Ikigabane ca 106
Bashirwa ku Kabarore n’Ibigereranirizo vy’Uruzabibu
YEZU ari mu rusengero. Ahejeje kurisha ivyatsi indongozi z’idini zamubajije iyo akura ububasha bumushoboza kugira ibintu. Imbere y’uko ibimaramare vyabo bihera, Yezu abaza ati: “Mugira ngw iki?” Maze akoresheje ikigereranirizo, abereka abo bari bo vy’ukuri.
Yezu yigana ati: “Hābaye umuntu yar’afise abahungu babiri: aragenda abarira umukuru, ati Genda, mwana wanje, uyu musi uje gukora mu ruzabibu. Aramwishura, at’Eka singenda. Maze hanyuma aririmbura, aragenda. Aja ku wa kabiri, amubgira kuno. Aramwishura, ati Ndagiye muvyeyi; ntiyajayo.” Yezu abaza ati: “None mur’abo bompi n’uwuhe yakoze ivyo se agomba?”
Bene kumurwanya barishura bati: “N’uwa mbere.”
Nuko Yezu arasigura ati: “Ndababgira ukuri yukw abatozakori n’abasambanyikazi babatanga kwinjira mu bgami bg’Imana.” Kukaba nkako, abatozakori n’abasambanyikazi mu ntango baranse gukorera Imana. Ariko maze, nka kumwe kwa wa mwana wa mbere, barigaye hanyuma barayikorera. Ariko rero, indongozi z’idini zabaye nka wa mwana wa kabiri zivuga ko zikorera Imana, yamara Yezu avuga ati: “Yohana [Umubatizi] yaje muri mwebge agendera mu nzira yo kugororoka, kandi ntimwamwemera. Arikw abatozakori n’abasambanyikazi baramwemeye. Namwe mubibonye, no hanyuma ntimwirimbura ngo mumwemere.”
Ubukurikira Yezu yerekana ko ivyagenze nabi kuri izo ndongozi z’idini atari gusa ugufata minenegwe ugukorera Imana. Oya, ahubwo mu vy’ukuri ni abantu babi, ababisha. Yezu arigana ati: “Hābaye nyen’urugo yateye uruzabibu; aruzitirira uruzitiro, yimbamw’ubgato bg’ikinogo, yubakamw’umutara, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga. Nukw igihe c’iyera kigomba kugera, atuma abakozi biwe kuri ba barimyi ngo babahe inzabibu ziwe. Maz’abo barimyi bafata ba bakozi biwe, umwe baramushishagura, uwundi baramwica, uwundi bamutera amabuye. Yongera gutuma abandi bakozi barengeye aba mbere; babagira kuno.”
Abo “bakozi” ni abahanuzi uwo “nyen’urugo” ari we Yehova Imana yarungitse ku “barimyi” b’urwo “ruzabibu” rwayo. Abo barimyi ni abaserukizi barongora ihanga rya Isirayeli, iryo hanga Bibiliya ikaba ivuga ko ari “uruzabibu” rw’Imana.
Kubera ko “abo barimyi” bafashe nabi “abakozi” kandi bakabica, Yezu asigura ati: “Hanyuma [nyen’uruzabibu] abatumak’umwana wiwe, ati Bazosonera umwana wanje. Abo barimyi babonye wa mwana wiwe, baravugana, bat’Urya ni we samuragwa: ni muze tumwice, tuze twegukire umwandu wiwe. Baramufata bamuhindira inyuma y’uruzabibu, baramwica.”
Ubu na ho, Yezu ahindukirira za ndongozi z’idini, ababaza ati: “None nyen’uruzabibu ni yiyizira azobagira ate, abo barimyi?”
Za ndongozi z’idini bishura bati: “Abo babi azobica rubi, uruzabibu arusigarane abandi barimyi, bazohora bamuha inzabibu igihe cazo.”
Gutyo rero biciriye urubanza batabizi, kuko barimwo mu “barimyi” b’Abisirayeli b’ “uruzabibu,” ari ryo hanga rya Yehova rigizwe na Isirayeli. Ivyamwa Yehova yiteze ku barimyi mwene abo ni ukwizera Umwana wiwe, we Mesiya nyezina. Kubera banse kwama mwene ivyo vyamwa, Yezu ababurira ati: “Nta ho murasoma mu vyanditswe [muri Zaburi 118:22, 23], ngw Ibuye abubatsi bāgaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka: ivyo vyavuye k’Uhoraho kandi n’igitangaza mu maso yacu? Ni co gitumye mbabgira yuk’ubgami bg’Imana muzobgakwa, bugahabga ihanga ryama imbuto zabgo. Arik’ūzogwa kur’iryo buye azovunagurika; arik’uwo rizogwako rizomuvungura.”
Abo banyabwenge b’ivyanditswe hamwe n’abaherezi bakuru ubu baratahura yuko Yezu ari bo ariko aravuga, na bo bashaka kumwica, we “samuragwa” abifitiye uburenganzira. Nuko agateka k’ukuba abategetsi mu Bwami bw’Imana kazobaca mu myanya y’intoke uko ari ihanga, hanyuma ihanga rishasha ry’ ‘abarimyi b’uruzabibu’ rishingwe, rimwe ryama ivyamwa bibereye.
Kubera ko izo ndongozi z’idini batinya amasinzi y’abantu afata Yezu nk’umuhanuzi, ntibagerageza kumwica muri ico gihe. Matayo 21:28-46; Mariko 12:1-12; Luka 20:9-19; Yesaya 5:1-7.
▪ Abana babiri bo mu kigereranirizo ca mbere ca Yezu bagereranya bande?
▪ Mu kigereranirizo kigira kabiri, ni bande bagereranywa na “nyen’urugo,” n’ “uruzabibu,” n’ “abarimyi,” n’ “abakozi,” be na “samuragwa”?
▪ Nya ‘barimyi b’uruzabibu’ bizobagendera gute, kandi ni bande bazobasubirira?