Ikigabane ca 13
Dukure Icigwa ku Nyosha Mbi Zagizwe Kuri Yezu
BIDATEVYE Yezu ahejeje kubatizwa, ajanwa n’impwemu y’Imana mu bugaragwa bw’i Yudaya. Afise ibintu vyinshi yiyumvira, kubera ko aho abatirijwe ‘ijuru ryugurutse,’ ku buryo yashoboye kumenya ibintu vyo mw’ijuru. Si ivy’imbeshere, arafise vyinshi vyo kuzirikanako!
Yezu amara imisi 40 n’amajoro 40 mu bugaragwa, ata kintu akoza ku munwa muri ico gihe. Maze, Yezu ashonje cane, Shetani iramwegera ngo imwoshe nabi, ivuga iti: “Ni waba ur’Umwana w’Imana, bgira aya mabuye acike imitsima.” Ariko Yezu arazi yuko ari bibi gukoresha ububasha afise bwo gukora ibitangaro mu gushika ku vyo ubwiwe yipfuza. Nuko rero aranka kwoshwa nabi.
Ariko Shetani ntirambirwa. Iragerageza ubundi buryo. Irahigisha Yezu ngo asimbe avuye ku gihome c’urusengero kugira abamarayika b’Imana bamutabare. Ariko Yezu ntiyemera kwoshwa nabi ngo akore mwene ico kintu c’amarorerwa. Yezu akoresha Ivyanditswe, yerekana ko ari bibi kugerageza Imana muri ubwo buryo.
Mu kumwosha nabi ubugira gatatu, Shetani yereka Yezu ubwami bwose bwo mw’isi mu buryo busa n’ubw’igitangaro hanyuma ivuga iti: “Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga.” Ariko n’ubu Yezu aranka kwemera kwoshwa nabi ngo akore ikibi, ahitamwo kuguma ari umwizerwa ku Mana.
Turashobora gukura icigwa kuri izo nyosha mbi zagizwe kuri Yezu. Birerekana, nk’akarorero, yuko Shetani atari inabi nsa, nk’uko abantu bamwebamwe babivuga, ariko yuko ari umuntu abaho, ataboneka. Ukwoshwa nabi kwa Yezu kurerekana kandi yuko intwaro zose z’isi ari inyegu ya Shetani. Nakare ukuba Shetani yarasavye Kirisitu kuzakira vyobaye ari ukumwosha nabi nyakwo gute iyo zitaba ari izayo koko?
Kandi iyumvire ibi: Shetani yavuze ko igomba guha Yezu impembo ayisenze rimwe, mbere ikamuha ubwami bwose bwo mw’isi. Shetani yoshobora neza kugerageza kutwosha mu buryo nk’ubwo, kumbure ikatunohwesha uturyo two kuronka ubutunzi, ububasha, canke igiti vyo mw’isi. Ariko ese ingene twoba tubaye inkerebutsi dukurikije akarorero ka Yezu mu kuguma turi abizerwa ku Mana, naho ivyokoreshwa mu kutwosha nabi vyoba ari ibiki! Matayo 3:16; 4:1-11; Mariko 1:12, 13; Luka 4:1-13.
▪ Yezu biboneka ko azirikana ku biki mu misi 40 amara mu bugaragwa?
▪ Shetani igerageza kwosha Yezu gute?
▪ Ni ibiki dushobora kwigira ku nyosha mbi zagizwe kuri Yezu?