Ikigabane ca 20
Igitangaro ca Kabiri Ari i Kana
YEZU agarutse mu karere k’iwabo inyuma y’isekeza rinini ry’ukwamamaza inkuru nziza i Yudaya, si ukugira ngo yiruhukire. Atangura riho igikorwa gihambaye kuruta i Galilaya, ca gihugu yakuriramwo. Ariko abigishwa biwe, aho kugumana na we, bisubirira i muhira mu ngo zabo no ku vyo bahora bikorera.
Ni ubutumwa nyabaki Yezu atangura kwamamaza? Ni ubu: “Ubgami bg’Imana buri hafi: mwihane, mwemere ubutumwa bgiza.” None bavyakira gute? Abanyagalilaya barakira Yezu. Bose baramuha icubahiro. Ariko rero, ivyo si ukubera canecane ubutumwa ashikiriza, ahubwo riho ni ukubera ko amezi makeyi imbere yaho benshi muri bo bari kuri Pasika i Yeruzalemu, bakaba bariboneye ibimenyetso vy’agatangaza akora.
Biboneka yuko Yezu igikorwa ciwe gihambaye c’i Galilaya agitangurira i Kana. Ngirango uribuka ko imbere yaho, ca gihe yari agarutse avuye i Yudaya, yahinduye amazi umuvinyu ku mazimano y’ubukwe. Kuri iki gihe kigira kabiri, hari umwana aremvye w’umutware wo mu nganji y’Umwami Herode Antipa. Aho uno mutware yumviye ko Yezu yaje avuye i Yudaya aja i Kana, agira urugendo rurerure avuye i muhira i Kaperinawumu kugira ngo abonane na Yezu. Nya mugabo aramwinginga n’intuntu nyinshi ati: “Ngwino se umanuke [ubu nyene] umwana wanje atarapfa.”
Yezu asubizayo ati: ‘Niwigire, umwana wawe arakize!’ Uno mutware wo mu nganji ya Herode aremera, atangura nya rugendo rurerure asubira i muhira. Mu nzira asanganirwa n’abasuku biwe baje birukanga kumubwira yuko vyose vyagenze neza, yuko umuhungu wiwe yakize! Arabaza ati: ‘Yatoye mitende ryari?’
Bamwishura bati: ‘Ejo isaha 7 zo ku muhingamo.’
Nya mutware amenya yuko iyo ari yo saha nyene Yezu yavugiyeko ati: ‘Umwana wawe arakize!’ Ivyo biheze, nya mugabo hamwe n’abo mu nzu yiwe bose bacika abigishwa ba Kirisitu.
I Kana rero hacika ahagiriwe ubutoni, nka ho hantu Yezu yakoreye igitangaro incuro zibiri mu kumenyesha ko agarutse avuye i Yudaya. Nkako nyene, ivyo si vyo bitangaro vyonyene yakoze gushika ico gihe, ariko biri n’ico bivuze kubera ko vyaranze ukugaruka kwiwe i Galilaya.
Ubu na ho Yezu yerekeza i muhira i Nazareti. None ngaho ni ibiki bimurindiriye? Yohana 4:43-54; Mariko 1:14, 15; Luka 4:14, 15.
▪ Yezu agarutse i Galilaya, ni ibiki bishikira abigishwa biwe, kandi abantu bamwakira gute?
▪ Ni igitangaro giki Yezu yakoze, hanyuma kigira ingaruka iyihe ku bo cerekeye?
▪ I Kana hahavuye hacika ahagiriwe ubutoni gute?