ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 73
  • Umusamariya w’Imbabazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umusamariya w’Imbabazi
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Umugenzi nyakuri ni nde?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Icigwa ku vyerekeye kugira umutima mwiza
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Kuba “Umusamariya w’imbabazi” bisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ingene Yezu Yīgisha
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 73

Ikigabane ca 73

Umusamariya w’Imbabazi

YEZU kumbure ari hafi y’i Betaniya, ikigwati kiri ku birometero nka bitatu uvuye i Yeruzalemu. Umugabo w’umuhanga mu Vyagezwe vya Musa aramwegera afise ikibazo, amubaza ati: “Mwigisha, nkore iki, ngo nze ndagwe ubu[zima] budashira?”

Yezu arabona ko uwo mugabo w’umuhanga mu Vyagezwe atariko abaza kugira amenye gusa, ahubwo ko yipfuza kumugeza. Uwo muhanga mu Vyagezwe ico yoba arondera ni uko Yezu yokwishura mu buryo bubabaza Abayuda. Nuko Yezu amusaba guserura iryo agona, mu kumubaza ati: “Vyanditswe bite mu vyagezwe, kand’usoma iki?”

Mu kwishura, uno muhanga mu Vyagezwe akoresha ubwenge budasanzwe, asubiramwo ivyo mu Vyagezwe vy’Imana biri mu Gusubira mu Vyagezwe 6:5 no mu Balewi 19:18, avuga ati: “Ngo Mukundishe Uhoraho, Imana yanyu, imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose, n’ubgenge bganyu bgose; kandi mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.”

Yezu asubizayo ati: “Wishuye neza, gira urtyo, uzogira ubu[zima].”

Ariko rero uwo muhanga mu Vyagezwe ntashizwe. Yumva ko inyishu Yezu amuhaye itamutoboreye bihagije. Ashaka ko Yezu amwemerera yuko ivyiyumviro vyiwe ari vyo, be n’uko rero yoba agororotse mu buryo afata abandi. Ni co gituma abaza ati: “Mbega mugenzanje ni nde?”

Abayuda bemera ko ijambo “umugenzi” ari ukuvuga gusa umugenzi wo mu bwoko bw’Abayuda, nk’uko amajambo akikuje Abalewi 19:18 asa n’ayavyerekana. Kukaba nkako, mu nyuma n’intumwa Petero yavuze ati: “Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ubundi bgoko, canke kw amugendera.” Nuko wa muhanga mu Vyagezwe, eka kumbure n’abigishwa ba Yezu nyene, bibaza ko baba intungane mu gihe bafashe neza Umuyuda mugenzi wabo gusa, kubera ko mu vyiyumviro vyabo abatari Abayuda atari bagenzi babo vy’ukuri.

None Yezu ashobora gukosora gute ukwiyumvira kwabo atababaje abamwumviriza? Yigana inkuru ishobora kuba ishingiye ku bintu bishika koko. Yezu asigura ati: “Hābaye umuntu [w’Umuyuda] yari avuye i Yeruzalemu, arikw aramanuka aja i Yeriko, agwa mu bambuzi, baramukoba, baramukubita, barīgīra, basiga ashigaje gatoya agahwera.”

Yezu arabandanya ati: “Hāriho n’umuherezi [yariko] amanuka mur’iyo nzira, amurengukako, amubonye aca i ruhande. Kandi n’Umulewi ahashitse agira kuno, amubonye aca i ruhande. Maz’Umusamariya yari mu nzira ashika kuri we, amubonye amutera akagongwe.”

Abaherezi benshi hamwe n’Abalewi babasahiriza mu rusengero baba i Yeriko, ku birometero 23 ku nzira imeze nabi y’umumanuko w’imetero 900 uvuye aho bakorera, ku rusengero i Yeruzalemu. Nya muherezi na nya Mulewi vyokwitezwe ko bafasha uwo Muyuda mugenzi wabo ari mu makuba. Yamara ntibamufasha. Ahubwo afashwa n’Umusamariya. Abayuda baranka urunuka Abasamariya ku buryo bari baherutse gutuka Yezu mu mvugo ibabaje bimwe bihebuje, mu kumwita ngo ni “Umusamariya.”

None nya Musamariya akora iki kugira afashe uwo Muyuda? Yezu avuga ati: “Aramwēgēra, amupfuka inguma, amusomōza amavuta ya elayo na vino, amushira ku ndogoba yiwe, amujana mu ndāro y’abahita, aramurwaza. Bukeye agoborora idenariyo zibiri [umushahara w’imisi nk’ibiri], aziha nyen’indāro, at’Umurwaze, kand’ivy’uzotanga vyose birenze ivyo ni nagaruka nzobikwishura.”

Yezu ahejeje kwigana iyo nkuru, abaza nya muhanga mu Vyagezwe ati: “Mur’abo batatu ugira ngo ni nde yabonetse kw ari mugenzi w’uwaguye mu bambuzi?”

Wa muhanga mu Vyagezwe yumvise atorohewe gushima na gato Umusamariya, yishura gusa ati: “N’uwamugiriye imbabazi.”

Yezu asozera ati: “Nawe genda ugire urtyo.”

Iyo Yezu ashoka abwira uwo muhanga mu Vyagezwe yuko abatari Abayuda na bo nyene bari bagenziwe, uwo mugabo ntiyari kuvyemera, vyongeye kandi benshi mu bumviriza kumbure bogiye ku ruhande rw’uwo mugabo muri ukwo guhaririza Yezu. Ariko rero iyo nkuru y’ibishika mu buzima yaragaragaje mu buryo budaharirwa yuko muri bagenzi bacu harimwo abantu tudasangiye ubwoko canke igihugu c’amavukiro. Umve ntuze ubwo buhinga butangaje Yezu afise bwo kwigisha! Luka 10:25-37; Ivyakozwe 10:28; Yohana 4:9; 8:48.

▪ Ni ibibazo ibihe umuhanga mu Vyagezwe abaza Yezu, kandi bisa n’uko abibariza iki?

▪ Abayuda bemera ko bagenzi babo ari bande, kandi ni impamvu nki ihari y’ukwemera ko n’abigishwa na bo nyene bafise ico ciyumviro?

▪ Yezu ashikiriza gute iciyumviro ciza mu buryo wa muhanga mu Vyagezwe adashobora kubeshuza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika