ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 40 rup. 286-295
  • Gufyonyora umutwe wa ya Nzoka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gufyonyora umutwe wa ya Nzoka
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Shetani atererwa mu nyenga
  • Abacamanza mu kiringo c’imyaka igihumbi
  • Abapfuye basigaye
  • Izuka rya mbere
  • Ikigeragezo ca nyuma
  • Ca kiyaga c’umuriro n’amazuku
  • Bazobabazwa umurango n’ijoro ibihe bitazoshira
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Kazoza k’Igitangaza
    Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 40 rup. 286-295

Ikigabane ca 40

Gufyonyora umutwe wa ya Nzoka

Iyerekwa rya 14​—Ivyahishuwe 20:1-10

Ibivugwamwo: Shetani atererwa mu nyenga, ya Ngoma y’imyaka igihumbi, ikigeragezo ca nyuma kizoshikira abantu be n’ugutikizwa kwa Shetani

Igihe birangukirako: Kuva amakuba akomeye arangiye gushika ku gutikizwa kwa Shetani

1. Ubuhanuzi bwa mbere bwo muri Bibiliya bwagiye buraranguka gute?

WOBA wibuka ubuhanuzi bwa mbere bwo muri Bibiliya? Bwavuzwe na Yehova Imana igihe yabwira ya Nzoka ati: “Nzoshira inyankane hagati yawe na wa mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe. Uyo azogukomeretsa mu mutwe, nawe uzomukomeretsa ku gitsintsiri.” (Itanguriro 3:15) Ubu rero iranguka ry’ubwo buhanuzi rigira rishike ku nsozero! Twamaze kubona ingene Shetani yamye arwanya ishirahamwe rya Yehova ryo mw’ijuru rimeze nk’umugore. (Ivyahishuwe 12:1, 9) Uruvyaro rwa ya Nzoka rwo kw’isi, rukoresheje idini, politike n’urudandaza rukomeye, rwarahamye bimwe bibi uruvyaro rwa wa mugore ng’aha kw’isi, ni ukuvuga Yezu Kristu n’abayoboke biwe 144.000 barobanuwe. (Yohani 8:37, 44; Abagalatiya 3:16, 29) Shetani yaratumye Yezu yicwa urupfu rw’agashinyaguro. Ariko ukwo kwari nk’ugukomeretswa ku gitsintsiri gusa, kuko ku musi ugira gatatu Imana yaciye izura uwo Mwana wayo w’umwizigirwa.—Ivyakozwe 10:38-40.

2. Ya Nzoka ifyonyorwa gute, kandi ni ibiki bishikira uruvyaro rwayo rwo kw’isi?

2 Tuvuge iki kuri iyo Nzoka n’uruvyaro rwayo? Nko mu 56 G.C., intumwa Paulo yarandikiye ikete rirerire abakirisu b’i Roma. Mu kurisozera yabaremesheje ati: “Nayo ya Mana itanga amahoro, vuba izofyonyora Shetani munsi y’ibirenge vyanyu.” (Abaroma 16:20) Ukwo si ugukomeretswa bisanzwe. Shetani azofyonyorwa! Paulo ng’aho yakoresheje ijambo ry’ikigiriki syn·triʹbo risobanura gufyonda ikintu kigahinduka umusururu, guhonyanga canke gufyonyora ikintu kigatabagara. Nayo uruvyaro rwa ya Nzoka rugizwe n’abantu, rwoshikiwe n’ivyago bikomeye mu kiringo c’umusi w’Umukama, bikaba bizoshika ku nsozero yavyo kuri ya makuba akomeye igihe Babiloni Akomeye n’intwaro za politike zo muri ino isi bizokurwaho buhere, tudasize inyuma abantu bazishigikiye mu vy’ubutunzi no mu vya gisirikare. (Ivyahishuwe, ikigabane ca 18 n’ica 19) Gutyo rero, Yehova azoba arangije inyankane ziri hagati y’izo mvyaro zibiri. Uruvyaro rw’umugore w’Imana ruzotsinda uruvyaro rwa ya Nzoka rwo kw’isi, kandi runo ntiruzosubira kubaho!

Shetani atererwa mu nyenga

3. Yohani atubwira ko ari ibiki bigiye gushikira Shetani?

3 Ni ibiki none biraririye Shetani ubwiwe n’amadayimoni yiwe? Yohani atwiganira ati: “Hanyuma mbona umumarayika amanuka ava mw’ijuru afise urupfunguruzo rw’inyenga be n’ikinyororo kinini mu minwe. Maze acakira ca gisato, ya nzoka yo mu ntango, ari we Mubesheranyi na Shetani, arakiboha kumara imyaka igihumbi. Aca akiraririza mu nyenga, arayugara, ayishirako ikimenyetso hejuru yaco, kugira nticongere kuzimiza amahanga gushika iyo myaka igihumbi iheze. Inyuma y’ivyo kibwirizwa kurekurwa igihe gitoyi.”—Ivyahishuwe 20:1-3.

4. Uwo mumarayika afise urupfunguruzo rw’inyenga ni nde, kandi tubibwirwa n’iki?

4 Uwo mumarayika ni nde? Ategerezwa kuba afise ububasha budasanzwe kuko ashobora guhasha umwansi nyamukuru wa Yehova. Afise “urupfunguruzo rw’inyenga be n’ikinyororo kinini.” None ivyo ntibica bitwibutsa irindi yerekwa tumaze gusuzuma? Ego cane, umwami aganza za nzige yitwa “umumarayika w’inyenga”! (Ivyahishuwe 9:11) Yezu Kristu uwaninahajwe, ari na we kizigenza mu kuburanira Yehova, ng’uyo arasubiye guhaguruka. Ko uwo mumarayika mukuru ari we yirukana Shetani mw’ijuru, agacira urubanza Babiloni Akomeye akongera agakuraho “abami b’isi n’ingabo zabo” kuri Harumagedoni, birumvikana ko atoreka umumarayika mutoyi kuri we ngo abe ari we amara amanyama Shetani mu kumuterera mu nyenga!—Ivyahishuwe 12:7-9; 18:1, 2; 19:11-21.

5. Wa mumarayika w’inyenga akorera iki Shetani, kandi kubera iki?

5 Igihe ca gisato c’ibara ry’umuriro cirukanwa mw’ijuru, cadondowe ko ari “ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose.” (Ivyahishuwe 12:3, 9) Ubu na ho, igihe kigomba gifatwe ngo gitabwe mu nyenga, gisubiye kudondorwa ko ari “ca gisato, ya nzoka yo mu ntango, ari we Mubesheranyi na Shetani.” Uwo karuhariwe mu bwicanyi, mu buhendanyi, mu kwambikana ibara no mu kurwanya Imana, arabohwa akararirizwa “mu nyenga,” igaca yugarwa igashirwako ikimenyetso “kugira nti[y]ongere kuzimiza amahanga.” Shetani amara imyaka igihumbi muri iyo nyenga, muri ico gihe akaba ata kosho azoba afise ku bantu nka kurya nyene kw’imbohe iri mu gasho. Uwo mumarayika w’inyenga arigizayo Shetani ku buryo adasubira na gato kubangamira bwa Bwami bugororotse. Ese ukuntu abantu bazokwiruhutsa!

6. (a) Ni ibimenyamenya ibihe bitwereka ko amadayimoni na yo nyene azotererwa mu nyenga? (b) Ni igiki kizoca gitangura, kandi kubera iki?

6 Amadayimoni yoyo ashikirwa n’ibiki? Na yo nyene ‘abikiwe urubanza.’ (2 Petero 2:4) Shetani yitwa “Beyezebuli umutware w’amadayimoni.” (Luka 11:15, 18; Matayo 10:25) Ko amadayimoni amaze igihe kinini akorana na Shetani, wumva none adakwiye gucirwa urubanza rumwe na we? Kuva kera ayo madayimoni yamye atinya kuja mu nyenga. Igihe Yezu yayahambarira, “yaguma amwinginga ngo ntayategeke kuja mu nyenga.” (Luka 8:31) Ariko rero Shetani niyatererwa mu nyenga, nta gukeka ko n’abamarayika biwe bazojana na we. (Gereranya na Yesaya 24:21, 22.) Shetani n’amadayimoni yiwe bamaze gutererwa mu nyenga, ya Ngoma ya Yezu Kristu y’imyaka igihumbi izoca itangura.

7. (a) Shetani n’amadayimoni yiwe bazoba bamerewe gute mu nyenga, kandi tubibwirwa n’iki? (b) Ukuzimu n’inyenga vyoba ari bimwe? (Raba akajambo k’epfo.)

7 Shetani n’amadayimoni yiwe hoba hari ico bazoshobora gukora bari mu nyenga? Ibuka ca gikoko c’ibara ry’agahama gifise imitwe indwi, kimwe “cariho, mugabo [kita]riho, yamara kigira kiduge kive mu nyenga.” (Ivyahishuwe 17:8) Igihe cari mu nyenga, ‘nticari kikiriho.’ Nta co cakora kandi nticacaruka, akaba ari nk’aho cari capfuye. Muri ubwo buryo nyene, intumwa Paulo yavuze ku vyerekeye Yezu ati: “‘Ni nde azomanuka mu nyenga?’, ni ukuvuga, kugira adugane Kristu amukuye mu bapfuye.” (Abaroma 10:7) Igihe Yezu yari mu nyenga, yari yapfuye.a Birumvikana rero dushitse ku ciyumviro c’uko Shetani n’amadayimoni yiwe bazoba bameze nk’abapfuye, ata co bashoboye gukora muri iyo myaka igihumbi bazomara mu nyenga. Mbega inkuru nziza ku bantu bakunda ubugororotsi!

Abacamanza mu kiringo c’imyaka igihumbi

8, 9. Yohani aca atubwira iki ku bijanye n’abicaye ku ntebe z’ubwami, kandi abo ni bande?

8 Iyo myaka igihumbi irangiye, Shetani arakurwa mu nyenga kugira amare igihe gito. Uti kubera iki? Imbere y’uko turonka inyishu, Yohani abanza kutubwira ibiba mu ntango y’ico kiringo. Dusoma duti: “Hanyuma mbona intebe z’ubwami, kandi hari abazicayeko, maze bahabwa ububasha bwo guca imanza.” (Ivyahishuwe 20:4a) None abo bicaye ku ntebe z’ubwami kandi baganza mw’ijuru bari kumwe na Yezu uwaninahajwe ni bande?

9 Ni ba “beranda” Daniyeli yavuze ko bategeka mu Bwami bari kumwe n’umwe “[a]sa n’umwana w’umuntu.” (Daniyeli 7:13, 14, 18) Ni bamwe na ba bakurambere 24 bicaye ku ntebe z’ubwami mw’ijuru aho Yehova avyagiye. (Ivyahishuwe 4:4) Muri bo harimwo za ntumwa 12, zimwe Yezu yasezeranira ati: “Muri kwa kurema busha, Umwana w’umuntu niyicara ku ntebe y’ubwami yiwe y’ubuninahazwa, mwebwe mwankurikiye namwe ubwanyu muzokwicara ku ntebe z’ubwami cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.” (Matayo 19:28) Harimwo kandi Paulo hamwe n’abakirisu b’i Korinto bagumye ari abizigirwa. (1 Abakorinto 4:8; 6:2, 3) Hogiyemwo kandi n’abakirisu bo mw’ishengero ry’i Lawodiseya batahukanye intsinzi.—Ivyahishuwe 3:21.

10. (a) Yohani ubu adondora gute ba bami 144.000? (b) Dufatiye ku vyo Yohani yari amaze kutubwira, muri abo bami 144.000 harimwo bande?

10 Intebe z’ubwami 144.000 ni zo ziteguriwe abo barobanuwe batahukana intsinzi “baguzwe bakuwe mu bantu ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi w’intama.” (Ivyahishuwe 14:1, 4) Yohani abandanya ati: “Egome, mbona ubuzima bw’abicishijwe ishoka kubera intahe bashingiye Yezu no kubera ukuvuga ivyerekeye Imana, n’abatari basenze ca gikoko canke ishusho yaco kandi batari baronse ca kimenyetso ku ruhanga rwabo no ku kuboko kwabo.” (Ivyahishuwe 20:4b) Muri abo bami rero harimwo abakirisu barobanuwe bishwe rumaratiri, ari na bo mu ntango babajije Yehova igihe yorindiriye kugira ahore amaraso yabo, igihe hamaturwa agashashara kagira gatanu. Ico gihe baciye bahabwa amakanzu yera maze basabwa kurindira kandi gatoyi. Ariko ubu baramaze guhorwa kuko Babiloni Akomeye yahinduwe umusaka, amahanga agatikizwa na wa Mwami w’abami n’Umukama w’abakama, Shetani na we agatererwa mu nyenga.—Ivyahishuwe 6:9-11; 17:16; 19:15, 16.

11. (a) Dukwiye gutahura gute imvugo ngo “abicishijwe ishoka”? (b) Kubera iki vyovugwa ko bamwe 144.000 bose bapfa urupfu rwo kwitanga?

11 None abo bami n’abacamanza uko ari 144.000 boba “bicishijwe ishoka” bose? Birashoboka ko bake muri bo ari bo bishwe muri ubwo buryo. Ariko rero, nta gukeka ko iyo mvugo yerekeza ku bakirisu bose barobanuwe bishwe rumaratiri mu buryo butandukanye.b (Matayo 10:22, 28) Mu vy’ukuri, Shetani yari guhimbarwa n’uko bose bicishwa ishoka, ariko rero bene wabo na Yezu barobanuwe si bose bicwa rumaratiri. Benshi muri bo bahitanwa n’indwara canke ubusaza. Mugabo na bo nyene bari mu bagize uwo mugwi Yohani abona. Mu buryo kanaka, bose bapfa urupfu rwo kwitanga. (Abaroma 6:3-5) Vyongeye, nta n’umwe muri bo yari uw’isi. Ku bw’ivyo, bose baranswe n’isi; kukaba nkako, isi yabona ko bapfuye. (Yohani 15:19; 1 Abakorinto 4:13) Nta n’umwe muri bo yasenze ca gikoko n’ishusho yaco, kandi bapfuye ata n’umwe muri bo afise ikimenyetso ca ca gikoko. Bose bapfuye batahukanye intsinzi.—1 Yohani 5:4; Ivyahishuwe 2:7; 3:12; 12:11.

12. Yohani yigana iki ku bijanye na ba bami 144.000, kandi baba bazima ryari?

12 Ubu rero abo batahukanye intsinzi barasubiye kuba bazima! Yohani yigana ati: “Hanyuma baba bazima, baganza hamwe na Kristu imyaka igihumbi.” (Ivyahishuwe 20:4c) Ivyo vyoba bisobanura ko abo bacamanza batazurwa gushika amahanga atikijwe, Shetani n’amadayimoni yiwe na bo bagatabwa mu nyenga? Oya namba. Benshi muri bo baramaze kuba bazima, kuko bagendera ku mafarasi bari kumwe na Yezu kugira barwane n’amahanga kuri Harumagedoni. (Ivyahishuwe 2:26, 27; 19:14) Nkako, Paulo yavuze ko izuka ryabo ritangura haciye igihe gitoyi ukuhaba kwa Yezu gutanguye mu 1914 be n’uko hari abazurwa imbere y’abandi. (1 Abakorinto 15:51-54; 1 Abatesalonika 4:15-17) Ku bw’ivyo, izuka ryabo riramara igihe riba, umwe wese akaza arahabwa ingabirano y’ubuzima budahwera mw’ijuru.—2 Abatesalonika 1:7; 2 Petero 3:11-14.

13. (a) Dukwiye kubona gute imyaka igihumbi bamwe 144.000 bazomara baganza, kandi kubera iki? (b) Papias w’i Hiérapolis yabona gute iyo myaka igihumbi? (Raba akajambo k’epfo.)

13 Bazomara imyaka igihumbi ari abami n’abacamanza. Yoba ari imyaka igihumbi nyene canke dukwiye kuyifata nk’imyaka y’ikigereranyo yerekeza ku kiringo kirekire kitazwi? Ijambo “ibihumbi” rirashobora gusobanura igitigiri kinini kitazwi, nk’uko bivugwa muri 1 Samweli 21:11. Ariko ng’aha igitigiri “igihumbi” gikwiye gufatwa ukwo nyene, kuko kiboneka incuro zitatu mu gitabu c’Ivyahishuwe 20:5-7 ngo “iyo myaka igihumbi.” Ico kiringo co guca imanza Paulo yacise “umusi” igihe yavuga ati: “[Imana] yashinze umusi aho izocira urubanza isi mu bugororotsi.” (Ivyakozwe 17:31) Kubera ko Petero atubwira yuko umusi umwe kuri Yehova ari imyaka igihumbi, birabereye ko uwo Musi w’urubanza ungana n’imyaka igihumbi.c—2 Petero 3:8.

Abapfuye basigaye

14. (a) Ni ibiki Yohani avuga ku bijanye n’“abapfuye basigaye”? (b) Ivyo intumwa Paulo yavuze bidufasha gute gutahura imvugo ngo “ntibaba bazima”?

14 None ni bande abo bami bazocira imanza, nimba nk’uko intumwa Yohani abivuga “(abapfuye basigaye [bata]ba bazima gushika iyo myaka igihumbi iheze)”? (Ivyahishuwe 20:5a) N’ubu nyene, imvugo ngo “ntibaba bazima” dukwiye kuyitahura dufatiye ku biba biriko biravugwa. Iyo mvugo irashobora kugira insobanuro zitandukanye bivanye n’uko ibintu vyifashe. Nk’akarorero, Paulo yabwiye abakirisu bagenziwe barobanuwe ati: “Ni mwebwe Imana yagize bazima naho mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu n’ibicumuro vyanyu.” (Abanyefeso 2:1) Ego cane, mbere no mu kinjana ca mbere, abakirisu barobanujwe impwemu ‘baragizwe bazima,’ bitwa abagororotsi kubera ko bizera incungu ya Yezu.—Abaroma 3:23, 24.

15. (a) Ivyabona vya Yehova b’imbere y’ubukirisu bari bafise impagararo iyihe imbere y’Imana? (b) Ni gute abo mu zindi ntama ‘baba bazima,’ kandi bazokwigabira isi mu buryo bwuzuye ryari?

15 Ivyabona vya Yehova b’imbere y’ubukirisu na bo nyene bariswe abagororotsi baba abagenzi b’Imana. Vyongeye, Aburahamu, Izahaki na Yakobo bariswe “bazima” naho nyene bari barapfuye. (Matayo 22:31, 32; Yakobo 2:21, 23) Ariko rero bo hamwe n’abandi bazurwa, cokimwe na rya sinzi rinini ry’izindi ntama z’abizigirwa bazorokoka Harumagedoni be n’abana bose bashobora kuzovyara mw’isi nshasha, bazobwirizwa kugirwa abatunganye. Ivyo bizorangurwa na Kristu hamwe na ba bami bakaba n’abaherezi bazofatanya na we muri wa Musi w’urubanza uzomara imyaka igihumbi, hisunzwe incungu ya Yezu. Uwo Musi niwarangira, “abapfuye basigaye” bazoba ‘babaye bazima’ mu buryo bw’uko bazocika abantu batunganye. Nk’uko tuza kubibona, bazobwirizwa guca bashikirwa n’ikigeragezo ca nyuma, ariko bazoba ari abantu batunganye. Nibarengana ico kigeragezo, Imana izoca ibona ko babereye kubaho ibihe bidahera, babe abagororotsi mu buryo bwuzuye. Bazoca bibonera iranguka ryuzuye ry’umuhango ugira uti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zaburi 37:29) Mbega kazoza gahimbaye karindiriye abantu bagamburuka!

Izuka rya mbere

16. Yohani adondora gute izuka ry’abazofadikanya na Kristu kuganza, kandi kubera iki?

16 Mu kugaruka kuri bamwe “baba bazima, ba[ka]ganza hamwe na Kristu,” Yohani yandika ati: “Iryo ni ryo zuka rya mbere.” (Ivyahishuwe 20:5b) Ni mu buryo ki ari irya mbere? Ni “izuka rya mbere” ku bijanye n’umwanya, kuko abaryungukirako ari “umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi w’intama.” (Ivyahishuwe 14:4) Ni irya mbere kandi uravye ukuntu rihambaye, kuko abaryungukirako baca bafadikanya na Yezu gutegeka mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru bagacira imanza abantu basigaye. Ubwa nyuma, ni irya mbere mu bwiza. Uretse Yezu Kristu ubwiwe, abungukira kuri iryo zuka rya mbere ni bo bonyene Bibiliya ivuga ko baronka ukudapfa.—1 Abakorinto 15:53; 1 Timoteyo 6:16.

17. (a) Yohani adondora gute icizigiro ciza igitangaza abakirisu barobanuwe bafise? (b) “Urupfu rwa kabiri” ni iki, kandi ni kubera iki ‘ata bubasha’ rufise kuri bamwe 144.000 batahukana intsinzi?

17 Mbega icizigiro ciza igitangaza abo barobanuwe bafise! Nk’uko Yohani abivuga: “Arahiriwe kandi ni mweranda uwo wese afise umugabane mw’izuka rya mbere; abo, urupfu rwa kabiri nta bubasha rubafiseko.” (Ivyahishuwe 20:6a) Nk’uko Yezu yabisezeraniye abakirisu b’i Simuruna, abo batahukana intsinzi bungukira kw’“izuka rya mbere” bobo “urupfu rwa kabiri” nta co ruzobagira, runo rukaba rusobanura ukuzimangana canke ugutikizwa ata n’icizigiro co kuzuka. (Ivyahishuwe 2:11; 20:14) Urupfu rwa kabiri “nta bubasha” rufise kuri bo, kuko bazoba bamaze kwambara ukutabora n’ukudapfa.—1 Abakorinto 15:53.

18. Yohani aca avuga iki ku bijanye n’abategetsi bashasha b’isi, kandi ni ibiki bazorangura?

18 Ese ukuntu batandukanye n’abami bo kw’isi baganje mu kiringo c’ubutegetsi bwa Shetani! Abaramvye ku butegetsi usanga bamara imyaka nka 50 canke 60 gusa, kandi abatari bake muri bo batwaye imyaka nk’ingahe gusa. Benshi muri bo barakandamije abantu. None wumva amahanga yari kwungukira gute ku bategetsi baguma bahindagurika na politike zabo ziguma zihindagurika? Ariko ku bijanye n’abategetsi bashasha b’isi, Yohani avuga ati: “Mugabo bazoba abaherezi b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganzanya na we iyo myaka igihumbi.” (Ivyahishuwe 20:6b) Bazoba bagize intwaro imwe rudende izotegeka imyaka igihumbi bari kumwe na Yezu. Igikorwa c’ubuherezi barangura mu kuronsa abantu ivyiza biva ku ncungu y’ubuzima bwa Yezu butagira akanenge, kizotuma abantu bagamburuka baba abatagira akanenge mu vy’impwemu, mu vy’inyifato runtu no ku mubiri. Igikorwa barangura ari abami kizotuma haboneka ikibano c’abantu gikwiye kw’isi yose kibaho cisunga ubugororotsi bwa Yehova n’ubweranda bwiwe. Mu myaka igihumbi bazomara ari abacamanza, bo hamwe na Yezu bazoyobora babigiranye urukundo abantu b’umutima ukunze babashikane ku buzima budahera.—Yohani 3:16.

Ikigeragezo ca nyuma

19. Mu mpera ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi isi n’abantu bizoba bimeze gute, kandi Yezu azoca akora iki?

19 Mu mpera ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi, isi yose izoba imeze nka rya tongo rya Edeni. Izoba ari Iparadizo nyayo. Abantu batagira akanenge ntibazoba bagikeneye umuherezi mukuru abaserukira imbere y’Imana, kuko ingaruka zose z’igicumuro ca Adamu zizoba zakuweho, kandi urupfu ari we mwansi wa nyuma ruzoba rwavuyeho. Ubwami bwa Kristu buzoba bwashikije umugambi w’Imana wo gushiraho isi yunze ubumwe itwarwa n’intwaro imwe gusa. Ico gihe Yezu azoca “[a]shikiriza ubwami Imana yiwe ari yo Se.”—1 Abakorinto 15:22-26; Abaroma 15:12.

20. Yohani atubwira ko bizogenda gute ca kigeragezo ca nyuma nicashika?

20 Ubu rero ikigeragezo ca nyuma kirashitse. None abo bantu batagira akanenge boba bazokwumira ku gutungana kwabo ntibamere nka ba bantu ba mbere bo muri Edeni? Yohani aratwiganira uko ibintu bizogenda ati: “Kandi iyo myaka igihumbi ikimara guhera, Shetani azorekurwa ave mw’ibohero ryiwe, na we azosohoka aje kuzimiza ya mahanga ari mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngo ayakoranirize hamwe ku bw’intambara. Igitigiri cabo ni nk’umusenyi w’ikiyaga. Maze barasogeza ku bwaguke bw’isi, bakikuza ikambi y’aberanda na ca gisagara gikundwa.”—Ivyahishuwe 20:7-9a.

21. Ni ibiki Shetani azokora mu kigoro kiwe ka nyuma, kandi ni kubera iki tudakwiye gutangazwa n’uko hari abazomukurikira n’inyuma ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi?

21 Ni ibiki Shetani azokora mu kigoro kiwe ka nyuma? Azozimiza “ya mahanga ari mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi,” ayajane mu “ntambara.” Hoba hari uwuzoja ku ruhande rwa Shetani inyuma y’imyaka igihumbi y’ubutegetsi bw’Imana burangwa n’umunezero kandi buremesha? Ntiwibagire ko Shetani yashoboye kuzimiza Adamu na Eva kandi bari abantu batunganye, bakaba bari bibereye mw’Iparadizo yo muri Edeni. Yarashoboye kandi kuzimiza abamarayika bo mw’ijuru bari bariboneye ingaruka za bwa bugarariji bwo mu ntango. (2 Petero 2:4; Yuda 6) Ntitwotangazwa rero n’uko hari abantu batunganye bazokurikira Shetani, naho bazoba bamaze imyaka igihumbi mu gahimbare batwarwa n’Ubwami bw’Imana.

22. (a) Imvugo ngo “ya mahanga ari mu mfuruka zine z’isi” isobanura iki? (b) Ni kubera iki abo bagarariji bitwa “Gogi na Magogi”?

22 Bibiliya ivuga ko abo bagarariji ari “amahanga ari mu mfuruka zine z’isi.” Ivyo ntibisobanura ko abantu bazoba basubiye kwigabaguramwo ibihugu vyinubana. Bisobanura gusa ko bazokwitandukanya n’abasavyi ba Yehova bagororotse kandi b’intahemuka maze bagaragaze ka gatima kabi amahanga agaragaza muri iki gihe. ‘Bazokwiyumvira umugambi mubi’ kumwe kwa Gogi w’i Magogi avugwa mu buhanuzi bwa Ezekiyeli, bakazoba bafise intumbero yo gusenyura intwaro y’Imana kw’isi. (Ezekiyeli 38:3, 10-12) Ni co gituma bitwa “Gogi na Magogi.”

23. Kuba igitigiri c’abo bagarariji kingana “nk’umusenyi w’ikiyaga” vyerekana iki?

23 Abazokwifatanya na Shetani mu bugarariji bwiwe bazoba bangana “nk’umusenyi w’ikiyaga.” Ni ukuvuga ko bazoba bangana gute? Nta gitigiri cabo cashinzwe imbere y’igihe. (Gereranya na Yosuwa 11:4; Abacamanza 7:12.) Igitigiri c’abo bagarariji kizovana n’ukuntu umwe wese azovyifatamwo mu mayeri ya Shetani. Ariko rero, bazoba ari benshi kuko bazokwiyumvamwo ko bafise inkomezi zihagije zo gutsinda “ikambi y’aberanda na ca gisagara gikundwa.”

24. (a) “Ca gisagara gikundwa” ni iki, kandi ni mu buryo ki gishobora gukikuzwa? (b) “Ikambi y’aberanda” igereranya iki?

24 Ico “gisagara gikundwa” gitegerezwa kuba ari ca gisagara Yezu Kristu uwaninahajwe yabwiye abayoboke biwe mu Vyahishuwe 3:12, akaba yacise “igisagara c’Imana [yiwe], ari co Yeruzalemu nshasha imanuka iva mw’ijuru ku Mana [yiwe].” None ko ico gisagara ari ishirahamwe ryo mw’ijuru, bishoboka gute ngo ingabo zo kw’isi ‘zigikikuze’? Ni mu buryo bw’uko zikikuza “ikambi y’aberanda.” Ikambi iba iri hanze y’igisagara. Ku bw’ivyo rero, “ikambi y’aberanda” itegerezwa kuba igereranya abantu bo kw’isi yogereranywa no hanze ya Yeruzalemu Nshasha yo mw’ijuru, bashigikira badahemuka intwaro ya Yehova. Abo bagarariji bayobowe na Shetani nibatera izo ntahemuka, Umukama Yezu azobona ko ari we bateye. (Matayo 25:40, 45) Ayo “mahanga” azogerageza kwonona ibintu vyose Yeruzalemu Nshasha yo mw’ijuru yakoze kugira ihindure isi Iparadizo. Mu gutera rero “ikambi y’aberanda,” bazoba bateye na “ca gisagara gikundwa.”

Ca kiyaga c’umuriro n’amazuku

25. Yohani adondora gute ukuntu ibintu bizogenda ba bagarariji nibatera “ikambi y’aberanda,” kandi bizotuma Shetani ashikirwa n’iki?

25 None Shetani yoba azororanirwa muri ako kigoro kiwe ka nyuma? Uwokubesha! Ntazororanirwa nk’uko nyene Gogi w’i Magogi atazororanirwa mu gitero azogaba kuri Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu muri iki gihe! (Ezekiyeli 38:18-23) Yohani aradondora neza ukuntu bizogenda ati: “Mugabo umuriro uramanuka uvuye mw’ijuru, urabarigata. Shetani umwe yahora abazimiza aca araririzwa muri ca kiyaga c’umuriro n’amazuku, ahari hamaze kuja ca gikoko na wa muhanuzi w’ikinyoma.” (Ivyahishuwe 20:9b-10a) Aho gutererwa gusa mu nyenga, ico gihe hoho Shetani ya nzoka yo mu ntango, azofyonyorwa acike ubunywenywe, akurweho ubutagisubira kubaho nk’aho yoba atongojwe umuriro.

26. Ni kubera iki “ca kiyaga c’umuriro n’amazuku” kidashobora kuba ari ikibanza co kubabarizwamwo?

26 Turamaze kubona ko ico “kiyaga c’umuriro n’amazuku” kidashobora kuba ari ikibanza co kubabarizwamwo. (Ivyahishuwe 19:20) Kugira ngo Shetani ababarizwe aho hantu imibabaro itagira izina ibihe bidahera, vyosaba ko Yehova amureka akabandanya kubaho. Ariko rero, ubuzima ni ingabirano si igihano. Urupfu ni co gihano c’igicumuro, kandi nk’uko Bibiliya ibivuga, abapfuye nta bubabare bumva. (Abaroma 6:23; Umusiguzi 9:5, 10) Vyongeye, mu nyuma dusoma yuko urupfu ubwarwo, hamwe n’ukuzimu, rutererwa muri ico kiyaga nyene c’umuriro n’amazuku. Birumvikana ko urupfu n’ukuzimu bidashobora kubabara!—Ivyahishuwe 20:14.

27. Ivyashikiye Sodomu na Gomora bidufasha gute gutahura imvugo ngo “ikiyaga c’umuriro n’amazuku”?

27 Ivyo vyose biremeza ko ico kiyaga c’umuriro n’amazuku ari ic’ikigereranyo. Vyongeye, uwo muriro n’amazuku bica bitwibutsa ivyashikiye ibisagara vya Sodomu na Gomora, ivyatikijwe n’Imana kubera ububisha bwavyo bw’agahomerabunwa. Hageze ko bitikizwa, “Yehova [yaragwishije] kuri Sodomu no kuri Gomora imvura y’amazuku n’umuriro bivuye kuri Yehova, bivuye mu majuru.” (Itanguriro 19:24) Ivyashikiye ivyo bisagara bibiri vyavuzwe ko ari “igihano c’urubanza c’umuriro utazima.” (Yuda 7) Ariko rero, ivyo bisagara bibiri ntivyagumye bibabazwa ibihe bidahera. Ahubwo vyaratikijwe birazimangana ibihe bidahera, hamwe n’ababibamwo bari barononekaye. Ubu ivyo bisagara ntibikibaho, kandi nta wuzi neza aho vyari biherereye.

28. Ikiyaga c’umuriro n’amazuku ni iki, kandi gitandukaniye he n’urupfu, ukuzimu n’inyenga?

28 Mu buryo busa n’ubwo, Bibiliya ubwayo irerekana insobanuro y’ico kiyaga c’umuriro n’amazuku, iti: “Ico kiyaga c’umuriro gisobanura urupfu rwa kabiri.” (Ivyahishuwe 20:14) Biragaragara ko ari cokimwe na ya Gehena Yezu yavuga, akaba atari ikibanza ababisha bababarizwamwo ibihe bidahera, ahubwo ni ico batikirizwamwo ubutagisubira kubaho. (Matayo 10:28) Ni ugutikizwa buhere, ata n’icizigiro c’izuka. Ni co gituma naho hariho impfunguruzo z’urupfu, ukuzimu be n’inyenga, bitavugwa ko hariho urupfunguruzo rwo kwugurura ico kiyaga c’umuriro n’amazuku. (Ivyahishuwe 1:18; 20:1) Abajayo ntibazokwigera bavayo.—Gereranya na Mariko 9:43-47.

Bazobabazwa umurango n’ijoro ibihe bitazoshira

29, 30. Yohani avuga ibiki ku bijanye na Shetani na ca gikoko hamwe na wa muhanuzi w’ikinyoma, kandi dukwiye kubitahura gute?

29 Mu kuvuga ibijanye na Shetani na ca gikoko hamwe na wa muhanuzi w’ikinyoma, Yohani aca atubwira ati: “Kandi bazobabazwa umurango n’ijoro ibihe bitazoshira.” (Ivyahishuwe 20:10b) None ivyo vyoba bisobanura iki? Nk’uko twamaze kubivuga, ntivyoba vyumvikana tuvuze ko ibigereranyo, nk’ico gikoko n’uwo muhanuzi w’ikinyoma canke urupfu n’ukuzimu, bishobora kubabazwa vy’ukuri. Ku bw’ivyo, nta mvo n’imwe yotuma twiyumvira ko Shetani azobabazwa ibihe bidahera. Azorandurwa.

30 Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ng’aha ngo “kubabazwa” ni ba·sa·niʹzo, rikaba ahanini risobanura “gusuzuma (ubutare) ukoresheje ibuye.” Iyindi nsobanuro yaryo ni “gusambisha umuntu umusinzikariza ubuzima.” (The New Thayer’s Greek-English Lexicon of the New Testament) Aho mu Vyahishuwe, iryo jambo rikoreshwa mu kwerekana ko ibizoshikira Shetani bizoba icitegererezo ibihe vyose ku bijanye n’ikibazo co kumenya nimba ubutegetsi bwa Yehova bubereye canke bugororotse. Ico kibazo c’ubusegaba kizoba catorewe umuti rimwe rizima. Ntibizosubira gukenerwa ko ikibazo cerekeye ubusegaba bwa Yehova gifata umwanya muremure kugira gitorerwe inyishu.—Gereranya na Zaburi 92:1, 15.

31. Amajambo abiri y’ikigiriki afitaniye isano na rimwe risobanura ngo “kubabazwa” adufasha gute gutahura igihano Shetani azohabwa?

31 Vyongeye, iryo jambo rirafitaniye isano na ba·sa·ni·stesʹ risobanura ngo “uwusinzikaza ubuzima,” muri Bibiliya rikaba rikoreshwa mu gusobanura “umurinzi w’ibohero.” (Matayo 18:34, Kingdom Interlinear) Dufatiye kuri iyo nsobanuro, Shetani azopfungirwa ibihe bidahera mu kiyaga c’umuriro; ntazokwigera arekurwa. Ubwa nyuma, muri Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante, iyo Yohani yari azi neza, ijambo rifitaniye isano n’iryo ari ryo baʹsa·nos ryerekeza ku gateterwe gashikana ku rupfu. (Ezekiyeli 32:24, 30) Ivyo biradufasha kubona ko igihano Shetani ahabwa ari igihano c’agatetereza, ni ukuvuga urupfu rw’akagirire mu kiyaga c’umuriro n’amazuku. Azopfana n’ibikorwa vyiwe.—1 Yohani 3:8.

32. Ni igihano ikihe amadayimoni azohabwa, kandi tubibwirwa n’iki?

32 No muri uwo murongo nyene amadayimoni ntavugwa. None yoba azorekuranwa na Shetani ku mpera ya ya myaka igihumbi hanyuma ahabwe hamwe na we igihano c’urupfu rw’akagirire? Biboneka ko ari ukwo bizogenda. Muri wa mugani w’intama n’impene, Yezu yavuze ko impene zogiye “mu muriro utazima wateguriwe Shetani n’abamarayika biwe.” (Matayo 25:41) Iyo mvugo ngo “umuriro utazima” itegerezwa kuba yerekeza kuri ca kiyaga c’umuriro n’amazuku Shetani azotererwamwo. Abamarayika ba Shetani barirukanywe mw’ijuru hamwe na we. Biboneka ko bazojana na we mu nyenga mu ntango ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi. Birumvikana rero ko bazotikirizwa hamwe no muri ca kiyaga c’umuriro n’amazuku.—Matayo 8:29.

33. Ni umuce wa nyuma uwuhe w’ubuhanuzi buri mw’⁠Itanguriro 3:15 uzoca uranguka, kandi impwemu ya Yehova ica yerekeza ubwenge bwa Yohani ku biki?

33 Gutyo, umuce wa nyuma wa bwa buhanuzi buri mw’⁠Itanguriro 3:15 uzoba urangutse. Shetani niyatererwa muri ca kiyaga c’umuriro, azopfa amere nka kurya kw’inzoka yafyonyowe umutwe n’igitsintsiri c’icuma. We hamwe n’amadayimoni yiwe bazoba bagiye akagirire. Ntibasubira kuvugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe. Ubu rero ko ubuhanuzi bwatweretse yuko bamaze gukurwaho, impwemu ya Yehova ica yibanda ku kintu gishimisha cane abafise icizigiro co kuba kw’isi: Intwaro yo mw’ijuru ya wa “Mwami w’abami” n’“abahamagawe kandi batowe kandi b’abizigirwa bari kumwe na we” izozanira iki abantu? (Ivyahishuwe 17:14) Mu kwishura, Yohani aca atugarukana mu ntango ya ya Ngoma y’imyaka igihumbi.

[Utujambo tw’epfo]

a Ibindi vyanditswe bivuga yuko Yezu yari mu kuzimu igihe yari yapfuye. (Ivyakozwe 2:31) Ariko rero, ntidukwiye gufata ko ukuzimu n’inyenga vyama ari bimwe. Ca gikoko na Shetani bitererwa mu nyenga, ariko abantu bonyene ni bo bavugwa ko baja mu kuzimu, aho baba basinziriye mu rupfu gushika bazuwe.—Yobu 14:13; Ivyahishuwe 20:13.

b Biboneka ko ishoka (mu kigiriki, peʹle·kus) ari yo Abaroma bakoresha kera mu kwica abantu naho nyene mu gihe ca Yohani inkota ari yo yakoreshwa cane. (Ivyakozwe 12:2) Ku bw’ivyo, ijambo ry’ikigiriki rikoreshwa ng’aha ari ryo pe·pe·le·kis·meʹnon (“abicishijwe ishoka”), risobanura gusa ngo “abishwe.”

c Birashimishije kubona umuhinga mu vya kahise wo mu kinjana ca kane yitwa Eusèbe yavuze ko Papias w’i Hiérapolis, uwo bivugwa ko yigishijwe Bibiliya n’abigishwa ba Yohani umwanditsi w’Ivyahishuwe, yemera ko Ingoma ya Kristu izomara imyaka igihumbi (naho nyene Eusèbe atavuga rumwe na we).—Igitabu ca Histoire ecclésiastique d’Eusèbe, III, 39.

[Ifoto ku rup. 293]

Ikiyaga c’umunyu. Ahashobora kuba hahoze ibisagara vya Sodomu na Gomora

[Amafoto ku rup. 294]

“Nzoshira inyankane hagati yawe na wa mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe. Uyo azogukomeretsa mu mutwe, nawe uzomukomeretsa ku gitsintsiri”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika