Ikigabane ca 31
Guhurutura Intete ku Musi w’Isabato
VUBA Yezu n’abigishwa biwe bava i Yeruzalemu basubira i Galilaya. Ni mu mpeshi, kandi mu mirima intete zireze ku biterwa. Abigishwa barashonje. Nuko bahurutura imitwetwe iriko intete hanyuma bararya. Ariko kubera ko ari kw’Isabato, ivyo bagize ntibigenda bitabonywe.
Indongozi z’idini z’i Yeruzalemu bari bahejeje kurondera kwica Yezu mu kumwegekako yuko ngo arenga kw’Isabato. Nuko Abafarizayo bazana ikirego. Baramwagiriza bati: “Mbeg’abigishwa bawe ko bakora ikizira gukorwa kw isabato!”
Abo Bafarizayo bavuga yuko kunobora intete no kuzinyukurira mu ntoke kugira ngo uzirye ari ukugenya n’ugusekura. Ariko ukuntu badadaza mu gusigura ibigize igikorwa, kwatumye Isabato ibera abantu umuzigo, kandi yari yashizweho ngo ibe igihe c’umunezero, cubaka mu vy’impwemu. Nuko, Yezu arabahinyuza akoresheje uburorero bwo mu Vyanditswe, kugira yerekane yuko Yehova Imana atigeze ashaka ko itegeko yatanze ry’Isabato rikoreshwa mu buryo mwene ubwo butabereye kandi budadaje.
Yezu avuga yuko igihe Dawidi n’ingabo ziwe bari bashonje baciye kw’itaberenakulo hanyuma barya ku mitsima y’ishikanwa. Iyo mitsima yari imaze gukurwa imbere ya Yehova isubirizwa iyikiri mishasha, kandi ubusanzwe yari ibikiwe kuribwa n’abaherezi. Yamara, kubera uko ibintu vyari vyifashe, Dawidi n’ingabo ziwe ntibaciriwe rubi ngo ni uko bayiriye.
Mu gutanga akandi karorero, Yezu avuga ati: “Nta ho murasoma mu vyagezwe ingene kw isabato abaherezi, iyo bari mu rusengero, bazirura isabato, ntibabekw igicumuro?” Egome, no kw’Isabato nyene abaherezi barabandanya kubaga hamwe n’ibindi bikorwa vyo ku rusengero mu gutegura ibimazi vy’ibitungwa! Yezu avuga ati: “Ariko ndababgira yuko hano har’ūruta urusengero.”
Mu gukebura Abafarizayo, Yezu abandanya ati: “Iyo muba mwari muzi iri jambo ico rivuga, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi; ntimuba mutsindishije abatarikw igicumuro.” Maze asozera ati: “Kuk’Umwana w’umuntu ar’Umwami w’isabato.” Muri ivyo none Yezu ashaka kuvuga iki? Yezu ariko yerekeza ku ntwaro y’Ubwami bwiwe bw’amahoro buzomara imyaka igihumbi.
Ubu haraheze imyaka 6.000 umuntu acumukuzwa n’ubuja mw’isi ya Shetani wa Mucokoranyi, ata musi wijana hatabaye ubukazi n’intambara. Mugabo rero, intwaro ihambaye ya Yezu Kirisitu y’Isabato kizoba ari igihe c’ukuruhurwa mwene ubwo bucumukure na mwene ako gahahazo kose. Matayo 12:1-8; Abalewi 24:5-9; 1 Samweli 21:1-6; Guharūra 28:9; Hoseya 6:6.
▪ Ni ikirego ikihe abigishwa ba Yezu bagirijwe, hanyuma Yezu acishura gute?
▪ Yezu yerekana ikosa irihe ry’Abafarizayo?
▪ Ni mu buryo ki Yezu ari “Umwami w’isabato”?