Ikigabane ca 44
Anumya Igihuhusi c’Agaterabwoba
YEZU amaze umusi mu mirimo myinshi, dushizemwo ukwigisha ishengero ry’abantu ku nkengera y’ikiyaga, ivyo biheze agasigurira abigishwa biwe ibigereranirizo. Bugorovye, avuga ati: “Tujabuke tuje hakurya.”
Hakurya ku nkombe yo mu buseruko y’Ikiyaga c’i Galilaya hari intara yitwa Dekapoli, rivuye mu Kigiriki deʹka, risobanura “cumi,” na poʹlis, risobanura “igisagara.” Ibisagara vy’i Dekapoli ni kw’ishimikiro ry’imico kama y’Abagiriki, naho hategerezwa kuba haba Abayuda benshi. Ariko rero, igikorwa Yezu yakoreye muri iyo ntara ni gitoyi cane. No kuri uru rugendo nyene, nk’uko tuja kubibona mu nyuma, ntibamukundira kuhaguma kanini.
Yezu asavye ko bohava bakaja ku yindi nkombe, abigishwa bamutwara muri bwa bwato. Ariko rero abantu baramenya ko bahavuye. Bidatevye abandi basoza ubwato bwabo ngo babaherekeze. Hakurya si kure cane. Mu vy’ukuri, Ikiyaga c’i Galilaya ni ikiyaga c’uburebure bw’ibirometero nka 20 n’ubwaguke bw’ibirometero bitarenga 12.
Birumvikana ko Yezu arushe. Nuko rero bigiye imbere, aryama mu gihande c’inyuma c’ubwato, umutwe arawusegura, hanyuma arisinzirira umukondorazosi. Abatari bake mu ntumwa ziwe ni abasozabwato babimenyereye, kubera ko barovye cane ku Kiyaga c’i Galilaya. Nuko rero, bishinga ugusoza nya bwato.
Yamara urwo rugendo ntiruza kuborohera. Kubera ko hejuru ku kiyaga hashushe cane kuruta, hakaba haherereye ku metero zirenga 200 munsi y’urugero rw’ibahari, mu misozi yo mu micungararo na ho hakaba hari akayaga gakonje, bituma rimwe na rimwe imiyaga ihuhuta ikubura hanyuma ikadukana ibihuhusi bikaze ku kiyaga. Ivyo ubu ni vyo bishika. Vuba ibisebuzi birisekagura kuri nya bwato, bikaza birabuseburiramwo, gushika n’aho bwegereza kwuzura amazi. Yamara Yezu aguma asinziriye!
Ba bagabo bamenyereye gusoza mw’ibahari b’inararibonye barakora hasi hejuru kugira basunike ubwo bwato. Nawe nu, bari baraciye mu bihuhusi kenshi imbere yaho. Ariko ubu ho, amayeri yabaheranye. Kubera babona ko ubuzima bwabo buri mu kaga, bakangura Yezu. Biha akaruru bati: ‘Mwigisha, mbega ntaco bikubwiye? Turazamye! Dukize tugira dusome nturi!’
Yezu aravyuka, ategeka wa muyaga na ca kiyaga ati: “Hora, utekereze.” Nya muyaga wari wagazwe urahera, hanyuma ca kiyaga kiratekereza. Ahindukirira abigishwa biwe, abaza ati: ‘Ni kuki mugize ubwoba gutyo? Mbega nta kwizera muragira?’
Avuze iryo, ubwoba budasanzwe butekera ba bigishwa. Barabazanya bati: ‘Mbega uyu vy’ukuri ni umuntu ki? Kuko arategeka imiyaga n’amazi, na vyo bikamwumvira.’
Ewe bubasha Yezu agaragaje! Ese ukuntu bisubiriza umutima mu nda kumenya ko Umwami wacu afise ububasha ku bidukikije, n’uko niyahagurukira neza na neza ivy’isi yacu, abantu bose bazokwiberaho ata nkomanzi, badakomwa n’icago kivuye mu bidukikije!
Haciye igihe nya gihuhusi gihwamye, Yezu n’abigishwa biwe bashika ku nkengera yo mu buseruko badora. Ngirango n’ayandi mato yakijijwe ubukomezi bw’igihuhusi, hanyuma asubira i muhira adora. Mariko 4:35–5:1; Matayo 8:18, 23-27; Luka 8:22-26.
▪ Dekapoli ni iki, kandi haherereye hehe?
▪ Ni ibintu ibihe vyo mu bidukikije bituma haba igihuhusi gikaze ku Kiyaga c’i Galilaya?
▪ Igihe ubuhanga abigishwa bafise mu vy’ugusoza budashoboye kubakiza, bagira iki?