Nusome Bibiliya buri musi
Gusoma Bibiliya birashobora kukuryohera. Raba ivyogufasha gutangura kuyisoma buri musi. Nuhitemwo iciyumviro kigushimisha, uce usoma ivyanditswe vyatanzwe.
Abantu bazwi cane n’inkuru ziberekeye
Nowa n’Umwuzure: Itanguriro 6:9–9:19
Musa ari ku Kiyaga gitukura: Kuvayo 13:17–14:31
Rusi na Nawomi: Rusi ikigabane ca 1-4
Dawidi na Goliyati: 1 Samweli ikigabane ca 17
Abigayili: 1 Samweli 25:2-35
Daniyeli mu cobo c’intambwe: Daniyeli ikigabane ca 6
Elizabeti na Mariya: Luka ikigabane ca 1-2
Ivyodufasha mu buzima bwa misi yose
Ubuzima bwo mu rugo: Abanyefeso 5:28, 29, 33; 6:1-4
Ubugenzi: Imigani 13:20; 17:17; 27:17
Isengesho: Zaburi 55:22; 62:8; 1 Yohani 5:14
Insiguro yo ku Musozi: Matayo ikigabane ca 5-7
Akazi: Imigani 14:23; Umusiguzi 3:12, 13; 4:6
Ivyogufasha igihe wumva . . .
Wihebuye: Zaburi 23; Yesaya 41:10
Utuntuye: 2 Abakorinto 1:3, 4; 1 Petero 5:7
Wiyagiriza: Zaburi 86:5; Ezekiyeli 18:21, 22
Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye . . .
N’imisi ya nyuma: Matayo 24:3-14; 2 Timoteyo 3:1-5
N’icizigiro ca kazoza: Zaburi 37:10, 11, 29; Ivyahishuwe 21:3, 4
ICOGUFASHA: Kugira umenye amakuru yose ajanye n’ivyo vyanditswe vyatanzwe aho haruguru, nusome ibigabane vyo muri Bibiliya vyakuwemwo iyo mirongo. Nukoreshe igicapo kivuga ngo “Nukurikirane ubusomyi bwawe bwa Bibiliya” kiri ku mpera y’iki gitabu, hanyuma uze urashira akamenyetso aho uhejeje gusoma. Niwishingire umugambi wo gusoma Bibiliya buri musi.