3 Imana irihora—Vyoba ari vyo?
Ivyo ushobora kuba warumvise: “Imana iguma yandika ibicumuro vyose abantu bakora maze ikabasubiriza mu nkoko mu kubahanisha umuriro udahera.”
“Imana irahana abacumuzi ikoresheje ivyago vy’ivyaduka.”
Ivyo Bibiliya yigisha: Ikete rigira kabiri rya Petero 3:9 rivuga ko Yehova “adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.” Aho kwibanda ku makosa yacu, yibanda ku bintu vyiza dukora. “Amaso [y’Imana] anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi [zayo] ku bw’abafise umutima ukwiye kuri [yo].”—2 Ngoma 16:9.
Inyigisho y’umuriro udahera ntishingiye kuri Bibiliya. Iciyumviro c’uko abacumuzi bababazwa ibihe bidahera kirasesema Imana. Igihano ca nyuma c’ababisha ni ukubaka ubuzima. (Yeremiya 7:31; Abaroma 6:7) Vyongeye, ivyago vy’ivyaduka, bino bikaba bihitana abantu bidacaguye, si ibikorwa vy’Imana, ahubwo ni ibintu bishika giturumbuka bishobora gushikira uwo ari we wese.—Umusiguzi 9:11.
Ingene kumenya ukuri bigufasha: Turashobora kurushiriza kwiyegereza Imana igihe tumenye yuko ‘yiteguriye kubabarira’ be n’uko itihutira guca urubanza. (Zaburi 86:5) Ntidukwiye gukorera Imana tubitumwe n’ukwiyagiriza canke ugutinya birenze urugero guhanwa. Ahubwo, turashobora gukomeza ukwizera kwacu tubitumwe n’imvo nziza kuruta izindi, iyo na yo ikaba ari ugukunda Yehova. Urukundo nk’urwo ni inguvu ikomeza ituma dukora uko dushoboye kwose kugira ngo tumuhimbare.—Matayo 22:36-38; 1 Yohani 5:3.
Naho Imana yipfuza ko abantu bose bahindukira bagakora ivyiza, irazi yuko abantu benshi batazokwigera babigira. Mu gihe itokwigera ihana abiyemeje gukora ibibi, nta ho yoba itandukaniye rero n’umutegetsi ashinga amategeko mugabo ntarabe ko yubahirizwa, akareka akarenganyo n’imibabaro bikaguma vyongerekana. (Umusiguzi 8:11) Kuba tuzi yuko Imana itazobandanya kwihanganira ububisha biratuma tugira icizigiro gikomeye ku bijanye na kazoza. Imana yasezeranye kuzokuraho abashishikara gukora ibibi, kugira ngo “abatekereza” bashobore kwibera kw’isi ibihe bidahera nk’uko yari yarabitegekanije mu ntango.—Zaburi 37:10, 11, 29.a
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye ukuntu Imana izohindura isi Iparadizo, raba ikigabane ca 3 n’ica 8 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 6]
Imana yoba yoshima ko tuyisenga tubitumwe n’uko dutinya guhanwa?
[Abo dukesha ifoto ku rup. 6]
Ishusho yasaruwe na Doré