‘Ni abo gukezwa kubera banse kuyoboka’
IGIHE Adolf Hitler yari umukuru wa Leta y’Ubudagi, muri ico gihe hakaba harakozwe amabi menshi, yararonse amakete ibihumbi mirongo. Mu 1945, inyuma y’aho Abarusiya bamariye kwigarurira akarere kari hirya no hino ya Berlin, menshi muri ayo makete barayatwaye i Moscou bayashingurayo. Umutohozakahise Henrik Eberle yarasuzumye amakete ibihumbi mwene ayo ari mu bushinguro bw’i Moscou kugira atohoze abandikiye Hitler abo ari bo be n’igituma bamwandikiye. Ivyo yatohoje yabisohoye mu gitabu (co mu kidagi) kivuga ngo Amakete yandikiwe Hitler.
Uwo mutohozakahise Eberle avuga ati: “Abigisha n’abanyeshure, ababikira n’abapatiri, abashomeri n’abagwizatunga bakomakomeye, abakuru mu gisoda co mu mazi n’abasoda batobato bo muri ka kagwi k’abasoda b’inkazi k’Abanazi, abo bose barandikiye Hitler. Bamwe baramwubaha cane bakabona ko ari Mesiya yasubiye kuvuka; abandi na bo babona ko ari ikibi cigendera.” Hitler yoba none yararonse amakete avuye ku bakuru b’amadini yiyamiriza amabi yakorwa n’Abanazi? Ego cane, mugabo ntiyari menshi.
Ariko rero, Eberle yarabonye muri ubwo bushinguro bw’i Moscou idosiye yarimwo amakete atari make Ivyabona vya Yehova bo mu mihingo itandukanye y’Ubudagi barungikiye Hitler biyamiriza inyifato y’Abanazi. Nkako, Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu nka 50 bararungikiye Hitler amakete nka 20.000 yo kwiyamiriza amabi yakorerwa Ivyabona vya Yehova. Ivyabona vya Yehova ibihumbi barafashwe, amajana n’amajana baricwa canke barapfa kubera bari basinzikarijwe ubuzima n’Abanazi. Eberle asozera ati: “Turavye abantu amamiliyoni bishwe n’intwaro y’Abanazi, ico gitigiri [c’Ivyabona bishwe] kiboneka ko ari gito. Yamara kirerekana ko uko bagize umugwi banse kudohoka ku kwizera kwabo mu kwanka kuyoboka, bakaba ari abo gukezwa ku bw’ico.”