ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 12
  • Ibatisimu ya Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibatisimu ya Yezu
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu abatizwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yohani Abatiza Yezu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ico Ibatisimu Yawe Isobanura
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Ico Ibatisimu Wahawe Isobanura
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 12

Ikigabane ca 12

Ibatisimu ya Yezu

INYUMA y’amezi nk’atandatu Yohani atanguye kwigisha, Yezu uwumaze imyaka 30 y’amavuka, aza kuri we ku Ruzi Yorodani. Azanywe n’iki? Yoba amugendeye kigenzi? Yezu yoba gusa ashimishwa n’ukuntu igikorwa ca Yohani kiriko kiratera imbere? Oya, Yezu asaba Yohani kumubatiza.

Buno nyene Yohani aranka ati: “Kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’uje kuri jewe?” Yohani arazi ko mwene nyinabo Yezu ari Umwana w’Imana adasanzwe. Kanatsinda, Yohani yari yarakinagijwe n’urweze mu nda ya nyina igihe Mariya yabagendera yibungenze imbanyi ya Yezu! Elizabeti nyina wa Yohani rero abwirizwa kuba yarabimubwiye mu nyuma. Yoba kandi yaramubwiye ivya rya tangazo umumarayika yashikiriza ryerekeye ukuvuka kwa Yezu, hamwe n’ivya ca gihe abamarayika babonekera abungere muri rya joro Yezu yavuka.

Urumva rero ko Yezu atari umuntu Yohani atazi. Yohani arazi kandi yuko ibatisimu atanga itagenewe Yezu. Ni iy’abigaya ivyaha vyabo, ariko Yezu nta caha agira. Yamara, naho Yohani yanse, Yezu arakovya ati: “Bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose.”

Ni kubera iki ari vyiza ko Yezu abatizwa? Kubera ko ibatisimu ya Yezu atari ikimenyetso c’ukwigaya ivyaha, ariko ni ic’uko yishikanye ngo akore ivyo Se wiwe agomba. Yezu yari umubaji, ariko ubu igihe cashitse c’uko atangura igikorwa Yehova Imana yamurungitse kurangura kw’isi. Woba wibaza ko Yohani yiteze ko hagira ikintu kidasanzwe gishika igihe abatiza Yezu?

Yohani mu nyuma yigana ati: ‘Uwantumye kubatiza mu mazi, ni we yambariye, at’Uwo uzobona impwemu imanuka ija kuri we, ikamugumako, ni we abatiza mu mpwemu yera.’ Urumva rero ko Yohani yitega ko impwemu y’Imana iza kuri umwe mu bo abatiza. Ngira ngo vy’ukuri rero Yohani ntatangara igihe Yezu yiburutse avuye mu mazi, akabona ‘impwemu y’Imana, imanuka isa n’inuma, ikamugwako.’

Ariko si ivyo gusa bishika igihe Yezu abatizwa. ‘Ijuru riramwugurukira.’ Ivyo bisobanura iki? Biboneka ko bisobanura yuko igihe Yezu ariko arabatizwa, ubwenge bwo kwibuka ivyerekeye ubuzima yagize mw’ijuru imbere y’uko aba umuntu nkatwe bumugarukamwo. Gutyo, Yezu ico gihe rero aca yibuka neza ubuzima yari afise igihe yari umwana wo mu buryo bw’impwemu wa Yehova Imana, ushizemwo n’ibintu vyose Imana yamubwiriye mw’ijuru igihe c’ukubaho kwiwe kw’imbere y’uko aba umuntu nkatwe.

Turetse ivyo, igihe abatizwa, ijwi riva mw’ijuru rimenyesha riti: “Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.” Iryo jwi ni irya nde? Ryoba ari irya Yezu ubwiwe? Urumva si vyo! Ni iry’Imana. Birumvikana, Yezu ni Umwana w’Imana, si Imana ubwayo nk’uko bamwe babivuga.

Ariko rero, Yezu ni umwana w’Imana wo mu buryo bw’umuntu, nk’uko na Adamu wa muntu wa mbere yari umwana w’Imana. Umwigishwa Luka, amaze kudondora ivy’ibatisimu ya Yezu, yandika ati: “Aho Yezu yatangura kwigisha, yar’amaze imyaka nka mirongwitatu avutse, kandi biyumvira ko yari mwene Yosefu, Yosefu mwene Heli, . . . mwene Dawidi, . . . mwene Aburahamu, . . . mwene Nowa, . . . mwene Adamu, Adamu w’Imana.”

Nk’uko Adamu yari ‘umwana w’Imana’ wo mu buryo bw’umuntu, na Yezu ni ukwo nyene. Yezu ni we muntu ahambaye kuruta ababayeho bose, ari na vyo vyibonekeza igihe twihweje ubuzima bwiwe. Ariko rero, Yezu abatijwe, atangura kugirana ubucuti bushasha n’Imana, akaba kandi Umwana w’Imana wo mu buryo bw’impwemu. Imana ubu ni nk’uko yoba ihamagariye Yezu gusubira mw’ijuru, mu kumutanguza ingendo izomujana ku guheba ubuzima bwiwe bwa kimuntu rimwe rizima, ngo bube inkuka itangiwe abana b’abantu baciriwe rubi. Matayo 3:13-17; Luka 3:21-38; 1:34-36, 44; 2:10-14; Yohana 1:32-34; Abaheburayo 10:5-9.

▪ Ni kuki Yezu atari umuntu Yohani atazi?

▪ Ko Yezu ata caha yakoze, ni kuki abatizwa?

▪ Uravye ivyo Yohani azi kuri Yezu, ni kuki yoba adatangara igihe impwemu y’Imana ije kuri we?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika