Ikigabane ca 111
Ikimenyetso c’Imisi y’Iherezo
UBU ni ku wa Kabiri ku muhingamo. Igihe Yezu yicaye ku Musozi wa Elayono araba ku rusengero epfo, Petero, Andereya, Yakobo na Yohani baza kuri we mu mwiherero. Barajwe ishinga n’urusengero, kubera ko Yezu ahejeje kubura yuko muri rwo ata buye rizosigara rigeretse ku rindi.
Ariko nk’uko biboneka, biyumvira n’ibindi mu muzirikanyi wabo igihe begereye Yezu. Haciye amayinga makeyi avuze ivy’ “ukuhaba” (NW) kwiwe, aho ‘Umwana w’umuntu azohishurirwa.’ Kandi igihe kimwe imbere yaho yari yarababwiye ivyerekeye “insozero y’urunkwekwe rw’ibintu.” (NW) Nuko intumwa zishaka cane kumenya.
Ziravuga ziti: “Tubgire, ivyo bizobaho ryari [bikazovamwo isangangurwa rya Yeruzalemu n’urusengero rwaho], kand’ikimenyetso kizoba iki c’[“ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu,” NW]?” Mu vy’ukuri ikibazo cabo kirimwo ibihimba bitatu. Ubwa mbere, bashaka kumenya ivy’umuhero wa Yeruzalemu n’urusengero rwaho, maze bagashaka kumenya ivyerekeye ukuhaba kwa Yezu mu bubasha bw’Ubwami, ubwa nyuma na ho bakaba bashaka kumenya ivyerekeye ivy’umuhero w’urunkwekwe rw’ibintu rwose uko rungana.
Mu nyishu ndende atanga, Yezu arishura ivyo bihimba bitatu vyose vya nya kibazo. Atanga ikimenyetso cerekana igihe urunkwekwe rw’ivy’Abayuda rwohereye; mugabo aratanga n’ibindi. Aratanga kandi ikimenyetso kizotuma abigishwa biwe bo mu gihe co hanyuma baba maso ku buryo bazoshobora kumenya yuko babayeho mu gihe c’ukuhaba kwiwe be n’uko begereje umuhero w’urunkwekwe rw’ibintu rwose uko rungana.
Uko imyaka irengana, intumwa ziribonera iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yezu. Egome, ibintu nyene yamenyesheje imbere y’igihe bitangura gushika mu gihe cabo. Gutyo, Abakirisu bakiri bazima inyuma y’imyaka 37, ni ukuvuga mu 70 G.C., ntibatangazwa n’isangangurwa ry’urunkwekwe rw’ivy’Abayuda hamwe n’iry’urusengero rwabo.
Ariko rero, ukuhaba kwa Kirisitu ntikwabaye mu 70 G.C. Ukuhaba kwiwe mu bubasha bw’Ubwami kuzoshika mu nyuma cane. Ariko kuzoshika ryari? Turimbuye ubuhanuzi bwa Yezu duca tuhamenya.
Yezu abura yuko hazobaho “intambara n’impuha z’intambara.” Avuga yuko “ihanga rizotera irindi hanga,” n’uko hazobaho amapfa, vya nyamugigima, n’ibiza. Abigishwa biwe bazokwankwa kandi bicwe. Abahanuzi b’ibinyoma bo bazokwaduka kandi bahubishe benshi. Ubugarariji buzokwongerekana, kandi urukundo rwa benshi ruzotimba. Muri ico gihe nyene, inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana izokwamamazwa ngo ibere icabona amahanga yose.
Naho ubuhanuzi bwa Yezu bugira iranguka ritoyi imbere y’ugusangangurwa kwa Yeruzalemu mu 70 G.C., iranguka rikuru ryabwo rishika mu gihe c’ukuhaba kwiwe n’ic’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu. Dusubiye kwihweza twitonze ibintu vyabaye mw’isi guhera mu 1914, dusanga ubuhanuzi bukomeye Yezu yatanze bwagize iranguka rikuru guhera muri uwo mwaka.
Ikindi gihimba ca nya kimenyetso Yezu atanga ni iseruka ry’[“ikintu gisesemye gitera,” NW] ubugesera.” Mu 66 G.C., ico kintu gisesemye giseruka mu buryo bw’ “ingabo” (UB) z’Abaroma zikikuza Yeruzalemu hanyuma zikimba igihome c’urusengero. “Ca kintu gisesemye” gihagarara aho kitari gikwiriye kuba.
Mw’iranguka rikuru ry’ico kimenyetso, ico kintu gisesemye ni wa Muhari w’Amahanga be n’icawusubiriye, ari co Shirahamwe Mpuzamakungu ONU. Iryo shirahamwe ry’ukuzana amahoro kw’isi ribonwa n’Abitwa Abakirisu nk’irikora mu gishingo c’Ubwami bw’Imana. Ewe kuntu bisesemye! Mu nyuma rero, ibihugu bikomakomeye mu vya politike bishize hamwe n’iryo Shirahamwe Mpuzamakungu ONU bizohindukirira Abitwa Abakirisu (Yeruzalemu y’ikigereranyo) bibayogeze.
Yezu rero amenyesha ati: “Hazoba amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa ubu, kandi ntazokwongera kubaho.” Isangangurwa rya Yeruzalemu mu 70 G.C. ni amarushwa ahambaye vy’ukuri, bikaba bivugwa ko ryahitanye abantu barenga umuliyoni. Iranguka rikuru ry’ubuhanuzi bwa Yezu rizoba rihambaye kuruta.
Ukwizigira mu Gihe c’Imisi y’Iherezo
Igihe umusi wo ku wa Kabiri igenekerezo rya 11 Nisani wegereje kurangira, Yezu arabandanya kuganira n’intumwa ziwe ku biraba ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe mu bubasha bw’Ubwami n’ic’umuhero w’urunkwekwe rw’ibintu. Ababurira ngo ntibazokwiruke inyuma ya ba Kirisitu b’ikinyoma. Avuga ko hazogeragezwa ivyo “[kuzimiza] n’abātoranijwe ni vyashoboka.” Ariko, nka kumwe kw’inkukuma zibona kure, abo batoranijwe bazokoranira aho imfungurwa nyakuri z’ivy’impwemu ziribusangwe, ni ukuvuga, kuri Kirisitu w’ukuri mu kiringo c’ukuhaba kwiwe kutaboneka. Ntibazohubishwa ngo batororokanire kuri Kirisitu w’ikinyoma.
Ba Kirisitu b’ikinyoma bashobora gusa guseruka mu buryo babonwa n’amaso. Mugabo rero, ukuhaba kwa Yezu kwobaye ari ukutaboneka. Yezu avuga yuko mu gihe amarushwa ahambaye azoba amaze kwaduka, “izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo.” Egome, ico kizoba ari co kiringo c’umwiza kitigeze kibaho muri kahise k’abantu. Bizomera nk’aho izuba ryacuze umwiza mu gihe c’umurango, bimere kandi nk’aho ukwezi kwoba kudatanga umuco wakwo mw’ijoro.
Yezu abandanya avuga ko “ivy’inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa.” Gutyo yerekana yuko amajuru tubona azofata isura iranga ko hari akaga kugarije. Ubwoba n’ubukazi bizoruta rwose ikintu ico ari co cose cigeze kuhaba muri kahise k’umuntu.
Nk’uko Yezu abivuga, ico bizovamwo ni uko bizotuma habaho “[amaganya] mu mahanga, bazo[juragir]ishwa n’ukubomborana kw’ikiyaga n’imipfunda; kand’abantu bazogwishwa igihūmura n’ubgoba no kwitega ibigira bibe mw isi.” Si ivy’imbeshere, igihe ico kiringo c’umwiza kitigeze kubaho muri kahise k’abantu kizoba cegereje guhera, “amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru.”
Ariko si bose bazoboroga igihe ‘Umwana w’umuntu azozira ari n’ububasha’ kugira ngo asangangure uru runkwekwe rw’ibintu rubi. “Abatoranijwe,” bamwe 144.000 bazofatanya na Yezu mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru ntibazoboroga, eka mbere na bagenzi babo, bamwe Yezu imbere yaho yari yise “izindi ntama” ziwe si bo bazoboroga. Naho abo bari mu kiringo c’umwiza kuruta ivyabayeho vyose mu nkuru ya kahise k’abantu, barakiriza yompi iyi ndemesho ya Yezu igira iti: “Ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike.”
Kugira abigishwa ba Yezu bobaye bariho mu gihe c’imisi y’iherezo bashobore kumenya ko umuhero wegereje, Yezu atanga iki kigereranirizo: “Ni murābe umusukoni n’ibiti vyose. Iyo bitoshe, murabibona, mukamenya ubganyu yukw agatāsi kari hafi: nuko namwe ni mwabona ivyo bibaye, muze mumenye yuk’ubgami bg’Imana buri hafi. Ndababgire ukuri: [“iri yaruka,” NW] nti[ri]zorangira, ivyo vyose bitarashika.”
Gutyo, igihe abigishwa biwe babonye iyo mice itandukanye ya ca kimenyetso iranguka, bakwiye gutahura ko umuhero w’urunkwekwe rw’ibintu uri hafi n’uko Ubwami bw’Imana bugiye guhasha ububisha bwose. Kukaba nkako, umuhero uzoshika mu gihe c’ukubaho kw’abantu babona iranguka ry’ibintu vyose Yezu yavuze imbere y’igihe! Mu gukebura abo bigishwa bobaye ari bazima mu gihe c’iyo misi y’iherezo ihambaye, Yezu avuga ati:
“Mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ubu bu[zima], ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego: kukw ari k’uzoshika ku bantu bose bashagaje mw isi yose. Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.”
Inkumi z’Inkerebutsi n’Inkumi z’Ibijuju
Yezu yariko yishura intumwa ziwe ku kibazo zabajije zirondera kumenya ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe mu bubasha bw’Ubwami. Ubu atanga iyindi mice y’ico kimenyetso mu migani itatu, ari vyo bigereranirizo.
Iranguka ry’ikigereranirizo kimwekimwe cose ryobonywe n’abobaye ari bazima mu gihe c’ukuhaba kwiwe. Ica mbere agitangura muri aya majambo: “Ico gihe ubgami bgo mw ijuru buzosa n’inkumi cumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe. Batanu muri bo bār’ibijuju, bandi batanu bār’abanyabgenge.”
Mu mvugo ngo “ubgami bgo mw ijuru buzosa n’inkumi cumi,” Yezu ntashaka kuvuga yuko ica kabiri c’abaragwa Ubwami bwo mw’ijuru ari abantu b’ibijuju hanyuma ikindi gice bakaba abanyabwenge! Oya, ahubwo ashaka kuvuga yuko mu bijanye n’Ubwami bw’ijuru, hariho umuce umeze nk’iki canke kirya, cabure yuko ibintu bijanye n’Ubwami hari ukuntu bizoba bimeze nka mwene ico kintu.
Izo nkumi cumi zigereranya Abakirisu bose biteze kuzoronka Ubwami bwo mw’ijuru canke abavuga ko bavyiteze. Kuri Pentekote yo mu 33 G.C. ni ho ishengero ry’Abakirisu ryemererwa kuzokwabirwa n’Umukwe yazutse kandi yaninahajwe, ari we Yezu Kirisitu. Ariko ubwo bugeni bwobereye mw’ijuru ku gihe kidatomoye neza co muri kazoza.
Muri ico kigereranirizo, izo nkumi cumi ziragenda zifise intumbero yo gusanganira umukwe no kwifatanya mu rugendo rw’abagiye gutaha ubwo bukwe. Umukwe ashitse baraza kubonesha n’amatara yabo inzira abagiye kubutaha bacamwo, gutyo babe bamuteye iteka igihe azanye umugeni wiwe ku nzu yateguriwe. Ariko rero, Yezu asigura ati: “Vya bijuju, mu kujana amatara yavyo, [ntivya]jananye n’amavuta. Arikw abanyabgenge bo, bajananye n’amavuta mu macupa yabo hamwe n’amatara yabo. Umukwe agitebaganye bose barahūnyiza, barasinzira.”
Ukwo guteba cane kw’umukwe kwerekana ko ukuhaba kwa Kirisitu ari Umwami aganza kwobaye muri kazoza ka kure. Amaherezo avyagira ku ntebe yiwe y’ubwami mu mwaka w’1914. Muri rya joro rirerire ry’imbere y’uko aza, izo nkumi zose zitwarwa n’itiro. Ariko ntizicirwa rubi kubera ico. Izo nkumi z’ibijuju zicirwa rubi kubera ko zidafise amavuta yo gushira mu macupa yazo. Yezu arasigura ukugene izo nkumi zikangura imbere y’uko umukwe ashika, ati: “Mu gicugu humvikana urwamo, ngo Nguyu umukwe, ni musohoke mumusanganire. Buno za nkumi zose zirazanzamuka, zitunganya amatara yazo. Vya bijuju bibgira abanyabgenge, biti Nimuduhe se ku mavuta yanyu, kukw amatara yacu arikw arazima. Arikw abanyabgenge barabishura, bati Kumbure ntiyodukwira twese: ivyiza ni muje kubadandaza mwigurire.”
Ayo mavuta agereranya ikintu gituma Abakirisu b’ukuri baguma basayangana nk’ibimuri. Ico na co ni Ijambo ry’Imana ryahumetswe ari na ryo Abakirisu bagumya badata, hamwe n’impwemu yera, iyibafasha gutahura iryo Jambo. Amavuta yo mu buryo bw’impwemu atuma za nkumi z’inkerebutsi zibonesha mu gusanganira umukwe mu gihe c’urugendo rw’ukuja kubutaha. Ariko abagize umugwi wa za nkumi z’ibijuju nta mavuta yo mu buryo bw’impwemu ya nkenerwa bafise muri bo, ni ukuvuga mu macupa yabo. Yezu rero adondora ibishika, ati:
“[Za nkumi z’ibijuju] bakigiye kugura umukwe arashika; abiteguye binjirana na we mu bukwe, urugi rurugarwa. Mu nyuma za nkumi zindi na zo ziraza, ziti Mupfasoni, mupfasoni, n’utwugururire. Na we arabishura, ati Ndababgire ukuri: Simbazi.”
Yezu amaze gushika mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru, umugwi w’inkumi z’ubwenge ugizwe n’Abakirisu basizwe b’ukuri urikangura ku vyerekeye agateka batewe ko kubonesha muri iyi si icura umwiza, kugira ngo bashemeze Umukwe yagarutse. Ariko abagereranywa n’inkumi z’ibijuju ntibiteguriye gutera impundu z’ukumusanganira. Nuko igihe kigeze, Kirisitu ntabugururira urugi rwo kwinjira mu bukwe bwo mw’ijuru. Abasiga hanze mu mwijima w’ijoro ry’isi ricura umwiza kuruta ayandi majoro yose, kugira ngo batikirane n’abandi bose bakora ivy’ubugarariji. Yezu asozera avuga ati: “Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’isaha.”
Umugani w’Italanto
Yezu abandanya ikiyago agirana n’intumwa ziwe ku Musozi wa Elayono mu kubabwira ikindi kigereranirizo, ikigira kabiri muri rwa rukurikirane rurimwo bitatu. Ubu haraciye imisi mikeyi, igihe yari i Yeriko, yaravuze ikigereranirizo c’imina ngo yerekane yuko Ubwami bwari bugisigaje igihe kirekire ngo bushike. Ubu umugani aca naho ufise imice itari mike uhuriyeko n’uwo, udondora mw’iranguka ryawo imirimo irangurwa mu gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu mu bubasha bw’Ubwami. Uvuga yuko abigishwa biwe bategerezwa gukora igihe bakiri kw’isi kugira bongereze “ivyo atunze.”
Yezu aratangura ati: “[Ibishika bifitaniye isano n’Ubwami] bizoba nk’ivy’umuntu agira agende mu mahanga, ahamagara abantu biwe, abasigarana ivyo atunze.” Yezu ni we w’uyo muntu imbere y’ukugenda mu mahanga ashinga ivyo atunze abashumba biwe, ni ukuvuga abigishwa biwe biteze kuzoronka Ubwami bwo mw’ijuru. Ivyo bintu atunze si amatungo y’ivy’umubiri, ariko bigereranya umurima yashizemwo ibintu vyokwunguka bikazana abandi bigishwa.
Yezu ashinga abashumba biwe ivyo atunze hasigaye igihe gitoyi ngo aduge mw’ijuru. Ivyo abikora ate? Mu kubabwiriza kuguma bakora mu murima mu kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami gushika mu mihingo ya kure cane kuruta y’isi. Nk’uko Yezu abivuga, “umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi imwe, uk’umuntu wese ashobora, aja mu mahanga.”
Izo talanto umunani, ari vyo bintu Kirisitu atunze, zigabanganywa muri ubwo buryo hakurikijwe ubuhanga, canke ubushobozi nya bashumba bafise bwo mu vy’impwemu. Abo bashumba bagereranya imigwi y’abigishwa. Mu kinjana ca mbere, umugwi waronse italanto zitanu biboneka yuko warimwo intumwa. Yezu abandanya yigana yuko umushumba yaronse italanto zitanu n’uwaronse zibiri bompi bazigwije incuro zibiri mu kwamamaza Ubwami no mu guhindura abantu abigishwa. Ariko rero, wa mushumba yaronka italanto imwe yayinyegeje mu kuzimu.
Yezu arabandanya ati: “Shebuja w’abo bantu aragaruka, asuzuma ivyo yabasigaranye.” Kirisitu yagiye kugaruka mu kinjana ca 20, inyuma y’imyaka nk’1.900, kugira asuzume ivyo bintu, ugaca rero wumva ko vy’ukuri hari “hashize igihe kirekire.” Maze Yezu asigura ati:
“Uwari yahawe italanto zitanu araza, azana italanto zindi zitanu, ati Mugenzi, wari wansigaranye italanto zitanu, ehe nungutsemw’izindi talanto zitanu. Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa; wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja.” Umushumba yari yaronse italanto zibiri na we nyene yarazunguye incuro zibiri, hanyuma arashimirwa yongera aronka n’impera nk’uwa mbere.
Mugabo ni mu buryo ki abo bashumba b’abizigirwa binjira mu munezero wa Shebuja? Umunezero wa Shebuja, Yezu Kirisitu, ni uwo guhabwa ivy’Ubwami igihe yagenda mu mahanga kwa Se wiwe mw’ijuru. Ku vyerekeye abashumba b’abizerwa mu bihe vya none, baragira umunezero munini mu gushingwa ayandi mabanga y’ivy’Ubwami, hanyuma igihe barangije ubuzima bwabo bwo kw’isi, bakaronka umunezero uherejeko w’ukuzurwa ngo bahabwe Ubwami bwo mw’ijuru. Ariko wa mushumba wa gatatu we bite?
Uwo mushumba aridoga ati: “Mugenzi, nari nkuzi k’ur’umuntu w’ingāre. . . . [Ni co gituma natinye], ndagenda mpisha italanto yawe mu kuzimu: ehe ngibi ivyawe.” Uwo mushumba yaranse gukora n’ibigirankana muri ya ndimiro mu kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa. Nuko uwo shebuja amwita ‘umuntu mubi n’ikinebwe’ hanyuma amukatira urubanza, ati: “Ni mumwake italanto . . . Uyo muntu wanje w’imburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.” Abo muri uwo mugwi w’umushumba mubi, kubera batabwa hanze, barimwa umunezero na muke wo mu vy’impwemu.
Ivyo biratanga icigwa gikomeye kuri abo bose bavuga ko ari abayoboke ba Kirisitu. Nimba bashaka ko abashimira akongera akabahera, bakongera bakirinda gutabwa hanze mu mwiza hanyuma amaherezo bagasangangurwa, bategerezwa gukora kugira ngo bongereze ivyo Shebuja wabo wo mw’ijuru atunze, mu kugira uruhara bimwe vyuzuye mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Wewe woba ushirutse ubute muri ivyo?
Igihe Kirisitu Aza mu Bubasha bw’Ubwami
Yezu aracari kumwe n’intumwa ziwe ku Musozi wa Elayono. Mu kwishura ikibazo babajije barondera ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe n’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu, ubu ababwira ica nyuma mu rukurikirane rw’ibigereranirizo bitatu. Atangura ati: “Umwana w’umuntu ah’azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza.”
Ukwo gushika kuba igihe umuhero w’urunkwekwe rw’ibintu wegereje cane. Ariko kuba kubera iki? Yezu asigura ati: “Amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura, nk’uk’umwungere arobanura intama mu mpene. Intama azoziherereza i buryo bgiwe, impene na zo i bumoso.”
Mu kudondora ivyoshikiye abashirwa ku ruhande rw’ubutoni, Yezu avuga ati: “Maz’Umwami azobgira abar’i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.” Intama zo muri ico kigereranirizo ntibazoganza hamwe na Kirisitu mw’ijuru, ariko bazoragwa Ubwami mu kuba abatwarwa babwo bo kw’isi. “Ukuremwa kw’isi” kwabaye igihe Adamu na Eva bantangura kuvyara abana boshoboye kwungukira ku ntunganyo Imana yashizeho yo gucungura abantu.
Ariko ni kuki intama zishirwa iburyo bw’Umwami h’ubutoni? Nya mwami yishura ati: “Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nnywa; nar’ingenzi, mumpa indāro; nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye muza kurāba uko mmeze; nari mw’ibohero, muza kundāba.”
Kubera ko izo ntama bari kw’isi, bashaka kumenya ukuntu bashobora kuba barakoreye Umwami wabo wo mw’ijuru ibikorwa vyiza mwene ivyo. Babaza bati: “Mwami, twakubonye ryari ushonje, tukakugaburira; cank’ufise inyota, tuguha ico unywa? Twakubonye ryari ur’ingenzi, tuguha indāro; cank’ugenda gusa tukakwambika? Twakubonye ryari urwaye, cank’uri mw ibohero, tuza kukurāba?”
Wa Mwami asubizayo ati: “Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.” Abavukanyi ba Kirisitu ni amasigarira ari kw’isi ya bamwe 144.000 bazotegeka kumwe na we mw’ijuru. Kandi Yezu avuga ko kubagirira iciza, ari cokimwe no kukimugirira.
Ubukurikira, Umwami abarira impene ati: “Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe. Nari nshonje, ntimwangaburira; nari mfise inyota ntimwampa ico nnywa; nar’ingenzi, ntimwampa indāro; nagenda gusa, ntimwanyambika; nari ndwaye, nari mw ibohero, ntimwaza kundāba.”
Izo mpene yamara baridoga bati: “Mwami, twakubonye ryari ushonje, cank’ufise inyota, cank’ur’ingenzi, cank’ugenda gusa, cank’urwaye, cank’uri mw ibohero, ntitwagira ico tugukorera?” Izo mpene bacirwa urubanza rubi hafatiwe ku cishimikijweko mu gucira intama urubanza rwiza. Yezu yishura ati: “Ko mutabigiriye umwe mur’aba bari hanyuma y’abandi [bo mu bavukanyi banje], nanje ntimwabingiriye.”
Nuko rero, ukuhaba kwa Kirisitu mu bubasha bw’Ubwami, ukuba imbere gatoyi y’uko umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu rubi uba igihe ca ya marushwa ahambaye, kuzoba kurimwo n’igihe c’uguca urubanza. Impene ‘bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidashira, ariko abagororotsi [ari zo ntama] bazoja mu buzima budashira.’ Matayo 24:2–25:46; 13:40, 49; Mariko 13:3-37; Luka 21:7-36; 19:43, 44; 17:20-30; 2 Timoteyo 3:1-5; Yohana 10:16; Ivyahishuriwe 14:1-3.
▪ Ni igiki gituma intumwa zibaza ikibazo, ariko biboneka ko ari ikindi kintu ikihe biyumvira?
▪ Ni igihimba ikihe c’ubuhanuzi Yezu yatanze kiranguka mu 70 G.C., ariko ni igiki kidashika ico gihe?
▪ Ubuhanuzi Yezu yatanze bugira iranguka rya mbere ryari, ariko bugira iranguka rikuru ryari?
▪ Ca kintu gisesemye ni igiki mw’iranguka ryaco rya mbere no mu rya nyuma?
▪ Ni kuki igihe Yeruzalemu hasangangurwa atari ho ya marushwa ahambaye aranguka ubwa nyuma?
▪ Ni ibintu ibihe biba kw’isi biranga ukuhaba kwa Kirisitu?
▪ Ni ryari ‘amahanga yose yo mw isi azoboroga,’ ariko abayoboke ba Kirisitu bazoba bariko barakora iki?
▪ Ni ikigereranirizo ikihe Yezu atanga kugira afashe abigishwa biwe bo muri kazoza kumenya igihe umuhero wobaye uri hafi?
▪ Ni inkeburo iyihe Yezu aha abo mu bigishwa biwe bobaye bariho mu misi y’iherezo?
▪ Ni bande bagereranywa na za nkumi cumi?
▪ Ni ryari ishengero ry’Abakirisu ryasezeraniwe kwabirwa n’umukwe, ariko umukwe ashika ryari kugira atware umugeni wiwe ku bukwe?
▪ Ya mavuta agereranya iki, kandi ukuba za nkumi z’inkerebutsi ziyafise bituma zishobora kugira iki?
▪ Ubukwe bubera hehe?
▪ Ni impera ihambaye iyihe za nkumi z’ibijuju zihomba, kandi ni igiki kibarindiriye?
▪ Ikigereranirizo c’italanto gitanga icigwa ikihe?
▪ Abo bashumba ni bande, kandi ibintu bashingwa na vyo bikaba ibiki?
▪ Ni ryari shebuja aza gusuzuma ibintu, kandi asangaho iki?
▪ Umunezero abashumba b’abizigirwa binjiramwo ni iki, kandi ni igiki gishikira umushumba wa gatatu, umwe mubi?
▪ Mu gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu, ni igikorwa nyabaki akora c’uguca urubanza?
▪ Ni mu buryo ki intama ziragwa Ubwami?
▪ “Ukuremwa kw’isi” kwabaye ryari?
▪ Abantu bacirwa urubanza nk’intama canke nk’impene hishimikijwe iki?