ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 20
  • Igitangaro ca Kabiri Ari i Kana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igitangaro ca Kabiri Ari i Kana
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Igitangaro kigira kabiri ari i Kana
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Akora igitangaro ca mbere
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Igitangaro ca Mbere Yezu Yakoze
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • ‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 20

Ikigabane ca 20

Igitangaro ca Kabiri Ari i Kana

YEZU agarutse mu karere k’iwabo inyuma y’isekeza rinini ry’ukwamamaza inkuru nziza i Yudaya, si ukugira ngo yiruhukire. Atangura riho igikorwa gihambaye kuruta i Galilaya, ca gihugu yakuriramwo. Ariko abigishwa biwe, aho kugumana na we, bisubirira i muhira mu ngo zabo no ku vyo bahora bikorera.

Ni ubutumwa nyabaki Yezu atangura kwamamaza? Ni ubu: “Ubgami bg’Imana buri hafi: mwihane, mwemere ubutumwa bgiza.” None bavyakira gute? Abanyagalilaya barakira Yezu. Bose baramuha icubahiro. Ariko rero, ivyo si ukubera canecane ubutumwa ashikiriza, ahubwo riho ni ukubera ko amezi makeyi imbere yaho benshi muri bo bari kuri Pasika i Yeruzalemu, bakaba bariboneye ibimenyetso vy’agatangaza akora.

Biboneka yuko Yezu igikorwa ciwe gihambaye c’i Galilaya agitangurira i Kana. Ngirango uribuka ko imbere yaho, ca gihe yari agarutse avuye i Yudaya, yahinduye amazi umuvinyu ku mazimano y’ubukwe. Kuri iki gihe kigira kabiri, hari umwana aremvye w’umutware wo mu nganji y’Umwami Herode Antipa. Aho uno mutware yumviye ko Yezu yaje avuye i Yudaya aja i Kana, agira urugendo rurerure avuye i muhira i Kaperinawumu kugira ngo abonane na Yezu. Nya mugabo aramwinginga n’intuntu nyinshi ati: “Ngwino se umanuke [ubu nyene] umwana wanje atarapfa.”

Yezu asubizayo ati: ‘Niwigire, umwana wawe arakize!’ Uno mutware wo mu nganji ya Herode aremera, atangura nya rugendo rurerure asubira i muhira. Mu nzira asanganirwa n’abasuku biwe baje birukanga kumubwira yuko vyose vyagenze neza, yuko umuhungu wiwe yakize! Arabaza ati: ‘Yatoye mitende ryari?’

Bamwishura bati: ‘Ejo isaha 7 zo ku muhingamo.’

Nya mutware amenya yuko iyo ari yo saha nyene Yezu yavugiyeko ati: ‘Umwana wawe arakize!’ Ivyo biheze, nya mugabo hamwe n’abo mu nzu yiwe bose bacika abigishwa ba Kirisitu.

I Kana rero hacika ahagiriwe ubutoni, nka ho hantu Yezu yakoreye igitangaro incuro zibiri mu kumenyesha ko agarutse avuye i Yudaya. Nkako nyene, ivyo si vyo bitangaro vyonyene yakoze gushika ico gihe, ariko biri n’ico bivuze kubera ko vyaranze ukugaruka kwiwe i Galilaya.

Ubu na ho Yezu yerekeza i muhira i Nazareti. None ngaho ni ibiki bimurindiriye? Yohana 4:43-54; Mariko 1:14, 15; Luka 4:14, 15.

▪ Yezu agarutse i Galilaya, ni ibiki bishikira abigishwa biwe, kandi abantu bamwakira gute?

▪ Ni igitangaro giki Yezu yakoze, hanyuma kigira ingaruka iyihe ku bo cerekeye?

▪ I Kana hahavuye hacika ahagiriwe ubutoni gute?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika