ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 33 rup. 235-245
  • Urubanza rwa wa mumaraya ruhebwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urubanza rwa wa mumaraya ruhebwa
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ubumaraya’ bwo mu gihe ca none
  • Yicaye ku mazi menshi
  • Wa mumaraya agendera ku gikoko
  • Izina ry’akayobera
  • Ugushitsa urubanza kuri Babiloni Akomeye
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Igikoko c’ibara ry’agahama kivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 17 ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 33 rup. 235-245

Ikigabane ca 33

Urubanza rwa wa mumaraya ruhebwa

Iyerekwa rya 11​—Ivyahishuwe 17:1-18

Ibivugwamwo: Babiloni Akomeye agendera ku gikoko c’ibara ry’agahama gihava kikamuhindukirira kikamutikiza

Igihe birangukirako: Kuva mu 1919 gushika kuri ya makuba akomeye

1. Umwe muri ba bamarayika indwi ahishurira iki Yohani?

ISHAVU rigororotse rya Yehova ritegerezwa gusukwa gushika rirangiye, ni ukuvuga ya mabakure indwi yose! Igihe umumarayika wa gatandatu yasuka ibakure yiwe ahahora Babiloni ya kera, vyagereranya mu buryo bubereye ivyago vyoshikiye Babiloni Akomeye uko ibintu vyogiye birihuta vyerekeza ku ntambara ya nyuma ya Harumagedoni. (Ivyahishuwe 16:1, 12, 16) Birashoboka ko uwo mumarayika nyene ari we ahishura igituma Yehova ashitsa imanza ziwe zigororotse n’ukuntu azishitsa. Yohani arumizwa n’ivyo aca yumva n’ivyo aca abona. Agira ati: “Maze umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi araza avugana nanje, ati: ‘Ingo, nkwereke urubanza rwaciriwe wa mumaraya akomeye yicaye ku mazi menshi, uwo abami b’isi bakoranye na we ubusambanyi, ababa kw’isi na bo bakaborezwa umuvinyu w’ubusambanyi bwiwe.’”—Ivyahishuwe 17:1, 2.

2. Ni ibiki vyerekana ko “wa mumaraya akomeye” (a) atari Uburoma bwa kera? (b) atari urudandaza rukomeye? (c) ari inganji y’ivy’idini?

2 Ngo “wa mumaraya akomeye”! Kubera iki afise ikizina kibi nk’ico? Mbega hoho ni nde? Hari abavuze yuko uwo mumaraya w’ikigereranyo ari Uburoma bwa kera. Ariko Uburoma yari intwaro ya politike. Uwo mumaraya arasambana n’abami bo mw’isi, bikaba vyumvikana ko harimwo n’abami b’Uburoma. Vyongeye, amaze gutikizwa, bivugwa ko “abami b’isi” bamugandarira. Ntashobora rero kuba agereranya intwaro ya politike. (Ivyahishuwe 18:9, 10) Bisubiye, kubera yuko n’abadandaza bo kw’isi bamugandarira, ntashobora kuba agereranya urudandaza rukomeye. (Ivyahishuwe 18:15, 16) Ariko rero dusoma yuko “amahanga yose yazimijwe n’ubupfumu bw[i]we.” (Ivyahishuwe 18:23) Ivyo birerekana neza ko uwo mumaraya akomeye ategerezwa kuba ari inganji y’ivy’idini ikwiye kw’isi yose.

3. (a) Ni kubera iki uwo mumaraya akomeye ategerezwa kuba agereranya umugwi munini kuruta Ekleziya Gatolika y’i Roma canke mbere amadini yose y’abiyita abakirisu? (b) Ni inyigisho izihe zikomoka i Babiloni dusanga mu madini menshi yo muri Aziya no mu madini y’abiyita abakirisu? (c) Karidinali w’umugatolika John Henry Newman yiyemereye iki ku bijanye n’inkomoko y’inyigisho, ibirori n’imigenzo myinshi vyo mu madini y’abiyita abakirisu? (Raba akajambo k’epfo.)

3 None ni idini bwoko ki? Yoba ari Ekleziya Gatolika y’i Roma nk’uko bamwebamwe babivuga? Canke na ho yoba ari amadini yose y’abiyita abakirisu? Oya, ategerezwa kuba ari umugwi munini kuruta, kubera yuko azimiza amahanga yose. Nkako, ni inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. Rikomoka mu nyigisho zisiga ubwenge z’i Babiloni, ivyo bikaba bibonekera ku kuntu inyigisho n’imigenzo myinshi bikomoka i Babiloni vyakwiragiye mu madini yo hirya no hino kw’isi. Nk’akarorero, amadini menshi yo muri Aziya be n’ay’abiyita abakirisu usanga yemera yuko umuntu afise umutima w’ubwenge udahwera, akemera umuriro udahera be n’ubutatu. Idini ry’ikinyoma, iryo haciye imyaka irenga 4.000 ritanguriye mu gisagara ca Babiloni ca kera, ryahavuye riba ikintu c’ubuyobe co muri kino gihe, bikaba bibereye ko citwa Babiloni Akomeye.a Ariko none, ni kubera iki rifise izina risesemye ngo “wa mumaraya akomeye”?

4. (a) Ni mu buryo ki Isirayeli ya kera yakoze ubusambanyi? (b) Ni mu buryo buboneka ubuhe Babiloni Akomeye yakoze ubusambanyi?

4 Babiloni (canke Babeli, bikaba bisobanura ngo “Umuvurungano”) yari isagamvye cane mu gihe ca Nebukadinezari. Cari igihugu gikomeye mu vy’intwaro no mu vy’idini kirimwo insengero zirenga igihumbi. Abaherezi baho bari bafise ububasha bwinshi. Naho haciye igihe kinini Babiloni itakiri inganji nganzasi, Babiloni Akomeye wewe aracariho, kandi aracarondera kugira akosho ku vya politike no kuvyifatira mu minwe nk’uko Babiloni ya kera yabigira. None Imana yoba yemera ko idini rija muri politike? Ivyanditswe vy’igiheburayo bivuga ko Isirayeli yaba iriko irakora ubumaraya igihe yaba yisutse mu vy’ugusenga kw’ikinyoma ikongera ikagira urunani n’ayandi mahanga aho kwizigira Yehova. (Yeremiya 3:6, 8, 9; Ezekiyeli 16:28-30) Babiloni Akomeye na we nyene arakora ubusambanyi. Emwe, arakora ibishoboka vyose ngo agire akosho ku bami b’isi yongere abigarurire.—1 Timoteyo 4:1.

5. (a) Ni gute abakuru b’amadini bakunda ivyo kwiyerekana? (b) Ni kubera iki icipfuzo co kuba rurangiranwa mw’isi gihushanye n’ivyo Yezu Kristu yavuze?

5 Muri iki gihe, abakuru b’amadini akenshi barahiganirwa ibibanza bikomeye mu ntwaro, kandi mu bihugu bimwebimwe baraja mu ntwaro, mbere bakaba n’abashikiranganji. Mu 1988, hari abakuru b’idini babiri bazwi cane b’abaporoti bahiganiwe ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Indongozi zo muri Babiloni Akomeye zirakunda ivyo kwiyerekana; amafoto yabo akenshi uyasanga mu bimenyeshamakuru kuko bacuditse n’abanyapolitike bakomakomeye. Yamara Yezu yaranse kwisuka muri politike, maze avuga ku bijanye n’abigishwa biwe ati: “Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.”—Yohani 6:15; 17:16; Matayo 4:8-10; raba no muri Yakobo 4:4.

‘Ubumaraya’ bwo mu gihe ca none

6, 7. (a) Umugambwe w’Abanazi wa Hitler washitse ku butegetsi gute mu Budagi? (b) Ni gute amasezerano Vatikano yagiranye n’Ubudagi bw’Abanazi yatumye Hitler aharanira kuganza isi?

6 Kubera yuko wa mumaraya akomeye yisuka mu vya politike, yarakwegeye abantu intuntu itovugwa. Rimbura nk’akarorero ibintu vyabaye kugira Hitler ashike ku butegetsi mu Budagi, akaba ari amabi bamwebamwe boshima guhanagura mu bitabu vya kahise. Muri Rusama 1924, umugambwe w’Abanazi wari ufise ibibanza 32 mu Nama nshingamateka y’Ubudagi. Muri Rusama 1928, ivyo bibanza vyari vyakorotse bishika kuri 12. Ariko rero, Abanazi barikitse inyuma ya ca gihuhusi c’ivy’ubutunzi casinzikaza isi mu 1930, baca barivyukiranya bidasanzwe maze batahukana ibibanza 230 ku 608 mu matora yabaye mu Budagi muri Mukakaro 1932. Bidatevye, Franz von Papen uwahoze ari umukuru wa leta akaba n’umutoni kuri Papa, yaciye afasha Abanazi. Nk’uko abahinga mu vya kahise babivuga, von Papen yagomba gushinga Inganji nyeranda nshasha y’Uburoma. Mu kanya gatoyi yamaze ari umukuru wa leta nta co yari yarashitseko, akaba rero yari yizigiye gusubira kugira ububasha biciye ku Banazi. Muri Nzero 1933, yari yaratumye ibihangange bifise amahinguriro bishigikira Hitler, kandi amayeri yiwe ni yo yatumye Hitler aba umukuru wa Leta y’Ubudagi ku wa 30 Nzero 1933. Yaciye aba icegera c’umukuru wa Leta kandi Hitler yaramukoresheje kugira atume intara z’Ubudagi zari zigwiriyemwo abagatolika zimushigikira. Haciye amezi abiri Hitler afashe ubutegetsi yarabogoje Inama nshingamateka, arungika mu makambi y’itunatuniro indongozi ibihumbi z’abatavuga rumwe na we, aca atangura isekeza ryo gutoteza Abayahudi ku mugaragaro.

7 Ku wa 20 Mukakaro 1933, vyarabonetse ko Vatikano yashaka yuko ubutegetsi bw’Abanazi bukomera igihe Karidinali Pacelli (uwahavuye aba Papa Piyo wa 12) yatera igikumu ku masezerano yagizwe hagati ya Vatikano n’Ubudagi bw’Abanazi i Roma. Von Papen ni we yateye igikumu kuri urwo rwandiko aserukiye Hitler, kandi Pacelli yaciye amwambika umudari w’iteka utangwa n’abapapa ugizwe n’umusaraba munini wa bene Piyo.b Mu gitabu ciwe (Satan in Top Hat), uwitwa Tibor Koeves aragira ico avuze kuri ivyo ati: “Ayo masezerano yari intsinzi ikomeye kuri Hitler. Ni ko gacumu k’ubumwe ka mbere yaronse kavuye hanze, kandi kari kavuye ahantu hahambaye cane.” Ayo masezerano yasaba Vatikano ko yoreka gushigikira umugambwe wo mu Budagi wakukira Gatolika, gutyo ikaba yemeye ko habaho “intwaro y’igikenye” yiharijwe n’umugambwe umwe gusa wa Hitler.c Vyongeye, ingingo ya 14 y’ayo masezerano yavuga iti: “Igenwa ry’abasenyeri bakuru, abasenyeri basanzwe n’abandi nk’abo rizokwemezwa ari uko gusa buramatari yagenywe na Leta amaze kuraba neza ko ata ngorane vyotera mu bijanye na politike y’igihugu muri rusangi.” Mu mpera z’umwaka wa 1933 (Papa Piyo wa 11 akaba yatangaje ko ari “Umwaka mweranda”), imfashanyo ya Vatikano yari mu bintu nyamukuru vyatumye Hitler aharanira kuganza isi.

8, 9. (a) Vatikano na Ekleziya Gatolika be n’abakuru bayo bakiriye gute agacinyizo k’Abanazi? (b) Ni itangazo irihe abasenyeri ba Gatolika basohoye igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yatangura? (c) Ubucuti buri hagati y’idini na politike bwavuyemwo iki?

8 Naho abapatiri n’ababikira bari ku rushi biyamirije amabi ya Hitler mbere bakanabizira, Vatikano na Ekleziya Gatolika be n’abakuru bayo benshi barashigikiye imbonankubone canke ku ruyeri agacinyizo k’Abanazi, bakaba babona ko ari bwo buryo bwo kubuza ubukomunisita gukwiragira. Papa Piyo wa 12 yariraramiye i Vatikano, arareka ihonyabwoko ry’Abayahudi n’uguhamwa bunyamaswa kw’Ivyabona vya Yehova hamwe n’abandi bantu biraba ata n’ukuvyiyamiriza. Igihe Papa Yohani Paulo wa 2 yagendera Ubudagi muri Rusama mu 1987, biratwengeje kubona yahayagije umupatiri w’inziraburyarya umwe yiyamirije intwaro y’Abanazi. None izindi ndongozi ibihumbi za Ekleziya mu Budagi zariko zikora iki mu gihe c’intwaro y’umukazo ya Hitler? Ikete abasenyeri ba Gatolika bo mu Budagi banditse muri Nyakanga 1939 igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yatangura riraduha umuco kuri ico kintu. Rigira riti: “Muri iki gihe kitoroshe, dusavye abasoda bacu b’abagatolika gushitsa ibanga bajejwe mu kugamburukira Führer no kwitegurira gutanga ubuzima bwabo bwose. Turasavye abakirisu bacu gukovya mu bisabisho ngo Inema y’Imana itume iyi ntambara ishika ku nsozero ishimishije.”

9 Ayo mayeri ya Gatolika arerekana neza ukuntu idini rimaze iyi myaka 4.000 yose rigira ubumaraya mu kwitonesha kuri Leta kugira rironke ububasha ryongere rihatorere akoyoko. Ubwo bucuti buri hagati y’idini na politike bwaratumye haba intambara, uruhamo n’ubukene ku rugero runini. Mbega ingene abantu bakwiye guhimbarwa n’uko urubanza Yehova yaciriye wa mumaraya akomeye rwegereje! Ese rwoshitswa ningoga!

Yicaye ku mazi menshi

10. Ni “amazi menshi” bwoko ki Babiloni Akomeye akesha ugukingirwa, kandi biriko biyagendera gute?

10 Babiloni ya kera yari yicaye ku mazi menshi, ni ukuvuga Uruzi Efurate n’iyindi migezi myinshi. Ayo mazi yarakingira Babiloni akanatuma haba urudandaza ruteye imbere, gushika aho akamiye mw’ijoro rimwe. (Yeremiya 50:38; 51:9, 12, 13) Babiloni Akomeye na we nyene “amazi menshi” ni yo akesha ugukingirwa be n’ubutunzi. Ayo mazi agereranya “ibisata vy’abantu n’amasinzi n’amahanga n’indimi,” ni ukuvuga abantu amamiliyoni ibihumbi yifatiye mu rwara, ari na bo bamuronsa uburyo. Mugabo ayo mazi na yo nyene ariko arakama, ni ukuvuga ko bariko baramukurako amaboko.—Ivyahishuwe 17:15; gereranya na Zaburi 18:4; Yesaya 8:7.

11. (a) Ni gute Babiloni ya kera ‘yaboreje isi yose’? (b) Babiloni Akomeye ‘yaboreje isi yose’ gute?

11 Babiloni ya kera kandi yadondowe ko yari “igikombe c’inzahabu mu kuboko kwa Yehova, uwo Babiloni akaba yaboreza isi yose.” (Yeremiya 51:7) Babiloni ya kera yarahase ibihugu bibanyi ngo binywe igikombe c’ishavu rya Yehova mu kubitsinda, igatuma bigoyagoya nk’umuntu yaborewe. Muri ubwo buryo, Babiloni yari igikoresho ca Yehova. Babiloni Akomeye na we nyene yaratahukanye intsinzi ku buryo yacitse inganji ikwiye kw’isi yose. Mugabo nta wovuga ko ari igikoresho c’Imana. Ahubwo yakoreye “abami b’isi,” abasambana na we mu buryo bw’impwemu. Yaranezereje abo bami akoresheje inyigisho ziwe z’ikinyoma n’imigenzo igira amasinzi y’abantu abaja mu gutuma “ababa kw’isi” bagoyagoya nk’imborerwa, maze bakagamburukira abategetsi babo nk’intama.

12. (a) Ni mu buryo ki igice ca Babiloni Akomeye co mu Buyapani catumye haseseka amaraso menshi mu Ntambara ya kabiri y’isi yose? (b) Ni gute “amazi” ashigikiye Babiloni Akomeye yagabanutse mu Buyapani, kandi vyavuyemwo iki?

12 Akarorero kibonekeje ni ak’idini ry’abashinto mu Buyapani. Abasoda b’Abayapani baborejwe n’inyigisho z’iryo dini babona ko ari iteka ridasanzwe kwigura umwami w’abami wabo, uwafatwa nk’imana rudasumbwa y’abashinto. Mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, abasoda b’Abayapani nka 1.500.000 baraguye ku rugamba, kandi nka bose wasanga babona ko gukura meza cari kuba ari igitutsi. Ariko Ubuyapani bumaze gutsindwa, Umwami w’abami Hirohito ntiyasubiye kwiyita imana. Ivyo vyatumye “amazi” menshi yari ashigikiye igice ca Babiloni Akomeye kigizwe n’idini ry’abashinto agabanuka, ariko birababaje kubona vyabaye iryo dini rimaze gutuma haseseka amaraso menshi mu ntambara yabereye mu karere ka Pasifike! Muri iyi myaka ya vuba, ukwo kugabanuka kw’akosho k’idini ry’abashinto kwaranatumye Abayapani barenga 200.000 bacika abasuku b’Umukama Segaba Yehova biyeguye barabatizwa, abenshi muri bo bakaba bahoze ari abashinto n’ababuda.

Wa mumaraya agendera ku gikoko

13. Ni ibintu bitangaje ibihe Yohani abona igihe umumarayika amutwaye mu gahinga mu bubasha bw’impwemu?

13 Ni ibiki kandi ubuhanuzi buduhishurira ku bijanye n’uwo mumaraya akomeye be n’ibizomushikira? Hari ibindi bintu bikomeye Yohani abona, nk’uko abitwiganira ati: “Maze [wa mumarayika] arantwara mu bubasha bw’impwemu anjana mu gahinga. Maze mbona umugore yicaye ku gikoko c’ibara ry’agahama cari cuzuye amazina y’ukurogota ku Mana kandi cari gifise imitwe indwi n’amahembe cumi.”—Ivyahishuwe 17:3.

14. Ni kubera iki bibereye ko Yohani atwarwa mu gahinga?

14 Ni kubera iki Yohani atwarwa mu gahinga? Urubanza rubi rwari gushitswa kuri Babiloni ya kera vyavuzwe ko rwashikirijwe “ku bijanye n’agahinga k’ikiyaga.” (Yesaya 21:1, 9) Iyo yari imburi itomoye y’uko Babiloni ya kera yocitse umusaka naho yari ikingiwe n’amazi menshi. Birabereye rero ko Yohani atwarwa mu gahinga kugira yerekwe ibizoshikira Babiloni Akomeye. Na yo nyene ibwirizwa gucika umusaka n’igiharabuga. (Ivyahishuwe 18:19, 22, 23) Ariko rero Yohani aratangazwa n’ivyo abona. Uwo mumaraya akomeye ntari wenyene! Yicaye ku gikoko giteye ubwoba!

15. Igikoko kivugwa mu Vyahishuwe 13:1 n’ikivugwa mu Vyahishuwe 17:3 bitandukaniye ku ki?

15 Ico gikoko gifise imitwe indwi n’amahembe cumi. None coba ari ca kindi Yohani yari amaze kubona, na co nyene gifise imitwe indwi n’amahembe cumi? (Ivyahishuwe 13:1) Oya, birafise ivyo bitandukaniyeko. Ico gikoko gisa n’agahama kandi coco ntibivugwa ko gifise imigāra nka kimwe ca mbere. Ntigifise amazina y’amarogotano ku mitwe yaco indwi gusa, ahubwo “cuzuye amazina y’ukurogota ku Mana.” Ariko rero, ico gikoko gishasha gitegerezwa kuba gifitaniye isano na kimwe ca mbere; birasa cane ku buryo atawovuga ko ari ibintu bipfa guhurirana.

16. Ca gikoko c’ibara ry’agahama ni iki, kandi vyavuzwe ko intumbero yaco ari iyihe?

16 None ico gikoko gishasha c’ibara ry’agahama ni iki? Gitegerezwa kuba ari ishusho ya ca gikoko yabayeho biciye kuri ca gikoko c’amahembe abiri nk’umwagazi w’intama kigereranya intwaro y’Abongereza n’Abanyamerika. Nya shusho imaze guhingurwa, ico gikoko c’amahembe abiri carahawe kuyihumekeramwo impemu. (Ivyahishuwe 13:14, 15) Yohani rero abona iyo shusho ari nzima, ihumeka. Iyo shusho igereranya Umuhari w’amahanga ca gikoko c’amahembe abiri cashizeho mu 1920. Prezida wa Amerika Wilson yari afise intumbero y’uko uwo Muhari “uba ihuriro ry’amahanga rifise intumbero yo gutunganiriza abantu bose no gukuraho buhere akaga k’intambara.” Igihe uwo Muhari wongera kuvyuka inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, ico gihe ukaba witwa Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, intumbero yawo yari iyo “kubungabunga amahoro n’umutekano kw’isi.”

17. (a) Ni mu buryo ki ca gikoko c’ibara ry’agahama cuzuyeko amazina yo kurogota ku Mana? (b) Ni nde ariko agendera kuri ico gikoko? (c) Ni gute kuva mu ntango amadini akomoka i Babiloni yiyunze ku Muhari w’amahanga no kw’ishirahamwe ryawusubiriye?

17 Ni mu buryo ki ico gikoko c’ikigereranyo cuzuyeko amazina y’ukurogota ku Mana? Ni mu buryo bw’uko abantu bashizeho ico kigirwamana gisengwa kw’isi yose kugira gisubirire Ubwami bw’Imana ngo kirangure ivyo Imana ivuga ko bishobora kurangurwa n’Ubwami bwayo gusa. (Daniyeli 2:44; Matayo 12:18, 21) Ariko rero igitangaje mu vyo Yohani yerekwa, ni uko Babiloni Akomeye ariko agendera kuri ico gikoko c’ibara ry’agahama. Nk’uko ubwo buhanuzi buvyerekana, amadini akomoka i Babiloni, canecane ay’abiyita abakirisu, yariyunze ku Muhari w’amahanga no kw’ishirahamwe ryawusubiriye. Ku wa 18 Kigarama 1918, Inama nkuru y’amadini ya gikirisu muri Amerika yarasohoye itangazo ryarimwo amajambo agira ati: “Uwo Muhari si urwego rwa politike gusa, ahubwo ni urwego rwa politike ruserukira Ubwami bw’Imana aha kw’isi. . . . Idini rirashobora guterera agacumu k’ubumwe ku buryo kabuze ata Muhari w’amahanga woshobora kurama. . . . Umuhari w’amahanga ushingiye ku Njili. Cokimwe n’Injili, intumbero yawo ni ‘amahoro kw’isi, n’ukumererwa neza kw’abantu.’”

18. Abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu berekanye gute ko bashigikiye wa Muhari w’amahanga?

18 Ku wa 2 Nzero 1919, ikinyamakuru kimwe (San Francisco Chronicle) cari gifise umutwe wo ku rupapuro rwa mbere uvuga ngo: “Papa arashigikiye umugambi wa Wilson wo gushinga Umuhari w’amahanga.” Ku wa 16 Gitugutu 1919, Inama nkenguzamateka ya Amerika yarashikirijwe urwandiko rwateweko umukono n’abakuru b’amadini akomakomeye bashika 14.450, rukaba rwasaba urwo rwego “kwemeza amasezerano y’amahoro y’i Paris yategekanya ishingwa ry’umuhari w’amahanga.” Naho Inama nkenguzamateka itemeje ayo masezerano, abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu babandanije kuburanira uwo Muhari. None uwo Muhari watangujwe gute? Ikinyamakuru kimwe candikirwa mu Buswise co ku wa 15 Munyonyo 1920 cavuze giti: “Inama ya mbere y’Umuhari w’amahanga yatangajwe uno musi isaha zitanu zo mu gitondo mu kuvuza inkengeri zose zo mu masengero y’i Jeneve.”

19. Igihe ca gikoko c’ibara ry’agahama caseruka, abagize umugwi wa Yohani bavyifashemwo gute?

19 None abagize umugwi wa Yohani, ari na wo mugwi wonyene kw’isi wari witeganye igishika ukuza kw’Ubwami bwa Mesiya, boba barifatanije n’abiyita abakirisu mu kwunamira ca gikoko c’ibara ry’agahama? Habe namba! Ku w’iyinga igenekerezo rya 7 Nyakanga 1919, kw’ihwaniro abasavyi ba Yehova bagiriye i Cedar Point muri Ohio, harashikirijwe insiguro y’icese yavuga ngo “Icizigiro ku bantu bigorewe.” Ku musi wakurikiye, ikinyamakuru kimwe (Star-Journal) c’i Sandusky cavuze ko J. F. Rutherford, mu nsiguro yashikirije abantu bashika 7.000, “yavuze ko ata gukeka yuko Umukama atohimbarwa n’uwo Muhari . . . kubera ko abakuru b’idini rya Gatolika n’iry’abaporoti bivugisha ko baserukira Imana bateye akagere umugambi wayo bagashigikira uwo Muhari w’amahanga, bawuhayagiza ngo ni urwego rwa politike ruserukira ubwami bwa Kristu aha kw’isi.”

20. Ni kubera iki kwari ukurogota igihe abakuru b’amadini bahayagiza wa Muhari w’amahanga ngo ni “urwego rwa politike ruserukira Ubwami bw’Imana aha kw’isi”?

20 Ukuba uwo Muhari w’amahanga warananiwe mu buryo bubabaje vyari bikwiye kwereka abakuru b’amadini yuko inzego nk’izo z’abantu ata ho zihuriye n’Ubwami bw’Imana kw’isi. Ese ingene kwemeza ko bifitaniye isano ari ukurogota! Ni nk’aho woba uvuze ko Imana na yo nyene yananiwe igihe uwo Muhari vyawuta ku w’amazi. Ariko rero, “igikorwa [c’Imana] ntikigira akanenge.” Ubwami bwa Yehova bwo mw’ijuru burongowe na Kristu ni bwo azokoresha mu kuzana amahoro no mu gutuma ivyo agomba bikorwa mw’isi nko mw’ijuru, si urunani rw’abanyapolitike baguma baryana, abenshi muri bo bakaba batemera Imana.—Gusubira mu vyagezwe 32:4; Matayo 6:10.

21. Ni ibiki vyerekana ko wa mumaraya akomeye ashigikiye kandi atangarira Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasubiriye wa Muhari w’amahanga?

21 Tuvuge iki kw’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasubiriye uwo Muhari w’amahanga? Kuva rikivuka, na ryo nyene wa mumaraya akomeye yaciye aryurira ku mugongo, bikaba vyaragaragaye ko yifatanije na ryo kandi aragerageza kuryereka inzira. Nk’akarorero, muri Ruheshi 1965 igihe ryahimbaza imyaka 20 ryari rimaze, abaserukira Ekleziya Gatolika y’i Roma, aborotodogisi bo mu Buraya bwo mu buseruko, abaporoti, Abayahudi, abahindu, ababuda n’abisilamu, bikaba bivugwa ko baserukira abantu imiliyaridi zibiri bo kw’isi, barakoraniye i San Francisco kugira berekane ko bashigikiye kandi batangarira Ishirahamwe ONU. Igihe Papa Paulo wa gatandatu yagendera iryo shirahamwe muri Gitugutu 1965, yavuze ko ari “ryo shirahamwe mpuzamakungu rikomeye kuruta ayandi yose,” aca yongerako ati: “Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ni ryo rya nyuma abantu bo kw’isi bazeyeko umwumvikano n’amahoro.” Uwundi mupapa yagendeye ONU ni Papa Yohani Paulo wa kabiri, akaba yavugiye imbere y’abagize iryo shirahamwe muri Gitugutu 1979, ati: “Ndizigiye ko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rizokwama ari ihuriro nyamukuru ry’amahoro n’ubutungane.” Icibonekeje ni uko mw’ijambo ryiwe ata kinini yavuze ku bijanye na Yezu Kristu canke Ubwami bw’Imana. Igihe na ho yagendera Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Nyakanga 1987, ikinyamakuru The New York Times kivuga ko “Yohani Paulo yamaze umwanya munini avuga ibijanye n’uruhara rukomeye Ishirahamwe ONU rigira mu gutsimbataza . . . ‘ubumwe mpuzamakungu bushasha.’”

Izina ry’akayobera

22. (a) Wa mumaraya akomeye yahisemwo kugendera ku gikoko kimeze gute? (b) Yohani adondora gute uwo mumaraya w’ikigereranyo ari we Babiloni Akomeye?

22 Intumwa Yohani agiye kumenya ko uwo mumaraya akomeye yahisemwo kugendera ku gikoko giteye akaga. Ariko rero, abanza kuvuga ibijanye na Babiloni Akomeye ubwiwe. Naho yisakaye ibintu bizimvye, arateye ishishi! Yohani yigana ati: “Kandi nya mugore yari yambaye ibisa n’umuyugubwe n’ibisa n’agahama, kandi yari asharijwe inzahabu n’amabuye y’agaciro be n’imaragarita, kandi mu kuboko kwiwe yari afise igikombe c’inzahabu cuzuye ibintu bisesemye n’ibihumanye vy’ubusambanyi bwiwe. Kandi ku ruhanga rwiwe hari handitse izina ry’akayobera, ngo: ‘Babiloni Akomeye, nyina w’abamaraya n’uw’ibintu bisesemye vyo kw’isi.’ Kandi mbona yuko nya mugore yari aborewe amaraso y’aberanda be n’amaraso y’ivyabona vya Yezu.”—Ivyahishuwe 17:4-6a.

23. Izina ryuzuye rya Babiloni Akomeye ni irihe kandi risobanura iki?

23 Nk’uko vyagirwa mu Buroma bwa kera, uwo mumaraya amenyekanira kw’izina riri ku ruhanga rwiwe.d Ni izina rirerire: “Babiloni Akomeye, nyina w’abamaraya n’uw’ibintu bisesemye vyo kw’isi.” Iryo zina ni “akayobera,” ni ukuvuga ko rifise insobanuro yihishije. Ariko igihe Imana yashinze kigeze, iryo zina ryosobanuwe. Nkako, umumarayika araronsa Yohani amakuru ahagije afasha abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe gutahura neza insobanuro y’iryo zina. Turazi ko Babiloni Akomeye agereranya amadini yose y’ikinyoma. Ni “nyina w’abamaraya” kuko amadini yose y’ikinyoma yo kw’isi, ushizemwo n’amadini menshi y’abiyita abakirisu, ameze nk’abakobwa biwe, abamwigana mu gukora ubumaraya bwo mu buryo bw’impwemu. Vyongeye, ni nyina w’“ibintu bisesemye” kubera ari we yatumye havuka ibintu bishisha nk’ugusenga ibigirwamana, ubupfumu, ukuragura, ukuragurira ku nyenyeri, ukuraba ibizoba ufatiye ku turongo two mu kiganza, ibimazi vy’abantu, abamaraya bo mu nsengero, akaborerwe ko gushimisha ibimana n’iyindi migenzo ihumanye.

24. Ni kubera iki bidatangaje kubona Babiloni Akomeye yambaye “ibisa n’umuyugubwe n’ibisa n’agahama” akaba kandi “asharijwe inzahabu n’amabuye y’agaciro be n’imaragarita”?

24 Babiloni Akomeye yambaye “ibisa n’umuyugubwe n’ibisa n’agahama,” ni ukuvuga amabara y’inyambarabami, kandi “asharijwe inzahabu n’amabuye y’agaciro be n’imaragarita.” Emwe, ivyo ntibitangaje! Zirikana gatoyi kuri zirya nyubakwa zose zikayangana, birya bishusho n’ibicapo vy’akatabonetse, ya masanamu agurwa ibitagenda n’ayandi matungo y’amadini, aho ntituvuze amatongo n’amahera umuyoro amadini yo mw’isi yegeranije. Haba i Vatikano, mu rudandaza rwo kuvuga ubutumwa ku mboneshakure rufise icicaro muri Amerika canke mu nsengero zidasanzwe zo muri Aziya, Babiloni Akomeye yararunze ubutunzi bwinshi cane, kandi vyaranashitse arabutakaza.

25. (a) Ibiri muri ca “gikombe c’inzahabu cuzuye ibintu bisesemye” bigereranya iki? (b) Ni mu buryo ki uwo mumaraya w’ikigereranyo aborewe?

25 Raba ubu na ho ico uwo mumaraya afise mu kuboko. Yohani ategerezwa kuba yaraguye mu gahundwe akibonye: igikombe c’inzahabu “cuzuye ibintu bisesemye n’ibihumanye vy’ubusambanyi bwiwe”! Ico gikombe kirimwo “umuvinyu w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe” yaboreje amahanga yose. (Ivyahishuwe 14:8; 17:4) Inyuma kiboneka ko ari ic’agaciro, ariko ibiri muri co ni ibintu bishisha, bihumanye. (Gereranya na Matayo 23:25, 26.) Kirimwo ingeso zose n’ibinyoma vyose bisesemye wa mumaraya akomeye yakoresheje mu kuryosharyosha amahanga kugira ayigarurire. Akamaramaza rero: Yohani amubona aborewe amaraso y’abasavyi b’Imana! Nkako, mu nyuma dusoma yuko “iwe [ari] ho habonetse amaraso y’abahanuzi n’ay’aberanda n’ay’abishwe kw’isi bose.” (Ivyahishuwe 18:24) Mbega ibitenga vy’amaraso!

26. Ni ibiki vyerekana ko Babiloni Akomeye yagirwa n’amaraso?

26 Inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma imaze ibinjana n’ibindi isesa amaraso atagira uko angana. Nk’akarorero hagati y’ikinjana ca 6 n’ica 16 mu Buyapani, insengero z’i Kyoto zarahinduwe amakambi y’intamenwa, kandi abarwanyi bitwa ko bihebeye Imana bambaza “izina ryeranda rya Buda,” bararwanye hagati yabo gushika aho amabarabara ahinduka amaraso. Mu kinjana ca 20, abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu baratonze urugamba bari kumwe n’ingabo zo mu bihugu bakomokamwo, kandi zino zaricanye ku buryo hapfuye n’imiburiburi abantu imiliyoni ijana. Muri Gitugutu mu 1987, uwahoze ari prezida wa Amerika ari we Nixon yavuze ati: “Ikinjana ca 20 ni co casesetsemwo amaraso menshi kurata ibindi vyose. Intambara zabaye muri ico kinjana zahitanye abantu benshi kuruta abahitanywe n’intambara zose zabaye imbere y’uko gitangura.” Imana icira rubi amadini yo muri ino si kubera yuko yagize uruhara muri ayo mabi yose. Yehova aranka “amaboko asesa amaraso y’intungane.” (Imigani 6:16, 17) Yohani yari yarumvise akamo kavuye ku gicaniro kagira gati: “Uzogeza ryari ga Mukama Segaba mweranda kandi w’ukuri, kureka guca urubanza no guhora amaraso yacu ababa kw’isi?” (Ivyahishuwe 6:10) Babiloni Akomeye, umwe nyina w’abamaraya n’uw’ibintu bisesemye vyo kw’isi, azokwibonerako igihe co kwishura ico kibazo nicagera.

[Utujambo tw’epfo]

a Mu kwerekana inkomoko y’inyigisho, ibirori n’imigenzo myinshi vyo mu madini y’abiyita abakirisu yataye umurongo, umukaridinali wa Gatolika y’i Roma wo mu kinjana ca 19 ari we John Henry Newman yanditse mu gitabu ciwe (Essai sur le développement de la doctrine chrétienne) ati: “Umugenzo wo gukoresha insengero no kuzegurira aberanda, kuzishariza n’amashami y’ibiti mu biringo bimwebimwe; ugukoresha imibavu, ibimuri n’amabuji; amashikanwa atangwa igihe umurwayi akize; amazi ahezagiye; ivyo gusaba ubuhungiro; ukwubahiriza imisi n’ibiringo kanaka, ugukoresha ibirangamisi, ingendo nyeranda, uguhezagira imirima; imyambaro y’abasaseredoti, ukwiharanguza ku gakomokomo, impeta y’ababiranye, umugenzo wo kuraba mu buseruko, mu nyuma na ho ibishusho kumbure n’amashemezo ya Ekleziya hamwe na Kyrie Eleison [ururirimbo “Mukama, tugirire ikigongwe”], vyose bikomoka mu bapagani, ariko vyaragizwe vyeranda kubera vyemewe na Ekleziya.”

Aho guhezagira ukwo gusenga ibigirwamana, “Yehova Mushoboravyose” agabisha abakirisu ati: “Nimuve muri bo rero, kandi mwitandukanye na bo, . . . kandi mureke gukora ku gihumanye.”—2 Abakorinto 6:14-18.

b Igitabu c’ivya kahise (Le IIIe Reich—Des origines à la chute) c’uwitwa William L. Shirer kivuga ko von Papen ari we “aza imbere y’abandi bose mu batumye Hitler aja ku butegetsi mu Budagi.” Muri Nzero 1933, uwahoze ari umukuru wa Leta y’Ubudagi ari we von Schleicher yari yaravuze ku bijanye na von Papen ati: “Yari umuhemu ruhebwa ku buryo Yuda Isikariyoti yoba ari mweranda umugereranije na we.”

c Mw’ijambo Papa Piyo wa 11 yashikirije abanyeshure bo muri kaminuza y’i Mondragone ku wa 14 Rusama 1929, yavuze ko yokwemeye kugiranira ibiganiro na Shetani ubwiwe nimba hari ico vyofasha abantu.

d Gereranya n’amajambo umwanditsi w’Umuroma Sénèque yandikiye umuherezikazi w’igihumbu (nk’uko yasubiwemwo n’uwitwa Swete), ati: “Mukobwa, warahagaze mu nzu izwi nabi . . . izina ryawe rirekera mu ruhanga rwawe; waremeye amahera yo kugukurako agashambara.”—Controverses I, 2.

[Uruzitiro ku rup. 237]

Churchill ashira ahabona ibikorwa vya “wa mumaraya”

Mu gitabu (L’orage approche) yanditse mu 1948, Winston Churchill avuga yuko Hitler yagenye Franz von Papen ngo aserukire Ubudagi i Vienne kugira “abere intambamyi abanyapolitike bakomakomeye bo muri Otrishe canke abareshe.” Churchill avuga ko uwaserukira Amerika i Vienne yavuze ku vyerekeye von Papen ati: “Ata n’udusoni na dukeyi . . . Papen yambwiye yirata yuko . . . yari afise umugambi wo gukoresha ukuba yari azwi ko ari umugatolika mwiza kugira agire akosho ku bantu bo muri Otrishe nka Karidinali Innitzer.”

Otrishe imaze kwemera ko yaneshejwe, ingabo za Hitler na zo zikinjira i Vienne, Karidinali Innitzer yaciye ategeka ko amasengero yose yo muri Otrishe aduza idarapo ry’Abanazi, akavuza inkengeri zayo kandi agasengera Adolf Hitler mu kwibuka umusi w’ivuka ryiwe.

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 238]

Uwo ni wo wari umutwe w’iki kiganiro casohotse mu nomero ya mbere y’ikinyamakuru The New York Times co ku wa 7 Kigarama 1941:

‘IGISABISHO C’INTAMBARA’ KU BWA LETA Y’ABANAZI

“Abasenyeri ba Gatolika bakoraniye i Fulda basaba umuhezagiro n’intsinzi

Ikinyamakuru THE NEW YORK TIMES biciye kuri telefone

FULDA, mu Budagi, ku wa 6 Kigarama

Inama y’abasenyeri ba Gatolika mu Budagi bakoraniye i Fulda yasavye ko hatanguzwa ‘igisabisho c’intambara’ kidasanzwe kibwirizwa gusomwa mu ntango no mu mpera z’imisa iyo ari yo yose. Ico gisabisho ni ico gusaba Imana ngo ironse intsinzi ibirwanisho vy’Ubudagi yongere ikingire ubuzima n’amagara y’abasirikare bose. Abo basenyeri kandi basavye abapatiri kwama bibuka mu nsiguro idasanzwe yo ku wa mungu n’imiburiburi rimwe mu kwezi, abasoda b’Abadagi barwanira ‘ku butaka, mu mazi no mu kirere.’”

Ico kiganiro cahavuye gikurwa mu nomero zo hanyuma z’ico kinyamakuru. Ku wa 7 Kigarama 1941 ni wo musi Ubuyapani, ubwari mu bihugu bigize urunani n’Ubudagi bw’Abanazi, bwatera amato y’Abanyamerika ahitwa Pearl Harbor.

[Uruzitiro ku rup. 244]

“Amazina yo kurogota ku Mana”

Igihe ca gikoko c’amahembe abiri catanga iciyumviro co gushinga Umuhari w’amahanga inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, abanyamadini basambana na co ntibatevye kwerekana ko bashigikiye uwo mugambi. Ivyo vyatumye iryo shirahamwe rishasha ngo riharanira amahoro “[ryuzurako] amazina yo kurogota ku Mana.”

“Abakirisu barashobora gushigikira uwo muhari [w’amahanga] no kuwongerereza inguvu, ku buryo ayo masezerano ataba urwandiko rwo ku mpapuro gusa ahubwo agacika igikoresho c’Ubwami bw’Imana.”—Ikinyamakuru The Christian Century (Amerika) co ku wa 19 Ruheshi 1919, urupapuro rwa 15.

“Iciyumviro co gushinga Umuhari w’amahanga ni ukugira haranguke mu buryo bwagutse icipfuzo c’Ubwami bw’Imana mu bijanye n’imigenderanire y’amahanga, na co kikaba ari ic’uko isi igengwa n’agatima ko gukora iciza . . . Ni co kintu abakirisu bose baba bariko barasaba igihe bavuga ngo ‘Ubwami bwawe nibuze.’”—Ikinyamakuru The Christian Century (Amerika) co ku wa 25 Nyakanga 1919, urupapuro rwa 7.

“Umushinge w’Umuhari w’amahanga ni amaraso ya Kristu.”—Dr. Frank Crane, umupasitori w’umuporoti muri Amerika.

“Inama [y’igihugu y’amashengero y’aba congrégationalistes] irashigikiye Urunani [rw’Umuhari w’amahanga], ikaba ibona ko ari wo gikoresho ca politike conyene kiriho ubu Impwemu ya Yezu Kristu ishobora gucako kugira ishware hose maze ifashe amahanga kurangura imigambi yayo.”—The Congregationalist and Advance (Amerika) co ku wa 6 Munyonyo 1919, urupapuro rwa 642.

“Inama nkuru isavye abametodiste bose gushigikira no kwamamaza cane imigambi [y’Umuhari w’amahanga] nk’uko iserurwa n’iciyumviro c’Imana Data n’abana bayo bo kw’isi.”—Ishengero ry’abametodiste bo mu Bwongereza.

“Turavye imigambi, uturyo be n’ingingo dusanga muri ayo masezerano, turabona ko atekeye iciyumviro nyamukuru kiri mu nyigisho za Yezu Kristu: Ubwami bw’Imana n’ubugororotsi bwayo . . . Nta ho bitaniye.”—Ijambo ryashikirijwe na Musenyeri mukuru w’i Cantorbéry mu gihe co gutanguza ibikorwa vy’Inama y’Umuhari w’amahanga i Jeneve ku wa 3 Kigarama 1922.

“Umuhari w’amahanga muri iki gihugu ufise uburenganzira bweranda cokimwe n’umuryango uwo ari wo wose w’abamisiyonari ujejwe gutabara imbabare, kubera ko muri kino gihe ari rwo rwego rukora neza kuruta izindi rw’ubutegetsi bwa Kristu wa Muganwa w’amahoro mu mahanga.”—Dr. Garvie, umupasitori w’umu congrégationaliste mu Bwongereza.

[Ikarata ku rup. 236]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Inyigisho z’ikinyoma zemerwa hirya no hino kw’isi zikomoka i Babiloni

Babiloni

Imana z’ubutatu

Abantu bafise umutima w’ubwenge udapfa

Ubupfumu: ukuvugana n’“abapfuye”

Gukoresha ibishushanyo mu gusenga

Gukoresha maji mu gutururuza amadayimoni

Gutegekwa n’ubuherezi bukomeye

[Ifoto ku rup. 239]

Babiloni ya kera yari yicaye ku mazi menshi

[Ifoto ku rup. 239]

Muri iki gihe wa mumaraya akomeye na we nyene yicaye ku “mazi menshi”

[Ifoto ku rup. 241]

Babiloni Akomeye yicaye ku gikoko giteye akaga

[Amafoto ku rup. 242]

Wa mumaraya wo mu vy’idini yarasambanye n’abami b’isi

[Amafoto ku rup. 245]

Wa mugore “aborewe amaraso y’aberanda”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika