1 Imana ni amayobera—Vyoba ari vyo?
Ivyo ushobora kuba warumvise: “Inzira z’Imana ni amayobera.”
“Data ni amayobera, Umwana ni amayobera, na Mutima Mweranda ni amayobera.”—Vyakuwe muri Keredo ya Athanase, idondora Ubutatu bwigishwa n’amadini menshi y’abiyita abakirisu.
Ivyo Bibiliya yigisha: Yezu yavuze yuko “[a]baguma bironsa ubumenyi bwerekeye . . . Imana yonyene y’ukuri” boronse imihezagiro. (Yohani 17:3) Wumva none twoshobora kuguma twironsa ubumenyi bwerekeye Imana mu gihe yoba ari amayobera? Imana ntiyihisha, ahubwo yipfuza ko abantu bose bayimenya.—Yeremiya 31:34.
Ariko ntiwumve, ntituzokwigera tumenya ibintu vyose vyerekeye Imana. Ivyo ni vyo dukwiye kwitega kubera ko ivyiyumviro vyayo n’inzira zayo biri hejuru cane y’ivyacu.—Umusiguzi 3:11; Yesaya 55:8, 9.
Ingene kumenya ukuri bigufasha: Nimba Imana ari amayobera, kubera iki twokwirirwa turarondera kuyimenya? Yamara, ntidufasha gusa kuyitahura, ariko kandi iradufasha kugiranira na yo ubugenzi somambike. Imana yavuze ko wa mugabo w’umwizigirwa Aburahamu ari ‘umugenzi wayo.’ Vyongeye, Dawidi Umwami wa Isirayeli yanditse ati: “Ubugenzi somambike na Yehova ni ubw’abamutinya.”—Yesaya 41:8; Zaburi 25:14.
Iciyumviro co kugiranira ubugenzi somambike n’Imana coba gisa n’ikidashoboka? Kumbure, mugabo raba ibivugwa mu Vyakozwe 17:27. Hagira hati: “[Imana ntiri] kure y’umwe wese muri twebwe.” Mu buhe buryo? Imana ibicishije kuri Bibiliya iraturonsa ivyo dukeneye kugira ngo tuyimenye neza.a
Iratubwira izina ryayo ari ryo Yehova. (Yesaya 12:2) Yarandikishije ivyo yagiranye n’abantu kugira ngo dushobore kumenya neza ukuntu imeze. Ikigeretse kuri ivyo, Imana iraduhishurira inyiyumvo zayo. Ni “inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri.” (Kuvayo 34:6) Ivyo dukora birashobora kuyibabaza canke kuyinezereza. Nk’akarorero, ihanga rya Isirayeli rya kera ‘ryarayibabaje’ igihe ryayigarariza, mu gihe abayigamburukira babigiranye ubukerebutsi bobo bayinezereza.—Zaburi 78:40; Imigani 27:11.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye Imana, raba ikigabane ca 1 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
Nimba Imana ari Ubutatu bw’amayobera, twoshobora gute vy’ukuri kuyimenya?
[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]
The Trinity c.1500, Flemish School, (16th century)/H. Shickman Gallery, New York, USA/The Bridgeman Art Library International