INKURU Y’UBUZIMA
Nariyemeje kutareka amaboko yanje ngo aregere
“MUTAMA,” “PAPA,” “MUYOMBA.” Ukwo ni ko abakiri bato benshi kuri Beteli bakunda kunyita. Ivyo ndabikunda narirya mfise imyaka 89. Ayo majambo bakoresha mu kungaragariza urukundo, mbona ko ari imwe mu mpera Yehova ampa kubera ko maze imyaka 72 ndi mu murimo w’igihe cose. Kandi mfatiye ku vyo niboneye mu murimo w’Imana, ndashobora kwizeza abo bakiri bato ndabikuye ku mutima nti: ‘Igikorwa canyu kizovamwo impera nimutareka amaboko yanyu ngo aregere.’—2 Ngo. 15:7.
ABAVYEYI BANJE BE N’ABO TUVUKANA
Abavyeyi banje bimukiye muri Kanada bavuye muri Ukraine. Baciye baba mu gisagara ca Rossburn, mu ntara ya Manitoba. Mawe yavyaye abahungu 8 n’abakobwa 8, ata mahasa yavyaye. Jewe nari uwa 14. Dawe yarakunda Bibiliya kandi yarayidusomera imisi yose ku wa mungu mu gitondo, mugabo yabona ko idini ari uburyo bwo kwironderera amahera gusa. Yarakunda kwivugira ati: “Mbega ni nde yahemba Yezu kubera yamamaza akongera akigisha?”
Umunani mu bo tuvukana, ni ukuvuga abahungu bane n’abakobwa bane, bahavuye bemera ukuri. Mushikanje Rose yarinze apfa ari umutsimvyi. Mu misi yiwe ya nyuma, yararemesha uwo ari we wese kwitaho Ijambo ry’Imana, akamubwira ati: “Ndipfuza kukubona mw’isi nshasha.” Mukuru wanje Ted yahora yigisha inyigisho y’umuriro udahera. Buri wa mungu mu gitondo yarigishiriza kw’iradiyo, akumvisha abantu ashimitse ko abacumuzi bazotabwa mu muriro utazima. Ariko rero mu nyuma, yarabaye umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa kandi w’umunyamwete.
INGENE NATANGUYE UMURIMO W’IGIHE COSE
Umusi umwe muri Ruheshi 1944, igihe nari ntashe mvuye kw’ishure, narabonye ku meza agatabu kavuga ngo Isi nziza iri hafia (mu congereza). Narasomye urupapuro rwa mbere, ndasoma n’urwa kabiri. Erega naruhutse ndagahejeje. Naciye mfata ingingo yo gukorera Yehova nk’uko Yezu yabigize.
None ako gatabu kashitse gute ku meza iwacu? Mukuru wanje Steve yavuze ko kari kazanywe n’abagabo babiri bacuruza ibitabu. Yavuze ko yakaguze kubera kagurwa make. Abo bagabo baragarutse ku wa mungu ukurikira. Batubwiye ko ari Ivyabona vya Yehova kandi ko bakoresha Bibiliya mu kwishura ibibazo abantu bibaza. Ivyo twarabishimye kubera ko abavyeyi bacu batwigishije gukunda Ijambo ry’Imana. Vyongeye, abo bagabo batubwiye ko Ivyabona bari bimirije kugira ihwaniro i Winnipeg, mu gisagara mushikanje Elsie yabamwo. Naciye mfata ingingo yo kwitaba iryo hwaniro.
Narafashe urugendo rutoroshe rw’ibilometero 320 kw’ikinga ngiye i Winnipeg, mugabo narahagaze mu gisagara ca Kelwood, aho vya Vyabona babiri batugendera baba. Igihe nari ng’aho, naritavye ikoraniro maze ndibonera uko ishengero rimeze. Naratahuye kandi ko umuntu wese, yaba umugabo, umugore canke uwukiri muto, akwiye kwigisha inzu ku nzu nk’uko Yezu yabigira.
I Winnipeg, narabonanye na mukuru wanje Jack, na we nyene akaba yari yaje kw’ihwaniro avuye i Ontario. Ku musi wa mbere w’ihwaniro, hari umuvukanyi yatangaje ko hazoba ibatisimu. Twe na Jack twaciye dufata ingingo yo kubatizwa kuri iryo hwaniro. Twari twiyemeje gutangura ubutsimvyi vuba bishoboka inyuma y’ibatisimu. Iryo hwaniro riheze, Jack yaciye atangura umurimo w’igihe cose. Jewe nari mfise imyaka 16 kandi nategerezwa gusubira kw’ishure, mugabo mu mwaka ukurikira na jewe naratanguye ubutsimvyi.
NARAHIGIYE VYINSHI
Natanguye gukorera ubutsimvyi mu gisagara ca Souris mu ntara ya Manitoba, turi kumwe na Stan Nicolson. Sinatevye kubona ko gukora ubutsimvyi atari icoroshe. Amahera twari dufise yagiye aragabanuka, mugabo twarumiyeko. Umusi umwe, twatashe muhira tudafise uruceri na rumwe kandi dushonje cane. Erega twaratangaye dusanze ku muryango umupfuko munini wuzuye ibifungurwa! Gushika n’uyu musi, ntituzi uwawuzanye. Kuri uwo mugoroba twariye nk’abami. Ese ukuntu yari impera turonse kubera tutaretse ngo amaboko yacu aregere! Uzi n’inkuru, mu mpera z’ukwo kwezi, nasanze mfise ibilo ntari bwigere ngira mu buzima bwanje.
Haciye amezi makeyi, twarungitswe gukorera mu gisagara citwa Gilbert Plains, kiri ku bilometero 240 mu buraruko bwa Souris. Ico gihe, buri shengero ryaramanika imbere ku mukiruruko igicapo kinini cerekana ingene ishengero rikora mu ndimiro buri kwezi. Mu kwezi kumwe igikorwa carasubiye inyuma, nca ndashikiriza insiguro yo guhimiriza abagize ishengero kwongereza umwete. Inyuma y’ikoraniro, hari mushiki wacu w’umutsimvyi yitereye mu myaka yari afise umugabo atizera yambariye afise amosozi mu maso ati: “Naragerageje mugabo sinashobora gukora ibiruta ivyo.” Nanje naciye nkorora amosozi ndamusaba ikigongwe.
Nk’uko vyanshikiye, abavukanyi bakiri bato bagifise inguvu barashobora gukora ikosa nk’iryo mu nyuma bakumva biyanse. Ariko narabonye ko aho kureka amaboko ngo aregere, biba vyiza umuntu akuye icigwa kw’ikosa yakoze. Aciye akora ibindi bikorwa bishimishije araronka impera.
INTAMBARA Y’I QUÉBEC
Ese ukuntu kari agateka kwitaba Ishure rya Gileyadi mu mugwi ugira 14 mfise imyaka 21! Twaronse impapuro z’umutsindo muri Ruhuhuma 1950. Hafi ica kane c’abari muri iryo shure barungitswe muri Kanada mu ntara ya Québec ivugwamwo igifaransa, aho abakuru b’amadini bahama cane Ivyabona. Jewe narungitswe gukorera mu gisagara bacukuramwo inzahabu citwa Val-d’Or. Umusi umwe, bamwe muri twebwe baragiye kwamamaza hafi y’ikigwati ca Val-Senneville. Umupatiri waho yaraduteye ubwoba ngo tutahavuye aratumerera nabi. Naciye ndamwitwarira muri sentare maze baramutangisha ihadabu.
Ico kintu be n’ibindi nk’ivyo, vyarabaye mu bigize ico bise “Intambara y’i Québec.” Ekleziya Gatolika yaramaze imyaka irenga 300 ifise ububasha ku ntara ya Québec. Abakuru b’idini be n’abanyapolitike bari bafatanije na bo barahama Ivyabona vya Yehova. Ico gihe ibintu ntivyari vyoroshe, kandi twari bakeyi. Mugabo ntitwaretse amaboko yacu ngo aregere. Abantu b’umutima nziraburyarya bo muri Québec baremeye ukuri. Nararonse agateka ko kwigisha Bibiliya abatari bake maze baraza mu kuri. Mu bo nigishije Bibiliya harimwo umuryango wari ugizwe n’abantu cumi. Uwo muryango wose waratanguye gukorera Yehova. Umutima rugabo bagaragaje waratumye n’abandi bavavanura n’idini rya Gatolika. Twagumye twamamaza, amaherezo iyo ntambara turayitsinda!
MENYEREZA ABAVUKANYI MU RURIMI RWABO BWITE
Mu 1956, nararungitswe gukorera muri Hayiti. Benshi mu bamisiyonari baho bashasha vyarabagora kwiga igifaransa, mugabo abantu barumviriza ubutumwa. Umumisiyonari yitwa Stanley Boggus yavuze ati: “Twarakozwe ku mutima n’ukuntu abantu bakora uko bashoboye kwose kugira badufashe kwiga ururimi.” Mu ntango, ntivyangora kubera ko nari narize igifaransa i Québec. Ariko ntitwatevye kubona ko abavukanyi nka bose bo ng’aho bavuga igikrewole co muri Hayiti. Kugira rero twebwe abamisiyonari tube kirumara, twategerezwa kwiga urwo rurimi. Twararwize, kandi twararonse impera kubera utwigoro twagize.
Kugira turushirize gufasha abavukanyi, Inama Nyobozi yaremeye ko duhindura Umunara w’Inderetsi be n’ibindi bisohokayandikiro mu gikrewole co muri Hayiti. Ibitigiri vy’abitaba amakoraniro vyaciye vyongerekana mu gihugu cose. Mu 1950 hari abamamaji 99 muri Hayiti. Mugabo mu 1960, ico gitigiri caraduze gishika ku barenga 800! Ico gihe, narasabwe kuja gukorera kuri Beteli. Mu 1961, naratewe agateka ko guhagarikira Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami. Twaramenyereje abakurambere n’abatsimvyi badasanzwe, bose bakaba bari 40. Kw’ihwaniro ryabaye muri Nzero 1962, twararemesheje abavukanyi bo ng’aho kwagura ubusuku, kandi bamwe baragenywe ngo babe abatsimvyi badasanzwe. Ivyo vyabaye hageze kubera ko hagire haduke uruhamo.
Ku wa 23 Nzero 1962, ihwaniro rimaze kurangira, twe n’uwundi mumisiyonari yitwa Andrew D’Amico baradufashe turi ku biro vy’ishami, barafata na Be maso! zose zo ku wa 8 Nzero 1962 (mu gifaransa) zari mu bubiko. Muri iyo Be maso! harimwo amajambo yasubiwemwo akuwe mu binyamakuru vy’igifaransa vyo mw’isi yavuga ko muri Hayiti bagira ubupfumu bwitwa vaudou. Hari abatakunze ayo majambo baca bavuga ko ari ibiro vy’ishami vyayanditse. Haciye indwi nka zingahe, abamisiyonari barirukanywe mu gihugu.b Mugabo ba bavukanyi bo ng’aho bari baramenyerejwe baritwararitse neza igikorwa. Ndahimbarwa nibutse ukwihangana bagaragaje be n’ingene bateye imbere mu buryo bw’impwemu. Mbere ubu barafise Bibiliya y’isi nshasha mu gikrewole co muri Hayiti, ico kikaba ari ikintu tutari kwiyumvira ko cobaye.
KWUBAKA MURI RÉPUBLIQUE CENTRAFRICAINE
Naravuye muri Hayiti nja gukorera muri République centrafricaine. Nahavuye ndonka agateka ko kuba umucungezi w’ingenzi, mu nyuma na ho mba umuhagarikizi w’ishami.
Ico gihe, Ingoro z’Ubwami nyinshi zari izisanzwe cane. Narize guca ubwatsi no gusakara. Igihe abahita bambona ndiko ndakora ico kintu vyarabatangaza cane. Ivyo kandi vyararemesheje abavukanyi kurushiriza kugira uruhara mu kwubaka no kubungabunga Ingoro zabo z’Ubwami. Indongozi z’idini zaradutwenga kubera ko insengero zabo zozo zari zisakajwe amabati. Ivyo ntivyaduciye intege, ahubwo twarabandanije gukoranira muri izo Ngoro zisakajwe ivyatsi. Igihe igihuhusi gikomeye catera i Bangui ku murwa mukuru, ntibasubiye kudutwenga. Ico gihuhusi caraguruye amabati y’urusengero rumwe kiyaterera kw’ibarabara rikuru. Ariko Ingoro z’Ubwami zacu zisakajwe ivyatsi, nta co zabaye. Kugira ngo igikorwa c’Ubwami gishobore guhagarikirwa neza, mu mezi atanu atarenga twarubatse ibiro vy’ishami bishasha be n’inzu y’abamisiyonari.c
NUBAKANA N’UMUKENYEZI W’UMWETE
Ku musi wacu w’ubugeni
Mu 1976, igikorwa c’Ubwami carabujijwe muri République centrafricaine, baca bandungika gukorera i Ndjamena ku murwa mukuru w’igihugu kibanyi ari co Tchad. Ng’aho narahungukiye kubera ko nahasanze umutsimvyi adasanzwe w’umwete yitwa Happy, aturuka muri Kamerune. Twubakanye ku wa 1 Ndamukiza 1978. Muri ukwo kwezi nyene, haradutse intambara maze duhungira mu bumanuko bw’ico gihugu cokimwe n’abandi benshi. Iyo ntambara imaze guhera, twarasubiye muhira dusanga inzu yacu yari yaragizwe icicaro c’abarwanyi. Ibitabu twari dufise be n’ikanzu y’ubugeni ya Happy hamwe n’ingabire twahawe ku musi wacu w’ubugeni twarabuze irengero ryavyo. Ariko ntitwaretse ngo amaboko yacu aregere. Twari tukiri bazima kandi twari twiteganye umushasharo ibindi bikorwa.
Haciye nk’imyaka ibiri, igikorwa cacu caremewe n’amategeko muri République centrafricaine. Twaciye dusubirayo gukora igikorwa co kugendera amashengero. Twaba mu muduga munini urimwo igitanda kizingwa, ingunguru yajamwo amalitiro 200 y’amazi, frigo be n’amashiga y’ikizungu. Ntivyari vyoroshe kugira ingendo. Ku rugendo rumwe, abapolisi baraduhagaritse incuro 117 zose.
Akenshi ubushuhe bwaraduga gushika kuri dogere 50. Ku materaniro vyarashika ntituronke amazi akwiye y’ibatisimu. Abavukanyi baca bimba aho uruzi rwahora ruca maze bakaza barayora amazi gushika baronse ayo gukoresha kw’ibatisimu, akenshi ikaba yabera mu ngunguru bakase ikamera nk’ubwato.
IBINDI BIKORWA NARANGURIYE MU BINDI BIHUGU VYO MURI AFRIKA
Mu 1980 twarungitswe gukorera muri Nijeriya. Twahamaze imyaka ibiri n’igice, dufasha gutegura ivyo kwubaka inyubakwa nshasha z’ishami. Abavukanyi baraguze inyubakwa y’igorofa zibiri, ikaba yari gusamburwa bakayimurira mu kibanza twari twaguze. Umusi umwe mu gitondo, naruriye hejuru ndiko ndafasha gusambura iyo nyubakwa. Nka sasita, narurutse nciye aho nari nuririye. Mugabo hari ibintu vyari vyahindutse kubera hari ivyo twari twagiye turasambura. Naciye rero nkorokera hasi. Nasa n’uwababaye cane, mugabo umuganga amaze kuncisha mw’iradiyo no kunsuzuma, yabwiye Happy ati: “Ntugire ubwoba. Ni udutsi tumwetumwe gusa twatiriganye. Nko mu ndwi imwe azoba ameze neza.”
Ingene twiyunguruza tugiye kw’iteraniro
Mu 1986, twagiye gukorera muri Côte d’Ivoire, nkaba nagendera amashengero. Twaragendera n’amashengero yo mu gihugu kibanyi ari co Burkina Faso. Sinigeze niyumvira ko haciye imyaka twobaye muri Burkina Faso.
Igihe twari mu gikorwa co kugendera amashengero, twaba mu muduga
Navuye muri Kanada mu 1956. Haciye imyaka 47, ni ukuvuga mu 2003, narasubiyeyo ndi kumwe na Happy, duca dukorera muri Beteli. Naho twari Abanyakanada, twiyumvamwo ko turi Abanyafrika.
Ndiko ndayobora inyigisho ya Bibiliya muri Burkina Faso
Mu 2007 na ho, igihe nari mfise imyaka 79, narasubiye muri Afrika! Twarungitswe gukorera muri Burkina Faso, nkaba nari mu bagize Komite y’igihugu. Inyubakwa twakoreramwo zahavuye ziba ibiro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene bihagarikiwe n’ishami ryo muri Bénin. Muri Myandagaro 2013 na ho twarungitswe gukorera muri Beteli yo muri Bénin.
Ndi kumwe na Happy, igihe twari muri Beteli yo muri Bénin
Naho mfise amagara make, ndacakunda cane ubusuku. Mu myaka itatu iheze, ndabifashijwemwo n’abakurambere be n’umugore wanje nikundira, narahimbawe no kubona abantu babiri nigisha Bibiliya, ari bo Gédéon na Frégis, babatizwa. Ubu barakorera Yehova n’umwete mwinshi.
Ubu twe n’umugore wanje twarungitswe kw’ishami ryo muri Afrika y’Epfo, umuryango wa Beteli ukaba witwararika amagara yanje n’umutima mwiza. Afrika y’Epfo ni igihugu co muri Afrika kigira indwi nakoreyemwo. Muri Gitugutu 2017 na ho twararonse umuhezagiro udasanzwe. Twaritavye ibirori vyo kwegurira Yehova icicaro gikuru kiri i Warwick, muri New York. Mbega ikintu c’intibagirwa!
Igitabu c’umwaka 1994 (mu gifaransa), ku rupapuro rwa 255, kivuga giti: “Abo bose bamaze imyaka myinshi bihangana mu gikorwa, tubahimirije duti: ‘Mugire umutima rugabo kandi amaboko yanyu ntaregere, kuko igikorwa canyu kiri n’impera.’—2 Ngo. 15:7.” Twe na Happy twiyemeje gukurikiza iyo mpanuro no kuremesha abandi kubigenza gutyo.
a Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova mu 1944. Mugabo ubu ntikagicapurwa.
b Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1994 (mu gifaransa), rup. 148-150.
c Raba ikiganiro kivuga ngo “Kwubaka ku mushinge ukomeye” muri Be maso! (mu congereza) yo ku wa 8 Rusama 1966, rup. 27.