyakozwe 20:29, 30; 2 Petero 2:1-3) Ubutumwa Yezu yarungikiye ya mashengero indwi bwaravuze ko amaja mu mpera y’ubuzima bwa Yohani, Babiloni Akomeye yariko arererwa mu guhenda abantu. (Ivyahishuwe 2:6, 14, 15, 20-23) Ariko rero Yezu yari yarerekanye ko bitokunze yuko ashika kure.

Ingano n’icatsi kibi

8, 9. (a) Umugani wa Yezu w’ingano n’icatsi kibi werekanye iki? (b) Ni ibiki vyabaye “igihe abantu bari basinziriye”?

8 Mu mugani wa Yezu w’ingano n’icatsi kibi, yaravuze ibijanye n’umuntu yabivye imbuto nziza mu murima. Ariko rero, “igihe abantu bari basinziriye,” umwansi yaraje abibamwo imbuto mbi. Za ngano rero zahavuye zinyohwa na ca catsi kibi. Yezu yarasiguye uwo mugani wiwe ati: “Umubivyi w’imbuto nziza ni Umwana w’umuntu; itongo ni isi; nayo imbuto nziza, ni abana b’ubwami; mugabo icatsi kibi ni abana ba wa mubisha, umwansi yakibivye na we ni Shetani.” Yaciye yerekana ko izo ngano n’ico catsi kibi vyokwemerewe gukurana gushika ku “nsozero y’ivy’isi,” igihe abamarayika ‘bokwegeranije’ ca catsi kibi c’ikigereranyo.—Matayo 13:24-30, 36-43.

9 Ivyo Yezu be n’intumwa Paulo na Petero bavuze vyarashitse. “Igihe abantu bari basinziriye,” kumbure akaba ari igihe intumwa zasinzira mu rupfu canke igihe abari abacungezi ba gikirisu batangura gutura ingiga ntibaragire neza ubusho bw’Imana, ubuhuni bukomoka i Babiloni bwaranaze mw’ishengero. (Ivyakozwe 20:31) Bidatevye, icatsi kibi caragwiriye cane gituma ingano zitaboneka. Mu binjana bitari bike vyakurikiye, wamengo Babiloni Akomeye yari yarapfukiranije buhere uruvyaro rwa wa mugore.

10. Ni ibiki vyabaye mu myaka ya 1870, kandi Babiloni Akomeye yaciye akora iki?

10 Mu myaka ya 1870, abakirisu barobanuwe baratanguye kugira utwigoro dukomeye two kwitandukanya n’ubusambanyi bwa Babiloni Akomeye. Barahevye inyigisho z’ikinyoma z’abiyita abakirisu zikomoka mu bapagani bongera barakoresha Bibiliya mu kwamamaza n’umutima rugabo yuko Ibihe vy’abanyamahanga vyorangiye mu 1914. Abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu, ari na co gikoresho nyamukuru ca Babiloni Akomeye, bararwanije utwo twigoro two gusubiza umutamana ugusenga kw’ukuri. Mu Ntambara ya mbere y’isi yose, barikitse mu kiza kugira bazimanganye uwo mugwi mutoyi w’abakirisu b’abizigirwa. Igihe igikorwa cabo casa n’uko cahagaze mu 1918, wamengo Babiloni Akomeye yaroraniwe. Vyasa n’uko yari yabatsinze.

11. Igihe Babiloni ya kera yatemba, vyavuyemwo iki?

11 Nk’uko twamaze kubivuga, ca gisagara Babiloni cishira hejuru caratemvye bimwe bimaramaje mu 539 B.G.C. Ico gihe haciye humvikana akamo kagira gati: “Yatemvye! Babiloni yatemvye!” Icicaro gihambaye c’iyo nganji nganzasi cari cigaruriwe n’ingabo z’Ubumedi n’Ubuperesi ziyobowe na Kuro Mukuru. Naho ico gisagara ubwaco ata co cabaye, vyaribonekeje ko catakaje ububasha bwaco, bikaba vyatumye Abayuda cari cagize imbohe babohorwa. Barasubiye i Yeruzalemu kugira basubizeho ugusenga gutyoroye.—Yesaya 21:9; 2 Ngoma 36:22, 23; Yeremiya 51:7, 8.

12. (a) Muri iki gihe cacu, ni mu buryo ki twovuga ko Babiloni Akomeye yatemvye? (b) Ni igiki cerekana ko Yehova yashiburiye kure abiyita abakirisu?

12 No muri iki gihe cacu, akamo k’uko Babiloni Akomeye yatemvye karumvikanye! Ukuronirwa amadini y’abiyita abakirisu akomoka i Babiloni yashitseko mu 1918 kwamaze akanya urume rumara kuko ibintu vyaciye bihinduka cane mu 1919, igihe amasigarira y’abarobanuwe agize umugwi wa Yohani yasubizwa umutamana mu buryo bw’impwemu. Babiloni Akomeye yari yatemvye kuko ata bubasha na bumwe yari agifise ku basavyi b’Imana. Nka kurya kw’igitero c’inzige, bene wabo na Kristu barobanuwe barasokorotse mu nyenga biteguriye igikorwa. (Ivyahishuwe 9:1-3; 11:11, 12) Ni bo bagize wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” wo mu bihe vya none, kandi Shebuja wabo yarabajeje ivyo atunze vyose kw’isi. (Matayo 24:45-47) Kuba barakoreshejwe muri ubwo buryo vyerekanye ko Yehova yari yashiburiye kure abiyita abakirisu naho bivugisha ko ari bo bamuserukira kw’isi. Ugusenga gutyoroye kwarasubijweho, maze haraboneka akaryo ko gusozera igikorwa co kudoma ikidodo ku masigarira ya bamwe 144.000, ni ukuvuga abasigaye bo mu ruvyaro rwa wa mugore, wa mwansi wo kuva kera wa Babiloni Akomeye. Ivyo vyose vyarerekanye ko iryo shirahamwe ry’ivy’idini rya Shetani ryatsinzwe bimwe bimaramaje.

Ukwihangana kw’aberanda

13. (a) Umumarayika agira gatatu atangaza iki? (b) Ni urubanza uruhe Yehova acira abemera gushirwako ikimenyetso ca ca gikoko?

13 Ubu na ho umumarayika agira gatatu aravuga. Umve ivyo Yohani yigana, ati: “Maze uwundi mumarayika, uwa gatatu, arabakurikira, avuga mw’ijwi rirenga ati: ‘Nihagira uwusenga ca gikoko be n’ishusho yaco, kandi akaronka ikimenyetso ku ruhanga rwiwe canke ku kuboko kwiwe, azonywa kandi ku muvinyu w’ishavu ry’Imana risutswe mu gikombe c’uburake bwayo ritavanze.’” (Ivyahishuwe 14:9, 10a) Mu Vyahishuwe 13:16, 17 havuze ko mu gihe c’umusi w’Umukama abadasenga ishusho ya ca gikoko bobonye amakuba canke mbere bakicwa. Ubu na ho tubwirwa ko Yehova yiyemeje gushitsa urubanza ku bantu “[b]afise nya kimenyetso, izina rya ca gikoko canke igitigiri c’izina ryaco.” Bazobwirizwa kunywa ‘igikombe c’uburake’ bw’ishavu rya Yehova. None ivyo bizoba bisobanura iki kuri bo? Mu 607 B.G.C., igihe Yehova yanywesha Yeruzalemu ku nguvu “igikombe ciwe c’ubushangashirwe,” ico gisagara caciye gishikirwa n’“ukunyagwa n’ugusenyuka, inzara n’inkota” bivuye ku Banyababiloni. (Yesaya 51:17, 19) Muri ubwo buryo nyene, abasenga intwaro z’ivya politike zo muri iyi si n’ishusho yazo ari ryo Shirahamwe mpuzamakungu ONU nibanywa igikombe c’uburake bwa Yehova, bazoca bashikirwa n’ivyago. (Yeremiya 25:17, 32, 33) Bazotikira baherengetere.

14. N’imbere y’uko abasenga ca gikoko n’ishusho yaco batikizwa, ni ibiki bibwirizwa kubashikira, kandi Yohani abidondora gute?

14 Ariko rero n’imbere y’uko ivyo bishika, abafise ikimenyetso ca ca gikoko babwirizwa gushikirwa n’imibabaro iva ku kuba badashimwa na Yehova. Ku bijanye n’uwusenga ca gikoko n’ishusho yaco, wa mumarayika amenyesha Yohani ati: “Kandi azobabazwa hakoreshejwe umuriro n’amazuku mu maso y’abamarayika beranda no mu maso ya wa Mwagazi w’intama. Kandi umwotsi w’ukubabazwa kwabo uduga ibihe bitazoshira, kandi ku murango no mw’ijoro nta gahengwe bagira, abasenga ca gikoko n’ishusho yaco, n’uwo wese yakiriye ikimenyetso c’izina ryaco.”—Ivyahishuwe 14:10b, 11.

15, 16. “Umuriro n’amazuku” bivugwa mu Vyahishuwe 14:10 bisobanura iki?

15 Hari abiyumviriye ko umuriro n’amazuku bivugwa ng’aho vyerekana ko hariho umuriro udahera. Ariko twihweje gatoyi ubundi buhanuzi busa n’ubwo, duca tubona insobanuro nyayo ayo majambo afise muri ico canditswe. Mu gihe ca Yesaya, Yehova yaragabishije ihanga rya Edomu ko yorihanye kubera urwanko ryari rifitiye Isirayeli. Yavuze ati: “Inzuzi z’isumo ziwe zitegerezwa guhindurwa ikaburimbo y’irenda, umukungugu wiwe na wo amazuku; igihugu ciwe gitegerezwa gucika nk’ikaburimbo y’irenda yaka. Haba mw’ijoro canke ku murango, ntizozima; umwotsi wayo uzoguma uduga gushika igihe kitagira urugero. Kuva kw’iyaruka uja ku rindi, azogaduka; gushika ibihe bitazoshira, nta wuzorengana aciye iwe.”—Yesaya 34:9, 10.

16 None Edomu yoba yaraterewe mu muriro udahera usiga ubwenge kugira igume isha ibihe bidahera? Eka da! Ahubwo iryo hanga ryarazimanganye kw’isi nk’aho ryoba ryatongojwe umuriro n’amazuku. Ico gihano bahawe nticatumye Edomu ibabazwa ibihe bidahera, ahubwo catumye hacika “ahagaragara . . . igiharabuga . . . ubusa.” (Yesaya 34:11, 12) Imvugo ngo umwotsi ‘uduga ibihe bitazoshira’ irerekana neza ico kintu. Igihe inzu ihiye, umwotsi uguma uva mu minyota naho haba haciye umwanya umuriro wazimye, bikaba vyereka abahita bose ko umuriro wayogeje ibintu. No muri iki gihe, abasavyi b’Imana baracibuka icigwa bakura kw’isangangurwa rya Edomu. Ni nk’aho ‘umwotsi w’ugusha kwaho’ ukibandanya kuduga.

17, 18. (a) Bizogendera gute abemera gushirwako ikimenyetso ca ca gikoko? (b) Ni mu buryo ki abasenga ca gikoko bababazwa? (c) Ni mu buryo ubuhe “umwotsi w’ukubabazwa kwabo uduga ibihe bitazoshira”?

17 Abafise ikimenyetso ca ca gikoko na bo nyene bazotikizwa buhere, nk’aho boba batongojwe umuriro. Nk’uko ubwo buhanuzi buvyerekana mu nyuma, imivyimba yabo ntizohambwa, kugira iribwe n’ibikoko be n’inyoni. (Ivyahishuwe 19:17, 18) Biratomoye rero ko batababazwa ibihe bidahera! None ni mu buryo ki “[ba]babazwa hakoreshejwe umuriro n’amazuku”? Ni mu buryo bw’uko igikorwa co gutangaza ukuri kibashira ku kabarore kikanabagabisha ko urubanza rw’Imana rwegereje. Ni co gituma bambika ibara abasavyi b’Imana, aho bishobotse na ho bakaja mu matwi ca gikoko kigereranya intwaro za politike ngo gihame Ivyabona vya Yehova canke mbere kibice. Ariko abo baturwanya bazoruhira gutikira nk’aho boba batongojwe umuriro n’amazuku. Maze “umwotsi w’ukubabazwa kwabo u[zo]duga ibihe bitazoshira” mu buryo bw’uko urubanza Imana yabaciriye ruzobera akarorero umuntu wese azohirahira agasubira kurwanya ubusegaba bwa Yehova. Ico kibazo kizoba gitorewe umuti rimwe rizima.

18 Ni bande muri iki gihe bashikiriza ubwo butumwa bubabaza? Uribuka ko za nzige z’ikigereranyo zifise ububasha bwo kubabaza abantu badafise ikidodo c’Imana mu ruhanga rwabo. (Ivyahishuwe 9:5) Biboneka ko abo nyene ari bo bababaza abantu, bayobowe n’abamarayika. Izo nzige z’ikigereranyo zirakovya muri ico gikorwa ku buryo ku “murango no mw’ijoro [a]ta gahengwe [ziha] abasenga ca gikoko n’ishusho yaco, n’uwo wese yakiriye ikimenyetso c’izina ryaco.” Mu nyuma na ho nibamara gutikizwa, “umwotsi w’ukubabazwa kwabo” ari na co kimenyetso ntaseswa c’uko ubusegaba bwa Yehova bwemejwe, uzoduga ibihe bidahera. Ese abagize umugwi wa Yohani bokwihangana gushika ivyo birangiye! Nya mumarayika asozera ati: “Aho ni ho hakenewe ukwihangana ku beranda, abubahiriza amabwirizwa y’Imana n’ukwizera kwa Yezu.”—Ivyahishuwe 14:12.

19. Kubera iki aberanda bakeneye kwihangana, kandi ni ibiki Yohani avuga bibakomeza?

19 Ego cane, “ukwihangana ku beranda” gusobanura ko basenga Yehova wenyene biciye kuri Yezu Kristu. Ubutumwa bashikiriza ntibushimwa na benshi. Butuma barwanywa, bahamwa canke mbere bicwa rumaratiri. Ariko barakomezwa n’ivyo Yohani aca yigana, ati: “Maze numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: ‘Andika: Hahiriwe abapfuye bapfira mu bumwe n’Umukama guhera ubu. Egome, ni ko impwemu ivuga, nibaruhuke ukubira akuya kwabo, kuko ivyo bakoze bica bijana na bo.’”—Ivyahishuwe 14:13.

20. (a) Umuhango Yohani yavuze uhuye gute n’ubuhanuzi Paulo yashikirije bujanye n’ukuhaba kwa Yezu? (b) Abarobanuwe bapfa inyuma y’aho Shetani yirukaniwe mw’ijuru baterwa agateka kadasanzwe akahe?

20 Uwo muhango urahuye neza n’ubuhanuzi Paulo yashikirije bujanye n’ukuhaba kwa Yezu, ati: “Abapfiriye muri Kristu bazobanza kuzuka. Mu nyuma twebwe abazima tuzoba tukiriho [ni ukuvuga abarobanuwe bazoba bakiriho mu gihe c’umusi w’Umukama], hamwe na bo, tuzojanwa mu bicu gusanganira Umukama mu kirere.” (1 Abatesalonika 4:15-17) Aho Shetani amariye kwirukanwa mw’ijuru, abapfiriye muri Kristu baciye babanza kuzuka. (Gereranya n’Ivyahishuwe 6:9-11.) Inyuma y’aho, abo mu barobanuwe bapfa mu gihe c’umusi w’Umukama baraterwa agateka kadasanzwe. Baca bazurwa “mu kanya nk’ako kuvuna urugohe,” bakaronka ubuzima bw’impwemu mw’ijuru. (1 Abakorinto 15:52) Mbega agateka! N’ikindi kandi, ibikorwa vyabo vy’ubugororotsi birabaherekeza gushika mw’ijuru.

Ivyimburwa vy’isi

21. Ni ibiki Yohani atwiganira ku bijanye n’“ivyimburwa vy’isi”?

21 Nk’uko Yohani abivuga, hari n’abandi bazokwungukira kuri uwo musi w’urubanza. Abandanya atwiganira ati: “Hanyuma ngize ntya, mbona igicu cera, kandi kuri nya gicu hari hicaye umuntu ameze nk’umwana w’umuntu, ari n’urugori rw’inzahabu ku mutwe wiwe n’agakero gakarishe mu kuboko kwiwe. Maze uwundi mumarayika [agira kane] asokoroka aheranda h’urusengero, asemerera n’ijwi rirenga abwira umwe yicaye ku gicu ati: ‘Rungika agakero kawe ushwabure, kuko isaha yo gushwabura ishitse, kuko ivyimburwa vy’isi vyeze neza.’ Buno umwe yicaye ku gicu atuma agakero kiwe kw’isi, isi irashwaburwa.”—Ivyahishuwe 14:14-16..

22. (a) Uwo yambaye urugori rw’inzahabu kandi yicaye ku gicu cera ni nde? (b) Igihe c’agaheta co kwimbura gishika ryari, kandi gute?

22 Uwo yicaye ku gicu cera ntayoberanye. Kubera yuko yicaye ku gicu cera, akaba asa n’umwana w’umuntu kandi akaba afise urugori rw’inzahabu, biragaragara ko ari Yezu, ni ukuvuga Umwami Mesiya ari na we Daniyeli yeretswe. (Daniyeli 7:13, 14; Mariko 14:61, 62) Ariko none ivyo vyimburwa vyo vyerekeza ku ki? Igihe Yezu yari kw’isi, igikorwa co guhindura abantu abigishwa yakigereranije no kwimbura umurima ugizwe n’abantu. (Matayo 9:37, 38; Yohani 4:35, 36) Igihe c’agaheta c’iryo yimbura gishika mu musi w’Umukama, igihe Yezu yambikwa urugori akaba Umwami maze agashitsa urubanza mw’izina rya Se. Igihe c’ubutegetsi bwiwe rero, icatanguye mu 1914, ni na co kiringo c’ukwegeranya ivyimburwa giteye umunezero.—Gereranya no Gusubira mu vyagezwe 16:13-15.

23. (a) Itegeko ryo gutangura gushwabura ritangwa na nde? (b) Ni iyimbura nyabaki ryatanguye mu 1919 rikibandanya gushika n’ubu?

23 Naho Yezu ari Umwami n’Umucamanza, ararindira itegeko Yehova Imana yiwe atanga imbere yo gutangura gushwabura. Iryo tegeko riza riturutse “aheranda h’urusengero” biciye ku mumarayika. Ubwo nyene Yezu aca agamburuka. Ubwa mbere guhera mu 1919, arasaba abamarayika biwe ngo barangize kwimbura bamwe 144.000. (Matayo 13:39, 43; Yohani 15:1, 5, 16) Mu nyuma haregeranywa ivyimburwa bigizwe n’isinzi rinini ry’izindi ntama. (Yohani 10:16; Ivyahishuwe 7:9) Kahise kerekana ko hagati ya 1931 na 1935, igitigiri kinini c’izo zindi ntama catanguye kuboneka. Mu 1935, Yehova yarafashije abagize umugwi wa Yohani gutahura rya sinzi rinini rivugwa mu Vyahishuwe 7:9-17 iryo ari ryo. Ni co gituma haciye hitwararikwa cane ivyo kwegeranya iryo sinzi. Mu 2011, igitigiri cabo cararenze imiliyoni indwi, kandi n’ubu kiraciyongera. Vy’ukuri, umwe ameze nk’umwana w’umuntu yarashwabuye ivyimburwa vyinshi kandi bishimishije muri iki gihe c’iherezo.—Gereranya no Kuvayo 23:16; 34:22.

Kuganisha ibirenge umuzabibu w’isi

24. Umumarayika wa gatanu afise iki mu minwe, kandi umumarayika wa gatandatu asemerera avuga ngw’iki?

24 Iryo yimbura ryo kurokora abantu rimaze kurangira, haca haba irindi yimbura. Yohani atwiganira ati: “Uwundi mumarayika [wa gatanu] asokoroka aheranda h’urusengero ho mw’ijuru, na we nyene afise agakero gakarishe. Uwundi mumarayika [wa gatandatu] asokoroka mu gicaniro, kandi yari afise ububasha ku muriro. Asemerera n’ijwi rirenga abwira wa wundi yari afise agakero gakarishe, ati: ‘Rungika agakero kawe gakarishe wegeranye imisoko y’umuzabibu w’isi, kuko inzabibu zawo zihiye.’” (Ivyahishuwe 14:17, 18) Abamarayika isinzi barafise igikorwa kinini c’iyimbura mu kiringo c’umusi w’Umukama, bakaba batandukanya abeza n’ababi!

25. (a) Kuba umumarayika wa gatanu aza avuye aheranda h’urusengero bisobanura iki? (b) Ni kubera iki bibereye kubona itegeko ryo gutangura gushwabura ritangwa n’umumarayika “asokoroka mu gicaniro”?

