ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 93
  • Aho Umwana w’Umuntu Azohishurirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Aho Umwana w’Umuntu Azohishurirwa
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Umwana w’umuntu azohishurwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ubwami bw’Imana buzoza ryari?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Wewe Woba Witeguriye Umusi wa Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ukuhaba kwa Kristu gusobanura iki kuri wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 93

Ikigabane ca 93

Aho Umwana w’Umuntu Azohishurirwa

YEZU akiri mu buraruko (i Samariya kibure i Galilaya), Abafarizayo bamubaza ivyerekeye ugushika kw’Ubwami. Bo bazi ko buzozanana urwamo rwinshi n’ibirori, ariko Yezu avuga ati: “Ubgami bg’Imana ntibuzoza bgerekanwa, kandi ntibazovuga, bat’Ehe ngubu: canke bati Nguburiya; kuk’ubgami bg’Imana buri [“hagati yanyu,” NW].”

Ayo majambo ya Yezu ngo “hagati yanyu” hari aho ahindurwa ngo “muri mwebge.” Ni co catumye bamwe biyumvira yuko Yezu yashatse kuvuga ko Ubwami bw’Imana buhangamye mu mitima y’abasavyi b’Imana. Ariko biribonekeza yuko Ubwami bw’Imana butari imbere mu mitima y’abo Bafarizayo batizeye, abo Yezu ariko arabwira. Yamara, buri hagati yabo, kubera ko Umwami yagenywe w’Ubwami bw’Imana Yezu Kirisitu, ari hagati muri bo.

Kumbure Abafarizayo bamaze kuhava ni ho Yezu asubira kuganira n’abigishwa biwe ku vyerekeye umuzo w’Ubwami. Ico afise mu muzirikanyi canecane ni ukuhaba kwiwe kwo muri kazoza mu bubasha bw’Ubwami, igihe abura ati: “Bazobabgira, bat’Ehe nguriya: canke bat’Ehe nguyu. Ntimuze mujeyo, kandi ntimubakurikire [abo ba Mesiya batari bo]. Kuko nk’uko umuravyo urabiriza mu ruhande rumwe rw’ijuru, ukarabagiranira mu rundi, ni k’Umwana w’umuntu azoba.” Yezu rero ariko yerekana yuko nk’uko umuravyo ubonwa ku karere kanini, ikimenyamenya c’ukuhaba kwiwe mu bubasha bw’Ubwami kizoboneka bimwe bitomoye ku bipfuza bose kucitegereza.

Yezu rero arabigereranya n’ivyabaye kera, kugira yerekane ukuntu umutima w’abantu uzoba umeze igihe c’ukuhaba kwiwe kwo muri kazoza. Arasigura ati: “Kand’uko vyari biri mu misi ya Nowa, ni ko bizoba mu misi y’Umwana w’umuntu: . . . No mu misi ya Loti vyabaye birtyo: bārarya, bāranywa, bāradandaza, bāragura, bāratera, bārubaka; maz’umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n’amazuku biratibuka bivuye mw ijuru, birabahonnya bose. Ni ko bizoba, umusi Umwana w’umuntu [“azohishurirwako,” NW].”

Yezu ntariko avuga yuko abantu bo mu misi ya Nowa no mu misi ya Loti bahonejwe kubera gusa ko bakurikirana ibintu bisanzwe nk’ukurya, ukunywa, ukugura, ukugurisha, ugutera n’ukwubaka. Ivyo vyo na Nowa, Loti hamwe n’abo mu ngo zabo barabigira. Ariko abandi bagiye muri ivyo bintu vya misi yose ntibaraba n’iryahumye ivyo Imana igomba, ari na co catumye bahonywa. Kubera iyo mpamvu nyene, abantu bazohonywa Kirisitu niyahishurwa mu gihe ca ya marushwa ahambaye azoshika kuri uru runkwekwe rw’ibintu.

Mu gushimika ku kamaro k’ukwitaba ningoga ikimenyamenya c’ukuhaba kwiwe kwo muri kazoza mu bubasha bw’Ubwami, Yezu yongerako ati: “Uwo musi, ūzoba ari hejuru ku nzu, ibintu vyiwe biri mu nzu, ntaze yururutswe no kubisahura, n’ūri mu mirima n’uko, ntaz’asubire inyuma. Mwibuke muka Loti.”

Ikimenyamenya c’ukuhaba kwa Kirisitu giserutse, abantu ntibakwiye kureka ngo ugukunda amaronko y’ivy’umubiri kubabuze kugira ico bakoze badatevye. Igihe muka Loti yari mu nzira ava i Sodomu, biboneka ko yoba yahindukiye yipfuza ibintu yasize inyuma, aca acika inkingi y’umunyu.

Mu kubandanya adondora ukuntu ibintu vyobaye vyifashe mu gihe c’ukuhaba kwiwe, Yezu abwira abigishwa biwe ati: “Mur’iryo joro abantu babiri bazoba ku buriri bumwe, umwe azojanwa, uwundi arekwe; ah’abagore babiri bazoba bariko barasēra hamwe, umwe azojanwa, uwundi arekwe.”

Kujanwa bihuye na kwa kwinjira mu bwato kwa Nowa ari kumwe n’umuryango wiwe, be na hamwe abamarayika bafata Loti n’umuryango wiwe bakabakura i Sodomu. Ivyo bisobanura ugukira. Ku rundi ruhande, ukurekwa bisigura uguhona.

Gushika ngaho, ba bigishwa babaza bati: “Bizoba hehe ga Mushingantahe?”

Yezu yishura ati: “Ah’umuvyimba uri hose, ni ho ibinyakabaka bizokoranira.” Abo ‘bajanwa’ ngo bakizwe bameze nk’ibinyakabaka bibona kure mu buryo bw’uko bikoranira hamwe ku “muvyimba.” Umuvyimba ngaha werekeza kuri Kirisitu w’ukuri igihe c’ukuhaba kwiwe kutaboneka mu bubasha bw’Ubwami, be no ku mazimano Yehova atanga yo mu buryo bw’impwemu. Luka 17:20-37; Itanguriro 19:26.

▪ Ni mu buryo ki Ubwami bwari hagati y’Abafarizayo?

▪ Ni mu buryo ubuhe ukuhaba kwa Kirisitu kumeze nk’umuravyo?

▪ Ni kuki abantu bazohonywa bazize ivyo bakoze mu gihe c’ukuhaba kwa Kirisitu?

▪ Kujanwa bisigura iki, kurekwa na vyo bigasigura iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika