Ikigabane ca 70
Akiza Uwavutse Ari Impumyi
IGIHE Abayuda bagerageje gutera amabuye Yezu, ntiyaciye ava i Yeruzalemu. Mu nyuma kw’Isabato, we hamwe n’abigishwa biwe bariko bagendagenda mu gisagara, babona umugabo yabaye impumyi kuva akivuka. Ba bigishwa babaza Yezu bati: “Mwigisha, ni nde yakoze icaha, n’uyo, canke n’abavyeyi biwe, ko yavutse ar’impumyi?”
Kumbure nk’uko Abarabi bamwebamwe bavyemera, abigishwa biwe bemera yuko umuntu ashobora gucumurira mu nda iwa nyina. Ariko Yezu yishura ati: “Uyu ntiyakoze icaha, kandi s’abavyeyi biwe, ariko n’ukugira ngw ibikorwa vy’Imana bibonekere kuri we.” Uguhuma kw’uwo muntu si inkurikizi y’ikosa kanaka canke icaha cakozwe na nya muntu canke n’abavyeyi biwe. Icaha umuntu wa mbere Adamu yakoze catumye abantu bose baba abanyagasembwa, bituma bategerezwa kugira utunenge, nk’ukuvuka ari impumyi. Ako kanenge kari kuri uwo muntu rero gaha Yezu akaryo ko kugaragaza ibikorwa vy’Imana.
Yezu mu gukora ivyo bikorwa arashimikira ku kintu cihutirwa. Avuga ati: “Twebge dukwiye gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona; buhava bgira, ata wugishobora gukora. Nkiri mw isi, nd’umuco w’isi.” Mu nyuma urupfu rwa Yezu ruzomudwebeza mu mwijima w’imva aho adashobora kuba akigira ico akora. Imbere y’uko ivyo bishika, we ni ikimuri kimurikira isi.
Yezu amaze kuvuga ivyo, acira hasi hanyuma avurunga utwondo akoresheje amate. Tuno aturamba ku maso ya nya muntu hanyuma avuga ati: “Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu.” Nya mugabo aragamburuka. Aho abigiriye atyo, aca arabona! Ese ukuntu anezerwa avuyeyo, akabona ari bwo bwa mbere mu buzima bwiwe!
Ababanyi n’abandi bamuzi barajorerwa. Barabaza bati: “Mbeg’uyu si we yahora yicaye asēgerereza?” Bamwe barishura bati: “Ni we.” Mugabo abandi ntibashobora kuvyemera, bavuga bati: “Oya, n’uwo basa.” Yamara nya mugabo aravuga ati: “Ni jewe.”
Nya bantu bamubaza bati: “Mbega non’amaso yawe yahumūtse ate?”
Na we arabishura ati: “Wa muntu yitwa Yezu yavurunze utwondo, atunsīga ku maso, arambgira, ati Ja kuri Silowamu wiyuhagire; nuko ndagenda, ndiyuhagira, ndahumūka.”
Baramubaza bati: “Ari hehe?”
Uwundi ati: “Sindabizi.”
Ba bantu ubu bajana uwo mugabo yari yahoze ari impumyi ku ndongozi zabo z’idini, ari bo Bafarizayo. Abo na bone bamujako, bamubaza ukuntu yahumutse. Nya mugabo abasigurira ati: “Yansīze utwondo ku maso, ndiyuhagira, ndahumūka.”
Vy’ukuri, abo Bafarizayo bari bakwiye kunezeranwa n’uwo musezi akijijwe! Ariko aho kunezerwa, bambika icaha Yezu. Bavuga bati: “Uwo muntu ntava ku Mana.” Mbega ivyo babivugira iki? Ngo “kuk[o a]taziririza isabato.” Yamara abandi Bafarizayo baribaza bati: “Mbeg’umuntu w’umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana birtyo?” Nuko bicamwo ibice.
Kubera ico, babaza nya mugabo bati: “Weho uvuga kw ar’iki, kuko yaguhumūye amaso?”
Arishura ati: “N’ūvugishwa n’Imana.”
Nya Bafarizayo baranka kuvyemera. Bemera nyabuna yuko hategerezwa kuba habaye umwumvikano mu mpisho hagati ya Yezu na nya mugabo kugira ngo babeshe abantu. Nuko mu gutorera umuti ico kibazo, bahamagaza abavyeyi ba nya musezi kugira bababaze. Yohana 8:59; 9:1-18.
▪ Ni igiki catumye uwo mugabo ahuma, kandi ni igiki kitari co cakuzanye?
▪ Ijoro ata muntu n’umwe ashobora gukora ni iriki?
▪ Wa mugabo amaze gukizwa, abari bamuzi bavyakiriye gute?
▪ Abafarizayo biciyemwo ibice gute bitumwe n’uko nya mugabo akijijwe?