25 Kubera ko umumarayika wa gatanu aza avuye aheranda h’urusengero ari na ho Yehova avyagiye, iryo yimbura rya nyuma na ryo nyene rero riba hisunzwe ukugomba kwa Yehova. Uwo mumarayika ategekwa gutangura igikorwa ciwe biciye ku butumwa ashikirizwa n’uwundi mumarayika “asokoroka mu gicaniro.” Ico kintu kirahambaye cane kuko ubuzima bw’abizigirwa buri munsi y’igicaniro bwari bwarabajije buti: “Uzogeza ryari ga Mukama Segaba mweranda kandi w’ukuri, kureka guca urubanza no guhora amaraso yacu ababa kw’isi?” (Ivyahishuwe 6:9, 10) Mu gihe co kwimbura umuzabibu w’isi, ako kamo gasaba guhorwa kazokwishurwa.

26. “Umuzabibu w’isi” ni iki?

26 Ariko none “umuzabibu w’isi” ni iki? Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ihanga ry’Abayuda ryiswe umuzabibu wa Yehova. (Yesaya 5:7; Yeremiya 2:21) Muri ubwo buryo nyene, Yezu Kristu n’abazofatanya na we kuganza mu Bwami bw’Imana bitwa umuzabibu. (Yohani 15:1-8) Gutyo rero, ikintu nyamukuru kiranga umuzabibu ni uko wama, kandi umuzabibu wa gikirisu w’ukuri waramye ivyamwa vyinshi mu gushemeza Yehova. (Matayo 21:43) “Umuzabibu w’isi” rero ntushobora kuba ari uwo muzabibu w’ukuri, ahubwo ni umuzabibu wa Shetani w’urwigano, ni ukuvuga intwaro ziwe zononekaye zitegeka abantu, hamwe n’“imisoko” itandukanye y’ivyamwa vy’amadayimoni zimaze ibinjana zama. Babiloni Akomeye yaragize akosho kanini kuri uwo muzabibu wama inzabibu z’ubumara, abiyita abakirisu b’abahuni bakaba baza kw’isonga.—Gereranya no Gusubira mu vyagezwe 32:32-35.

27. (a) Ni ibiki biba igihe wa mumarayika yegeranya umuzabibu w’isi akoresheje agakero? (b) Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ni ubuhanuzi ubuhe bwerekana urugero iryo yimbura rizoshikako?

27 Urubanza rutegerezwa gushitswa! Yohani yigana ati: “Nya mumarayika atuma agakero kiwe mw’isi yegeranya umuzabibu w’isi, araheza awuterera mu ruganiro rw’umuvinyu runini rw’ishavu ry’Imana. Maze nya ruganiro rw’umuvinyu ruganishirizwamwo ibirenge inyuma y’igisagara, amaraso ava muri nya ruganiro, araduga gushika ku mijiginya y’amafarasi, ahantu h’uburebure bwa sitadiyo igihumbi n’amajana atandatu.” (Ivyahishuwe 14:19, 20) Ishavu Yehova afitiye uwo muzabibu riramaze igihe kinini ritangajwe. (Zefaniya 3:8) Hari ubuhanuzi bwo mu gitabu ca Yesaya bwerekana neza ko amahanga yose azotikizwa urwo ruganiro nirwahonyangwa. (Yesaya 63:3-6) N’umuhanuzi Yoweli yaravuze ko “amasinzi” menshi cane, ni ukuvuga amahanga uko yakabaye, yohonyanzwe gushika atikirijwe mu “ruganiro,” canke mu “kiyaya co hasi co gushitsa ingingo.” (Yoweli 3:12-14) Emwe, nta rindi yimbura ritangaje nk’iryo rizokwigera risubira kubaho! Twisunze ivyo Yohani yeretswe, si inzabibu gusa zimburwa ahubwo umuzabibu w’ikigereranyo uko wakabaye uratemwa ugatabwa muri urwo ruganiro kugira uhonyangwe. Uwo muzabibu w’isi rero uzosiribangwa ku buryo utazokwigera usubira kunaga.

28. Ni bande bahonyanga umuzabibu w’isi, kandi bisobanura iki kuba uruganiro rw’uwo muzabibu “ruganishirizwamwo ibirenge inyuma y’igisagara”?

28 Iryo honyangwa Yohani abona rigirwa n’amafarasi kuko amaraso ava muri uwo muzabibu ashika ku “mijiginya y’amafarasi.” Kubera ko ijambo “amafarasi” rikunze gukoreshwa mu bijanye n’intambara, ivyo bibwirizwa kuba vyerekeza ku kiringo c’intambara. Ingabo zo mw’ijuru ziherekeza Yezu mu ndwano ya nyuma yo kurangiza ivy’iyi si ya Shetani bivugwa yuko zihonyanga “[u]ruganiro rw’umuvinyu rw’ishavu ry’uburake bw’Imana Mushoboravyose.” (Ivyahishuwe 19:11-16) Biragaragara ko izo ngabo nyene ari zo zihonyanga wa muzabibu w’isi. Urwo ruganiro rw’umuvinyu “ruganishirizwamwo ibirenge inyuma y’igisagara,” ni ukuvuga inyuma ya Siyoni yo mw’ijuru. Nakare, birumvikana ko uwo muzabibu w’isi ukwiye guhonyangirwa kw’isi. Mugabo kandi “[uganishwa] ibirenge inyuma y’igisagara” mu buryo bw’uko ata ngorane bizoteza abasigaye bo mu ruvyaro rwa wa mugore, ari na bo baserukira Siyoni yo mw’ijuru ng’aha kw’isi. Abo hamwe na rya sinzi rinini bazohishwa ahatagira inkomanzi mw’ishirahamwe rya Yehova ryo kw’isi.—Yesaya 26:20, 21.

29. Uruzi rw’amaraso ava muri urwo ruganiro rufise ibenga ringana gute, rutemba kugera he kandi ivyo vyose vyerekana iki?

29 Iryo yerekwa rihambaye rirafitaniye isano n’igikorwa co kujanjagura ubwami bwo kw’isi kirangurwa na rya buye rigereranya Ubwami bw’Imana rivugwa muri Daniyeli 2:34, 44. Kazoba ari agatikizo gakomeye. Uruzi rw’amaraso ava muri urwo ruganiro rufise ibenga rirerire rigera ku mijiginya y’amafarasi, kandi ruratemba rugashika kuri sitadiyo 1.600.a Ico gitigiri kinini gutyo, ni ukuvuga kane kugwiza kane kugwiza cumi kugwiza cumi (4 x 4 x 10 x 10), kirashimika ku vy’uko ako gatikizo kazoba kw’isi yose. (Yesaya 66:15, 16) Ukwo gutikizwa kuzoba rimwe rizima, ubutagisubirwamwo. Umuzabibu w’isi ya Shetani ntuzokwigera usubira kunaga na gato!—Zaburi 83:17, 18.

30. Umuzabibu wa Shetani wama iki, kandi dukwiye kwiyemeza iki?

30 Kubera ko tugeze kure mu gihe c’iherezo, iryo yerekwa rijanye n’iyimbura ry’uburyo bubiri rirahambaye cane. Gutereza akajisho hirya no hino birahagije kugira twibonere ivyamwa vy’umuzabibu wa Shetani. Ugukorora inda n’ubundi bwicanyi; ukuryamana kw’abasangiye igitsina, ukurenga ibigo n’izindi ngeso mbi; ubuhemu n’ukutiyumvamwo ababo, ivyo vyose bituma iyi si isesema mu nyonga za Yehova. Umuzabibu wa Shetani wama “icamwa c’igiterwa c’ubumara n’ic’ibamba.” Ingeso zawo zononekaye n’ugusenga ibigirwamana kwawo birasiga iceyi Umuremyi wacu ahambaye. (Gusubira mu vyagezwe 29:18; 32:5; Yesaya 42:5, 8) Mbega ukuntu ari agateka kwifatanya n’abagize umugwi wa Yohani mu kwimbura ivyamwa vyiza Yezu ariko aregeranya bigatuma Yehova ashemezwa! (Luka 10:2) Ese twese twokwiyemeza kutigera twanduzwa n’umuzabibu w’ino si, gutyo tukirinda kuzohonyangirwa hamwe na wo urubanza rubi rwa Yehova nirwashitswa.

[Akajambo k’epfo]

a Sitadiyo 1.600 ni nk’ibilometero 300.—Ivyahishuwe 14:20, akajambo k’epfo.

[Uruzitiro ku rup. 208]

‘Umuvinyu w’ubusambanyi bwiwe’

Igihimba nyamukuru ca Babiloni Akomeye ni Ekleziya Gatolika y’i Roma. Iyo Ekleziya itwarwa na papa afise icicaro i Roma kandi ivuga ko umupapa wese aba ari umusubirizi w’intumwa Petero. Ibi bikurikira ni ibintu vyanditswe ku vyerekeye abo bitwa ngo ni abasubirizi ba Petero:

Formose (891-896): “Haheze amezi icenda Formose apfuye, ikiziga ciwe carazuwe gikurwa mu cumba co munsi bahambamwo abapapa maze kizanwa imbere y’inama yiswe iyicira imanza abapfuye yari ihagarikiwe na Sitefano [umupapa mushasha]. Uwo mupapa yahwereye bamwagirije ngo yarahahamiye ikibanza c’ubupapa, maze ivyo yakoze vyose babigwiza n’ubusa. . . . Ikiziga ciwe baciye bacambura impuzu z’abapapa; intoke zo ku kiganza c’iburyo na zo barazica.”—New Catholic Encyclopedia.

Sitefano wa 6 (896-897): “Haciye amezi makeyi [ikiziga ca Formose bagiciriye urubanza] haciye haba umugumuko watumye Sitefano akurwa mw’ibanga ry’ubupapa. Yaratswe ibimenyetso biranga abapapa, arapfungwa hanyuma aranyongwa.”—New Catholic Encyclopedia.

Serejiyo wa 3 (904-911): “Abapapa babiri yakurikiye . . . babanyongeye mw’ibohero. . . . I Roma yari ashigikiwe n’umuryango wa Théophylacte, bikaba bivugwa ko yavyaye umuhungu kuri umwe mu bakobwa ba Théophylacte ari we Marozia (nya muhungu akaba yahavuye aba papa Yohani wa 11).”—New Catholic Encyclopedia.

Sitefano wa 7 (928-931): “Mu myaka ya nyuma y’ikiringo ciwe, papa Yohani wa 10 . . . yari amaze kwiteranya na Marozia, uwo bita Donna Senatrix w’i Roma, kandi yarapfunzwe hanyuma aricwa. Mu kibanza ciwe, Marozia yaciye ahashira papa Léon wa 6, uwapfuye amaze amezi atandatu n’igice muri iryo banga. Sitefano wa 7 yaciye amusubirira, kumbure abifashijwemwo na Marozia. . . . Mu myaka 2 yamaze ari papa, nta jambo yari afise kuko yaganzwa na Marozia.”—New Catholic Encyclopedia.

Yohani wa 11 (931-935): “Sitefano wa 7 amaze gupfa . . . , Marozia wo mu muryango wa Théophylacte yaciye agira papa umuhungu wiwe Yohani, akaba yari umusore ageze mu myaka 20. . . . Igihe Yohani yamaze ari papa, yaganzwa na nyina.”—New Catholic Encyclopedia.

Yohani wa 12 (955-964): “Yatowe ngo abe papa ataranashikana imyaka 18 kandi amakuru yo mu gihe ciwe aremeza ko yari umuntu atitaho ivy’Imana, yatwawe n’ibinezereza vy’agaterasoni be n’ubuhumbu.”—The Oxford Dictionary of Popes.

Benedigito wa 9 (1032-1044; 1045; 1047-1048): “Yibukirwa canecane ku kuba yaragurishije ibanga ryiwe ry’ubupapa kuri se w’ibatisimu hanyuma akihindukiza mw’ijambo akabusubirako incuro zibiri zose.”—The New Encyclopædia Britannica.

Ku bw’ivyo, aho gukurikiza akarorero ka wa mwizigirwa Petero, abo bapapa hamwe n’abandi bagize akosho kabi. Bararengeje uruho rw’amazi ku bwicanyi, ku busambanyi bwo mu vy’impwemu n’ubwo ku mubiri, bongera baragira akosho nka kamwe ka Yezebeli, bikaba vyatumye Ekleziya bari barongoye yononekara. (Yakobo 4:4) Mu 1917, igitabu Le mystère de Dieu accompli Abatohoji ba Bibiliya basohoye carashize ku mugaragaro menshi muri ayo mabi. Ubwo ni bumwe mu buryo Abatohoji ba Bibiliya b’ico gihe bakoresheje mu “guteza isi ivyago vy’ubwoko bwose.”—Ivyahishuwe 11:6; 14:8; 17:1, 2, 5.

[Ifoto ku rup. 206]

Kristu amaze kwimikwa arashitsa urubanza ashigikiwe n’abamarayika

[Ifoto ku rup. 207]

Babiloni imaze gutemba mu 539 B.G.C., abo yari yagize imbohe bararekuwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika