Ikigabane ca 43
Yigisha Akoresheje Ibigereranirizo
YEZU biboneka ari i Kaperinawumu igihe akarira Abafarizayo. Mu nyuma kuri uwo musi nyene, ava kuri iyo nzu agenda hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya, hano hakoranira amasinzi y’abantu. Ngaho yurira ubwato, yigira hirya, hanyuma atangura kwigisha abantu bari ku nkengera ivyerekeye Ubwami bw’ijuru. Mu kubigisha akoresha urukurikirane rw’imigani, ari vyo bigereranirizo, umwe wose ukaba ufatiye ku kintu abantu basanzwe bazi.
Ubwa mbere, Yezu avuga ivy’umubivyi abiba imbuto. Zimwe zigwa iruhande y’inzira hanyuma ziribwa n’inyoni. Izindi mbuto zigwa kw’ivu riri ku rutare. Kubera ko imizi idashika mu kuzimu, iyo minago ica iruma ituriwe n’izuba. Izindi mbuto na zo zigwa mu mahwa, ano anyoha nya biterwa igihe bimeze. Amaherezo, imbuto zimwe zigwa kw’ivu ryiza hanyuma zirimbuka ijana, izindi mirongo itandatu, izindi na zo mirongo itatu.
Mu kindi kigereranirizo, Yezu agereranya Ubwami bw’Imana n’umugabo abiba imbuto. Uko imisi irengana, bugingo wa mugabo asinziriye n’igihe yikanguye, za mbuto zirakura. Nya mugabo ntazi ukuntu zikura. Ubwazo zirikuza hanyuma zikama intete. Nya ntete zeze, uwo mugabo arazigenya.
Yezu atanga ikigereranirizo kigira gatatu ku vyerekeye umugabo abiba ubwoko bwiza bw’imbuto, ariko “abantu basinziriye,” haza umwansi abiba urwamfu muri nya buro. Abashumba b’uwo muntu babaza ko boba bakwiye kurandura nya rwamfu. Ariko yishura ati: ‘Oyaye, mwohava murandurana n’uburo. Nimureke bikurane vyompi gushitsa kw’igenya. Maze nzobwira abagenyi gusobanura urwamfu no kuruturira uburo na bwo babushire mu kigega.’
Mu kubandanya insiguro yiwe ashikiriza amasinzi ku nkengera, Yezu atanga ibindi bigereranirizo bibiri. Asigura yuko “ubgami bgo mw ijuru” busa n’akabuto ka sinapi umuntu atera. Avuga yuko naho ari ko gatoyi kuruta imbuto zose, karakura kakaba igiti kinini kuruta ibiterwa vyose biribwa. Gacika igiti inyoni zizako, zikiyugamira mu mashami yaco.
Bamwebamwe muri iki gihe barahakana bavuga yuko ngo hariho imbuto ntonto ziri musi y’iza sinapi. Ariko Yezu ntariko atanga icigwa cerekeye ibiterwa. Mu mbuto Abanyagalilaya bo mu gihe ciwe bazi, akabuto ka sinapi vy’ukuri ni ko gatoya kuruta utundi twose. Baratahura rero ivyerekeye ikura ritangaje Yezu ariko aragereranya.
Amaherezo, Yezu agereranya “ubgami bgo mw ijuru” n’umwambiro umugore yakiriye akawuvanga n’ingero zitatu z’ifu. Yezu avuga ko mu nyuma ushwara mu bice vyose vy’ico gicumbe.
Yezu amaze gutanga ivyo bigereranirizo bitanu, asezera rya shengero ry’abantu hanyuma asubira ku nzu acumbitsemwo. Vuba intumwa ziwe 12 hamwe n’abandi, barahamusanga.
Twungukire ku Bigereranirizo Yezu Yatanze
Aho ba bigishwa baziye kuri Yezu ahejeje gushikiriza ishengero riri ku nkengera y’ikiyaga insiguro yiwe, barafise amatsiko yo kumenya ivyerekeye ubuhinga bwiwe bushasha bw’ukwigisha. Emwe, imbere yaho bari bamwumvise akoresha ibigereranirizo, mugabo atari gushika iyo hose. Nuko bamubaza bati: “Mbeg’ikigutera kubigishiriza mu migani n’iki?”
Kimwe mu bituma abigira ni ugushitsa aya majambo y’umuhanuzi: “Nzoteranura akanwa kanje, nce imigani, nzovuga ivyahishijwe uhereye ku kuremwa kw’isi.” Ariko si ico conyene. Akoresha ibigereranirizo kugira ngo bimufashe guhishura agatima abantu bafise.
Mu vy’ukuri, abantu benshi bitwararitse Yezu kubera gusa bamufata nk’umutezi w’inkuru w’umuhanga akaba n’umukorabitangaro, ntibamufata nk’uwukwiye gukorerwa nk’Umukama, nk’uwo abantu bakwiye gukurikira batiziganya. Ntibashaka kuvurugwa mu kuntu babona ibintu canke mu buryo bibereyeho. Ntibashaka ko ubwo butumwa bubanyengetera gushika kuri urwo rugero.
Ni ho Yezu aca avuga ati: “Igituma mbabgirira mu migani, n’ukw iyo barāba batabona; kand’iyo bumva batumva, badatahura. Kand’ivyo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze, bibashitseko, ngo . . . Kuk’umutima w’ubu bgoko ucuramye.”
Yezu abandanya avuga ati: “Arikw amaso yanyu arahiriwe, kukw abona, n’amatwi yanyu, kuko yumva. Ndababgira ukuri yukw abavugishwa n’Imana benshi n’abagororotsi benshi bāhahamiye kubona ivyo mubona, ntibābibona, no kwumva ivyo mwumva, ntibāvyumva.”
Egome, za ntumwa 12 hamwe n’abari kumwe na zo bafise imitima yumva. Ni co gituma Yezu avuga ati: “Mwebge mwahawe kumenya amabanga y’ubgami bgo mw ijuru, ariko bo ntibābihawe.” Kubera icipfuzo abigishwa ba Yezu bafise c’ugutahura, Yezu arabasigurira ca kigereranirizo c’umubivyi.
Yezu avuga yuko “imbuto [ari] ijambo ry’Imana,” n’uko ivu na ryo ari umutima. Ku mbuto zabibwe iruhande y’inzira, asigura ati: “Umurwanizi [araza], agakūra iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere ngo bakizwe.”
Mugabo rero, imbuto zabibwe kw’ivu riri ku rutare zigereranya imitima y’abantu bakirana ijambo umunezero. Ariko rero, kubera ko iryo jambo ridashobora gushinga imizi ishika kure mu mitima mwene iyo, abo bantu baragwa igihe habaye ibigeragezo canke uruhamo.
Yezu abandanya asigura yuko imbuto zaguye mu mahwa na zo zigereranya abantu bumvise iryo jambo. Ariko rero abo batwarwa n’imyitwarariko n’amatungo be n’ibinezereza vyo muri ubu buzima, nuko bakanyohwa buhere hanyuma ntihagire ikintu batunganya.
Ica nyuma, imbuto zabibwe kw’ivu ryiza, nk’uko Yezu abivuga, ni abumva nya jambo n’umutima mwiza, bakarigumya hanyuma bakama ivyamwa bafise ukwihangana.
Ese ukuntu abo bigishwa bahezagiwe, abarondeye Yezu kugira baronke insiguro y’inyigisho ziwe! Yezu ico agabiye ni uko ibigereranirizo akoresha vyotahurwa kugira ngo ashikirize abandi ukuri. Abaza ati: “Mbeg’itara rizanwa ngo baryubikekw’igisimbo canke barishire mu rutara?” Oyaye, ‘rishirwa ku gitereko caryo.’ Gutyo Yezu yongerako ati: ‘Mwiyubare ku kuntu mwumviriza.’
Bahezagirwa mu Guhabwa Izindi Nyigisho
Aho bamariye kuronka insiguro Yezu abahaye y’ikigereranirizo c’umubivyi, ba bigishwa bashaka kumenya n’ibindi. Baramusaba bati: “Dusobanurire umugani w’urwamfu rwo mu ndimiro.”
Urumva ukuntu inyifato y’abigishwa biwe itandukanye n’iy’abasigaye bo muri iryo shengero ry’abantu bari ku nkengera y’ikiyaga! Abo bantu ntibagira icipfuzo gikomeye co kumenya insobanuro ivyo bigereranirizo bifise, bo babumbwa gusa n’ibintu bikurubikuru bivuzwemwo. Mu guhushanya abo bumviriji bari ku nkengera y’ikiyaga, hamwe n’abigishwa biwe barondera kumenya baje kuri we aho muri iyo nzu, Yezu avuga ati:
“Ingero mugeramwo ni yo muzogererwamwo, kandi muzorengerezwa.” Abo bigishwa bariko bagerera Yezu ukumwitwararika n’ukumwumviriza n’ubwira, ari na co gituma bahezagirwa mu guhabwa izindi nyigisho. Gutyo, mu kwishura ikibazo abigishwa biwe bamubajije, Yezu asigura ati:
“Ūbiba imbuto nziza n’Umwana w’umuntu. Indimiro n’isi. Imbuto nziza ni bo bana b’ubgami. Urwamfu n’abana ba wa Mubi. Umwansi yarubivye ni wa Murwanizi. Igenya n’umuhero w’isi. Abagenyi n’abamarayika.”
Yezu ahejeje gusigura umuce umwumwe wose w’ikigereranirizo ciwe, adondora ico bivamwo. Avuga ko ku nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu abagenyi, ari bo bamarayika, bazotanya Abakirisu b’urwigano bameze nk’urwamfu n’ “abana b’ubgami” b’ukuri. Maze “abana ba wa Mubi” boteweko ikimenyetso ngo bazohonywe, ariko abana b’Ubwami bw’Imana, ni ukuvuga “abagororotsi,” bazoca ibibatsi mu Bwami bwa Se.
Inyuma y’ivyo, Yezu ahezagira abigishwa biwe barondera kumenya mu kubaha ibindi bigereranirizo bitatu. Ubwa mbere avuga ati: “Ubgami bgo mw ijuru busa n’izahabu zanyegejwe mw itongo. Umuntu yazubutseko, arazihisha, aragenda, umunezero umutera gushōra ivy’afise vyose, agura iryo tongo.”
Arabandanya ati: “Kand’ubgami bgo mw ijuru busa n’umudandaza arondera imaragarita nziza. Abonye imaragarita imwe, y’igiciro kinini, aragenda, ashōra ivy’afise vyose, arayigura.”
Yezu ubwiwe asa n’uwo mugabo yubura ubutunzi bwanyegejwe, kandi agasa na wa mudandaza yubura imaragarita y’igiciro kinini. Ni nk’uko yoba yaragurishije vyose, aheba ikibanza c’iteka yari afise mw’ijuru, kugira acike umuntu aciye bugufi. Maze igihe yari umuntu kw’isi, arasigwa iceyi yongera arahamwa n’abamwanka, agaragaza yuko abereye gucika Umutegetsi w’Ubwami bw’Imana.
Abayoboke ba Yezu na bo basabwa ikintu kitoroshe co kugurisha vyose ngo baronke impera ihambaye kuruta cane y’ukuzoba abasangiye na Kirisitu kuganza canke kuba abatwarwa b’Ubwami bo kw’isi. Mbega tuzobona yuko kugira umugabane mu Bwami bw’Imana ari ikintu gifise agaciro karuta ikindi kintu cose mu buzima, nk’ubutunzi bw’agaciro ntangere canke imaragarita y’agaciro kanini?
Amaherezo, Yezu asanisha “ubgami bgo mw ijuru” n’urusenga rwegeranya ifi z’amoko yose. Igihe nya fi zirobanuwe, mbimbi ziratabwa mugabo nzizanziza zikabikwa. Nk’uko Yezu abivuga, ni ko bizomera ku nsozero y’uru runkwekwe rw’ibintu; abamarayika bazotanya abanyakibi n’abagororotsi, abanyakibi bababikire ukuzimanganywa.
Yezu ubwiwe ni we atangura uwo mugambi w’ukuroba, agahamagarira abigishwa biwe ba mbere kuba “abaroba abantu.” Bihagarikiwe n’abamarayika, igikorwa c’ukuroba kirabandanya mu binjana n’ibindi. Amaherezo igihe kiraza c’ugukwega nya “rusenga,” urugereranya amashirahamwe yose ari kw’isi avuga ko ari aya gikirisu, ushizemwo n’ishengero ry’Abakirisu basizwe.
Naho ifi mbimbi zitabwa mu mahonero, birashimishije kuba ‘ifi nzizanziza’ zibikwa. Tugaragaje ca cipfuzo nyene kirimwo ubwira nk’uko abigishwa ba Yezu bakigize kugira ngo turonke ubumenyi n’ubutahuzi birushirije, ntituzohezagirwa gusa mu guhabwa izindi nyigisho, ariko Imana izoduha umuhezagiro w’ubuzima budahera. Matayo 13:1-52; Mariko 4:1-34; Luka 8:4-18; Zaburi 78:2; Yesaya 6:9, 10.
▪ Ni ryari kandi hehe Yezu abwira ishengero akoresheje ibigereranirizo?
▪ Ni ibigereranirizo bitanu ibihe ubu Yezu abwira iryo shengero?
▪ Ni kuki Yezu avuga yuko akabuto ka sinapi ari gatoyi kuruta utubuto twose?
▪ Ni kuki Yezu avuga akoresheje ibigereranirizo?
▪ Abigishwa ba Yezu berekana gute ko bo batandukanye n’iryo shengero?
▪ Yezu asigura gute ikigereranirizo c’umubivyi?
▪ Abigishwa ba Yezu batandukaniye he n’iryo shengero riri ku nkengera y’ikiyaga?
▪ Ni bande canke ni ibiki bigereranywa n’umubivyi, indimiro, imbuto nziza, umwansi, igenya, n’abagenyi?
▪ Ni ibindi bigereranirizo bitatu ibihe Yezu ashikiriza, kandi dushobora kuvyigirako iki?