ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 6 rup. 37-41
  • Wa Mwigisha Ahambaye yarakorera abandi bantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wa Mwigisha Ahambaye yarakorera abandi bantu
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Igituma Yezu yari Umwigisha Ahambaye
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Icigwa c’ukwicisha bugufi kuri Pasika ya nyuma
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?
    Urwaruka ruribaza
  • Nokwumvikana gute n’umwigisha wanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Ibindi
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 6 rup. 37-41

Ikigabane ca 6

Wa Mwigisha Ahambaye yarakorera abandi bantu

WOBA uhora ubishima igihe umuntu agukoreye ikintu ciza?— N’abandi bantu barabishima igihe umuntu abakoreye ikintu ciza. Twese turabishima. Wa Mwigisha Ahambaye ivyo yari abizi, kandi yama nantaryo akorera abantu. Yavuze ati: ‘Sinaje gukorerwa, ariko naje gukorera abandi’.—Matayo 20:28.

Abayoboke ba Yezu bariko bahazuka ku biki?

Nimba rero dushaka kumera nka wa Mwigisha Ahambaye, dutegerezwa gukora iki?— Dutegerezwa gukorera abandi. Dutegerezwa kubagirira ibintu vyiza. Ni ivy’ukuri yuko abantu benshi batagira ibintu vyiza. Mu vy’ukuri abantu benshi bama nantaryo bashaka ko abandi babakorera. Igihe kimwe n’abigishwa ba Yezu bariyumvira nk’ukwo. Umwe wese muri bo yashaka kuba mukuru, canke kuba ari we ahambaye kuruta abandi.

Umusi umwe Yezu yari ku rugendo ari kumwe n’abigishwa biwe. Bamaze kwinjira mu gisagara ca Kaperinawumu hafi y’Ikiyaga c’i Galilaya, bose baca binjira mu nzu. Ngaho Yezu yababajije iki kibazo ati: ‘Mwariko muhazuka ku biki mu nzira?’. Nta co bishuye, kubera ko mu nzira bariko barahazuka hagati yabo ku vyerekeye uwoba aruta abandi.—Mariko 9:33, 34.

Yezu yari azi ko bitari bibereye yuko hagira n’umwe mu bigishwa biwe yiyumvira ko ari we mukuru. Ni co gituma, nk’uko twavyize mu kigabane ca mbere c’iki gitabu, yahagaritse umwana mutoyi hagati yabo, hanyuma ababwira yuko bakwiye kwicisha bugufi nk’uwo mwana mutoyi. Mugabo na ho nyene ntibavyumvise. Ni co gituma hasigaye igihe gito ngo Yezu apfe, yabigishije icigwa batokwigeze bibagira. Yakoze iki?—

Igihe bose bariko barafungura bari kumwe, Yezu yarahagurutse ava aho yari yicaye ku meza, maze akura umutamana wiwe. Yakira iswime arayikenyera. Maze afata akabesani gakoreshwa mu kwiyuhagira, agashiramwo amazi. Abayoboke biwe bategerezwa kuba baribajije ico agira akore. Bariko baritegereza, Yezu aza araja kuri umwumwe wese, akunama, akamwoza ibirenge. Maze yaca amuhanagura ibirenge akoresheje ya swime. Vyiyumvire nawe! Bite hoho iyo wewe uza kuba ari ho wari uri? Wari kwumva umerewe gute?—

Ni icigwa ikihe Yezu yariko yigisha abayoboke biwe?

Abayoboke biwe ntibiyumvisemwo ko vyari vyiza yuko Umwigisha Ahambaye abakorera muri ubwo buryo. Bumvise bibateye isoni. Mbere Petero yari agiye kwanka ko Yezu amukorera ico gikorwa giciye bugufi. Mugabo Yezu yavuze ko vyari bihambaye yuko we akibakorera.

Ntidusanzwe twozanya ibirenge muri iki gihe. Mugabo ivyo vyaragirwa igihe Yezu yari kw’isi. Woba uzi igituma?— Urumva, mu gihugu Yezu n’abayoboke biwe babamwo, abantu bambara amasandali gusa ku birenge. Igihe rero baba baciye mu mayira y’ibivu, ibirenge vyabo vyarajako umukungugu. Kwoza umukungugu uri ku birenge vy’umuntu yaba akugendeye i muhira, kwaba ari ukumugirira umutima mwiza.

Mugabo ico gihe hoho, nta n’umwe mu bigishwa ba Yezu yibwirije kwoza abandi ibirenge. Ni co gituma Yezu yaciye avyigirira. Mu gukora ivyo, Yezu yarigishije abayoboke biwe icigwa gihambaye. Bari bakeneye kwiga ico cigwa. Kandi ni icigwa dukwiye kwiga muri iki gihe.

Ico cigwa urazi ico ari co?— Yezu amaze gusubira kwambara umutamana wiwe hanyuma agasubira mu kibanza ciwe ku meza, yasiguye ati: “Mbega muramenye ico mbagiriye? Munyita Mwigisha na Shobuja, kandi mubivuga ko, kukw ari ko ndi. Nuko rero, ko jewe mbogeje ibirenge, ndi Shobuja n’Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge”.—Yohana 13:2-14.

Ni ibiki woshobora gukora mu gufasha abandi?

Ico gihe wa Mwigisha Ahambaye yarerekanye yuko yashaka ko abayoboke biwe bakoreranira. Ntiyashaka yuko bikunda gusa. Ntiyashaka ko biyumvira yuko bahambaye cane ku buryo abandi ari bo bakwiye kwama babakorera. Yashaka yuko bagira umutima ukunze wo gukorera abandi.

None ico nticari icigwa ciza?— Woba none uzomera nka wa Mwigisha Ahambaye ugakorera abandi bantu?— Twese turashobora gukorera ibintu abandi. Ivyo bizotuma banezerwa. Mugabo ikiri ciza kuruta ibindi, ni uko bizotuma Yezu na Se wiwe banezerwa.

Children help their mother clean the house

Gukorera abandi bantu ntibigoye. Witegereje, uzobona ibintu vyinshi ushobora gukorera abandi. Ubu na ho niwiyumvire: Hoba hariho ikintu ushobora gukora kugira ngo ufashe ibikorwa nyoko wawe? Urazi yuko agukorera ibintu vyinshi, akabikorera n’abasigaye bo muhira. Weho ubona womufasha?— Ni kubera iki utomubaza?

Kumbure urashobora gutunganya imeza imbere y’uko abo mu rugo bafungura. Canke kumbure muhejeje gufungura, urashobora gukura ku meza amasahani abo muhira baririyeko. Abana bamwebamwe bama baja guta umwavu imisi yose. Ico ushobora gukora cose, niwagikora uzoba uriko urakorera abandi, nk’uko na Yezu yakoreye abandi.

An older boy helps his younger brother make his bed

Woba ufise batoyi bawe ushobora gukorera? Uribuka yuko Yezu wa Mwigisha Ahambaye yakoreye n’abayoboke biwe. Ukoreye batoyi bawe, uzoba uriko wigana Yezu. None ni ibiki ushobora kubakorera?— Urashobora kumbure kubafasha kwiga kuza barabika ibikinisho iyo bahejeje gukina. Canke kumbure ushobora kubafasha kwambara impuzu. Canke ushobora kubafasha gusasa igitanda cabo. Ubona woshobora kwiyumvira ikindi kintu ico ari co cose wobakorera?— Bizotuma bagukunda, nk’uko n’abayoboke ba Yezu bamukunze.

Kw’ishure na ho nyene urashobora gukorera abandi bantu. Bashobora kumbure kuba abo mwigana canke umwigisha. Iyo hagize umuntu ibitabu bikorokana, vyoba vyiza umufashije kubitora. Woshobora kumbure gusaba mwigisha ko wohanagura ikibaho canke ukamukorera ikindi kintu. Eka no kwugururira umuntu urugi ni igikorwa woba umukoreye cerekana umutima mwiza.

Rimwe na rimwe, uzosanga hari abantu batadushimira iyo tubakoreye ikintu. Woba wiyumvira yuko ivyo bikwiye kutubuza gukora iciza?— Oyaye! Abantu benshi ntibashimiye Yezu ku bikorwa vyiza yakora. Mugabo ivyo ntivyamubujije gukora iciza.

Reka rero ntituze twigere tureka gukorera abandi bantu. Twame twibuka wa Mwigisha Ahambaye, ari we Yezu, kandi twame nantaryo tugerageza gukurikira akarorero yatanze.

Ushaka ibindi vyanditswe vyerekeye ugufasha abandi bantu, nusome Imigani 3:27, 28; Abaroma 15:1, 2; n’Ab’i Galatiya 6:2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika