ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 115
  • Ibihari Bivyuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibihari Bivyuka
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Havyuka ibihari vyo kumenya umukuru uwo ari we
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Arakunda Abana Batobato
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ategura Intumwa ku bw’Ukugenda Kwiwe
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yehova Adusaba Iki Muri Iki Gihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 115

Ikigabane ca 115

Ibihari Bivyuka

IMBERE yaho kuri uwo mugoroba, Yezu yigishije icigwa ciza cane mu vy’ugukorana ukwicisha bugufi mu kwoza ibirenge intumwa ziwe. Inyuma yaho, yatanguje Icibutso c’urupfu rwiwe rwegereje. Ubu na ho, hari ikintu gitangaje kivyutse, canecane gitangaje turavye ibihejeje kuba. Intumwa ziwe zigiye mu bihari bikaze ku vyerekeye uwusa na mukuru muri bo! Biboneka ko ivyo bihari atari bwo bwa mbere bivyuka.

Ibuka yuko inyuma ya hamwe Yezu yahinduka ukundi ari ku musozi, intumwa ziwe zahaririye ku vyerekeye umukuru muri bo. Vyongeye, Yakobo na Yohani barasavye ibibanza vy’imbere mu Bwami, bituma havyuka ukundi guhiganwa mu ntumwa. Ubu na ho, mw’ijoro rya nyuma amarana na bo, ibaze ukuntu Yezu ategerezwa kuba ababazwa no kubona basubira gutongana! None agira iki?

Aho kuryagagura intumwa ziwe kubera iyo nyifato yazo, n’ubu Yezu arihangana akabafasha kuzirikana ati: “Abami b’amahanga bayatwaza amanyama, n’abafise ububasha bgo kuyaganza bitwa ba rutungaboro. Ariko mwebge s’uko . . . Umukuru ni nde, n’ūkorerwa, canke n’ūmukorera? Mbega s’ūkorerwa?” Maze mu kubibutsa akarorero yatanze, avuga ati: “Ariko jeho ndi hagati muri mwebge mmeze nk’ūbakorera.”

Naho izo ntumwa ari abanyagasembwa, barumiye kuri Yezu mu bigeragezo yaciyemwo. Ni co gituma avuga ati: “Ngiranye isezerano namwe, nk’uko Data yagiranye isezerano nanje, ku bw’ubwami.” (NW) Iryo sezerano Yezu ubwiwe agiranye n’abayoboke biwe b’intadohoka ribunga kuri we ngo bazosangire na we ingoma ya cami. Igitigiri gitoyi c’abantu 144.000 gusa ni bo amaherezo bajanwa muri iryo sezerano ry’Ubwami.

Naho intumwa zishikirijwe ico cizigiro c’akaroruhore co gusangira na Kirisitu ubutegetsi bw’Ubwami, muri ico gihe baragoyagoya mu vy’impwemu. Yezu avuga ati: “Mwebge mwese mur’iri joro ivyanje bihava bibatsitaza.” Ariko rero, Yezu abwiye Petero ko yamusengeye, ahimiriza ati: “Nawe ni wamara guhinduka, uz’uremeshe bagenzi bawe.”

Yezu asigura ati: “Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk’uko nabgiye Abayuda, nt’Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababgira namwe. Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.”

Petero abaza ati: “Mugenzi, uja hehe?”

Yezu arishura ati: “Aho nja ntushobora kunkurikira ubu, arik’uzonkurikira hanyuma.”

Petero yongera kubaza ati: “Mugenzi, n’iki kimbuza kugukurikira n’ubu? Erega nzonakwigura.”

Yezu abaza ati: “Ugize ng’uzonyigura? N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.”

Petero ararahira ararengwa ati: “N’iyo noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana.” Hanyuma bugingo izindi ntumwa na zo nyene zigiyemwo mu kuvuga nk’ivyo nyene, Petero ariyemera ati: “Ivyawe n’iyo vyotsitaza bose, jeho nta ho bizontsitaza.”

Yezu yerekeza kuri ca gihe yarungika intumwa ku rugendo rw’ukwamamaza inkuru nziza i Galilaya ata mupfuko w’amahera canke isaho y’impamba, abaza ati: “Har’ico mwabuze?”

Barishura bati: “Nta co twabuze.”

Avuga ati: “Ariko noneho ūfise umupfuko w’amahera awujane, n’ūfise isaho ayijane; kand’ūdafise inkota, ashōre impuzu yiwe ayigure. Ndababgire, Ibi vyanditswe bikwiye kunshikako, ngo Yaharūranywe n’abanyabicumuro. Kukw ivyanje bigira bishike.”

Yezu ariko avuga ivy’igihe azomanikanwa n’inkozi z’ikibi, canke abagarariji. Ariko kandi yerekana yuko abayoboke biwe mu nyuma bazoshikirwa n’uruhamo rukomeye. Bavuga bati: “Mushingantahe, ehe, ngizi inkota zibiri.”

Arishura ati: “Ziramaze.” Nk’uko tuza kubibona, ukuba bafise izo nkota vuba biraja guha Yezu uburyo bwo kwigisha ikindi cigwa gihambaye. Matayo 26:31-35; Mariko 14:27-31; Luka 22:24-38; Yohana 13:31-38; Ivyahishuriwe 14:1-3.

▪ Ni kuki bitangaje cane kubona intumwa zija mu bihari?

▪ Yezu atunganya ate izo mpari?

▪ Isezerano Yezu agirana n’abigishwa biwe rirangura iki?

▪ Ni ibwirizwa rishasha irihe Yezu atanga, kandi rihambaye ku rugero rungana iki?

▪ Petero agaragaza gute ko yiyizigira birenze, Yezu na we avuga iki?

▪ Ni kubera iki amategeko Yezu atanga y’ivy’ugutwara umupfuko w’amahera n’isaho y’impamba atandukanye n’ayo yatanze imbere yaho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika