ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 58
  • Imitsima n’Umwambiro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imitsima n’Umwambiro
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Imikate n’umwambiro w’Abafarizayo
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Agaburira Abantu Ibihumbi ku Gitangaro
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Agaburira ibihumbi akoresheje udukate n’udufi dukeyi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Agaburira Ishengero
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 58

Ikigabane ca 58

Imitsima n’Umwambiro

AMASINZI y’abantu yasidukiye kuri Yezu i Dekapoli. Benshi bavuye kure cane baza muri iyo ntara ibamwo Abanyamahanga benshi kugira bamwumvirize bongere bakizwe ubumuga bwabo. Baje bitwaje ibiseke bininibinini, ari vyo bivumvu, ivyo basanzwe bakoresha mu gutwaramwo ibiribwa igihe bari ku rugendo rutuma baca mu turere tw’Abanyamahanga.

Ariko rero haciye umwanya, Yezu arahava ahamagara abigishwa biwe hanyuma avuga ati: “Ishengero rinteye akagongwe, kuk’uyu ar’umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. Nobasezera ngo basubire i wabo bashonje, bogwira isari mu nzira, kandi bamwe ar’aba kure.”

Abigishwa biwe bamubaza bati: “Umuntu yokūra hehe imitsima yo guhāza aba bantu, ko hano ari mu gahinga?”

Yezu arabaririkiriza ati: “Mufise imitsima ingahe?”

Na bo bati: “N’indwi, n’udufi dukeya.”

Yezu ategeka nya bantu ngo bagandagaze hasi, afata ya mitsima na twa dufi, asenga Imana, arabimanyagura, hanyuma atangura kubiha abigishwa biwe. Na bo ahabo, babigaburira nya bantu, bose bararya barahaga. Mu nyuma begeranya imisigazwa, haboneka ibiseke indwi vyuzuye ibiribwa, naho nyene hafunguye abagabo nk’4.000, hamwe n’abagore n’abana!

Yezu arungika nya masinzi, yurira ubwato ari kumwe n’abigishwa biwe, hanyuma arajabuka aja ku nkengera y’iburengero bw’Ikiyaga c’i Galilaya. Ngaho Abafarizayo ubu ho bazananye n’abo mu kadumbi k’idini k’Abasadukayo, bagerageza kugeza Yezu mu kumusaba kwerekana ikimenyetso kiva mw’ijuru.

Yezu amenya utwigoro twabo tw’ukumugeza, asubizayo ati: “Iyo bugorovye, muravuga muti Buca haba umuco, kukw ijuru ryirasiye. Mu mutwenzi, muravuga muti Hagira hafurungane, kukw ijuru ryirasiye, kandi ryiraburaniwe. Murazi kugenzura ijuru uko risa, arikw ibimenyetso vy’ibihe ntimuzi kubigenzura.”

Kubera ivyo, Yezu abita iyaruka ryuzuye ububisha kandi ry’ubusambanyi, hanyuma ababurira nk’uko yabwiye Abafarizayo imbere yaho, yuko ata kimenyetso bazohabwa atari ikimenyetso ca Yona. Ava ngaho, we hamwe n’abigishwa biwe binjira mu bwato hanyuma berekeza i Betsayida ku nkengera y’uburaruko bushira ubuseruko bw’Ikiyaga c’i Galilaya. Mu nzira ba bigishwa basanga bibagiye gutekera umutsima, aho hakaba hari irobe rimwe gusa ritarenga.

Yezu yibutse ibihari yagiranye n’Abafarizayo be n’Abasadukayo bashigikiye Herode, arabakebura ati: “Mumenye, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’umwambiro wa Herode.” Ukuba avuze umwambiro biboneka ko bituma abigishwa biwe biyumvira yuko Yezu ashaka kuvuga ko bibagiye kuzana umutsima, nuko batangura kubiharirako. Yezu abonye ko batahuye nabi, avuga ati: “N’iki gitumye mwībūranya ngo nta mitsima mufise?”

Yezu yari aherutse kuronsa umutsima abantu ibihumbi, ico gitangaro ca nyuma kumbure hakaba hari haciye umusi umwe canke ibiri gusa agikoze. Bari bakwiye kumenya yuko atarajwe ishinga n’ivy’ukubura kw’umutsima butsima. Arabibutsa ati: ‘Ntimwibuka hamwe namanyagurira ya mitsima itanu ibihumbi bitanu, mwatororokanije ibisimbo bingahe vyuzuye utumanyagu?’

Basubizayo bati: “Icumi na bibiri.”

“Hamwe namanyagurira ya mitsima ndwi ibihumbi bine, mwatororokanije ibivumvu bingahe vyuzuye utumanyagu?”

Na bo bati: “Indwi.”

Yezu arababaza ati: “Ntimuraruha mubitahura?” “N’iki kibabujije gutahura ko ntababgiye imitsima? Ariko mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.”

Abo bigishwa amaherezo baratahura ico yashaka kuvuga. Kubera ko umwambiro ari ikintu gishobora guhisha inzoga kandi kigatuma umukate uvyimba, ryari ijambo ryakoreshwa mu kuvuga ubwononekare. Ico gihe rero ba bigishwa baratahura yuko Yezu ariko akoresha imvugo ngereranyo, yuko ariko arababurira ngo birinde “inyigisho z’Abafarisayo n’Abasadukayo,” zikaba ari inyigisho zishobora kwonona umuntu.​—Ni twe tubihiritse. Mariko 8:1-21; Matayo 15:32–16:12.

▪ Ni kuki abantu bari bitwaje ibiseke bijamwo ibiribwa?

▪ Aho Yezu aviriye i Dekapoli, yagize ingendo izihe ari mu bwato?

▪ Ni ugutahura nabi ukuhe abigishwa bagize ku vyo Yezu yavuze vyerekeye umwambiro?

▪ Yezu ashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo “umwambiro w’Abafarizayo n’Abasadukayo”?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika