ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 110
  • Anonosora Igikorwa Ciwe ku Rusengero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Anonosora Igikorwa Ciwe ku Rusengero
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Umusi wa nyuma Yezu aboneka ku rusengero
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • “Igihe Kirashitse!”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Asangira n’Umufarizayo
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Asangira n’Umufarizayo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 110

Ikigabane ca 110

Anonosora Igikorwa Ciwe ku Rusengero

YEZU ni ubwa nyuma aboneka ku rusengero. Kukaba nkako, turetse ibigiye kumubako vy’ugucirwa urubanza n’ukwicwa, bikaba bisigaje imisi itatu ngo bishike, ariko arasozera umurimo wiwe arangurira mu bantu kw’isi. Ubu arabandanya gukubita intahe mu gahanga abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo.

Avuga ashimika izindi ncuro zitatu ati: “Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe!” Ubwa mbere amenyesha ko bazobona ibara kuko boza “igikombe n’inkōko inyuma, arikw imbere vyuzuye ubgambuzi n’ukutigarura.” Nuko abakebura ati: “Banza [m]woze imbere mu gikombe no mu nkōko, inyuma havyo na ho habone kwera.”

Ubukurikira avuga ibara rizobonwa n’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo kubera ububore n’ubwononekare bw’imbere bagerageza guhisha mu kwiyerekana nk’abantu basenga cane. Avuga ati: “Musa n’imva zihomesheje ingwa, ziboneka inyuma zīkuyengeje, arikw imbere zuzuye amagufa y’abapfuye n’ibihumanya vyose.”

Amaherezo, uburyarya bwabo bugaragarira mu kuntu bagomba kwubakira imva z’abahanuzi no kuzishariza kugira ngo berekane ibikorwa vyabo vy’ubugiraneza. Yamara nk’uko Yezu abihishura, ni “abana b’abishe abāvugishwa n’Imana.” Si ivy’imbeshere, uwubahuka wese gushira ku kabarore uburyarya bwabo aba ageramiwe!

Mu kubandanya, Yezu avuga amajambo yiwe akomeye kuruta yo kubashira ku kabarore. Avuga ati: “Mwa nzoka mwe, mwa bana b’inzoka, muzohunga mute urubanza rwa Gehinomu?” Gehinomu ni umubande wakoreshwa bwa kuburiro ry’umwavu ry’i Yeruzalemu. Yezu ariko avuga rero yuko bitumwe n’ugushishikara ingendo yabo y’ubukozi bw’ikibi, abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo bazohonywa agahenebere.

Ku biraba abo Yezu arungika ngo bamuserukire, avuga ati: “Bamwe muri bo muzobica, [“mubamanike,” NW], abandi muzobatonagurira mu masinagogi yanyu, mubatuza mu bisagara vyose; bitayeko muzokorwa n’amaraso yose y’abagororotsi yaviriye kw isi, uhereye ku maraso ya Abeli umugororotsi ukageza ku maraso ya Zakariya [uwitwa Yehoyada mu gitabu ca Kabiri c’Ivyo ku Ngoma] mwene Barakiya mwiciye hagati y’ahēra h’urusengero n’igicaniro. Ndababgire ukuri: Ivyo vyose bizoshika ku b’iki gihe.”

Kubera ko Zakariya yakangiriye indongozi za Isirayeli, “bamugīr[iye] inama, bamwicisha amabuye bivuye ku cagezwe c’umwami, bamutsinda mu nyubakwa yo ku ngoro y’Uhoraho.” Ariko, nk’uko Yezu abimenyesha, Isirayeli izokwishura amaraso yose mwene ayo y’abagororotsi yasheshwe. Bazoyariha inyuma y’imyaka 37, ni ukuvuga mu 70 G.C., igihe ingabo z’Abaroma zasenyagura Yeruzalemu hanyuma Abayuda barenga umuliyoni bagatikira.

Yezu arimbuye ivyo bintu biteye ubwoba, bimutera umubabaro. Asubira kuvuga ati: “Ewe Yerusalemu! Ewe Yerusalemu! Wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda! Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’umusaka.”

Yezu maze yongerako ati: “[Ntimu]zosubira kumbona kuva ubu, kugeza aho muzovugira, muti Hashemezwe ūje mw izina [“rya Yehova,” NW].” Uyo musi uzoza igihe c’ukuhaba kwa Yezu aho azozira mu Bwami bwiwe bw’ijuru, kandi abantu bakamubona n’amaso y’ukwizera.

Yezu ubu agiye ahantu ashobora kwitegereza udusandugu tw’amahera mu rusengero n’abantu amasinzi baza barakoragurirayo amahera. Abatunzi bakoraguriramwo ibingorongoro vyinshivyinshi. Ariko rero haza umupfakazi w’umukene, akororerayo uduceri tubiri dutoduto tw’agaciro gatoyi cane.

Yezu ahamagara abigishwa biwe, avuga ati: “Ndababgire ukuri, Uyu mupfakazi w’umworo ashikanye ibirengeye ivy’abandi bose.” Bategerezwa kuba batangajwe n’ukuntu ivyo bishoboka. Ni co gituma Yezu asigura ati: “Abo bose batereye mu mashikanwa ku bibasāgutse, ariko we ku bgoro bgiwe ashikanye ibimutunze vyose.” Yezu amaze kuvuga ivyo bintu, ava mu rusengero ubwa nyuma.

Abigishwa biwe bajorejwe n’ukuntu urwo rusengero rungana be n’ubwiza bwarwo, baratangara bati: “Mwigisha, rāba aya mabuye ukw ari, n’iyi nyubako ukw iri!” Mu vy’ukuri bivugwa ko ayo mabuye afise uburebure bw’imetero zirenga 11, akagira ubwaguke bw’imetero zirenga 5 n’amahagarara y’imetero zirenga 3!

Yezu asubizayo ati: “Ura[bona] iyi nyubako ihambaye? Ntihazosigazwa ibuye rigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi.”

Yezu ahejeje kuvuga ivyo bintu, we hamwe n’intumwa ziwe bajabuka Umwonga wa Kidironi hanyuma baduga ku Musozi wa Elayono. Bahagaze ngaho barashobora kuraba epfo kuri nya rusengero rw’akaroruhore. Matayo 23:25–24:3; Mariko 12:41–13:3; Luka 21:1-6; 2 Ngoma 24:20-22.

▪ Yezu akora iki igihe agendeye urusengero ubwa nyuma?

▪ Uburyarya bw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo bugaragazwa gute?

▪ “Urubanza rwa Gehinomu” rushaka kuvuga iki?

▪ Ni kuki Yezu avuga yuko wa mupfakazi aterereye ibiruta ivya ba batunzi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika