Ikigabane ca 131
Ukubabonekera Ubwa Nyuma na Pentekote yo mu 33 G.C.
IGIHE kimwe Yezu atunganya ivy’uko za ntumwa 11 zose zihurira na we ku musozi umwe i Galilaya. Abandi bigishwa bisa n’uko babwiwe ivy’iryo koraniro, hakoranira abantu barenga 500. Ese ukuntu iryo riba iteraniro riteye umunezero igihe Yezu ababonekera agatangura kubigisha!
Mu vyo Yezu yasiguriye iryo sinzi rinini ry’abantu, harimwo ivy’uko Imana yamuhaye ububasha bwose mw’ijuru no kw’isi. Abahimiriza ati: “Nuko ni mugende, muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose.”
Vyiyumvire! Abagabo, abagore n’abana bose bahabwa iryo tegeko ryo kugira uruhara muri ico gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Ababarwanya bogerageje guhagarika ukwamamaza n’ukwigisha inkuru nziza kwabo, mugabo Yezu arabahumuriza ati: “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.” Yezu agumana n’abayoboke biwe akoresheje impwemu yera, kugira ngo abafashe kurangura igikorwa cabo.
Yezu yiyeretse abigishwa ari muzima mu kiringo c’imisi 40 yose hamwe, inyuma y’izuka ryiwe. Muri ivyo bihe yababonekera, yabategetse ivyerekeye Ubwami bw’Imana, yongera arashimika ku mabanga bashinzwe y’ukuba abigishwa biwe. Igihe kimwe yaranabonekeye murumunawe Yakobo hanyuma arajijura uwo muntu yari yahoze atizeye yuko ari Mesiya vy’ukuri.
Mu gihe izo ntumwa zikiri i Galilaya, Yezu biboneka ko abategeka gusubira i Yeruzalemu. Ahabonaniye na bo, ababwira ati: ‘Ntimuve i Yeruzalemu, ariko murorere isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye. Kuko Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa n’impwemu yera.’
Mu nyuma Yezu yongera guhura n’intumwa ziwe hanyuma azisohokana igisagara gushika i Betaniya, ahaherereye ku mumanuko w’Umusozi wa Elayono. Igitangaje, naho yavuze ibintu vyinshi vyerekeye ukugenda mw’ijuru kwiwe kwimirije, baraciyumvira ko Ubwami buzoshingwa kw’isi. Ni kwo kubaza bati: “Mwami, iki gihe ni co ugira ugarukane ingoma y’Abisirayeli?”
Aho kwongera kugerageza gukosora ivyiyumviro vyabo bitari vyo, Yezu abishura gusa ati: “S’ivyanyu kumenya imisi cank’ibihe Data yashinze n’ububasha bgiwe wenyene.” Maze yongera gushimika ku gikorwa bategerezwa gukora ati: “Muzohabga ubushobozi, [im]pwemu [y]era ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.”
Bacitegereza, Yezu atangura kuduga aja mw’ijuru, hanyuma igicu kiramupfuka ntibaba bakimubona. Amaze kwikurako umubiri w’inyama, aduga mw’ijuru ari umuntu w’impwemu. Bugingo ba bandi 11 bakirangamije mw’ijuru, abagabo 2 bambaye ivyera babaseruka iruhande. Abo bamarayika biyambitse imibiri babaza bati: “Yemwe bagabo b’i Galilaya, n’iki gitumye muhagaze murāba mw ijuru? Uyo Yesu, abakūwemwo, akadūga mw ijuru, azoza artyo, nk’uko mumubonye aja mw ijuru.”
Uburyo Yezu ahejeje kuva kw’isi nta bantu barinze kuvuza inzamba, abonwa gusa n’abayoboke biwe b’abizerwa. Ni muri ubwo buryo azogaruka, ni ukuvuga ata nzamba zirinze kuvuzwa, abayoboke biwe b’abizerwa babe ari bo gusa batahura ko yagarutse n’uko yatanguye kuba ahari mu bubasha bw’Ubwami.
Za ntumwa ubu ziramanuka Umusozi wa Elayono, zijabuka Umugezi wa Kidironi, hanyuma zongera kwinjira i Yeruzalemu. Ziguma ngaho nk’uko Yezu yazitegetse. Haciye imisi cumi, ku musi mukuru w’Abayuda wa Pentekote yo mu 33 G.C., igihe abigishwa 120 bari bakoraniye mu cumba co hejuru i Yeruzalemu, uguhuhuta kumeze nk’ukw’umuyaga w’ikivumbuzi buno nyene kwuzura iyo nzu yose. Haboneka indimi zimeze nk’imbeya z’umuriro, zija kuri umwumwe wese mu bari ngaho, hanyuma ba bigishwa batangura kuvuga mu ndimi zitandukanye. Iryo ni rya sukwa ry’impwemu yera, rimwe Yezu yari yarabasezeraniye! Matayo 28:16-20; Luka 24:49-52; 1 Ab’i Korinto 15:5-7; Ivyakozwe 1:3-15; 2:1-4.
▪ Ni bande Yezu ahaye amabwirizwa ya nyuma i Galilaya, kandi ayo mabwirizwa ni ayahe?
▪ Yezu ahumuriza gute abigishwa biwe, kandi ni mu buryo ubuhe agumana na bo?
▪ Inyuma y’ukuzuka kwa Yezu, abonekera abigishwa biwe mu gihe kingana gute, kandi abigisha iki?
▪ Ni nde Yezu abonekera bigaragara ko atari umwigishwa wiwe imbere y’uko uwo Yezu apfa?
▪ Ni amakoraniro abiri ya nyuma ayahe Yezu agirana n’intumwa ziwe, kandi ni ibiki bishika muri ivyo bihe?
▪ Ni gute Yezu azoza mu buryo nyene yagiye?
▪ Ni ibiki vyashitse kuri Pentekote yo mu 33 G.C.?