Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 27 Ruhuhuma 2012. Harashizwemwo igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.
1. Ni mu buryo ki ‘tubona’ Yehova tukongera ‘tukumva’ ijwi ryiwe? (Yes. 30:20, 21) [9 Nzero, w06 1/12 rup. 11 ing. 12]
2. Ni icigwa ikihe dushobora kwigira kuri Shebuna igihe yakurwa mw’ibanga ryo kuba umubwiriza wa Hezekiya? (Yes. 36:2, 3, 22) [16 Nzero, w07 15/1 rup. 8 ing. 6]
3. Ni igiki dushobora kwigira ku nkuru yo muri Yesaya 37:1, 14-20 ku bijanye n’ingene twovyifatamwo turi mu ngorane? [16 Nzero, w07 15/1 rup. 9 ing. 1-2]
4. Abo “banyamahanga” ni bande, kandi ni mu buryo ki ‘bagumya isezerano’ rya Yehova? (Yes. 56:6) [13 Ruhuh., w07 15/1 rup. 10 ing. 2]
5. Muri iki gihe, twoshira gute mu ngiro ibivugwa muri Yesaya 52:11? [13 Ruhuh., lv ikig. 8 ing. 10]
6. Ni ishusho iyihe duca tubona dusomye muri Yesaya 40:11, kandi ivyo bitwigisha iki? [23 Nzero, cl ikig. 2 ing. 13]
7. Amajambo Yehova avuga muri Yesaya 48:17, 18 aduhumuriza gute? [6 Ruhuh., lv ikig. 17 ing. 7, 8]
8. Ni mu buryo ubuhe Yehova aterera inyuma y’umugongo wiwe ivyaha vyacu vyose? (Yes. 38:17) [23 Nzero, w03 1/7 rup. 17 ing. 17]
9. Ubuhanuzi bwo muri Yesaya 61:5, 6 buvuga gute ibijanye n’ubucuti buri hagati y’abagize izindi ntama be n’abagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu? [20 Ruhuh., w07 1/4 rup. 25 ing. 15]
10. Ni kamere nziza cane ya Yehova iyihe amajambo yo muri Yesaya 63:9 ashimikako? [27 Ruhuh., w03 1/7 rup. 19 ing. 22-23]