ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gukundana mu mpisho hari ikibi kirimwo?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
    • IKIGABANE CA 2

      Gukundana mu mpisho hari ikibi kirimwo?

      Jessica yari yabuze ico afata n’ico areka. Vyose vyatanguye igihe umuhungu bigana yitwa Jeremy yatangura kumwereka ko amukunda. Avuga ati: “Yari mwiza cane, kandi abagenzi banje bavuga ko ata wundi muhungu yigenza neza nka we nopfuye ndonse. Abakobwa batari bake bari baragerageje kumwiyegereza, ariko ntiyabaraba n’iryahumye. Ni jewe gusa yikundira.”

      Bidatevye, Jeremy yaramusavye ngo basohokane. Kubera ko Jessica yari Icabona ca Yehova, yaramusiguriye ko abavyeyi biwe batomwemereye gukundana n’umuntu badasangiye ukwemera. Avuga ati: “Ariko Jeremy yaciye antekesha umutwe ati: ‘Ubona gute dukundanye abavyeyi bawe batabizi?’”

      HAMWE umuntu wiyumvamwo yogusaba ikintu nk’ico, wovyifatamwo gute? Wotangara wumvise ko Jessica yemeye iciyumviro ca Jeremy. Avuga ati: “Narizigira ntakeka ko dukundanye nari gushobora gutuma akunda Yehova.” None ibintu vyahavuye bigenda gute? Turaza kubibona mu nyuma. Reka tubanze turabe ingene bamwebamwe bagwa mu mutego wo gukundana mu mpisho.

      Igituma babigira

      Ni kubera iki hari abakundana mu mpisho? Umusore yitwa David arabivuga muri make ati: “Baba bazi ko abavyeyi babo batovyemera, bagaca rero babibahisha.” Uwitwa Jane aravuga ikindi gishobora kubituma, ati: “Gukundana mu mpisho ni uburyo bwo kugarariza. Igihe wumva umengo bagufata nk’umwana kandi wewe ubona ko uri umuntu akuze, uca uhitamwo gukora ivyo ushaka utarinze kubibwira abavyeyi bawe.”

      Woba ubona izindi mpamvu zituma bamwebamwe bumva umengo bokundana mu mpisho? Nimba uzibona, zandike aha hepfo.

      ․․․․․

      Usanzwe uzi ko Bibiliya igusaba kugamburukira abavyeyi bawe. (Abanyefeso 6:1) Vyongeye, nimba abavyeyi bawe bakwankiye gukundana n’umuntu, bategerezwa kuba bafise impamvu zumvikana. Ariko ntiwumve, ntutangare nimba ufise ivyiyumviro bikurikira:

      ● Numva umengo ndi igicibwa kubera ko abandi bose bafise abo bakundana.

      ● Ndiyumvamwo umuntu tudasangiye ukwemera.

      ● Noshima kuza ndasohokana n’umukirisu mugenzanje naho ntaragera kwubaka urwanje.

      Nta gukeka ko uzi ico abavyeyi bawe bokwishura ubabwiye ivyo vyiyumviro duhejeje kuvuga. Vyongeye, mu mutima wawe urazi ko bavuga ukuri. Ariko kandi woshobora kuba wiyumva nk’umwigeme yitwa Manami, uno akaba avuga ati: “Umukazo wo gukundana urakomeye cane ku buryo rimwe na rimwe numva umengo nanje nobigira. Muri iki gihe abakiri bato ntibumva ko umuntu ashobora kubaho adafise uwo bakundana. Uretse n’ivyo, ntibiryoshe kuba inyakamwe!” Ivyo ni vyo bituma bamwebamwe baja mu vyo gukundana abavyeyi babo batabizi. Uti gute?

      “Badusavye ngo ntituzobivuge”

      Imvugo “gukundana mu mpisho” yerekana ko ico kintu kirimwo ububeshi ku rugero kanaka, kandi bisaba kubesha nyene kugira gishoboke. Hari abahisha ko bakundana mu kuvugana canecane bakoresheje telefone canke Internet. Igihe bari mu bantu, bigenza nk’abagenzi basanzwe, ariko ubutumwa bandikiranira kuri Internet canke kuri telefone hamwe n’ivyo bavugana kuri telefone, usanga ari ibindi bindi.

      Ayandi mayeri akoreshwa ni uguhurira hamwe mu mugwi, ariko ufise intumbero yo guhava ubonana n’uwo muntu. Uwitwa James avuga ati: “Igihe kimwe twaratumiwe tugize umugwi ngo duhurire ahantu hamwe, mugabo dusanga ivyo vyose vyari vyagizwe kugira ngo babiri muri twebwe bashobore kubonana. Badusavye ngo ntituzobivuge.”

      Nk’uko James avyerekana, akenshi gukundana mu mpisho bigirwa abagenzi babizi ariko ntibabivuge. Uwitwa Carol avuga ati: “Akatari gake, n’imiburiburi umugenzi umwe aba abizi ariko ntakureko umunwa kubera yiyumvira ko yoba ahemutse.” Rimwe na rimwe usanga harimwo ububeshi bweruye. Uwitwa Beth w’imyaka 17 avuga ati: “Abenshi baranyegeza ko hari uwo bakundana mu kutabwiza ukuri abavyeyi babo iyo baba bagiye.” Uwitwa Misaki w’imyaka 19 ni ko yabigenjeje. Agira ati: “Narategura neza ibinyoma nakoresha. Nariyubara simbeshe abavyeyi banje mu bindi bintu kiretse gusa ibijanye n’uwo twari dukundanye kugira bagume banyizeye.”

      Ingorane zo gukundana mu mpisho

      Nimba wumva wokundana n’umuntu mu mpisho canke ukaba usanzwe ubigira, urakwiye kwibaza ibi bibazo bibiri:

      Ivyo bizonshikana he? Woba ufise umugambi wo kwubakana n’uwo muntu mu gihe kitari kure? Uwitwa Evan w’imyaka 20 avuga ati: “Gukundana n’umuntu ata mugambi mufise wo kwubakana ni nko guhayanisha ikintu utagomba kugurisha.” None ivyo bishobora kuvamwo iki? Mu Migani 13:12 hagira hati: “Ivyitezwe iyo vyigijwe inyuma birwaza umutima.” Woba vy’ukuri ushaka kurwaza umutima umuntu ukunda? Ehe iyindi ngabisho: Gukundana mu mpisho bizotuma witesha uburinzi bw’abavyeyi bawe bagukunda be n’ubw’abandi bantu bakuze bakubabaye. Ivyo vyoshobora gutuma ugwa mu mutego w’ubuhumbu.—Abagalatiya 6:7.

      Yehova Imana abona gute ivyo ndiko ndakora? Bibiliya ivuga iti: “Vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro mu maso y’uwuri n’ico atubaza.” (Abaheburayo 4:13) Nimba rero uriko urahisha ko hari uwo mukundana canke ko umugenzi wawe afise uwo bakundana, Yehova wewe asanzwe abizi. Nimba na ho harimwo n’ukubesha, urakwiye kuhagabira. Yehova Imana aranka cane ububeshi. Kukaba nkako, “ururimi rw’ikinyoma” ruri mu bintu vya mbere yanka urunuka bivugwa muri Bibiliya!—Imigani 6:16-19.

      Nubishire ahabona

      Ata gukeka, vyoba vyiza uyagiye abavyeyi bawe canke uwundi mukirisu ahumuye ibijanye n’ubucuti bwo mu mpisho woba ufitaniye n’umuntu uwo ari we wese. Nimba na ho umugenzi wawe akundana n’umuntu mu mpisho, ntumukingire ikibaba. (1 Timoteyo 5:22) None wokwumva umerewe gute hamwe ubwo bucuti bwomukwegera ingorane? Ubwo nta kuntu woba ubifisemwo uruhara?

      Dufate ko umugenzi wawe arwaye ya ndwara y’igisukari ariko aridiha mu mpisho ibintu birimwo isukari. Vyogenda gute hamwe womubona mugabo agaca akwinginga ngo ntihagire n’umwe ubibwira? Woca ukora iki? Woba womuhishirira canke woca ugira ico ukoze kugira ngo bishobotse urokore ubuzima bwiwe?

      Uhanganye n’ikintu nk’ico nyene nimba uzi ko umugenzi wawe akundana n’umuntu mu mpisho. Ntuhagarike umutima ngo ubugenzi bwanyu bwoca buhagarara. Nimba ari umugenzi nyakuri, azoteba atahure ko wariko uramufasha.—Zaburi 141:5.

      Ni uguhisha canke ni ibanga?

      Igihe umuntu ahishije ivy’uko afise uwo bakundana ntivyama bisobanura ko abesha. Nk’akarorero, dufate ko umusore n’inkumi bariko baragenderanira kugira barushirize kumenyana mugabo bakaba bashaka ko bimara igihe kanaka bitaramenyekana. Nk’uko umusore yitwa Thomas abivuga, hari aho boba “badashaka ko baguma bababaza ngo ‘None ubugeni ni ryari?’”

      Umukazo abandi bashira ku muntu urashobora vy’ukuri kumugirira nabi. (Indirimbo ya Salomo 2:7) Ku bw’ivyo, igihe bamwebamwe bagitangura gukundana, boshobora guhitamwo kubigira ibanga. (Imigani 10:19) Uwitwa Anna w’imyaka 20 avuga ati: “Ivyo birabaha umwanya wo kumenya ko ata gufyina kurimwo. Basanze ari sawa, barashobora guca babishira ku mugaragaro.”

      Ariko rero, ntivyoba ari vyiza ubucuti mufitaniye ubuhishije abafise uburenganzira bwo kubimenya, nk’abavyeyi bawe canke abavyeyi b’uwo mukundanye. Mu vy’ukuri, nimba udashaka kuvugisha ukuri ku bijanye n’imigenderanire ufitaniye n’uwo mukundana, urakwiye kwibaza igituma. Ubwo ntiwoba wicura ko abavyeyi bawe bafise imvo yumvikana yo kuvyanka?

      “Naciye menya ico mbwirizwa gukora”

      Umwe Jessica twavuga mu ntangamarara, yarahinduye ivyiyumviro ku bijanye n’ugukundana mu mpisho na Jeremy igihe yumva inkuru y’uwundi mushiki wacu yari yarashikiwe n’ikintu nk’ico nyene. Jessica avuga ati: “Maze kwumva ingene yahagaritse ubwo bucuti, naciye menya ico mbwirizwa gukora.” None Jessica vyoba vyaramworoheye guhagarika ubwo bucuti? Habe namba! Avuga ati: “Nta wundi muhungu nari bwigere niyumvamwo nka we. Naramaze amayinga atari make ndira imisi yose.”

      Ariko rero Jessica yarakunda Yehova. Naho vyari vyashitse akanyerera, yaripfuza vy’ukuri gukora ibigororotse. Umubabaro yagize wahavuye uhera. Jessica avuga ati: “Ubu ubucuti mfitaniye na Yehova ni bwiza cane. Ndamukengurukira cane kubona aturonsa ubuyobozi igihe nyene tubukeneye!”

      MU KIGABANE GIKURIKIRA

      Urageze kurondera uwo mukundana, kandi hariho uwo wiyumvamwo. None womenya gute ko uwo muntu muberanye?

      ICANDITSWE NYAMUKURU

      “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”—Abaheburayo 13:18.

      IMPANURO

      Si ngombwa ngo ugende uraririmba ko ufise uwo mukundana. Ariko urakwiye kubibwira abafise uburenganzira bwo kubimenya. Akenshi aho haba harimwo abavyeyi bawe n’abavyeyi b’uwo mukundana.

      WARI UBIZI . . . ?

      Ubucuti buramba buba bushingiye ku kwizigirana. Gukundana n’umuntu mu mpisho bituma abavyeyi bawe batakwizigira kandi bironona umushinge w’ubucuti mufitaniye n’uwo muntu.

      ICO NTEGEKANYA GUKORA!

      Nimba nkundana mu mpisho n’umukirisu mugenzanje, nzokora ibi: ․․․․․

      Nimba mfise umugenzi akundana n’umuntu mu mpisho, nzokora ibi: ․․․․․

      Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

      UVYIBAZAKO IKI?

      ● Subira wihweze ivyiyumviro bitatu biri mu ndome zizize dusanga ku rupapuro rwa 22. Hoba harimwo ikidondora ukuntu rimwe na rimwe wiyumva?

      ● Wotorera umuti gute iyo ngorane utarinze gukundana n’umuntu mu mpisho?

      ● Umenye ko umugenzi wawe akundanye n’umuntu mu mpisho, wovyifatamwo gute, kandi ni kubera iki wobigenza gutyo?

      [Iciyumviro nyamukuru ku rup. 27]

      “Narahagaritse gukundana n’umuhungu umwe mu mpisho. Ntabeshe, kuja kw’ishure imisi yose nkaguma ndamubona vyarambabaza cane. Ariko Yehova Imana arabona n’ivyo twebwe tudashobora kubona. Ico dukeneye gusa ni ukumwizigira.”—Jessica

      [Ifoto ku rup. 25]

      Guhishirira umugenzi akundana n’umuntu mu mpisho ni nko guhishirira umuntu arwaye ya ndwara y’igisukari ariko arisenena mu mpisho ibintu birimwo isukari

  • Kubera iki noguma ndi isugi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
    • IKIGABANE CA 5

      Kubera iki noguma ndi isugi?

      “Hari igihe numva umengo noryamana n’umuhungu.”—Kelly.

      “Numva umengo simeze nk’abandi kubera ntararyamana n’umukobwa.”—Jordon.

      “WOBA ukiri isugi?” Ico kibazo coshobora gutuma uhinda agashitsi! Mu mihingo myinshi, uwukiri muto akiri isugi yoshobora kubonwa nk’agahabwa, akabonwa nk’umuntu ari n’agahaze. Ntibitangaje rero kubona abakiri bato benshi cane bakora ubusambanyi bakiri imiyabaga!

      Ivyipfuzo birakwega, urunganwe rugasongera isibe

      Nimba uri umukirisu, urazi ko Bibiliya igusaba “[kw]irinda ubusambanyi.” (1 Abatesalonika 4:3) Naho ari ukwo, woshobora gusanga bikugora gucungera inambu y’umubiri. Umusore yitwa Paul yiyemera ati: “Hari igihe ivyiyumviro bibi vyiyadukiza mu bwenge bwanje ata kintu kiboneka kibitumye.” Numenye neza ko akenshi inyiyumvo nk’izo ziba ari izisanzwe.

      Ariko ntiwumve, kwama ucokorwa canke utyekezwa kubera ukiri isugi ntibiryoshe na gato! Nk’akarorero, wokwiyumva gute abo mu runganwe rwawe bakubwiye ko ata muntu urimwo kubera ata we muraryamana? Uwitwa Ellen avuga ati: “Abo mu runganwe bakwereka ko gusambana ari ikintu kiryoshe kandi gisanzwe. Igihe utaza urasambana, babona ko uri ikiburirane.”

      Ariko rero, hariho ikintu kijanye n’ubusambanyi abo mu runganwe rwawe bashobora kuba birengagiza. Nk’akarorero, uwitwa Maria vyarashitse araryamana n’umuhungu bakundana. Yigana ati: “Mu nyuma numvise isoni n’ibimaramare. Numvise niyanse nongera ndanka uwo muhungu twakundana.” Abakiri bato benshi ntibazi ko ivyo bintu vyama vyashitse. Mu vy’ukuri, guhuza ibitsina n’umuntu utarubaka urwawe ni ikintu gisiga inkovu mu mutima, kikagira n’ingaruka ziteye agahinda!

      Ariko rero, umwigeme yitwa Shanda abaza ati: “Ni kubera iki Imana yashize mu bakiri bato inambu y’umubiri kandi izi yuko batemerewe guhaza iyo nambu imbere y’uko bukaba izabo?” Ico ni ikibazo ciza. Ariko rimbura ibibazo bikurikira:

      Inambu y’umubiri coba ari co cipfuzo gikomeye conyene ugira? Habe namba. Yehova Imana yakuremanye ubushobozi bwo kugira ivyipfuzo n’inyiyumvo bitandukanye.

      Woba ubwirizwa guca uhaza icipfuzo cose kivyutse muri wewe? Oya. Imana yaraguhaye n’ubushobozi bwo kwigumya.

      None icigwa tuhakura ni ikihe? Hari aho utoshobora kubuza ko ivyipfuzo bimwebimwe bikuzamwo ariko urashobora kubicungera. Mu vy’ukuri, guca uhaza inambu y’umubiri igihe cose ivyutse vyoba ari cokimwe no guca ukubita umuntu igihe cose bishitse ugashavura.

      Ico womenya coco, Imana ntiyigeze itegekanya ko dukoresha nabi ibihimba vyacu vy’irondoka. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese muri mwebwe [amenye] kuganza umubiri wiwe bwite mu kwezwa no mw’iteka.” (1 Abatesalonika 4:4) Nk’uko nyene hariho “igihe co gukunda n’igihe co kwanka,” hariho n’igihe co guhaza inambu y’umubiri be n’igihe co kwigumya. (Umusiguzi 3:1-8) Biratomoye rero ko ushoboye gucungera ivyipfuzo vyawe!

      Ariko none, wokwishura iki hagize uwugucokora akakubwira asa n’uwutavyumva ngo “Aho vy’ukuri uracari isugi?” Ntibigutere isoni. Nimba uwo muntu ashaka gusa kugushira hasi, woshobora kumubwira uti: “Ndacari isugi nyene. Kandi nokubwira ko ndavyishimira!” Canke woshobora kuvuga uti: “Ico ni ikibazo kiraba umuntu ku giti ciwe. Sinshima kukiganira n’abandi.”a (Imigani 26:4; Abakolosayi 4:6) Ariko rero, hari aho wobona ko bibereye ko uwuriko arakubaza umusigurira n’ibindi. Muri ico gihe woshobora kumusigurira impagararo yawe ishingiye kuri Bibiliya.

      Hari izindi nyishu ubona woha umuntu ariko aragutyekeza ngo “Aho vy’ukuri uracari isugi?” Nimba ziriho, nuzandike aha munsi.

      ․․․․․

      Ingabirano y’agaciro

      Imana imererwa gute igihe abantu bahuje ibitsina imbere yo kwubaka izabo? Dufate ko waguriye ingabirano umugenzi. Ariko imbere y’uko uyimuha, usanze yayitekuruye kubera ugusuma urusaku gusa! None ivyo ntivyogushavuza? Ibaze rero ingene Imana yomererwa hamwe woryamana n’umuntu imbere yo kwubaka urwawe. Ishaka ko wigumya gushika wubatse urwawe maze ukabona kwinovora ingabirano yo kurangura amabanga y’abubatse.—Itanguriro 1:28.

      None ukwiye kwifata gute igihe inambu y’umubiri ivyutse? Muri make, niwige kwigumya. Ivyo urabishoboye! Nusabe Yehova agufashe. Impwemu yiwe irashobora kwongereza ubushobozi ufise bwo kwigumya. (Abagalatiya 5:22, 23) Ntiwibagire ko Yehova “[a]ta ciza na kimwe azokwima abagendera mu kutagira amahinyu.” (Zaburi 84:11) Uwukiri muto yitwa Gordon avuga ati: “Igihe ntanguye kwiyumvira ko kuryamana n’umuntu ntarubaka urwanje atari bibi cane, nca nzirikana ku ngaruka vyogira ku bucuti mfitaniye na Yehova ngaca mbona ko ata gicumuro na kimwe nobukaba.”

      Emwe, ubusugi si indwara canke ikintu giteye isoni. Ahubwo nyabuna ubuhumbu ni bwo ari ikintu gitesha agaciro, giteye isoni n’akaga. Ntureke rero ngo ivyiyumviro vy’isi bitume ubona ko hari ico uhajije kubera ko wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ugumye uri isugi, uba ukingiye ubuzima bwawe, ukaba wirinze n’umubabaro wo mu mutima. N’ikiruta vyose, uba ukingiye ubucuti ufitaniye n’Imana.

      RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 24

      [Akajambo k’epfo]

      a Biri n’ico bivuze kubona Yezu yahisemwo kwinumira igihe Herodi yariko aramubaza ibibazo. (Luka 23:8, 9) Akenshi, kwinumira ni bwo buryo bwiza bwo kwishura ibibazo biteye ubuyega.

      ICANDITSWE NYAMUKURU

      ‘Nimba umuntu yiyemeje kugumya ubusugi bwiwe akaba yafashe iyo ngingo mu mutima wiwe bwite, azoba agize neza.’—1 Abakorinto 7:37.

      IMPANURO

      Niwirinde kwifatanya n’abantu batumira ku ngingo ngenderwako zijanye n’ukwigenza runtu, mbere naho boba bivugisha ko musangiye ukwemera.

      WARI UBIZI . . . ?

      Abantu bigenza nabi mu vy’igitsina ntibaca bahinduka ngo ni uko bubatse izabo. Ariko rero, abantu batarukaba izabo bubahiriza ingingo ngenderwako z’Imana zerekeye ukwigenza runtu, bobo akenshi usanga badahemukira abo bubakanye.

      ICO NTEGEKANYA GUKORA!

      Nimba nshaka kuguma ndi isugi gushika nubatse urwanje, nzokora ibi: ․․․․․

      Abagenzi banje nibatuma bingora kwumira ku mwiyemezo wanje, nzokora ibi: ․․․․․

      Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

      UVYIBAZAKO IKI?

      ● Wibaza ko ari kubera iki hari abatyekeza abakiri isugi?

      ● Kubera iki bishobora kutorohera umuntu kuguma ari isugi?

      ● Kuguma uri isugi gushika wubatse urwawe birimwo ivyiza ibihe?

      ● Wosigurira gute mutoyi wawe ivyiza biva ku kuguma ari isugi?

      [Iciyumviro nyamukuru ku rup. 51]

      “Kuguma nibuka ko ‘ata musambanyi canke umuntu ahumanye azogira ico atorana mu bwami bw’Imana,’ biramfasha kunanira ibinyosha kuja mu buhumbu.” (Abanyefeso 5:5)—Lydia

      [Uruzitiro ku rup. 49]

      Ivyiyumviro wokwifashisha

      Ni ibiki vy’ukuri bishika mu nyuma?

      Akenshi urunganwe rwawe be n’uburyo bwo kwisamaza bukundwa na benshi birahisha ingaruka mbi zishikira abahuza ibitsina batarubaka izabo. Ihweze ibintu bikurikira. Wibaza ko ari ibiki vy’ukuri vyoshikira iyi miyabaga?

      ● Umuhungu mwigana ariko arigamba ngo amaze kuryamana n’abakobwa benshi. Avuga ko biryoshe be n’uko ata n’umwe bigirira nabi. Ni ibiki vy’ukuri bishikira uwo muhungu hamwe n’abo bakobwa mu nyuma? ․․․․․

      ● Uriko uraba isenema maze irangiye imiyabaga ibiri itubakanye iriko irahuza ibitsina ngo ni bwo buryo bwo kwerekana ko ikundana. Mu buzima bwa misi yose, ni ibiki vyobashikira mu nyuma? ․․․․․

      ● Uhuye n’umusore mwiza maze agusavye ngo muryamane. Akubwiye ko ata wuzobimenya. Hamwe womwemerera ugaca ugerageza kubihisha, ni ibiki vy’ukuri vyoshika mu nyuma? ․․․․․

      [Ifoto ku rup. 54]

      Kuryamana n’umuntu utarubaka urwawe ni nko gutekurura ingabirano utarahabwa

  • Nonanira gute akosho k’urunganwe?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
    • IKIGABANE CA 15

      Nonanira gute akosho k’urunganwe?

      “Kw’ishure uhangana na vyinshi: uri itabi, ibiyayuramutwe canke ubuhumbu. Uba uzi ko ivyo abandi bana bashaka ko ukora ari bibi. Ariko haragera igihe ukumva ko utabigiyemwo boca bakugaya ngo uri umunyabwoba.”—Eve.

      KWIPFUZA ko abandi bakwemera ni ibisanzwe. Akosho k’urunganwe gafatira kuri ico cipfuzo. Nk’akarorero, nimba warezwe rukirisu, urazi ko ubusambanyi n’ukunywa inzoga zirenze urugero ari bibi. (Abagalatiya 5:19-21) Ariko rero benshi mu runganwe rwawe baguhimiriza ngo wifatanye na bo muri ivyo bintu. Boba barazirikanye kuri ivyo bintu maze barifatira ingingo? Kumbure si ko vyagenze. Muri rusangi, usanga boshwa n’abandi. Baba bashaka ko babemera, bagaca bisunga ivyiyumviro vyabo. Nawe woba umeze gutyo, canke uri n’umutima rugabo wo kuburanira ivyo wemera?

      Aroni mwene wabo na Musa yarigeze gutwarwa n’akosho k’urunganwe, n’imiburiburi rimwe. Igihe Abisirayeli bamukikuza bakamusaba ngo abahingurire imana, emwe yarabigize! (Kuvayo 32:1-4) Iyumvire nawe: uwo mugabo yari yarahanganye na Farawo, aramubwira n’uburindutsi ubutumwa bw’Imana. (Kuvayo 7:1, 2, 16) Ariko igihe Abisirayeli bagenziwe bamushirako umukazo, yaremeye gukora ivyo bamusavye. Biboneka ko vyamworoheye guhangana n’umwami wa Misiri kuruta guhangana n’urunganwe rwiwe!

      Weho bite? Vyoba bikugora kuburanira ivyo uzi ko bigororotse? Woba woshima kunanira akosho k’urunganwe utarinze guta umutwe no kugira ubwoba? Emwe wobishobora! Icogufasha ni ukubona akosho gashobora kugushikira ako ari ko maze ugategekanya ingene wovyifatamwo. Ibi bintu bine bizobigufashamwo:

      1. Bibone imbere y’igihe. (Imigani 22:3) Akenshi, urashobora kubona imbere y’igihe ingorane ishobora kugushikira. Nk’akarorero, urabonye umugwi w’abo mwigana bari imbere yawe, bariko baranywa itabi. Vyoba bishoboka ko baza kuguha itabi? Iyo ubonye ingorane imbere y’igihe, urashobora guca witegurira kuyirinda canke guhangana na yo.

      2. Iyumvire. (Abaheburayo 5:14) Woshobora kwibaza uti: ‘Ninakurikira agakuku, nzomererwa gute mu nyuma?’ Ego ni ko urunganwe rwawe rwoshobora kumara igihe gitoya rukwemera. Ariko none uzokwumva umerewe gute mu nyuma uri kumwe n’abavyeyi bawe canke abakirisu bagenzawe? Woba wokwemera kubonwa nabi n’Imana kugira gusa ushimishe abo mwigana?

      3. Fata ingingo. (Gusubira mu vyagezwe 30:19) Bitebe bitebuke, abasavyi b’Imana bose babwirizwa guhitamwo hagati y’ukudahemuka n’imihezagiro bizana be n’uguhemuka n’ingaruka bizana. Abagabo nka Yozefu, Yobu na Yezu bahisemwo neza, mu gihe Kayini, Esawu na Yuda bahisemwo nabi. Ubu rero ni wewe ushikiriwe. None wewe uzokora iki?

      4. Gira ico ukoze. Hari aho wobona ko ico ari co kigoye kuruta ibindi. Si ko biri! Nimba umaze kwiyumvira ingaruka vyozana maze ugafata ingingo, kuvuga aho uhagaze ushobora gusanga vyoroshe kuruta uko wavyibaza kandi bikavamwo ivyiza vyinshi. (Imigani 15:23) Ntugire ubwoba, si ngombwa ngo ubwire abo mu runganwe rwawe ibintu vyinshi bishingiye kuri Bibiliya. Kuvuga gusa ngo “oya” ariko ushikamye birashobora kuba bihagije. Canke na ho, kugira ubereke neza ko udashobora guhindura impagararo yawe, woshobora kuvuga uti:

      “Aho jewe sindimwo!”

      “Ivyo jewe nta vyo nkora!”

      “Bwa bundi munzi inusu!”

      Igihambaye ni ukwishura udatebaganye kandi ujijutse. Ubigize, woshobora gutangara ubonye abo mu runganwe rwawe baciye baguha amahoro badatevye! Ariko none, bite ho nibaca bagutyekeza? Wokora iki baciye bavuga ngo “Nta vyawe! Uratinya?” Nutahure ko ako gacokoro ari akosho k’urunganwe. None wovyifatamwo gute? Urafise n’imiburiburi ibintu bitatu ushobora gukora.

      ● Urashobora kwemera ivyo bavuze. (“Muvuze ukuri, ndatinya!” Nuce uvuga muri make igituma.)

      ● Urashobora gukwepa ako kosho mu kuvuga aho uhagaze utiriwe urarandira kuri ico kintu.

      ● Urashobora kubasubizako ako kosho. Nuvuge igituma uvyanse, uce ubafasha kuzirikana. (“Sinari nzi ko abantu baciye ubwenge nkamwe bokwubahuka kunywa itabi!”)

      Nimba babandanije kugucokora, nuce ubabisa! Uko utebagana, ni ko umukazo urushiriza gukomera. Mbere naho vyoba ngombwa ko ukura meza, uribuka iki kintu: washoboye kwifatira ibintu mu minwe. Ntiwaretse ngo abo mu runganwe rwawe bagukoreshe ivyo bishakiye!

      Bamwe mu bo mu runganwe rwawe boshobora kugutyekeza ngo ukora ivyo abandi bagutamitse. Ariko ivyo si vyo! Yehova ashaka ko wewe ubwawe wibonera ko gukora ivyo agomba ari vyo vyiza. (Abaroma 12:2) Kubera iki none woreka abo mu runganwe rwawe bakakugira igikinisho cabo? (Abaroma 6:16) Nuburanire ico uzi ko kibereye!

      Tutabeshe, ntushobora guhunga akosho k’urunganwe. Ariko rero urashobora gufata impagararo, ukayimenyesha abandi, maze ukifatira ibintu mu minwe. Iyo bija hose, ni wewe wihitiramwo!—Yosuwa 24:15.

      RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 9

      MU KIGABANE GIKURIKIRA

      Woba ufise ubuzima burimwo tubiri? Hoba hari iciza vyovamwo abavyeyi bawe babimenye?

      ICANDITSWE NYAMUKURU

      “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.”—Imigani 13:20.

      IMPANURO

      Kugira ngo urushirize kugira umutima rugabo, nusome inkuru z’abasavyi ba Yehova bo mu gihe ca none bashoboye gushigikira ibigororotse.

      WARI UBIZI . . . ?

      Ni bake mu bo mwigana bazobandanya guhanahana amakuru nawe haciye umwaka uvuye kw’ishure. Benshi boshobora kuba batacibuka n’izina ryawe. Ariko abo mu muryango iwanyu, na canecane Yehova Imana, bazokwama bitwararika ineza yawe.—Zaburi 37:23-25.

      ICO NTEGEKANYA GUKORA!

      Noshobora kwitegurira kunanira akosho k’urunganwe mu gikora ibi: ․․․․․

      Urunganwe rwanje nirwagerageza kundemera ngo nkore ikintu kibi, nzokora ibi: ․․․․․

      Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

      UVYIBAZAKO IKI?

      ● Ni ryari ibintu bine vyavuzwe muri iki kigabane vyoshobora kugufasha?

      ● Ni ibiki vyoshika hamwe wokworohera akosho k’urunganwe?

      ● Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe ushobora kunanira akosho k’urunganwe?

      [Iciyumviro nyamukuru ku rup. 131]

      “Abahungu benshi barazi ko ndi Icabona, kandi baranyubaha. Iyo bagira bavuge ibintu bibi, baca bambwira bati: ‘Mike, tugira tube turiganirira. Ushaka kugenda niwigire.’”—Mike

      [Igicapo ku rup. 132, 133]

      Ivyiyumviro wokwifashisha

      Guhangana n’akosho k’urunganwe

      Akarorero

      1 Bibone imbere y’igihe

      Ikigeragezo: Kunywa itabi.

      Aho twoshobora guhurira: Inyuma y’ishure canke kwa surwumwe.

      2 Iyumvire

      Ni ibiki bizoshika ninemera?

      Nzobabaza Yehova n’abavyeyi banje. Nzogira ijwi ryo mu mutima ribi. Bizorushiriza kungora kwanka nibasubira kurimpa.

      Ni ibiki bizoshika ninanka?

      Boshobora kuncokora. Bamwebamwe mu bo twigana boshobora kunyinuba. Ariko nzohimbara Yehova, nongere ndushirize kugira umutima rugabo.

      3 Fata ingingo

      Ninemera, nzoba ndabitumwe n’uko

      Ntiteguriye neza guhangana n’akosho k’uruganwe canke nshaka gushimwa n’urunganwe rwanje kuruta gushimwa na Yehova.

      Nzokwanka kubera

      Nzi yuko kunywa itabi bidahimbara Yehova be n’uko bishobora kunyononera amagara.

      4 Gira ico ukoze

      Nzokora ibi:

      Nzokwanka nce nikurira meza

      Agacokoro k’urunganwe

      Nibambwira ngo: “Akira agatabi sha! Urashobora gutinya bigeze hiyo?”

      Nshobora kuvyifatamwo gutya:

      Kuvyemera

      “Muvuze ukuri. Ndatinya itabi. Sinshaka kurwara kanseri y’amahaha.

      Kubikwepa

      ”Ntimwirirwe murapfisha ubusa itabi ryanyu.”

      Kubibasubizako

      ”Oya. Sinari nzi ko abantu baciye ubwenge nkamwe bokwubahuka kunywa itabi!”

      MENYA NEZA: Kura meza hakiri kare nimba babandanije kukuremera. Uko utebagana, ni ko birushiriza kukugora kuguma ushikamye. Ubu rero nawe niwuzuze urupapuro rukurikira.

      Guhangana n’akosho k’urunganwe

      Imura ibi!

      1 Bibone imbere y’igihe

      Ikigeragezo: ․․․․․

      Aho twoshobora guhurira: ․․․․․

      2 Iyumvire

      Ni ibiki bizoshika ninemera?

      ․․․․․

      Ni ibiki bizoshika ninanka?

      ․․․․․

      3 Fata ingingo

      Ninemera, nzoba ndabitumwe n’uko . . .

      ․․․․․

      Nzokwanka kubera . . .

      ․․․․․

      4 Gira ico ukoze

      ․․․․․

      Nzokora ibi: . . .

      ․․․․․

      Agacokoro k’urunganwe

      Nibambwira ngo: ․․․․․

      Nshobora kuvyifatamwo gutya:

      Kuvyemera

      ․․․․․

      Kubikwepa

      ․․․․․

      Kubibasubizako

      ․․․․․

      Niwimenyereze uri kumwe n’umuvyeyi canke umugenzi ahumuye.

      [Ifoto ku rup. 135]

      Igihe woroheye akosho k’abo mu runganwe rwawe, uba ubaye igikinisho cabo

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika