ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 1 rup. 16
  • Bibiliya ibivugako iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ibivugako iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imana yoba ari yo iduteza imibabaro?
  • Imibabaro yoba izoteba igahera?
  • Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye imibabaro?
    Be maso!—2015
  • Ikibazo ca 3: Kubera iki Imana ireka ngashikirwa n’imibabaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ni kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi gutyo?
    Be maso!—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 1 rup. 16
Umuvyeyi apfumbatiye akana kiwe mu gihe c’intambara

Ko isi yuzuye imibabaro, Imana yoba ari yo iyiteza?

Bibiliya ibivugako iki?

Imana yoba ari yo iduteza imibabaro?

Wokwishura gute?

  • Ego

  • Oya

  • Kumbure

Ico Bibiliya ivuga

“Kirazira yuko Imana y’ukuri yogira ivy’ububisha, yuko Mushoboravyose yorenganya!” (Yobu 34:10) Imana ntiyigera iteza ububisha n’imibabaro tubona mw’isi.

Ibindi Bibiliya ivuga

  • Shetani wa Murwanizi akaba n’“umutware w’isi,” ni we ahanini ateza abantu imibabaro.​—Yohani 14:30.

  • Imibabaro n’ububisha, akenshi birava no ku mahitamwo mabi abantu bagira.​—Yakobo 1:14, 15.

Imibabaro yoba izoteba igahera?

Bamwebamwe bavuga yuko abantu bashobora gukuraho imibabaro bashize hamwe inguvu, abandi na bo bakabona ko ata cizigiro c’uko isi izoba nziza cane. Uvyibazako iki?

Ico Bibiliya ivuga

Imana izokuraho imibabaro. “Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Ibindi Bibiliya ivuga

  • Imana izokoresha Yezu mu gukuraho imibabaro Shetani yateje.​—1 Yohani 3:8.

  • Abantu beza bazokwibera mu mahoro kw’isi, ibihe bidahera.​—Zaburi 37:9-11, 29.

Kugira ngo umenye igituma Imana ireka hakaba imibabaro, raba ikigabane ca 11 c’igitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika