ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 14
  • Abigishwa ba Mbere ba Yezu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abigishwa ba Mbere ba Yezu
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu atangura kurondera abigishwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ababaye abigishwa ba Yezu
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yohani Abatiza Yezu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu atora intumwa cumi na zibiri
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 14

Ikigabane ca 14

Abigishwa ba Mbere ba Yezu

INYUMA y’imisi 40 mu bugaragwa, Yezu asubira kwa Yohani, uwari yamubatije. Yegereye, Yohani biboneka yuko amwerekana, akikugura abwira abahari ati: “Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw isi. Uyo ni we navuze, nt’Inyuma yanje hazoza umuntu yar’uw’imbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.” Naho Yohani akuze kuruta uwo mwene nyinabo Yezu, arazi yuko Yezu yabayeho imbere yiwe ari umuntu wo mu buryo bw’impwemu mw’ijuru.

Yamara, amayinga makeyi imbere yaho, igihe Yezu yaza ngo abatizwe, Yohani bisa n’uko atari azi neza yuko Yezu ari we yari kuba Mesiya. Yohani yiyemerera ati: “Nanje sinaribgamumenye, ariko kugira ngo yerekwe Abisirayeli, ni co catumye nanje nza mbatiza mu mazi.”

Yohani abandanya asigurira abamwumviriza ivyashitse igihe yabatiza Yezu, ati: ‘Nabonye impwemu imanuka iva mw ijuru isa n’inuma, iguma kuri we; kandi jewe sinaribgamumenye, arik’Uwantumye kubatiza mu mazi, ni we yambariye at’Uwo uzobona impwemu imanuka ija kuri we, ikamugumako, ni we abatiza mu mpwemu yera. Nanje narabibonye, narabishingiye intahe yuk’uyo ar’Umwana w’Imana.’

Bukeye, Yohani aba ahagararanye na babiri mu bigishwa biwe. Yezu yegereje, Yohani yongera kuvuga ati: “Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana”! Kuri iryo, abo bigishwa babiri ba Yohani Umubatizi bakurikira Yezu. Umwe muri bo ni Andereya, uwundi na we biboneka ko ari umwe nyene yandika ibi bintu, na wene akaba yitwa Yohani. Uwo Yohani, dukurikije ibivyerekana, na wene ni mwene nyinabo na Yezu, bigasa n’uko ari umuhungu wa Salome mwenewabo na Mariya.

Yezu ahindukiye akabona Andereya na Yohani bamukurikira, abaza ati: “Murondera iki?”

Barabaza bati: “Rabi, . . . usembereye hehe?”

Yezu arabishura ati: “Ni muze muharābe.”

Ni nk’isaha cumi zuzuye zo ku muhingamo, kandi Andereya na Yohani bagumana na Yezu igihe gisigaye c’uwo musi. Mu nyuma Andereya akamwemwe karamusya cane ku buryo anyaragasa, aja kwa mwenewabo yitwa Petero. Amubwira ati: “Twabonye Mesiya.” Aca ajana Petero kwa Yezu. Kumbure Yohani uyo mwanya nyene abona mwenewabo Yakobo amuzana kwa Yezu; yamara nk’uko Yohani yimereye, ayo makuru amwerekeye ntayashira mu Njili yiwe.

Bukeye, Yezu abona Filipo, uwuva i Betsayida, ca gisagara nyene Andereya na Petero bamukamwo. Aramuhamagara, ati: “Nkurikira.”

Maze Filipo abona Natanayeli, uwitwa kandi Barutolomayo, hanyuma avuga ati: “Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n’abāvugishwa n’Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.” Natanayeli agira amazinda. Abaza ati: “Mbeg’i Nazareti hova iciza?”

Filipo aramwinginga ati: “N’uze urābe.” Bariko baraza kwa Yezu, Yezu avuga ivya Natanayeli ati: “Ehe Umwisirayeli vy’ukuri, atarimw’ubugunge.”

Natanayeli arabaza ati: “Wammenyeye hehe?”

Yezu arishura, ati “Filipo ataraguhamagara, aho wari musi y’umusukoni, nakubonye.”

Natanayeli arajorerwa. Avuga ati: “[Rabi, bisobanura ngo] Mwigisha, ur’Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli.”

Yezu amubaza ati: “Wijejwe n’uko nkubgiye yuko nakubonye uri musi y’umusukoni? Uzobona ibiruta ivyo.” Maze abaha umuhango ati: “N’ukuri, n’ukuri ndababgira yuko muzobona ijuru rikingurutse, kand’abamarayika b’Imana badūga bamanuka ku Mwana w’umuntu.”

Vuba cane inyuma y’ivyo, Yezu, hamwe n’abigishwa aherutse kuronka, ava mu Mubande wa Yorodani, afata urugendo rwo kuja i Galilaya. Yohana 1:29-51.

▪ Abigishwa ba Yezu ba mbere ni bande?

▪ Vyagenze gute ngo Petero, kumbure na Yakobo nyene, bashikanwe kuri Yezu?

▪ Ni igiki kijijura Natanayeli yuko Yezu ari Umwana w’Imana?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika