Ikigabane ca 16
Ishaka ry’Ugusengwa kwa Yehova
BENEWABO na Yezu basangiye nyina, ni ukuvuga abandi bana b’abahungu ba Mariya, ni Yakobo, Yozefu, Simoni, na Yuda. Imbere y’uko abo bose bafatanya urugendo na Yezu hamwe n’abigishwa biwe ngo baje i Kaperinawumu, igisagara kiri hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya, kumbure baraca i muhira iwabo i Nazareti kugira uwo muryango utekere utwo uzokenera.
Ariko ni kuki Yezu aja i Kaperinawumu aho gushishikara igikorwa ciwe i Kana, i Nazareti, canke ahandi hantu hanaka mu mirambi y’i Galilaya? Kimwe coco, Kaperinawumu ni ahantu hakomeye, kandi bigaragara ko ari igisagara cisumbuye. Vyongeye, benshi mu bigishwa Yezu aherutse kuronka baba i Kaperinawumu canke mu micungararo yaho, ku buryo rero batorinda guta imihana yabo kugira Yezu abamenyereze.
Yezu mu gihe akiri i Kaperinawumu, ararangura ibikorwa vy’igitangaza, nk’uko ubwiwe abishingira intahe inyuma y’amezi makeyi. Ariko bidatevye Yezu na bagenzi biwe basubira gufata inzira. Ni mu mpeshi, bakaba bari mu nzira baja i Yeruzalemu kwitaba Pasika yo mu 30 G.C. Mu gihe ari yo bari, abigishwa biwe babona ikintu kumbure bataribwabone kuri Yezu.
Dukurikije Ivyagezwe vy’Imana, Abisirayeli basabwa gutanga ibimazi vy’ibitungwa. Ku bw’ico rero, i Yeruzalemu abadandaza baragurisha ibitungwa canke inyoni kugira ngo abaza ku rusengero boroherezwe. Mugabo bariko bagurishiriza imbere nyene mu rusengero, kandi bariba abantu mu kubazimba cane.
Yezu bimutera ishavu, atsiba ikintu c’ikigozi, ahindira hanze abo badandaza. Asēsa ibiceri vy’abavunja amahera, arahenagura n’amameza yabo. Asemerera abwira abadandaza b’inuma ati: “Ni mukūreh’ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro”!
Aho abigishwa ba Yezu ivyo babiboneye, bibuka ubuhanuzi bwerekeye Umwana w’Imana, buvuga ngo “ishaka ry’inzu yawe rizondya.” Ariko Abayuda babaza bati: “Utwereka ikimenyetso ki, gituma ukora ivyo?” Yezu arishura ati: “Musambure uru rusengero, nanje nzoruhagarika mu misi itatu.”
Abayuda bibwira ko Yezu ariko avuga urusengero busengero, ni kwo kubaza bati: “Uru rusengero rwubatswe imyaka mirongwine n’itandatu: none wewe uzoruhagarika mu misi itatu?” Ariko rero, Yezu ariko avuga urusengero rw’umubiri wiwe. Kandi inyuma y’imyaka itatu, abigishwa biwe baribuka iryo jambo ryiwe amaze kuzurwa mu bapfuye. Yohana 2:12-22; Matayo 13:55; Luka 4:23.
▪ Inyuma y’ubugeni bw’i Kana, Yezu agira ingendo aja hehe na hehe?
▪ Yezu ashavuzwa n’iki hanyuma akagira iki?
▪ Ni igiki abigishwa ba Yezu bibuka babonye ivyo akoze?
▪ Yezu avuga iki ku vyerekeye “uru rusengero,” akaba ashaka kuvuga iki?