ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 112
  • Pasika ya Nyuma Kuri Yezu Yegereza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Pasika ya Nyuma Kuri Yezu Yegereza
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu yitegurira Pasika ya nyuma
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • ‘Ivyo bize bibabere Icibutso’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ukwicisha Bugufi Kuri Pasika ya Nyuma
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Pasika ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 112

Ikigabane ca 112

Pasika ya Nyuma Kuri Yezu Yegereza

UMUSI wo ku wa Kabiri igenekerezo rya 11 Nisani uregereje kurangira, Yezu araheza kwigisha intumwa ziwe ku Musozi wa Elayono. Ese ukuntu wari umusi urimwo ibikorwa vyinshi kandi uruhisha! Ubu na ho, kumbure mu gihe Yezu asubiye i Betaniya ngo aharare, abwira intumwa ziwe ati: “Murazi yukw imisi ibiri ni yashira, hazoba Pasika, kand’Umwana w’umuntu azotangwa [“amanikwe,” NW].”

Yezu biboneka ko umusi ukurikira, ku wa Gatatu igenekerezo rya 12 Nisani, awumara yihereranye n’intumwa ziwe ahantu h’agacerere. Yari yaraye akangiriye icese indongozi z’idini, kandi arabona yuko bariko barondera kumwica. Ni co gituma ku wa Gatatu atiyerekana ku mugaragaro, kubera ko atagomba ko hagira ikintu na kimwe kimubuza guhimbaza Pasika ari kumwe n’intumwa ziwe ku mugoroba ukurikira.

Muri ico gihe, abaherezi bakuru n’abagabo b’inararibonye bo mu bantu, bakoraniye ku mbuga y’umuherezi mukuru, Kayafa. Kubera ko bakijingitwa n’amajambo Yezu yaraye ababwiye, bariko baja imigambi yo kumufata ku rwenge hanyuma bamwicishe. Yamara baguma bavuga bati: “Ntitumufate mu misi mikuru, hoye kuvyuka umugūmūko mu bantu.” Batinya abantu, nya bantu na bo bakaba bahimbara Yezu.

Mu gihe izo ndongozi z’idini ziriko ziraja inama n’ububisha n’akantu yo kwica Yezu, zironka umushitsi. Ikibatangaza ni uko ari umwe mu ntumwa za Yezu ubwiwe, Yuda Iskariyoti, uwo Shetani yinjijemwo iciyumviro c’ubuyobe co kugura Shebuja! Ese ukuntu baryohewe igihe Yuda abaza ati: “Mwompēra iki, nkazomubaronkera?” Baremera n’urweze rwinshi kumuriha ibiceri 30 vy’amafeza, akaba angana n’ikiguzi c’umushumba dukurikije isezerano ry’Ivyagezwe vya Musa. Kuva ico gihe, Yuda arondera akaryo keza ko kubagurishako Yezu igihe ata sinzi ry’abantu rihari.

Uwa 13 Nisani utangura ku wa Gatatu izuba rirenze. Yezu yashitse ku wa Gatanu avuye i Yeriko, ubu rero rikaba ari ijoro rigira gatandatu ari ryo rya nyuma amara i Betaniya. Bukeye, ku wa Kane, hategerezwa kugirwa imyiteguro ya nyuma ya Pasika itangura izuba rirenze. Ni co gihe umwagazi wa Pasika utegerezwa gukererwa hanyuma ukotswa wose uko ungana. None uwo musi mukuru baza kuwuhimbariza hehe, kandi ni bande baza kuwutegura?

Yezu ivyo ntiyabibasiguriye ido n’ido, kumbure kugira ngo Yuda ntahave abimenyesha abaherezi bakuru ngo bahave bafata Yezu mu gihe c’ihimbazwa rya Pasika. Ariko ubu, kumbure hakaba ari ku wa Kane mu ntango z’umuhingamo, Yezu atuma Petero na Yohani igihe bari i Betaniya, avuga ati: “Ni mugende, mudutegurire ivya Pasika, kugira ngo turye.”

Baramubaza bati: “Ugomba ko tubitegurira hehe?”

Yezu abasigurira ati: “Mumaze gushika mu gisagara, murahūra n’umugabo yikoreye umubindi w’amazi; mumukurikire mu rugo ajamwo. Mubgire nyen’urugo, mut’Umwigisha agize ngw Indāro iri hehe, ah’asangirira ivya Pasika n’abigishwa biwe? Na we arabereka icumba kinini co mu nzu yo hejuru gitunganijwe: abe ari co muteguriramwo.”

Nta gukeka, uwo nyenurugo ni umwigishwa wa Yezu kumbure yiteze ko Yezu amusaba gukoresha inzu yiwe ku bw’urwo rubanza rudasanzwe. Ivyo ari vyo vyose, igihe Petero na Yohani bashika i Yeruzalemu, basanga ibintu vyose bimeze nk’uko Yezu yabibabwiye. Nuko rero abo bigishwa babiri baritwararika kuraba neza ko umwagazi w’intama uteguwe, be n’uko ibindi bintu bitunganijwe kugira ngo abantu 13 bahimbaza Pasika, ni ukuvuga Yezu n’intumwa ziwe 12, baronke ivyo bakeneye. Matayo 26:1-5, 14-19; Mariko 14:1, 2, 10-16; Luka 22:1-13; Kuvayo 21:32.

▪ Biboneka ko Yezu akora iki ku wa Gatatu, kandi ni kubera iki?

▪ Ni inama nyabaki igirwa ku nzu y’umuherezi mukuru, kandi ni kubera iki Yuda agendera indongozi z’idini?

▪ Ni bande Yezu arungika i Yeruzalemu ku wa Kane, kandi abarungika kubera iki?

▪ Ni ibiki abo barungitswe babona vyongera guhishura ububasha Yezu afise bwo gukora ibitangaro?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika