ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/10 rup. 16-17
  • Mworonka gute agahimbare mu muryango wanyu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mworonka gute agahimbare mu muryango wanyu?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Mworonka gute agahimbare mu rugo rwanyu?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ico wogira ngo mu rugo iwanyu harangwe agahimbare
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’umubano?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/10 rup. 16-17

Niwige Ijambo ry’Imana

Mworonka gute agahimbare mu muryango wanyu?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Kubera iki umubano w’ababiranye ukenewe cane kugira habe agahimbare mu rugo?

Yehova, ya Mana ihimbawe, ni we yatanguje umubano w’ababiranye. Umubano w’ababiranye urakenewe cane kugira habe agahimbare mu rugo, kubera ko utuma umuntu aronka umugenzi ukongera ukaronsa abavyeyi ahantu hatekanye ho kurerera abana babo. None Imana ishaka ko umubano uba umeze gute? Ishaka ko umugabo n’umugore babana ubuzima bwabo bwose kandi mu buryo bwemewe n’amategeko. (Luka 2:1-5) Imana ishaka ko abagabo n’abagore badahemukiranira. (Abaheburayo 13:4) Yehova arekurira umukirisu kwahukana akubakana n’uwundi mu gihe gusa uwo bubakanye arenze ibigo.​—Soma Matayo 19:3-6, 9.

2. Umwe wese mu bubakanye akwiye gufata gute mugenziwe?

Yehova yaremye umugabo n’umugore kugira bunganirane mu mubano. (Itanguriro 2:18) Kubera ko umugabo ari we serugo, ni we aja imbere mu kurondera igitunga umuryango no mu kuwigisha ivyerekeye Imana. Akwiye gukunda umugore wiwe urukundo rwo kumwitangira. Umugore n’umugabo bakwiye gukundana no kwubahana. Kubera ko umugabo n’umugore bose badatunganye, kwiga kubabarirana biratuma bagira agahimbare mu mubano wabo.​—Soma Abanyefeso 4:31, 32; 5:22-25, 33; 1 Petero 3:7.

3. Bitifashe neza mu mubano wanyu, mwoca muvana?

Nimba wewe n’uwo mwubakanye mufise ingorane, nimwihatire kugaragarizanya urukundo. (1 Abakorinto 13:4, 5) Ijambo ry’Imana ntiryerekana ko gutandukana ari wo muti w’ingorane zo mu mubano. Ariko rero, mu bihe bimwebimwe vy’ingorane zidasanzwe, umukirisu yoraba ko yotandukana canke atotandukana n’uwo bubakanye.​—Soma 1 Abakorinto 7:10-13.

4. Bana, ni igiki Imana ibipfuriza?

Yehova yipfuza ko muhimbarwa. Arabaha impanuro nziza kuruta izindi zibereka ukuntu mwonezerwa mu buto bwanyu. Yipfuza ko mwungukira ku bukerebutsi bw’abavyeyi banyu no ku tuntu n’utundi bazi. (Abakolosayi 3:20) Yehova arashima ivyo mukora vyose kugira mumushemeze.​—Soma Umusiguzi 11:9–12:1; Matayo 19:13-15; 21:15, 16.

5. Bavyeyi, abana banyu boronka gute agahimbare?

Mukwiye gukora uko mushoboye kugira mubaronse ibifungurwa, uburaro n’ivyambarwa. (1 Timoteyo 5:8) Ariko kugira ngo baronke agahimbare, mukwiye kandi kubigisha gukunda Imana no kuyigirako. (Abanyefeso 6:4) Mwerekanye ko mukunda Imana birashobora kugira ikintu gikomeye bikoze ku mutima w’umwana wanyu. Igihe inyigisho muha umwana wanyu iba ishingiye kw’Ijambo ry’Imana, irashobora kuyobora neza ivyiyumviro vyiwe.​—Soma Gusubira mu vyagezwe 6:4-7; Imigani 22:6.

Igihe muremesha abana banyu mukongera mukabakeza birabagirira akamaro. Barakeneye kandi gukosorwa no gutozwa indero. Indero nk’iyo irabakingira inyifato yoshobora kubanyaga agahimbare. (Imigani 22:15) Ariko rero, ntimukwiye kwigera mubatoza indero mu buryo bukaze.​—Soma Abakolosayi 3:21.

Ivyabona vya Yehova barasohora ibitabu vyinshi bigenewe canecane gufasha abavyeyi n’abana. Ivyo bitabu bishingiye kuri Bibiliya.​—Soma Zaburi 19:7, 11.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 14 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika