ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/12 rup. 4-5
  • Ni igitabu dukwiye gutahura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni igitabu dukwiye gutahura
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IROROSHE GUTAHURA
  • BOSE BARASHOBORA KUYIRONKA
  • Bibiliya Iva ku Mana Koko?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Bibiliya ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kubera iki wokwitaho Bibiliya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Inyigisho z’ukuri zishimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/12 rup. 4-5
Umuntu ariko asoma Bibiliya n’uwuriko ayisomera kuri telefone

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URASHOBORA GUTAHURA BIBILIYA

Ni igitabu dukwiye gutahura

Nta woharira ko Bibiliya ari igitabu ca kera cane. None imaze igihe kingana iki? Haraciye nk’imyaka 3.500 yanditswe. Tugereranije, Bibiliya yatanguye kwandikwa mu gihe c’umuryango wa cami wa mbere na mbere uvugwa mu bitabu vyo mu Bushinwa. Ico gihe hari hagisigaye nk’imyaka igihumbi ngo idini ry’ababuda ritangure mu Buhindi.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ivyo womenya ku bijanye na Bibiliya.”

Bibiliya irishura neza ibibazo bihambaye twama twibaza mu buzima

Kugira ngo igitabu gifashe abantu congere kibayobore, bategerezwa kugitahura no kugiha agaciro. Na Bibiliya ni ukwo nyene. Irishura neza ibibazo bihambaye twama twibaza mu buzima.

Nk’akarorero, woba umaze kwibaza igituma turiho? Ico kibazo kiramaze imyaka ibihumbi gitesha umutwe abantu. Yamara, inyishu yaco tuyisanga mu bigabane bibiri vya mbere vy’igitabu ca mbere co muri Bibiliya citwa Itanguriro. Inkuru yo muri ico gitabu iratubwira ingene ibintu ‘vyatanguye’ kubaho. Iravuga igihe ibisyo vyo mu kirere vyatangura kubaho, harimwo inyenyeri be n’umubumbe w’isi, aho hakaba haciye imyaka amamiliyaridi. (Itanguriro 1:1) Ica idondora intambwe ku yindi ingene isi yabayeko ibintu, ingene ubuzima bwatanguye, ingene abantu baremwe n’igituma ivyo vyose vyabayeho.

IROROSHE GUTAHURA

Bibiliya iratanga impanuro nziza zidufasha gutorera umuti ingorane za misi yose. Izo mpanuro ziroroshe gutahura. Reka dufate imice ibiri.

Ubwa mbere, Bibiliya ikoresha imvugo itomoye, idomako kandi iryoshe. Aho gukoresha imvugo nyinshi zitumvikana canke z’amayobera, ikoresha amajambo arashe kandi dushobora gutahura. Ivyiyumviro bigoye ibiserura mu majambo tumenyereye mu buzima bwacu bwa misi yose.

Nk’akarorero, Yezu yarakoresheje uburorero bwinshi bworoshe afatiye ku vyo abantu bari bamenyereye kugira abigishe ivyigwa bikora ku mutima. Bwinshi muri bwo tubusanga muri ya Nsiguro yashikiriza ari ku musozi yanditswe muri Matayo ikigabane ca 5 gushika ku ca 7. Umusobanuzi umwe w’ivya Bibiliya yayise “insiguro ngirakamaro,” aca avuga ko intumbero yayo “atari iyo kutwuzuza ivyiyumviro mu mutwe ahubwo ko ari iyo kutwereka ico twokora.” Urashobora gusoma ivyo bigabane mu minuta nka 15 canke 20, kandi uzotangazwa n’ukubona ingene Yezu yakoresheje amajambo yoroshe yamara atekeye insobanuro ikomeye.

Ikindi kintu gituma Bibiliya yoroha gutahura ni ibiri muri yo. Si igitabu c’inkuru z’ibitito. Ahubwo nk’uko igitabu kimwe (The World Book Encyclopedia) kibivuga, ahanini Bibiliya ivuga “ivyerekeye abantu bahambaye n’abaciye bugufi,” ikatwiganira “ingorane baciyemwo, ivyizigiro bari bafise, amakosa yabo be n’ibintu bihambaye bashitseko.” Turashobora kwiyerekezako izo nkuru z’ibintu vyabaye koko be n’ivyigwa bihambaye biri muri zo, tukongera tukazitahura.​—Abaroma 15:4.

BOSE BARASHOBORA KUYIRONKA

Kugira utahure igitabu kanaka, gikwiye kuba canditswe mu rurimi uzi. Naho woba uba he canke uva mu gihugu ikihe, birashoboka ko woronka Bibiliya mu rurimi utahura. Raba ivyatumye ico kintu gihambaye gishoboka.

Kuyishira mu zindi ndimi. Mu ntango Bibiliya yanditswe mu giheburayo, igiharameya n’ikigiriki. Birumvikana ko ivyo vyatuma idasomwa n’abantu benshi. Kugira iboneke mu zindi ndimi, hari abantu b’umutima nziraburyarya bakoze cane kugira ngo bayishire muri izo ndimi. Kubera ico gikorwa ciza bakoze, ubu Bibiliya yaba ari yose canke igice cayo iraboneka mu ndimi hafi 2.700. Ivyo bisobanura ko abantu barenga ibice 90 kw’ijana bashobora gusoma n’imiburiburi ibitabu bimwebimwe vyo muri Bibiliya mu rurimi rwabo kavukire.

Kuyisohora. Igisomwa ca Bibiliya co mu ntango cari canditswe ku bintu bishobora kwononekara, nk’insato n’impapuro z’urufunzo. Kugira ngo ico gisomwa gihanahanwe, vyasaba ko kiza kirimurwa n’intoke kandi mu buryo bwitondewe. Ni bake baronka ivyo bisomwa kubera ko vyari bizimvye cane. Ariko uwitwa Gutenberg amaze guhingura icuma gisohora ibitabu, ubu hakaba haciye imyaka irenga 550, Bibiliya yarakwiragijwe cane. Bivugwa ko hamaze gukwiragizwa Bibiliya zirenga imiliyaridi zitanu, yaba yose canke igice cayo.

Nta kindi gitabu c’ivy’idini cakwiragijwe rwose nka Bibiliya. Biragaragara ko Bibiliya ari igitabu dukwiye gutahura. Ariko rero, kuyitahura birashobora kutoroha. Naho ari ukwo, ivyogufasha birahari. None wobikura he? Kandi wovyungukirako gute? Raba inyishu mu kiganiro gikurikira.

Ivyo womenya ku bijanye na Bibiliya

  • Bibiliya igizwe n’ibitabu vyeranda 66.

  • Bibiliya irimwo inkuru z’ivyabaye, amategeko, ubuhanuzi, ivyese, imigani, indirimbo n’amakete.

  • Yatanguye kwandikwa mu 1513 imbere ya Kristu, isozerwa mu 98 inyuma ya Kristu. Vyatwaye imyaka irenga 1.600.

  • Yanditswe n’abagabo nka 40 bahumekewe n’Imana.

Vyoba vyararemwe?

Ushaka kumenya ibindi ku bijanye n’ingene ubuzima bwabayeho, raba agatabu Vyoba vyararemwe? kasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Karaboneka no kuri www.pr418.com.

Bibiliya​—Irimwo ubutumwa ubuhe?

Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye na Bibiliya, raba agatabu Bibiliya​—Irimwo ubutumwa ubuhe? kasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Karaboneka no kuri www.pr418.com.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika