Ikigabane ca 122
Avanwa kwa Pilato Ajanwa kwa Herodi Yongera Kugarukanwa
NAHO Yezu atagerageza namba guhisha Pilato yuko ari umwami, arasigura yuko Ubwami bwiwe budahanamiye Uburoma namba. Yezu avuga ati: “Ubgami bganje s’ubgo mur’iyi si; iyaba ubgami bganje bgar’ubgo mur’iyi si, abagendanyi banje baba bārwanye, ngo simpabge Abayuda. Ariko noneh’ubgami bganje s’ubg’ino.” Gutyo Yezu aremeza incuro zitatu yuko afise Ubwami, naho nyene budakomoka mw’isi.
Yamara Pilato arongera kumucunaguza ati: “Ubgo wewe uri Umwami?” Ni ukuvuga ngo, wewe woba uri umwami naho Ubwami bwawe atari ubwo muri iyi si?
Yezu amenyesha Pilato yuko yabitoye, mu kumwishura ati: “Ni wewe uvyivugiye ko nd’umwami. Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uw’ukuri wese yumva ijwi ryanje.”
Egome, icatumye nyene Yezu abaho kw’isi ni ugushingira intahe “ukuri,” canecane ukuri kwerekeye Ubwami bwiwe. Yezu ariteguriye kuba umwizerwa kuri ukwo kuri naho mbere kwomutwara agatwe. Naho nyene Pilato abaza, ati “Mbeg’ukuri n’iki?” nta zindi nsiguro yirirwa ararindira. Yumvise ibikwiye kugira ace urubanza.
Pilato asubira kuri rya shengero ry’abantu ririndiririye ku kirimba. Bisa n’uko Pilato aseruka ari kumwe na Yezu, akabwira ba baherezi bakuru n’abari kumwe na bo ati: “Jewe nta gicumuro mbonye kuri we.”
Rya shengero ry’abantu rishavuzwa n’iyo ngingo, ritangura gushimika riti: “Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya ageza n’ino.”
Ishaka rirenze urugero ry’Abayuda ritagiramwo ukwiyumvira ritegerezwa kuba ritangaza Pilato. Nuko rero, igihe ba baherezi bakuru n’abagabo b’inararibonye bakibandanya gusemerera, Pilato asubira kuri Yezu abaza ati: “Ntiwumva ingene bakwagiriza vyinshi?” Yamara Yezu ntagerageza kwishura. Ukuguma atekereje kandi ariko yagirizwa ibintu bikomeye, gutuma Pilato ajorerwa.
Pilato yumvise ko Yezu ari Umunyagalilaya, aba aronse icanzo co kuvyikurako. Umutegetsi w’i Galilaya, ari we Herode Antipa (mwene Herode Mukuru), ari i Yeruzalemu guhimbaza Pasika, ari co gituma Pilato arungika Yezu kuri we. Herode Antipa ni we yari yaricishije Yohani Umubatizi, bikaba vyatumye agira ubwoba igihe yumva ivyerekeye ibikorwa vy’igitangaro Yezu yariko arakora, agatinya rero yuko Yezu yoba vy’ukuri yari Yohani yazuwe mu bapfuye.
Ubu na ho Herode arengewe n’umunezero yizigiye ko ashobora kubona Yezu. Ivyo si ukubera yuko arajwe ishinga n’uko Yezu yomererwa neza, canke ngo abe ashaka kugerageza vy’ukuri kumenya yuko ivyo yagirizwa vyoba ari vyo canke atari vyo. Ahubwo afise amatsiko gusa kandi akaba yizigiye kubona Yezu akora igitangaro.
Yamara Yezu aranka kumara Herode amatsiko. Kukaba nkako, Herode amubajije ikibazo, nta kajambo amwumvako. Herode ahebuye, we hamwe n’abasirikare biwe b’abarinzi, bashinyagurira Yezu. Bamwambika umwerupe hanyuma bakaza baramushinyagurira. Maze bamusubiza kwa Pilato. Ivyo bituma Herode na Pilato, abari bahoze badacana uwaka, bacika abagenzi somambike.
Yezu agarutse, Pilato ahamagara abaherezi bakuru, abategetsi b’Abayuda hamwe n’abanyagihugu, arabakoranya hanyuma avuga ati: “Mwanzaniye uyu muntu ngw agomesha abantu; none jewe namucunagurije imbere yanyu, nta caha mbona kuri we ku vyo mwamureze. Na Herode n’uko, kuko yamudushubije: kandi rāba nta co yakoze gikwiye kumwicisha. Nuko ndamukubita, ndamurekure.”
Iryo rigize kabiri Pilato amenyesha ko Yezu ataco azira. Arashashaye kumurekura, kuko abona yuko inzigo ari yo yatumye abaherezi bamumushikiriza. Pilato agize ngo arabandanya kugerageza kurekura Yezu, araronka mbere iyindi mpamvu yotuma amurekura. Igihe avyagiye ku ntebe yiwe y’icubahiro, umugore wiwe arungika ubutumwa bumwihanikiriza buti: “Ntihagire ico ugira uwo mugororotsi; kuko narāye ndose [bisa n’uko zari iziva ku Mana] mbona mbabazwa vyinshi kubgiwe.”
Pilato arazi ko akwiye kurekura uyo muntu ataco azira. Ariko abishobora ate? Yohana 18:36-38; Luka 23:4-16; Matayo 27:12-14, 18, 19; 14:1, 2; Mariko 15:2-5.
▪ Yezu yishura ate ikibazo c’uko yoba ari umwami?
▪ “Ukuri” Yezu yamaze ubuzima bwiwe bwo kw’isi ashingira intahe ni ukuhe?
▪ Urubanza Pilato aca ni uruhe, abantu bishura iki, Pilato na we amugira ate?
▪ Herode Antipa ni nde, ni kuki arengewe n’umunezero wo kubona Yezu, kandi amugira iki?
▪ Ni kuki Pilato ashashaye kurekura Yezu?