Ikigabane ca 104
Ijwi ry’Imana Ryumvikana Ubugira Gatatu
IGIHE Yezu ari ku rusengero, araganyiriza ku vyerekeye urupfu rumurindiriye vuba. Ikintu nyamukuru kimuraje ishinga ni ukuntu bizogira ico bikoze kw’izina rya Se, ari co gituma asenga avuga ati: “Data, shimagiza izina ryawe.”
Avuze ivyo, ijwi rikomeye riva mw’ijuru, rimenyekanisha riti: “Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.”
Isinzi rihari rirajorerwa. Bamwe baravuga bati: “Umumarayika avuganye na we.” Abandi bavuga ko ari umuturagaro. Ariko si ivy’imbeshere, ni Yehova Imana yavuze! Ariko rero si bwo bwa mbere ijwi ry’Imana ryumvikana ku vyerekeye Yezu.
Haraheze imyaka itatu n’igice, ca gihe Yezu yabatizwa, Yohani Umubatizi yarumvise Imana ivuga ivya Yezu iti: “Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.” Maze haciye igihe inyuma ya Pasika iheruka, igihe Yezu yahinduka ukundi imbere ya Yakobo na Yohani na Petero, na ho nyene bano barumvise Imana ivuga iti: “Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.” Ubu na ho, ubugira gatatu, ku wa 10 Nisani, hagisigaye imisi ine ngo urupfu rwa Yezu rushike, abantu bongeye kwumva ijwi ry’Imana. Ariko ubu ho Yehova aravuga ku buryo ibihumbi n’ibihumbi bari aho bashobora kwumva!
Yezu arasigura ati: “Iryo jwi ntirije kubganje, ariko rije kubganyu.” Ritanga icemeza yuko Yezu vy’ukuri ari Umwana w’Imana, Mesiya yari yarasezeranywe. Yezu abandanya avuga ati: “Non’ubu iyi si iciriwekw iteka, non’ubu umutware w’iyi si agira ahindirwe hanze.” Ingendo Yezu yagize iranga ukwizigirwa mu buzima bwiwe, nkako iremeza yuko Shetani wa Mucokoranyi, we mutware w’iyi si, ikwiriye ‘guhindirwa hanze,’ ni ukuvuga kwicwa.
Yezu adoma urutoke ku nkurikizi z’urupfu rwiwe ruriko ruregereza, avuga ati: “Nanje ni namanikwa hejuru y’isi, nzokwikwegerako bose.” Urupfu rwiwe ntiruzoba ari ugutsindwa namba, kuko biciye kuri rwo azokwegera abandi kuri we kugira ngo bashobore kuronka ubuzima budahera.
Ariko ishengero rihari riragangura riti: “Twebge twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohorah’ibihe bidashira. Non’uvuze ute ng’Umwana w’umuntu akwiye kuzomanikwa? Mbeg’uwo Mwana w’umuntu ni nde?”
Nanzi ibimenyamenya vyose bihari, dushizemwo ukwumva ijwi ry’Imana ubwayo, benshi ntibemera yuko Yezu ari we Mwana w’umuntu w’ukuri, Mesiya yari yarasezeranywe. Yamara, nk’uko yabigize kuri ya Misi Mikuru y’Amahema ubu hakaba haheze amezi atandatu, Yezu arongera kuvuga ibimwerekeye ko ari “umuco,” hanyuma akaremesha abamwumviriza ati: “Mugifise umuco, mwizere umuco, ngo mube abana b’umuco.” Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, akura meza arinyegeza, bikaboneka ko ari kubera ko ubuzima bwiwe bugeramiwe.
Kuba Abayuda babuze ukwizera, bishitsa amajambo Yesaya yavuze ku vy’uko ‘amaso y’abantu yohumishijwe kandi n’imitima yabo igakomantazwa ku buryo badahindukira ngo bakizwe.’ Yesaya yareretswe nko mu ndoto ibigo vya Yehova vyo mw’ijuru, na Yezu ari mu buninahazwa bwiwe imbere y’uko aba umuntu nkatwe, ari kumwe na Yehova. Yamara Abayuda mu gushitsa ivyo Yesaya yanditse, baba intagondwa mu kwikunkumura ikimenyamenya c’uko uwo Mesiya ari we Muhabuzi yari yarasezeranywe.
Ku rundi ruhande, benshi mbere bo mu bategetsi (bikaboneka ko ari abo mu bagize sentare nkuru y’Abayuda ari ryo Kombe) barizera Yezu vy’ukuri. Nikodemu hamwe na Yozefu w’i Arimataya barimwo muri abo bategetsi. Ariko abategetsi, n’imiburiburi muri ico gihe, ntibashobora kwatura ko bizeye, kuko batinya gukurwa mu bibanza vy’icubahiro bafise mw’isinagogi. Ese ukuntu bene abo bantu bahomvye!
Yezu abandanya kuvuga ati: “Ūnyizera, si jewe yizeye, ariko yizeye uwantumye: . . . Ariko ni hagira uwumva amajambo yanje, ntayazigame, si jewe ndamucirakw iteka; kuko ntāzanywe no gucirakw iteka isi, ariko nazanywe no gukiza isi. . . . Ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha [“mu musi wa nyuma,” NW].”
Urukundo Yehova afitiye isi y’abantu rwatumye arungika Yezu kugira ngo abamwizeye bashobore gukizwa. Ugukizwa kw’abantu bazoguhabwa n’uko bagamburuka ibintu Imana yategetse Yezu kuvuga. Uguca urubanza kuzoba “mu musi wa nyuma,” mu gihe ca ya Ngoma ya Kirisitu y’Imyaka Igihumbi.
Yezu asozera mu kuvuga ati: “Ivyo [sin]abivuze mvyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n’ivyo nkwiye gusigura. Kandi ndazi yukw ivyo yageze ar’ubu[zima] budashira. Nukw ivyo mvuga, mbivuga nk’uko Data yambariye.” Yohana 12:28-50; 19:38, 39; Matayo 3:17; 17:5; Yesaya 6:1, 8-10.
▪ Ni ku biringo bitatu ibihe ijwi ry’Imana ryumvikanye ku vyerekeye Yezu?
▪ Ni mu buryo ki umuhanuzi Yesaya yabonye ubuninahazwa bwa Yezu?
▪ Abategetsi bizeye Yezu ni bande, ariko ni kubera iki batavyivugira icese?
▪ “Umusi wa nyuma” ni iki, kandi abantu bacirwa urubanza hishimikijwe iki?