ICIGWA CA 36
Nube imvugakuri muri vyose
Twese twipfuza abagenzi b’imvugakuri. Na Yehova yiteze ko abagenzi biwe baba imvugakuri. Ariko ivyo ntivyoroshe kubera ko dukikujwe n’abantu buzuye ububeshi. None ni ivyiza ibihe biva ku kuba imvugakuri muri vyose?
1. Ni imvo ihambaye iyihe ikwiye gutuma tuba imvugakuri?
Igihe tubaye imvugakuri mu vyo dukorana n’abandi, tuba twerekanye ko dukunda Yehova kandi ko tumwubaha. Zirikana iki kintu: Yehova arazi ibintu vyose twiyumvira be n’ivyo dukora. (Abaheburayo 4:13) Igihe duhisemwo kuba imvugakuri arabibona kandi akabikenguruka. Ijambo ryiwe rivuga riti: “Umunyamayeri [ni] ikintu giteye ishishi kuri Yehova, mugabo kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse.”—Imigani 3:32.
2. Ni mu buryo butandukanye ubuhe twokwerekana ko turi imvugakuri mu buzima bwa misi yose?
Yehova ashaka ko ‘tuvugana ukuri.’ (Zekariya 8:16, 17) Ivyo none bisobanura iki? Igihe tuba turiko turavugana n’abo mu muryango, abo dukorana, abakirisu bagenzi bacu canke abategetsi, ntitubesha canke ngo dutange amakuru atari yo. Abantu b’imvugakuri ntibiba canke ngo bagunge abandi. (Soma Imigani 24:28 n’Abanyefeso 4:28.) Vyongeye barariha amakori yose basabwa. (Abaroma 13:5-7) Tugize ivyo hamwe n’ibindi tuba turiko “twigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”—Abaheburayo 13:18.
3. Ni ivyiza ibihe biva ku kuba imvugakuri?
Iyo tuzwi ko turi imvugakuri, abandi baratwizigira. Turafasha abo mw’ishengero kwumva batekaniwe, bakumva ko tugize umuryango umwe. Turagira ijwi ryo mu mutima ryiza. Vyongeye, kuba imvugakuri biratuma “[dushariza] inyigisho y’Umukiza wacu, Imana,” bigatuma n’abandi bipfuza gukorera Yehova.—Tito 2:10.
TWINJIRE MU MIZI
Nurabe ingene kuba imvugakuri bishobora kunezereza Yehova kandi bikakugirira akamaro. Nuce uraba ingene woba imvugakuri mu bintu bitandukanye bishika mu buzima.
4. Kuba imvugakuri biranezereza Yehova
Nimusome Zaburi 44:21 na Malaki 3:16, muce muganira kuri ibi bibazo:
Wibaza ko ari kubera iki twoba twihenze hamwe twokwiyumvira ko twonyegeza ukuri?
Wibaza ko Yehova yiyumva gute igihe duhisemwo kuvugisha ukuri naho vyoba bitoroshe?
Igihe abana bavugisha ukuri biratuma abavyeyi bahimbarwa. Igihe natwe tuvugishije ukuri Yehova arahimbarwa
5. Nuvugishe ukuri ibihe vyose
Abantu benshi babona ko bidashoboka yuko umuntu yama avuga ukuri. Ariko nurabe igituma dukwiye kwama tuvugisha ukuri. Nimurabe iyo VIDEWO.
Nimusome Abaheburayo 13:18, muce muganira ku kuntu twoba imvugakuri . . .
mu muryango.
ku kazi canke kw’ishure.
mu bindi bintu.
6. Kuba imvugakuri biratugirira akamaro
Kuvugisha ukuri vyoshobora gusa n’aho biteza ingorane. Ariko uko haca igihe, uzobona ko ari co kintu ciza ukwiye gukora. Nimusome Zaburi 34:12-16, muce muganira kuri iki kibazo:
Ni gute kuvugisha ukuri bituma ubuzima bwawe burushiriza kumera neza?
Igihe umugabo n’umugore ari imvugakuri umubano wabo urakomera
Igihe abakozi bavugisha ukuri abakoresha babo barabizigira
Igihe abanyagihugu bavugisha ukuri baravugwa neza n’abategetsi
HARI ABAVUGA BATI: “Hariho utunyoma dutoduto ataco dutwaye.”
Kubera iki wemera ko Yehova yanka ibinyoma vyose?
INCAMAKE
Yehova yipfuza ko abagenzi biwe baba imvugakuri mu vyo bavuga no mu vyo bakora vyose.
Wize iki?
Ni mu buryo butandukanye ubuhe twoba imvugakuri?
Kubera iki twoba twihenze hamwe twokwiyumvira ko twonyegeza ukuri?
Kubera iki wipfuza kuba imvugakuri igihe cose?
RONDERA N’IBINDI
Ni gute abavyeyi bofasha abana babo kuba imvugakuri?
Ni ivyiza ibihe biva mu gushitsa ivyo dusezerana?
Nurabe igituma dukwiye kuriha amakori naho yoba akoreshwa nabi.
“Woba utegerezwa kuriha amakori?” (Umunara w’Inderetsi, 1 Nyakanga 2011)
Ni igiki cafashije uwahora ahangika abantu guhinduka akaba imvugakuri?
“Naramenye yuko Yehova ari Imana y’imbabazi n’ikigongwe” (Umunara w’Inderetsi, 1 Rusama 2015)