Ikigabane ca 109
Yezu Yagiriza Abamurwanya
ABARWANYA Yezu b’abanyedini ubwanwa bwapfutse umunwa kubera inyishu abahaye, gushika aho batinya kumubaza ikindi kintu na kimwe. Nuko yibwiriza gushira ku kabarore ubujuju bwabo. Abaza ati: “Ivya Kristo muvyiyumvira mute? Ni mwene nde?”
Abafarizayo barishura bati: “Ni mwene Dawidi.”
Naho Yezu adahakana ko Dawidi ku bw’umubiri ari we sekuruza wa Kirisitu canke Mesiya, abaza ati: “Ni gute none Dawidi biciye ku guhumekerwa [muri Zaburi 110] amwita ‘Umukama,’ akavuga ngo ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje gushika aho nzoshirira abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe?” ’ Nimba rero Dawidi amwita ‘Umukama,’ ni gute ari umwana wiwe?”—NW.
Abafarizayo baranuma, kuko batazi akaranga nyakuri ka Kirisitu canke uwasizwe. Mesiya si umuntu musa yakomotse kuri Dawidi, nk’uko Abafarizayo basa n’abavyibaza, ariko yarabayeho mw’ijuru akaba kandi yari umukuru wa Dawidi, canke Umukama.
Ubu na ho Yezu ahindukirira rya shengero be n’abigishwa biwe, ababurira ku vyerekeye abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo. Kubera ko abo bigisha Ivyagezwe vy’Imana, bakaba “bicaye ku ntebe ya Mose,” Yezu ahimiriza ati: “Ivyo bababgira vyose mubikore, muvyitondere.” Ariko yongerako ati: “Ntimukurikire ibikorwa vyabo, kukw ivyo bavuga atari vyo bakora.”
Abo ni indyarya, kandi Yezu arabagiriza muri iyo mvugo nyene ikomeye cane nka kumwe yabigira igihe yariko arafungura mu nzu y’Umufarizayo, ubu hakaba haciye amezi makeyi. Avuga ati: “Ibikorwa vyabo vyose babikora kugira ngo barābge n’abantu.” Hanyuma abaha uturorero, mu kuvuga ati:
“Amambe yabo yanditswemw’amajambo y’Imana bayagira manini.” Ayo mambe matomato ugereranije, akaba yambarwa ku ruhanga canke ku kuboko, arimwo imigabane ine y’Ivyagezwe: Kuvayo 13:1-10, 11-16; na Gusubira mu Vyagezwe 6:4-9; 11:13-21. Ariko Abafarizayo barongereza ubunini bw’ayo mambe kugira baboneke ko ari abanyamwete ku vyerekeye Ivyagezwe.
Yezu arabandanya avuga ngo “ubuyonga bg’impuzu zabo ba[ra]bgongereza.” Muri Guharūra 15:38-40 Abisirayeli bategekwa kugira ubuyonga ku vyambarwa vyabo, ariko Abafarizayo ubuyonga bwabo babugira burebure gusumvya uko uwundi muntu wese abigira. Ibintu vyose bagira, babigira ngo biyerekane! Yezu amenyesha yuko “bakunda ivyicaro vyo haruguru.”
Ikibabaje ni uko abigishwa biwe bwite binjiwemwo n’ico cipfuzo co kuba ab’i mbere. Ni kwo guhanura ati: “None, ntimukitwe Rabi, kuk’umwigisha wanyu ar’umwe, namwe mwese mur’abavukana. Kandi ntimukīte umuntu wo mw isi Data, kuko So ar’umwe, ar’uwo mw ijuru. Kandi ntimukīyite [“ ‘indongozi,’ kuko Indongozi yanyu ari imwe,” NW], ari Kristo.” Abo bigishwa bategerezwa kwikuramwo icipfuzo c’ukuba aba mbere! Yezu abakebura ati: “Umukuru muri mwebge az’abe umukozi wanyu.”
Ubukurikira abwira abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo yikurikiranya yuko bazobona ibara, aza arasubiramwo abita indyarya. Yezu avuga ko “[b]ugaranira ubgami bgo mw ijuru imbere y’abantu,” kandi ‘bakarya ingo z’abapfakazi baza baritwaza amasengesho maremare.’
Yezu avuga ati: “Muzobona ibara, mwa ndongozi zihumye mwe.” Aranegura ukuntu Abafarizayo babuze kamere ngirakamaro zo mu vy’impwemu, bikagaragazwa n’ukuntu bishingira amategeko atandukanya ibintu. Nk’akarorero, bavuga ngo ‘Nta co bitwaye kurahira urusengero, ariko ūrahiye izahabu yo mu rusengero akaba yikwegeye umwenda.’ Mu kuntu bashimika canecane ku nzahabu y’urusengero kuruta uko bashimika ku gaciro k’aho hantu h’ugusengera, bariko bahishura ukuntu bahumye mu mitima.
Maze nk’uko yabigize imbere yaho, Yezu aranegura Abafarizayo kubera ko banjanjwa ku “bihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera,” ariko ugasanga barigorera cane ugutanga ikigiracumi c’ivyatsi bitagira mvura.
Yezu yita Abafarizayo ‘indongozi zihumye ziminina agatūku, ariko ingamiya bakayiyongobeza!’ Baminina agatuku bagakura mu muvinyu wabo atari kubera gusa ko ari agakoko, ariko kubera ko ngo gahumanye. Yamara ukuntu biyobagiza ibihambaye vyo mu Vyagezwe kwogereranywa n’ukumira ingamiya, na yo nyene ikaba ari igitungwa gihumanye. Matayo 22:41–23:24; Mariko 12:35-40; Luka 20:41-47; Abalewi 11:4, 21-24.
▪ Ni kuki Abafarizayo baceceka igihe Yezu ababajije ikibazo ku vyerekeye ivyo Dawidi yavuze muri Zaburi 110?
▪ Ni kuki Abafarizayo bāgura amambe yabo arimwo Ivyanditswe kandi bakongereza ubuyonga bw’ivyambarwa vyabo?
▪ Ni impanuro iyihe Yezu aha abigishwa biwe?
▪ Ni amategeko nyabaki Abafarizayo bishingira yo gutandukanya ibintu, kandi Yezu abanegura gute kubera ko banjanjwa ku bintu bihambaye?