ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 1/10 rup. 24-25
  • Ibiringo dukwiye kuguma turi maso

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibiringo dukwiye kuguma turi maso
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ivyo bijanye
  • Umuhungu Yasinziriye
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • «Ndera ku bijanye n’amaraso y’abantu bose»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Bigenda gute iyo dupfuye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • “Mwame Mugavye”!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 1/10 rup. 24-25

Niwigishe abana bawe

Ibiringo dukwiye kuguma turi maso

BIRAHAMBAYE ko uguma uri maso igihe uri mw’isomero, si ko none? Benshi barasinzira igihe bari mw’ishure, mugabo kugira ngo ugire ico wize utegerezwa kuguma uri maso. Ushobora kandi kuba uhora uja ku makoraniro aho wigira Bibiliya.

Wibaza ko wokora iki kugira ngo ugume uri maso?​—a Ikintu kimwe ushobora gukora ni ukuryama kare mw’ijoro. Kuryama gatoyi ku muhingamo, hari aho na vyo nyene vyogufasha. Reka turabe ivyo dushobora kwigira ku vyashikiye umusore umwe yasinziriye umusi umwe ijoro rigeze kure, igihe intumwa Paulo yariko arigisha. Raba muri Bibiliya mu Vyakozwe ikigabane ca 20, umurongo wa 7 gushika ku wa 12, ubone ingene vyagenze.

Paulo yari yagendeye ishengero ryari i Tirowa, ico kikaba cari igisagara gifise ikivuko. Bibiliya ivuga ko Paulo “bwaca agenda” n’ubwato. Yaciye rero “abandanya ijambo ryiwe gushika mu gicugu.” Dusoma duti: “Umusore umwe yitwa Eyutiko yari yicaye kw’idirisha, asinzira itiro rinini mu gihe Paulo yaguma avuga.” Urazi ingene mu nyuma vyagenze?​—

Eyutiko yaciye akoroka avuye kw’idirisha, agwa “hasi avuye kw’igorofa igira gatatu.” Paulo n’abandi baciye banyaragasa baramanuka hasi ningoga. Eyutiko yari hasi yapfuye! Wibaza ko bose bumvise bamerewe gute?​— Bibiliya ivuga yuko Paulo yaciye afata Eyutiko mu maboko, aramugumbira. Paulo yaciye avugana umunezero n’ijwi rirenga ati: ‘Ntimuhagarike umutima, arakomeye!’ Imana yari itumye Eyutiko asubira kuba muzima!

Ivyashikiye Eyutiko bitwigisha iki ku vyerekeye Imana?​— Ikintu kimwe bitwigisha ni uko Yehova, Data wa twese wo mw’ijuru, ashobora gutuma abapfuye basubira kuba bazima, ushizemwo n’abana. Yehova aragutahura kandi aragukunda, emwe, gusumba mbere n’abavyeyi bawe. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarerekanye ukuntu Se wiwe ameze, mu gufata abana bato mu maboko akabahezagira. Yarazuye kandi abakiri bato, ushizemwo n’umukobwa yari afise imyaka 12.

Kuba uzi ko Data wa twese wo mw’ijuru agukunda bituma wumva umerewe gute?​— Egome, bituma natwe tumukunda kandi tukipfuza kugamburuka ivyo avuga. Woba uzi ukuntu dushobora kwerekana ko tumukunda?​— Uburyo bumwe ni mu kuvuga ko tumukunda. Yezu yavuze ati: ‘Ndakunda Data.’ Mugabo Yezu ntiyavuga gusa ko akunda Imana. Yaravyerekana no mu bikorwa.

Yezu yaragamburukira Imana. Yavuze ati: “Nama nkora ibimuhimbara.” Nitwamwigana, tuzokwihatira rero kuguma turi maso mu biringo dusabwa kuguma turi maso, kugira ngo duhimbare Yehova n’Umwana wiwe Yezu.

Soma muri Bibiliya yawe

  • Ivyakozwe 20:7-12

  • Luka 8:49-56

  • Yohani 8:29; 14:31

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika